Giti c'Ubugingo.
Icaha c'inyanduruko.


  Ivyahishuriwe Yohana rukurikirane.

Giti c'Ubugingo.
Icaha c'inyanduruko.
(Ruvyaro rw'inzoka.}


William Branham.

Musome mu...
Igihe C’Ishengero Rya Efeso.

Ivyahishuriwe Yohana 2:7,
"...Uri n'ugutwi ni yumve ico Mpwemu abwira amashengero. Unesha, Nzomuha kurya ku vyamye ku Giti c'Ubugingo kiri muri Paradiso y'Imana.

Iyi ni impēra yo murikazoza ku baneshi bose b'Ibihe vyose. Akâmo ka nyuma k'intambara ni kamaragusamirana, nitwamara gushira hasi ibirwanisho vyacu, niho tuzoruhukira muriparadizo y'Imana kandi umugabane wacu uzoba ca Giti c'Ubugingo, Ibihe Vyose.

“Igitic'Ubugingo”. Mbega iyo si imvugo mpinyanyuro nziza? Kivugwa incuro zitatumu Gitabu c'Itanguriro n'incuro zitatu mu Gitabu c'Ivyahishuriwe Yohana. Ahohantu hatandatu hose ni ca Giti nyene kandi kikagereranya neza na neza ikintukimwe nyene.

Ariko none Igiti c'Ubugingo ni iki? Neza, imbere yavyose, twabwirizwa kubanza kumenya ico giti ubwaco ico gisobanura. Mu guharura 24:6, igihe Balamu yariko aravuga ukwo Abisirayeli bameze, yavuze ko bari bameze “nk'imibazibazi itewe n'Uhoraho.” Ibiti mu Vyanditswe vyerekana abantu, nk'ukobiri muri Zaburi 1. Kubw'ivyo rero n'Igiti c'Ubugingo gitegerezwa kuba ariUmuntu w'Ubugingo, uwo na We ni Yesu.

Rero mw'Itongo rya Edeni hǎri ibitibibiri vyǎri bihagaze hagati muri ryo. Kimwe cǎri Igitic'Ubugingo, ikindi cǎri Igiti co Kumenyekanisha Ikibi n'Iciza. Umuntu yategerezwa kubeshwahon'Igiti c'Ubugingo; ariko ntiyabwirizwa gukora kur'ico kindi giti bitabay'ukoyociye apfa. Ariko umuntu yarariye kuri ico kindi giti, kandi amaze kubikora,urupfu rwaciye rwinjira muri we biciye ku caha ciwe, aca atandukana n'Imana.

Rero ico Giti hariya inyuma muri Edeni, ico Giti cǎri co sôkoy'ubugingo, yari Yesu. Muri Yohana, kuva ku gice ca 6 gushika ku ca 8, YesuYiyerekana ubwiWe nk'isôko y'Ubugingo Budashira. Yiyita ubwiWe ko Ari WeMutsima wamanutse uvuye mw'Ijuru. Yaravuze ivyo kwitanga ubwiWe kandi yukoumuntu wese yoMufunguyeko atokwigeze apfa namba. Yaratangaje ko Yari AziAburahamu, kandi yuko imbere yuko Aburahamu abaho, We YARIHO. Yaravugishijweyuko We nyene ubwiWe Yobahaye amazi y'ubugingo ayo umuntu ayanyoye atokwigezeasubira kugira inyota ukundi, ariko ko yobayeho Ibihe Bidashira. YiyerekanyeubwiWe nka NDIHO AHAMBAYE. Ni We Mutsima w'Ubugingo, IRIBA Ry'Ubugingo, Uhoraho, ca GITI C'UBUGINGO. Yari hariya inyuma muri Edeni hagati mw'itongonk'uko kandi Azoba ari hagati muri paradizo y'Imana.

Bamwe bafise iciyumviro yuko ivyo biti bibiri vyarimw'iryo tongo vyoba gusa vyari ibindi biti bibiri bimeze nk'ivyo bindi Imana YariYarashizeyo. Ariko abigishwa biyubara barazi yuko ivyo atari ukwo bimeze. IgiheYohana Umubatizi yasemerera avuga ko ishoka igenekerejwe ku bitsina vy'ibiti,ntiyariko aravuga gusa ibiti bisanzwe, ariko ku mategeko ngenderwako y'ivyampwemu. Ubu rero muri 1 Yohana 5:11 havuga hati: “Kand' iyo NTAHE n'iyi: n'ukw'ImanaYaduhaye Ubugingo Budashira, kand' ubwo Bugingo ko buri mu Mwana waYo.” Yesu Yavuzemuri Yohana 5:40 Ati: “Ariko mwanka kuza kuri Jewe ngo muronke Ubugingo.” Kubw'ivyo intahe, Ijambo ry'Imana, riravuga mu buryo bugaragara kandi butomoyeyuko UBUGINGO, UBUGINGO BUDASHIRA, buri mu Mwana. Ntiburi ahandi na hamwe. 1Yohana 5:12, “Ufise Umwana waYo ni we afise ubwo BUGINGO; udafise Umwanaw'Imana NTAFISE ubwo Bugingo.” Kubera rero yuko iyo ntahe idashobora guhinduka,ngo ikurweko canke yongerweko, rero intahe iguma ari iy'ukwo UBUGINGO BURI MUMWANA. Kubera rero bir'ukwo, ICO GITI CǍRI MW'ITONGO GITEGEREZWA KUBA YESU.

Neza cane. Nimba rero Igiti c'Ubugingo ari umuntu, ahorero na ca Giti Kimenyekanisha Iciza n'Ikibi NACO NYENE ni umuntu. Nta kundivyoba atar'ukwo. N'uko rero Wa Mugororotsi na Wa Munyakibi bǎribahagararanye hariya hagati mw'Itongo rya Edeni. Ezekiyeli 28:13a “Wari (Satani) muri Edeni, mw'itongo ry'Imana.”

Ng'aha aho dukura impishuro y'ukuri ya rwa “rubutorw'inzoka.” Ng'iri rero ido n'ido ry'ivyabaye mw'Itongorya Edeni. Ijamborivuga yuko Eva yahenzwe n'inzoka. Mu vy'ukuri yarehejwe n'inzoka. Mw'Itanguriro 3:1 haravuga ngo: “Inzoka yarusha ubugunge ibikoko vyose vyo mw'ishambaUhoraho Imana Yari Yararemye.” Iki gikoko cǎri cegereyeikiremwa muntu cane (ariko n'ubwo bir'ukwo cari igikoko gikwiye) ku buryo cǎri gishoboyekwiyumvira no kuvuga. Cǎri ikiremwa kigenda gihagaze kandi kikaba casa n'ikirihagati y'imamfu n'umuntu, ariko cegereye umuntu cane. Cǎri cegereyeumuntu cane ku buryo urubuto rwaco rwǎri rushoboye, kandi rwashoboye kuvangana n'urw'umugorebituma asama inda. Igihe ivyo vyashika, Imana Yaciye Ivuma iyo nzoka. IcaIrahindura buri gufa ryose mu mubiri wayo ku buryo yategerejwe guca igenda ikwegainda hasi. Ubushakashatsi burashobora kugerageza ivyo bushaka vyose, arikontibuzigera butora ca gace kabura. Imana yarakoze ku buryo batazobitora. Umuntuni incabwenge kandi arashobora kubona ko hari isâno hagati y'umuntu n'igikokoagaca agerageza kuvyerekana biciye muri ya nyigisho ivuga ko ubuzima bw'ibintubwagiye buratera imbere. Nta terambere ng'ahoririmwo. Ariko umuntu n'igikoko baravanganye. Iryo ni rimwe mu mabanga y'Imanaryagumye rinyegejwe, ariko ng'iri rirahishuwe. Vyabereye neza hariya inyumahagati muri Edeni igihe Eva yatera ibitugu Ubugingo akemera Urupfu.

Nimwihweze neza ivy'Imana Yababwiye hariya mw'iryo tongo. Itanguriro 3:15 “Nzoshira inyankane hagati yawe n'uyu mugore, no hagatiy'uruvyaro rwawe n'urwiwe: ruzogukomeretsa umutwe, nawe uzorukomeretsaigitsintsiri.” Nimba twemeranya n'Ijambo yuko umugore koko yari afise Uruvyaro,n'inzoka na yo nyene rero itegerezwa kuba yari ifise uruvyaro ata nkeka. NimbaUruvyaro rw'umugore yari umwana w'umuhungu yasamwe ata mugabo, n'uruvyarorw'inzoka na rwo nyene rutegerezwa kuba mur'ubwo buryo nyene, ni ukuvuga yukohari uwundi mwana w'umuhungu ategerezwa kuvuka bidaciye mu nzira y'umugabo. Nta mwigishwa n'umwe atazi yukoUruvyaro rw'umugore yari Kristo yaje mu buryo bw'Imana, bidaciye kukumenyanakw'imibiri y'abantu. Birazwi kandi neza yuko kwa kujanjagurwa kw'umutwew'inzoka kwǎvuzwe bwǎri ubuvugishwa bw'ivyo Kristo Yokoreye Satani ku musaraba. Hariya kumusaraba Kristo Yojanjaguye umutwe wa Satani, mu gihe Satani na we yokomoyeigitsintsiri c'Umwami.

Iki gice c'Ivyanditswe ni impishuro y'ingene urubutonyezina rw'inzoka rwatewe mw'isi, nk'uko tubibwirwa muri Luka 1:26-35, ahavugwaneza ukugene uruvyaro rw'umugore rwigaragaje mu mubiri bidaciye ku mugabo. “Kandimu kwezi kwa gatandatu, umumarayika Gaburiyeli atumwa n'Imana mu gisagara c'iGalilaya citwa Nazareti, ku nkumi ikowe n'umugabo yitwa Yosefu, wo mu nzu yaDawidi, izina ry'iyo nkumi ni Mariya. Yinjira ah' ari, aramubwira, ati N'amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami ImanaAri kumwe nawe. Ariko we ahagarikaumutima cane w'iryo jambo, yibaza iyo ndamukanyo iy' ari yo. Umumarayika aramubwira, ati Nta co utinya,Mariya, kuk' ugiriwe ubuntu n'Imana. Umve, uzosama inda, uvyare Umuhungu, kand'uz' umwite YESU. Azoba Mukuru, AzokwitwaUmwana w'Isumba vyose, kand' Umwami Imana Azomuha intebe y'ubwami ya sekuruzaDawidi, Ahangame mu nzu ya Yakobo Ibihe Bidashira; ubwami bwiWe ntibuzogiraiherezo. Mariya abaza umumarayika, at' Ivyo bizobaho bite, ko ntaramenya icitwaumugabo? Umumarayika aramwishura, atiMpwemu Yera Azokuzako, ubushobozi bw'Isumba vyose buzogutera igitutu: ni cogituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w'Imana.” Nk'uko Uruvyaro rw'umugore rwǎri Imana Yonyene ubwaYo Yariko Iriserura mu mubiri w'umuntu, nk'uko nyene n'uruvyarorw'inzoka ni uburyo nyabwo Satani yaronse bwo gushobora kwiyugururira umuryangowo kwinjira mu bwoko muntu. Ntivyǎri gushobokera Satani (kuko we ari IKIREMWA c'impwemugusa) ko yiserura mu buryo nk'ubwo Imana Yiseruyemwo, kubw'ivyo inkuruz'Igitabu c'Itanguriro zivuga ingene yatanze urubuto rwiwe yiyinjiza cankeyinyegeteza mu bwoko muntu. Mwibuke kandi ko satani yitwa ya “nzoka.” Turikoturavuga ku rubuto rwiwe canke ukwinyegeteza kwiwe mu bwoko muntu.

Imbere yuko Adamu amenya Eva mu buryo bw'umubiri,inzoka ni yo yabanje kumumenya. Uwaciye avuka mur'ukwo kumenyana yabaye Kayini. Kayini yari uwa (yavutse kuri, yakomotse kuri) “Wa Mubi,” 1 Yohana 3:12. MpwemuYera muri Yohana ntaho yari gushobora kwita Adamu “Wa Mubi” (kuko ico ari coyociye aba iyaba ari we yavyaye Kayini) hanyuma ngo ahandi yite Adamu “Umwanaw'Imana” ari co yar'ari ku kuremwa. Luka 3:38. Kayini yari afise ingeso nk'izase, uwuzana urupfu, umwicanyi. Akagagazo kiwe imbere y'Imana igihe yariyashizwe mu katabesha n'Ishobora vyose mw'Itanguriro 4:5,9,13-14, karerekanayuko yari afise ingeso z'ubunyamaswa, agasa ndetse n'uwurusha inkuru zosedufise mu Vyanditswe zijanye n'uguhangana kwa Satani n'Imana. “Arikontiyakirira Kayini ishikanwa ryiwe. Maze Kayini araraka cane, mu maso hiweharijirwa.” “Uhoraho Abaza Kayini, ati Abeli murumunawe ari hehe? Aramwishura,ati Ndabizi? Nar' umwungere wa murumunanje?” “Kayini abwira Uhoraho, at'Igihano umpaye kirenze ico nokwihanganira. Raba, uyu musi unyirukanye kw'isi, nshiburiwe kure yo mu nyonga haWe; nzogenda ndâraguza, nd'inyererezi mw'isi, kand' uzombona wese azonyica.”

Nimurabe uburyo nyabwo ukuntu Imana Yerekana inkuruz'ukuvuka kwa Kayini, Abeli na Seti. Itanguriro 4:1-2, “Maze Adamu amenya Evaumugore wiwe; nukw'asama inda, avyara Kayini, aravuga, ati Ndonse umuhungu kubw'Uhoraho. Asubizako, avyara murumuna we Abeli.” Itanguriro 4:25 “Adamu yongera kumenyana n'umugore wiwe, avyara umuhungu,amwita Seti.” Hari abana BATATU bavutse mu bikorwa BIBIRI vyo kumenyana muburyo bw'umubiri kwa Adamu. Kubera yuko Bibiliya ari Ijambo ry'Imana ry'ukurikandi ritunganye, uku si ukwihenda, ariko ni inkuru igamije kutumurikira. Kubera yuko abana BATATU bavutse bivuye mu bikorwa BIBIRI vya Adamu, muraziVY'UKURI yuko UMWE mur'abo batatu ATARI umwana wa Adamu. Imana Yanditse ibimur'ubu buryo nyene kugira ngo Itwereke ikintu kanaka. Ukuri kwavyo ni uko Evayari afise mu mbanyi yiwe abana BABIRI (amahasa) basamwe mu buryo BUTANDUKANYE. Yari yibungenze amahasa, ugusamwa kwa Kayini kukaba kwǎri kwabayeimbere gato y'ukwa Abeli.

Musome mu...
Igihe C’Ishengero Rya Efeso.

Reba... Uruvyaro Rw’Inzoka.



Gitabu c'Ivyahishuriwe.
Ibandanya ry'rukurikirane.
(Inyigisho Z'Abanikolayiti.)


Ni We Mutsima
w'Ubugingo,
IRIBA
Ry'Ubugingo,
Uhoraho, ca GITI
C'UBUGINGO.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Iki ni co kimenyekanisha abana b’Imana n’abana b’Umurwanizi: ūdakora ibigororotse wese s’uw’ Imana, cank’ ūdakunda mwene Data wundi.

Kuk’ ubu ari bgo butumwa mwumvise uhereye mbere na mbere, ngo dukundane;

ntiduse na Kayini, yar’ uwa wa Mubi, akica murumuna we. Kand’ icatumye amwica n’iki? N’ukw ibikorwa vyiwe vyari bibi, ivya murumuna we bikaba vyiza.

1 Yohana 3:10-12


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

The Two Babylons

by Rev Alexander Hislop.
(PDF Icongereza)

Mountainside and
rosebush in snow,
in China.

Lillies of Fire.

Inkingi z’Umuriro.
- Houston 1950.

Light on pyramid
rock.