Umubatizo w'amazi.

<< prev

next >>

  Abakristo Ubugingo rukurikirane.

Ni mwihane...
Umuntu wese muri mwebge abatizwe.

Bose bākoze ivyaha.

Abaroma 3:23,
bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana;

Abaroma 3:10,
nk’uko handitswe, ngo Nta wugororoka, nta n’ umwe,

Ni mwihane...

Luka 13:3
Ndababgire, Si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona murtyo mwese.

Ivyakozwe 3:19,
Nuko mwihane, muhindukire, ivyaha vyanyu bihanagurwe, ibihe vyo guhēmbūka bibone ingene biza, bivuye mu nyonga z’Umwami Imana,

Ivyahishuriwe Yohana 2:5,
Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk’ivya mbere. N’utagira urtyo, nzoza kuri wewe nkūre igiterekwakw itara cawe ahantu haco, shiti wihannye.

Ivyahishuriwe Yohana 3:19,
Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane.

Umuntu wese muri mwebge abatizwe...

Mariko 16:16,
Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’ ūtizera azotsindwa n’urubanza.

1 Petero 3:21,
Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bw'ikigereranyo c'ukubatizwa, s'ugukurah' imvyiro zo ku mubiri, ariko n'isezerano ry'umutima utagiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo.

Yohana 3:23,
Kandi Yohana na we yabatiriza ahitwa Ayinoni, hafi y’i Salimu, kukw aho har’ amazi menshi, abantu bāraza bakabatizwa,

Ivyakozwe 8:36-39,
36 Bakigenda mu nzira, bashika ah’ ar’ amazi, iyo nkone iramubaza, it’ Ehe amazi: ikimbuza kubatizwa n’iki?
37 Filipo arayishura, ati Namba wizeye mu mutima wawe wose birashoboka. Na yo iti Nizeye Yesu Kristo kw ar’ Umwana w’Imana.
38 Ivuga ko bahagarika umukogote, baramanukana baja mu mazi bompi, Filipo n’iyo nkone, arayibatiza.
39 Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Umwami Imana ajana Filipo, inkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe.

Mw izina rya Yesu Kristo...

Luka 24:45-49,
45 Maz’ abungura ubgenge ngo batahure ivyanditswe.
46 Arababgira, ati Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bāpfuye ku musi ugira gatatu,
47 kandi yuk’ ukwihana no guharirwa ivyaha bikwiye kuvugwa mw izina ryiwe mu mahanga yose, uhereye i Yerusalemu.
48 Namwe mur’ ivyabona vyo kuvuga ivyo. Umve, ngira mbarungikire ico Data yasezeranye; ariko mugume mu gisagara, kugeza aho muzokwambikirwa ubushobozi buvuye mw ijuru.

Ivyakozwe 2:36-39,
36 Nukw abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yukw Imana yamugize Umwami na Kristo, Yesu umwe mwābamba.
37 Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?
38 Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.
39 Kukw isezerano ar’ iryanyu kand’ ar’ iry’ abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu.

Ivyakozwe 8:14-17,
14 Maz’ intumwa zir’i Yerusalemu zumvise yukw Abasamariya bemeye ijambo ry’Imana, zirungikayo Petero na Yohana,
15 na bo bamanutseyo barabasengera ngo bahabge Mpwemu Yera;
16 kuko Mpwemu ataribgamanuke ngw aje no kur’ umwe muri bo, bāri babatijwe gusa mw izina ry’Umwami Yesu.
17 Maze babarambikakw ibiganza, bahabga Mpwemu Yera.

Ivyakozwe 19:1-6,
1 Maze Apolo akir’ i Korinto, Paulo aca mu bihugu vyo haruguru, ashika muri Efeso, asangay’ abigishwa bamwe.
2 Arababaza, ati Mbega mwarahawe Mpwemu Yera igihe mwizera? Baramwishura, bati Ntitwaribganavyumve yuko Mpwemu Yera yatanzwe.
3 Arababaza, ati None mwabatijwe umubatizo ki? Bat’ Umubatizo wa Yohana.
4 Paulo ati Yohana yabatije umubatizo wo kwihana, abarira abantu ko bakwiye kwizera ūzoza hanyuma yiwe, ni Yesu.
5 Bavyumvise babatizwa mw izina ry’Umwami Yesu.
6 Paulo amaze kubarambikakw ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi, bavugishwa n’Imana.

Ivyakozwe 10:48,
Avuga ko babatizwa mw izina rya Yesu Kristo....

Mubone guharirwa ivyaha vyanyu.

Yohana 3:3,
Yesu aramwishura, ati N’ukuri, n’ukuri ndakubgire: Iy’ umuntu atavyawe ubga kabiri, ntashobora kubona ubgami bg’Imana.

Ab’i Galatiya 1:8,
Ariko naho yoba ari twebge cank’ umumarayika avuye mw ijuru, ababarira ubutumwa bunyuranye n’ubgo twababariye, arakavumwa.

1 Ab'iKorinto 14:37,
Ni hagira umuntu yiyumvira kw ar’ ūvugishwa n’Imana, canke kw ar’ uw’ impwemu, amenye ivyo mbandikiye yukw ar’ icagezwe c’Umwami wacu.

Muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.

Ivyakozwe 1:4-5,
4 Maz’ akoranye na bo, arabihanikiriza ngo ntibave i Yerusalemu, at’ Ariko murorēre isezerano rya Data, iryo mwanyumvanye.
5 Kuko Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu Yera.

Ivyakozwe 5:32,
Natwe tur’ ivyabona vyo gushingira intahe ivyo, na Mpwemu Yera na we n’uko, uwo Imana yahaye abayumvira.

Yohana 16:7-14,
7 Ariko jewe ndababgira ukuri: Ikizogira ico kibamarira, n’uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebge: ariko ni nagenda nzomubarungikira.
8 Uwo ni yaza, azohinyuza ab’ isi, abemeze ivy’ icaha, n’ivy’ ukugororoka, n’ivy’ amateka;
9 ivy’ icaha, kuko batānyizeye,
10 ivy’ ukugororoka, kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona,
11 ivy’ amateka, kuk’ umwami w’iyi si yaciriwekw iteka.
12 Nari ngifise vyinshi vyo kubabgira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.
13 Arik’ uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarōngōra abashitse ku kuri kwose, kukw atazovuga ivyo yigeneye, arikw ivy’ azokwumva vyose ni vyo azovuga, kand’ azobamenyesha ibigira bize.
14 Uwo azoshimagiza jewe, kukw azokwābīra ku vyanje, akabibamenyesha.

Abaroma 8:9-11,
9 Ariko mweho ntimuganzwa n’ akameremere k’umubiri, ariko muganzwa n’impwemu, bisanzwe Mpwemu w’Imana aba muri mwebge. Arikw iy’ umuntu adafise Mpwemu wa Kristo ntaba ar’ uwiwe.
10 Bisanzwe Kristo ari muri mwebge, umubiri uba upfuye kubg’ icaha, arikw impwemu ni nzima kubgo kugororoka.
11 Ariko bisanzwe Mpwemu w’ Iyazuye Yesu imukūye mu bapfuye aba muri mwebge, Iyazuye Kristo Yesu imukūye mu bapfuye izozura n’imibiri yanyu ipfa, kubga Mpwemu wayo aba muri mwebge.

Ivyakozwe 10:44-48,
44 Petero akivuga ayo majambo, Mpwemu Yera aramanuka, aja ku bariko barumva iryo jambo bose.
45 Abizeye bo mu bākebge barūmirwa, abāzananye na Petero uko bangana, kuko n’abanyamahanga na bo basutswekw ingabire, ari yo Mpwemu Yera.
46 Kuko bumvise bavuga izindi ndimi, bahimbaza Imana. Maze Petero arababaza,
47 ati Mbega har’ uwoshobora kwima amazi abahawe Mpwemu Yera nkatwe, ngo ntibabatizwe?
48 Avuga ko babatizwa mw izina rya Yesu Kristo. Baca baramwinginga ngw amarey’ imisi.

Ariko tugendeye mu muco...

1 Yohana 1:5-7,
5 Ubu ni bgo butumwa twumvise bgavuye kuri we, tukabubabgira, yukw Imana ar’ umuco, kandi muri yo ko hatagira umwiza na mukeya.
6 Tuvuze yuko dufatanije na yo, tukagendera mu mwiza, kuba ar’ ukubesha, ntituba dukora ivy’ ukuri.
7 Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

Chapter 8
Angel Appears

(PDF Icongereza)

Imbere...

Inyuma...

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)

English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo.

Ivyakozwe 4:12



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.