Babuloni y'Akabanga.


  Ivyahishuriwe Yohana rukurikirane.

Risobanura urwijiji.


William Branham.

Musome mu...
Igihe c’Ishengero rya Perugamo.

Babeli ni ryo zina ry'inkomoko rya Babuloni. Risobanura urwijiji. Bwatangujwe neza na neza na Kushi, umwana wa Hamu, ariko bwagizwe ubwami bw'inkomezi n'ubwiza ku nganji y'umuhungu wiwe, Nimurodi, wa muhigi w'agahebuza. Nimurodi, nk'uko mw'Itanguriro ikigabane ca cumi na rimwe habivuga, mbere kandi nk'uko tubisanga muri kahise gasanzwe, yihaye ihangiro ryo gushika ku bintu bitatu. Yashaka kwubaka ihanga rikomeye, ivyo akaba yarabikoze. Yashaka gukwiragiza idini ryiwe bwite, na vyo nyene akaba yarabikoze. Yashaka kwiha izina rya rurangiranwa, na vyo nyene akaba kandi yarabishitseko. Ivyo yashitseko vyari bihambaye cane ku buryo ubwami bw'i Babuloni bwiswe umutwe w'inzahabu mu butware bwose bwo kw'isi. Ku bijanye n'uko idini ryiwe ryabaye rurangiranwa bigaragazwa n'uko Ivyanditswe birishushanya burundu na Satani muri Yesaya igice ca 14 no mu Vyahishuriwe Yohana mu bigabane vya 17-18. Kandi biciye kuri kahise, turashobora kwerekana yuko ryashwaye isi yose kandi rikaba ari ryo mushinge wa buri ntunganyo yose y'ivyo gusenga ibigirwamana, n'inyanduruko y'ibijanye n'ivy' imana nyinshi, n'ubwo amazina y'izo mana agenda arahindagurika mu burere butandukanye bw'isi bivanye n'indimi z'abantu. Ku bijanye n'uko yihaye izina rya rurangiranwa we n'abamukurikira ntawokwirirwa arabivugako, kuko igihe cose kino gihe ca none kikibandanya (gushika aho Yesu azokwihishurira bene Se), azosengwa kandi asonerwe, n'ubwo bizoba ari mu rindi zina atari Nimurodi, no mu rusengero rutandukanye gato n'urwo yahora asengerwamwo ubwa mbere.

Kubera yuko Bibiliya itavuga kahise k'ayandi mahanga mw'ido n'ido, biza kuba ngombwa yuko turondera mu nyandiko zisanzwe z'ivyabaye vya kera kugira ngo turonke inyishu y'ukuntu Perugamo yahindutse icicaro c'idini rya Satani ry'i Babuloni. Amasoko nyamukuru y'inkuru aza kuba ari mu nyandiko ku mico kama y'Abanyegiputa n'Abagiriki. Igituma c'ibi ni uko Egiputa yaronse ivy'ubumenyi vyayo n'Ibiharuro bivuye ku Bakaludaya, hanyuma Ubugiriki na bwo bubironka bivuye muri Egiputa.

Rero, kubera yuko abaherezi ari bo bari bajejwe kwigisha ubwo bumenyi, kandi bivanye n'uko ubwo bumenyi bwakoreshwa nk'ibigize idini, aho rero turamaze kuba tuzi urupfunguzo rw'ingene iryo dini ry'i Babuloni ryatsimbataye mur'ibi bihugu bibiri. Ni vyo kandi yuko mu gihe cose ihanga kanaka ryaba rishoboye kunesha irindi hanga, mu gihe kanaka idini ry'uwatsinze ryahinduka idini ry'uwatsinzwe. Birazwi neza yuko Abagiriki bari bafise ibimenyetso bimwe nyene vy'inyenyeri nk'ivyo ab'i Babuloni bari bafise; kandi vyaragunduwe mu vyibutso vya kera vy'Abanyegiputa yuko Abanyegiputa ari bo bahaye ubumenyi be n'ivyo gusenga imana nyinshi vyabo Abagiriki. Kubw'ivyo, amabanga y'i Babuloni yarakwiragiye ava mw'ihanga aja mu rindi kugeza n'aho aseruka i Roma, mu Bushinwa, mu Buhindi, eka mbere no muri Amerika z'uburaruko n'ubumanuko zompi turasangayo wa mushinge nyene w'ivy' ugusenga.

Inkuru za kahise za kera zirahuza na Bibiliya mu kuvuga yuko ubwo bwoko bw'ugusenga bw'i Babuloni butari bwo bwoko bw'ugusenga bwo ku nkomoko bw'abantu ba mbere bo kw'isi. Ni bwo bwabaye ubwa mbere mu kuva ku kwizera kw'inkomoko ; ariko ubwabwo ntibwari ubwo ku nkomoko. Abahinga ba kahise nka Wilkinson na Mallet bǎrērekanye neza cane bivuye mu nyandiko za kera yuko mu gihe kimwe abantu bose bo kw'isi bizera IMANA IMWE, Iri hejuru ya vyose, Ihoraho, Itaboneka, Iyo biciye kw'Ijambo ry'akanwa kayo yavuze ibintu vyose bikabaho, kandi yuko mu ngeso zayo yari Inyarukundo, Nziza kandi Igororotse. Ariko nk'uko Satani azokwama yonona ico ashoboye cose, turamubona ariko yonona ubwenge n'imitima vy'abantu kugira ngo banke Ukuri. Nk'uko yari yamye na ntaryo agerageza gusengwa nk'aho umenga yoba ari Imana atari umukozi n'icaremwe n'Imana, yaciye ahindukiza ugusenga agukura ku Mana mu ntumbero yuko ashobora kukwitumberezako maze abone gushirwa hejuru. Koko yarashitse ku cipfuzo ciwe co gukwiragiza idini ryiwe kw'isi yose. Ibi biremezwa n'Imana mu Gitabu c'Abaroma:

“Kuko bamenye Imana ntibayubahe nk'Imana, ntibayishime; ariko bacitse abiyumvira ivy' ubusa, imitima yabo y'imburabwenge icura umwiza, bagasenga bagakorera icaremwe, bakakirutisha Iyakiremye.”

Nimwibuke, Satani yari ikiremwa c'Imana (Umwana wo mu mutwenzi). Kubw'ivyo, turabona yuko ahahora hasabagijwe Ukuri kera mu bantu, kandi bose bakaba bari bafashe ukwo Kuri kumwe, hahavuye mu nyuma haza umunsi mu nyuma aho umugwi munini wavuye ku Mana uraheza ukwiragiza ubwoko kanaka bwo gusenga bwa Satani kw'isi. Kahise karerekana yuko abo mu ruvyaro rwa Shemu bagumye bahagaze ku Kuri kudahinduka, barwanya bivuye inyuma abo kwa Hamu bateye ibitugu Ukuri bagakurikira ikinyoma ca wa murwanizi. Nta kanya gahari ko kuvyinjiramwo; vyashizwemwo gusa kugira ngo mushobore kubona yuko hariho ubwoko bw'ugusenga bubiri butarenga ntiburenguke, kandi yuko bubi bwahindutse ubw' isi yose.

I Babuloni ni ho ugusenga Imana imwe vyahindutse ugusenga imana nyinshi. Ikinyoma ca wa murwanizi be n'amabanga yiwe vyarahagurukiye kurwanya Ukuri kw'Imana be n'amabanga yayo mur'ico gisagara. Mu vy'ukuri Satani yarahindutse imana y'iyi si, agirako ategeka abemeye uruhendo rwiwe kumusenga, mu kubatuma bizera yuko we ari we Mwami koko.

Idini ryo gusenga imana nyinshi rya wa mwansi ryǎtānguranye n'inyigisho y'ubutatu. Hǎri hariya inyuma kure mu bihe vya kera cane, ni ho iciyumviro “c'Imana Imwe mu baperesona batatu” cǎvūkiye. Es' ukuntu bitangaje cane kubona abanyatewolojiya bacu ba none bátābicīye n'ikanda! Ariko mu buryo bugaragara nk'uko ba se bahenzwe na Satani, n'ubu baracizera abaperesona batatu mu Bumana! Nibatwereke ahantu hamwe gusa mu Vyanditswe hari ishimikiro ry'iyo nyigisho. Mbega ntibitangaje yuko mu gihe abakomoka kuri Hamu bafata inzira bakaja mu gusenga kwa Satani kwari gushingiye ku ciyumviro c'imana zitatu, yuko ata kimenyetso na kimwe c'abakomoka kuri Shemu kiriho bizera ikintu nk'ico canke ngo bagire imigirwa yo gusenga isa na vyo? Mbega ntibitangaje yuko Abaheburayo bizera ngo: “Niwumve, yewe Isirayeli, Uhoraho Imana yawe ni We Mana wenyene,” iyo haza kuba hariho abaperesona batatu mu Bumana? Aburahamu, uwakomoka kuri Shemu, mw'Itanguriro 18, yabonye Imana IMWE nsa n'abamarayika babiri.

None ubwo butatu bwěrekanwa gute? Bwěrekanwa n'inyabutatu y'impande z'ingana nk'uko nyene bwērékanwa i Roma n'uyu munsi. Igitangaje, Abaheburayo nta ciyumviro nk'ico bǎri báfise. None rero ni nde ari mu Kuri? Ni Abaheburayo canke ni Abanyebuloni? Muri Aziya iciyumviro c'imana nyinshi kivuga ko hari imana zitatu muri imwe, caserutse mu gishushanyo gifise imitwe itatu ku mutumba umwe. Kigaragazwa nk'ubwenge butatu. Mu Buhindi, bǎfashe ingingo mu mitima yabo kuyerekana nk'imana imwe ifise amashusho atatu. Ivyo rero mu vy'ukuri ni tewolojiya nziza ya kino gihe ca none. Hariya mu Buyapani hariho Buda munini afise imitwe itatu nk'imwe duhejeje kuvuga.

Ariko iyishira ibintu ahagaragara neza kurusha zose ni iyerekana iciyumviro c'ubutatu bw'Imana mu mashusho atatu ya:
Umutwe w'umutama werekana Imana Data.
Umuzingi muri ya mabanga usigura “Uruvyaro” na rwo rusigura Umwana.
Amababa n'umurizo w'inyoni (inuma).
Iyo yari ya nyigisho ya Data, Mwana na Mpwemu Yera, abaperesona batatu mu Bumana, ubutatu nya butatu. Murashobora kubona nk'ivyo nyene i Roma. Ubu rero reka nongere mbaze, mbega ntibitangaje kubona umurwanizi n'abamusenga koko barahishuriwe ukuri kwinshi kurusha sogokuru w'ukwizera,(Aburahamu) be n'abamukomokako? Mbega ntibitangaje kubona abasenga Satani, bazi vyinshi ku Mana kurusha abana b'Imana? Ico rero ni co abanyatewolojiya ba none bagerageza kutubwira iyo bariko baravuga ku butatu. Guhera ubu nyene, kino kintu kimwe mugume mucibuka: ibi bintu ni ivy'ukuri kandi ng'iki ikintu c'ukuri—Satani ni umubeshi kandi ni we se w'ibinyoma, kandi igihe cose aje afise umuco uwo ari wo wose, kiguma ari ikinyoma. Ni umwicanyi. Kandi inyigisho yiwe y'ubutatu yarahoneje amasinzi, kandi izobandanya iyahonya gushika Yesu agarutse.

Nk'uko kahise kabivuga, ntivyatevye ngo hakorwe impinduka muri kino ciyumviro ca Data n'Umwana na Mpwemu Yera. Satani yabajanye intambwe ku yindi abakura ku Kuri. Iciyumviro c'Ubumana carateye imbere cahavuye kiba ubu:
Data ahoraho.
Mpwemu w'Imana yihaye umubiri mu mugore w'UMUNTU. (Mbega ivyo hari ico bibatera kwiyumvira?)
Umwana w'Imana, icamwa c'ukwo kwiha umubiri, (Uruvyaro rw'umugore).

Ariko umurwanizi ntarashirwa. Ntiyari bwashike ku gusengwa, kiretse mu buryo buciye kure. Rero aracabandanya gutwara abantu kure y'Ukuri birushirije. Biciye mu mabanga yiwe, aca ahishurira abantu yuko kubera ko iyo Mana Data ihambaye itaboneka, ititaho ibiraba abantu, ariko ikigumira mu gacerere ku bijanye na bo, biboneka rero yuko yosengwa neza mu gacerere. Mu vy'ukuri ivyo bisobanura kuyihoza uko bishoboka kwose, canke burundu. N'iyi nyigisho nyene yarakwiragiye kw'isi, kandi n'uyu munsi nyene mu Buhindi murashobora kubona yuko ingoro zagenewe umuremyi ahambaye, imana iri mu gacerere, ari nkeya cane bitangaje.

Kubera yuko bitari bikenewe gusenga data-muremyi, vyari ibisanzwe rero yuko ugusenga guca guhindukirira kuri “Nyina be n'Umwana” nk'ibintu bisengwa. Muri Egiputa hǎriho urwo rufatangane nyene rwa nyina n'umwana, rwǐtwa Izisi na Ozirisi. Mu Buhindi yari Isi na Iswara. (Nimurabe n'ingene amazina ashusha). Muri Aziya yari Sibele na Dehohiyusi. I Roma no mu Bugiriki barabandanije ukwo gusenga. No mu Bushinwa. Emwe, nimwibaze ukuntu abamisiyonari bamwe b'Abakatolika b'i Roma batangaye igihe binjira mu Bushinwa bakahasanga igishusho ca Madona n'Umwana n'imishwarara y'umuco iva ku mutwe w'urwo ruyoya. Ico gishushanyo cari gushobora neza kuguzwa n'icari kiri i Vatikano usivye itandukaniro ry'utuntu tumwe tumwe mu maso.

Ubu rero, bidusaba yuko dutora nyina n'umwana b'inkomoko. Imanakazi-nyina y'inkomoko y'i Babuloni yari Semiramisi, yǐtwa Reya mu bihugu vyo mu burasirazuba. Mu maboko yiwe yari areze umwana w'umuhungu, uwo nubwo yari uruyoya, yavugwa yuko yari muremure, akomeye, mwiza kandi cānecâne akwēgêra abagore. Muri Ezekiyeli 8:14 bamwise Tamuzi. Mu banditsi ba kera yitwa Bakusi. Ku Banyebabuloni yari Ninusi. Igituma yerekanywe nk'umwana w'uruyoya rurezwe mu maboko ariko n'ubwo bir'uko rukavugwa nk'umuntu ahambaye kandi w'inkomezi nyinshi, ni uko we azwi nk' “Umwana-Mugabo.” Rimwe mu matazirano yiwe ryari “Umugabo wa Nyina,” hanyuma mu Buhindi aho abo babiri bazwi nka Iswara na Isi, we (umugabo) agereranywa nk'umwana w'uruyoya ari kw'ibere ry'umugore wiwe bwite.

Musome mu...
Igihe c’Ishengero rya Perugamo.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Kandi Kushi yavyaye na Nimurodi: ni we wa mbere yabaye ciha bugabo mw'isi.

Yar' umuhigi w'agahebuza imbere y'Uhoraho.

Ubwami bwiwe bwa mbere bwagarukira i Babeli no muri Ereki no muri Akadi n'i Kalune, mu gihugu c'i Shinari.

Itanguriro 10:8-10


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

The Two Babylons

by Rev Alexander Hislop.
(PDF Icongereza)

Imbere...

Inyuma...

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)