Ukwabirana n’Ukwahukana.

<< prev

next >>

  Abakristo Ubugingo rukurikirane.

Ntandaro y'icaha c'inyanduruko.


William Branham.

Musome mu...
Ukwabirana n’Ukwahukana.

Matayo 19:8,
Arabishura, ati Mose yabarekuye kwirukana abagore banyu kukw imitima yanyu ikomantaye. Arik’ uhereye ubga mbere hose ntivyari bimeze birtyo.

Muri ibidusomye vyo mu Vyanditswe, Yesu yahuye na kino kibazo mu ntango y'Ubukozibw'ibango ry'igikorwa ciwe. Mose na we nyene yahuye na co mu ntango y'Ubukozibw'ibango ry'igikorwa ciwe. Ni ikibazo kimwe mu bibazo vy'inkoramutima kubizera. Umunyavyaha we nta co ashirako umutima. Kiza ku bizera kuko uwizera niwe yama agerageza gukora neza cane uko ashoboye kugira ngo abeho agororotseimbere y'Imana. Ni co gituma mu gihe cose habajijwe ikibazo ku bijanye n'ivyogusenga, ico kwabirana no kwahukanacama giseruka. Ni kuki? Kuko ari yo ntandaro y'icaha c'inyanduruko. Ahoni ho icaha catanguriye; ni na co gituma ico kibazo cama kiriho. Ni uko ari yontango nyayo y'icaha.

Nta mwanyanoronka wo gusobanura ivyo bintu vyose, ariko nzonezererwa no kwishura kumakete yanyu no gukora uko nshoboye kwose. Hano turafise ibitabo bivuga kuriivyo bintu n'ibindi nyene, n'ibinyamakuru mbere n'ibindi bintu bishingiraintahe ivyo bintu. Turazi ko yabaye Eva... (Iryo pome bavuga ko yariye no muVyandiswe ntiryanditswe), ubu ho havuga ko yariye icamwa bita itunda! Muri ivyonta na kimwe ari co. Eva yakozeubusambanyi bwatumye umwana wa mbere avuka, ari we Kayini, umwana bwite waSatani, kuko muri we harimwo ikibi. Ikibi nticaturutse kuri Abeli. Umwana waSatani yari Kayini.

----
Ni nk'ukonamaze kubivuga. Namba nategerezwa kuja i Buseruko muri kino gitondo gutorayoikintu kiboneka mw'itongo riri mu Buseruko nyene, nzoja mu Buseruko. Umuntuyoshobora kumbarira ati: “Mwene Data Branham, Ubuseruko buri hano,” kandi arimu Buraruko bushira ubuseruko, ni ukuvuga ko ari hafi na hafi y'Ubuseruko. Muriico gihe noba nahushije ico narondera. Noca nsubira inyuma, nzi neza ko yariamerekero atari yo. Ubwo rero haje umuntu akambarira ati : “Mwene Data Branham,ca muri runo ruhande, i buryo bwawe.” N'ubwo nyene hoba ari hafi na hafi, arikomu vy'ukuri na ho nyene hoba ari mu Bumanuko bushira ubuseruko. Noba mpushijeico noba nariko ndarondera kuko noba narenganye imbibe z'inzira irashe kandi ibereye.

Namba ari ukobimeze, dufise amashure abiri ava ku vyiyumviro bijanye n'Ukwabirana bono kwahukana. Rimwe rivuga koumugabo ashobora kwabira rimwe ryonyene, kiretse umugore wiwe aramutse apfuye.Ico ni kimwe mu bibazo. Ariko ni mwafata iyo nzira muzoba muhushije. Irindirivuga riti: “Oh, umugabo cankeumugore (umwe muri abo) ni yasambana, ngo uwundi ashobora kumwirukana agasubirakwabira canke kwabirwa.” Ariko no muriiyo nzira na yo nyene, muba mwahushije.

Gurtyo rero, murabona ko atari Ubumanuko bushiraUbuseruko, canke Uburaruko bushira Ubuseruko. Dushaka kuja mu Buserukohonyene. Uko ni ko murenga Ivyanditswe iyo mukurikiye iyo nzira. Uko ni komurenga Ivyanditswe iyo mukurikiye iriya nzira. Tugomba kumenya aho Icanditswegihurira n'ikindi Canditswe no kumenya ukuri kuri ivyo bintu. Umuntu wese ajanainzira yishangije agahusha intumbero ari na yo yari kuzana inyishu irashe.Ariko n'aho bimeze uko hategerezwa kubaho inyishu.

Nink'ibiriko biraba uno musi, aho hariho amashure abiri akomeye y'inyigisho zomw'Ishengero. Imwe ni iy'aba Kaluviniste, iyindi ni iy'aba Aruminiyeni. Kuriimwe ni ubuntu, ku yindi na ho ni amategeko. Kandi dusanga ko abizera inyigishoy'ubuntu, ari bo bakaruviniste, bavuga bati: “Imana ishimwe, ivyo kunywa itabinta co bitwaye! Ivyo kunywa inzoga nta co bitwaye! Ngo ndashobora kubikora kukondi mu mutekano uhoraho.” Ku rundi ruhande na rwo tuhasanga abanyamategekobavuga bati: “Nashaka gusemerera ndamutesha! Nashaka kumubwira neza iconiyumvira kuri we! Ariko ndi umukristo none ntegerezwa guhora.” Murabona, murashobora gusanga muri mu nzirazibiri zitandukanye kandi hatarimwo n'imwe nziza. Ni ikintu kigumye kuvuga ariko ni ukuri. Turi munzira zibiri zitandukanye, imwe ijana amerekero yayo, iyindi ikajana mu yandi merekero. Ariko noneho turabe ukuri uko ari kwo.

----
Harihoivyiyumviro bibiri ku bijanye n'ivyo «Kwabirana» no «Kwahukana». Ubu rero Umwami yaramenye ibanga rya bimwe Indwi Bimatanije Iigitabo vyomw'ijambo ryiwe kubwacu muri ino misi ya nyuma. Kuri benshi bo muri mwebwe, ibibishobora kubabera nk'ikigiriki, ariko ishengero ryanje ryo rirabitahura. Mwarumvise havugwa ivya kwa kwerekwa n'ivyabaye. Iki kibazo ni ikibazo co muriBibiliya. Duhamagariwe kwizera kohategerezwa kubaho inyishu y'ukuri kw'ibanga ryose ryari ryaranyegejwe kuva isiikiremwa. Kandi Bibiliya ivugishwa ivuga ko ayo mabanga azohishurwa muri inomisi. Mu Vyahishuriwe Yohana 10 havuga ko igihe umumarayika wa nyuma ariyo ya ntumwa yarungikwa kuri Lawodikiya izovugiriza inzamba, amabanga y'Imanaazoca ahishurwa. Kandi iki Gihe na co kikaba ari ica nyuma, ca Lowodikiya.

----
Aho duhejeje gusoma, Yesu adutumirira gusubira kw'itanguriro kugira ngoturonke inyishu nyakuri iva mu Vyanditswe. Igihe yahura n'ico kibazo hari hariho ibintu bibiribariko barabona. Umuherezi yari yamubajije ati: «Umugabo arashobora kwirukana umugore wiwe ku mpamvu iyo ari yo yose akarongora uwundi?» Ariko Yesu Yishuye ati: «Si ko vyari bimeze uhereyeubwa mbere hose.» Baramwishura bati: «Mose yabaha icete cokubahukanisha». Ari na co cabaha uburenganzira bwo kwirukana abagore babo kunyanduruko y'ikintu ico ari co cose. Yaciye avuga ko Mose yakoze uko bitewe n'imitima yabo yari ikomantaye, ariko ko atari ukovyahora biri uhereye ubwa mbere hose. Ubu ngira mbanze nshire ku ruhande ico cigwa.

Namba Yesu yaravuze ati: «Ni musubire kw'Itanguriro», ni uko kw'isi hari hariho ikigabo kimwen'ikigore caco ku kintu ico ari co cose. Hariho Adamu umwe na Eva umwe. Bari bafatanijwen'Imana yonyene hari ifarasi y'ingore imwe n'ifarasi imwe y'ingabo. Hari gasukuimwe y'ingore na gasuku imwe y'ingabo. Ubwa mbere na mbere kw'Itanguriro,nk'uko Yatubwiye gusubirayo, hari hariho ikigabo kimwe n'ikigore caco kimwe kukintu ico ari co cose. None si ukuri? Gurtyo rero dusanga kw'Itanguriro vyose vyari bitunganijweneza kandi bifitaniye ubwumvikane n'Imana. Nta na kimwe kitari mu kibanza caco. Mw'Ijurun'ubu vyose biracari mu kibanza cavyo. Inyenyeri zose, imico y'inyenyeri,inzira y'izuba, vyose biri mu kibanza cavyo. Ariko hogira kimwe gusa gitaikibanza caco umugambi wose woba uhagaze.

Ubu reroni mwumve neza ibi. Murabitahura neza ? Ikintu kimwe gihagaze conona umugambiwose! Ariko mu gihe ikiremwa muntucari kikiriko kiragendana n'Imana (Umugabo umwe n'umugore umwe), uwo mugoreyaciye acumura. Ivyo bica bituma umugambi wose w'Imana uta inzira y'urutonderw'urukurikirane rw'ivy'Imana. Ni co gituma ijambo rimwe ryongewe kuriico Gitabo canke rimwe rikuwe kuri Co rituma umukristo ashiburirwa kurey'urutonde rw'urukurikirane rw'Imana; rituma ishengero rishiburirwa kurey'urukurikirane rw'Imana, rishiburira umuryango kure y'urukurikirane rw'inshinganoz'Imana. Uwizera wese arashobora gushiburirwa hanze iyo atemeye Ijambo, nahoryoba rimwe, ry'Imana.

----
Aho rero ni houmugabo yaciye ashirwa ahantu hatuma aganza umugore kubw'Ijambo ry'Imana. Umugore ntiyaba akingana n'umugabo. Muraziko kuva akiremwa yahora angana n'umugabo, ariko amaze guca kubiri n'Ijambory'Imana, Imana yaciye ishinga ko umugabo aganza umugore. (Itanguriro3:16, ni mwaba mugomba kuhandika). Ntiyabaye akingana n'umugabo, yari yarenzekw'Ijambo ry'Imana. Ntimubona, ishengero mufatiye kuri ivyo? Ryararenze kw'Ijambo ry'Imana,bituma ritabwa i ruhande y'inzira y'urukurikirane. Ico ni co ishengero ryakoze bituma urupfu rwo mu buryo bw'Impwemurusukwa ku kintu cose. Noneho muratahuye igituma nshimikira cane kuri ivyobintu. Ni uko ari ukuri! Niivyabaye muri Bibiliya!

Ni murabe ibi. Ni kuki yakoze ikintu nk'ico? Ni ukubera iki uwo mugore w'igikundiro, mwiza,atunganye...? Igihekimwe narabonye (ndibaza ko hari mu Bugiriki) igishushanyo aho umuhungu mugushushanya yagereranije Eva. Cari kibi cane ukiravye kurusha ivyo mwoba mumazekubona. Ivyo vyerekana ukuntu ivyiyumviro vy'umuntu buntu bishobora kubonaibintu. Ariko Eva si ko yari ameze. Yari mwiza kuko yari umugore atunganye,yari umugore abushitse.

None niukubera iki yakoze ikintu nk'ico kandi yari arengeye ibindi vyaremwe vyose.Yari ari kumwe n'umugabo, yangana na we. Ariko ubu twese turazi ko yatakajeivyo kuba ku rugero rumwe n'umugabo igihe yacumura. Ni ho rero Imana yavuga iti: «Uhereye ubu, umugabo azokuganza.» Ivyo, ni Ivyanditswe. Mubishatseturashobora kubisoma. Namba ndabaha aho muza kwisomera mu Vyanditswe, niukugira ngo twunguke umwanya kubera ivyo vyogushikiriza ubutumwa kuri terefone. Ni murabe icatumye abikora.

None Satani yashoboye kumwegera gute? Mbega mwarimuzi ko igihe kimwe Satani yangana n'Imana? Ni koko! Ico yari abuze kwari ukubaumuremyi gusa. Yari ari vyose kiretse ico kuba umuremyi kandi yama ari i buryobw'Imana mw'Ijuru nk'umukuru w'Abakerubi. Ni murabe ibi. Icatumye uwo mugore akora ivyo yakoze ni uko atari mw'iremwa ry'inkomoko. Siikiremwa c'inkomoko [originale] c'Imana, ni ikintu cavuye mu kindi. Gurtyo rero kw'Itanguriro (Yesu ni hoyafatiye) ntiyari icaremwe c'inkomokoc'Imana. Yavuye mu mugabo nk'uko Yesu abitwibutsa mu gufatira kw'Itanguriro.

-----
Tugaruke kuri ca cigwa kijanye no Kwabirana be noKwahukana. Murabona, birakwiye ko ivyo biba ibihishuwe. Mu gihe cose vyobabitarahishurwa ntimwobimenya. Ariko Yarasezeranye ko muri ino misi ya nyuma,muri kino Gihe nyene, ibanga ryose rihishijwe ryo muri Bibiliya rizohishurwa. Ni bangahe bazi ivyo? Ni mu Vyahishuriwe Yohana, Igice c'10. Yesu yasezeranye ko ayo mabanga yoseanyegejwe: Ukwabirana no kwahukana, n'ayandi mabanga yose yari yaranyegejwe, koyohishuwe mu gihe c'iherezo. Muribuka rya Jwi ryambarira ngo nje iTugisoni. Muribuka wa Muco w'akayoberabahinga wabonekera kw'ijuru na babamarayika indwi bari bahari? Mu nyuma naciye nza kubwo kumatanura bimwe indwibimatanije Igitabo. Ni mwihweze ivyabaye. Ni ukuri.

-----
Ni ibintubiteye ubwoba kuvuga. Sinzi ukuntu nobisobanura. Mbega nokora iki mu gihemw'ikoraniro ryanje harimwo abagabo n'abagore bamaze kurongora no kurongorwaincuro zibiri canke zitatu, abagabo b'intwari n'abagore b'intwari ariko bari mumadidane gusa? None ni igiki cabitumye? Ni inyigisho z'ibinyoma! Cane rwose! Kuko batagumye biteze Umwami. «Ico Imanayamatanije ntihagire umuntu azokimatanura». Atari ico umuntu yamatanije, arikongo «ico Imana yamatanije».

Muramutse muronse uguhishurirwa kuje kuva ku Mana kutabanje gucaahandi kukavuga ko uwo ari umugore wawe, aba ari uwawe nyene mu buzima bwawebwose usigaje kubaho; murabona. Ariko icoumuntu we yamatanije, uwo ari we wese ashobora kukimatanura. Ariko ico Imanayamatanije, ntihakagire umuntu n'umwe yubahuka gukorako! Yavuze ati: «Ico Imana yamatanije, umuntu ntazeakimatanure». Si ukumatanywa n'umutegetsi kanaka yanyoye agiraaborewe canke uwundi muhakanyi uwo ari we wese, canke umuvugabutumwa yasubiyeinyuma, agendana umurundo wa za nemera ziri mu bitabo zimutera gukora ivyovyose ashaka aho gufata Ijambo ry'Imana. Murabona? Nariko ndavuga ku co Imana ubwayo yimatanirije.

-----
Umusi umwe, kuko nzi ko ico ndababarira ari UKU NI KOUHORAHO AGIZE, kandi mu gihe nariko mfata Ivyanditswe Iriko Irampishurira ibibintu, navuze nti: «Mwami Mana, nobwira iki rino koraniro? Ko hazocahabaho gutandukana! Hazobaho abantu bari ahantu hose h'urwinjiriro no ku mbugakugira ngo bambaze bati: Ntegerezwa gutandukana n'uno mugore? N'abagore nyenekugira ngo bambarire bati: Ntegerezwa gutandukana n'uno mugabo? None nokoraiki?» Nca ndavuga nti: «Mwami, nzokora iki?».

Haciye hazaikintu kirambarira kiti: «Genda ku musozi ndaheza nkubarire». Ndi ku musozi... Sinari nzi ko epfo i Tukisoni bariko barakibona, kugeza n'aho abigishab'amashure basohoye abana babakura mw'ishure (ka gakobwa kanje gato n'abandi) barababarira bati: «Ni murabe hariya kuri urya musozi hariho igicu gisan'urubeya rw'umuriro w'inkazi kiguma kiduga congera kimanuka, kiduga congera kimanuka».

MupfasoniEvansi, ni ho uri? Roniya ni ho uri? Ngarutse, naciye mpagararira ahobanyweshereza igitoro kwa ba Evansi, maze ntaranamenya ico abahungu babo bazakumbarira, aca ansimbirako ambarira ati: «Mwene Data Branham, wari hariyahejuru ku musozi, si ko none?»

-----
Acaambarira ati: «Ndashobora kukwereka neza na neza aho wari uri. Nahamagaye mamaduca duhagarara harya turaheza dukomeza kwitegereza nya gicu cari hariya hejurukiguma kimanuka congera kiduga. Ni kwo kumubarira nti: «nta wundi atariBranham ashobora kuba ari hariya hejuru. Nti ni Imana iriko iravugana na we». Igisagara cosecarabibonye. Wari umusi w'ijuru ritarimwo urwirungu, uretse gusa ico gicukinini casa n'urubeya rw'umuriro w'inkazi cari kihahagaze kimezenk'umubirikira, kiduga kigororotse hejuru kikaguka.

-----
Turi muri uno muvurungano kubwo insobanuro mbi y'abize ivya teholojiya. Si ko birinone? Ni co gituma mwa bagore mwe, muhora murongorwa ahandi kandi na mwe mwabagabo mwe, mukarongora abagore bahukanye. Vyatumwe n'insiguro mbi ya tewolojiya. Ubu rero ngira ndabereke ikintu Umwami yambariye. Imana, Umuremyi wacu, Yesu Kristo, yarabajijwe ico kibazo hamwe yari akiri hano kw'isimaze avuga ko Uwavugishwa na Yo, yashikiriza Ijambo ryayo, ari we Mose, umweyasohora abana b'Isirayeli abakura muri Egiputa akabarongora abajana mu gihuguc'Isezerano, ngo abonye abantu bari muri iyo ngorane, yaciye abaha icete cokuvavanura, bitewe n'uko vyari vyifashe muri ico gihe. Imana yemereye Mose, Uwuvugishwa na Yo yarungitswe mw'Ihanga ryayo, kubaha icete co kuvavanura.

Mu b'iKorinto ba mbere, Igice c'7, umurongo wa 12 n'uwa 15, Paulo, wa muvugishwa womw'Isezerano Risha, asanze bimeze uko nyene mw'ishengero, yavuze ati: «SiUmwami abivuze, ni jewe». Si ko none? Vyari bitewe n'ukuntu asanze ivyokwahukana vyifashe. Siko vyari biri ubwa mbere na mbere. Ariko Mose agerako bokora uko Imana na Yo Iravyemera. Na Paulo na we yaronse ubwo burenganzirabwo kubikora igihe yari asanze ishengero riri muri iyo ngorane.

Ni mwizere ko ari Ukuri kandi mwizere ko biturutse ku Mana. Kandi vyemejwen'Igicu cayo n'Ubutumwa bwayo yampaye kugeza uno musi, Imana kuri uwo musozintiyoba yanyemereye nanje nyene gukora nk'uko abo bakoze? Yambariye ngo ndabemerere gutera muja imbereuko nyene musanzwe muri ariko kandi ngo ntimuze musubire. Mukomeze kubanan'abagore banyu kandi ngo mubane mu mahoro, kuko igihe giheze. Ukuzakw'Umwami kuregereje! Nta mwanya dufise wo gusambura ivyo bintu. Arikontimukagerageze kwongera kubikora! (Ndiko mbarira ikoraniro ryanje gusa). Arikoni mwaba mwubatse, (Imana yabinyemereye ndi kuri urya musozi ngo nshoborekubivuga. Ni uguhishurirwa kuva mw'Ijuru bitewe no kwuguruka kwa vya bimwe ndwiBimatanije Igitabo kandi kikaba cari ikibazo cabajijwe kiri muri Bibiliya), ni mukomeze kuguma uko muri arikontimukongere gucumura!

Uko siko vyari bimeze ubwa mbere na mbere. Ni ukuri. Si ko vyari biri kandi si na ko bizoba biri kw'iherezo. Ariko nk'uko bimezemuri kino gihe, nk'umukozi w'Imana (ubwanje sinshaka kwiyita uwuvugishwa na Yo,ariko ndizera ko ni ntaba naratumwe kubera ico, ndiko nshiraho urufatiro rw'uwoazoza, nk'uko ibintu bimeze muri kino gihe, ndababwiye nti Noneho ni mutahe imuhira i wanyu mwe n'abagore banyu. Ni mwaba munezeranywe, ni mubane mazemurere abana banyu mubarerere mu mpanuro z'Imana. Ariko Imana ibagirireakagongwe ni mwongera kubikora! Mwigisheabana banyu kutigera bongera gukora ibintu nk'ivyo. Mubarereshe impanuro z'Imana. None rero ubu, mumeze uko nyene muri, tugende ubu nyene, kuri ino saha irenzerwose y'umugoroba tugezeko tugende twirukira gushikira kw'ishikirory'umuhamagaro wacu wo muri Kristo hamwe vyose bizoba bishoboka.

Musome mu...
Ukwabirana n’Ukwahukana.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

ikavuga, iti Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’ umugore wiwe akaramata, bompi bakaba umubiri umwe?

Bituma batakiri babiri, ariko baba babaye umubiri umwe. Nukw ico Imana yamatanije, umuntu ntaz’ akimature.

Matayo 19:5-6


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

Sirs, is this the time?

(PDF Icongereza)
-Musozi Sunset.
Where cloud appeared.

Chapter 14
- Sabino Canyon

(PDF Icongereza)

Chapter 11
The Cloud

(PDF Icongereza)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)

Imbere...

Inyuma...


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.