Urya Munsi i Kaluvariyo.


next >>

  Izuka rukurikirane.

Minsi ihambaye cane.


William Branham.
 

Musome mu...
Urya Munsi i Kaluvariyo.

Luka 23:33,
Bashitse ahantu hitwa Nyagihanga, bamubambanaho na za nkozi z’ibibi, umwe i buryo bgiwe, uwundi i bumoso.

N'umwe mu minsi ihambaye cane Imana yashoboye kuzana kw'isi. Kandi nimba ari ngira kamaro cane ku bwokomuntu, Kaluvariyo, nibaza ko ari vyiza kuri twebwe ko dusubira inyuma kugira dusuzumetubone insobanuro yayo kuri twebwe. Kubera ndafise icemezo muri kino gihe gikuze turimwo, turondera akamarokose k'Imana dushobora kumenya, turi hano kugira twiyigishe ivyo. Tuboneibitwerekeye, n'ivyo Imana yadukoreye, tubone n'ivyo yasezeranye kudukorera. Kandi ico nico kituzana kw'ishengero.

Ico nico gituma umuvugabutumwa avuga ubutumwa. Ico nico gituma asoma akazirikana Ivyanditswe no kurondera ihumekerwa - ni kubera weari umukozi w'ihanga ry'abantu b'Imana, na we agerageza kuronka ikintu.... ikintuImana yoshobora kubwira abantu bayo, ikintu gishobora kubafasha. Kumburekirashoboka kikaba ari co kubacira urubanza mu vyaha vyabo, ariko kikaba ariic'akamaro mu kubaduza; baronke guheba ivyaha vyabo hanyuma bahaguruke bakorereUmwami. Abakozi b'Imana bategerezwa kurondera ibi.

Nimba uyu musi uhâmbaye cane, umwe mu misi mikurucane, reka turabe ibintu bitatu uwo musi usobanura kuri twebwe. Twari gufataamajana. Ariko mu gitondo c'uno musi nafashe ibintu bitatu bitandukanyebihambaye cane twashaka kwihwezamu mwanya uza kuza, ivyo Gologota yasobanuyekuri twebwe. Nanje nsaba ko vyocira urubanza umunyavyaha wese ahari, yukovytuma umweranda wese apfukamika amavi yiwe, yuko vyotuma uwurwaye wese aduzeukwizera kwiwe ku Mana kandi agende yakize, umunyavyaha akizwe, uwasubiyeinyuma agaruke kandi yiumve isoni, kandi umweranda wese yumve anezerewe kanadi yongerweivyizigiro bishasha, ivyizigiro bishasha.

Ikintu kimwe gihambaye, c'ikingirakamaro Kaluvariyo isobanura kuri twebwe no kw'isi, ni uko, yarangije ikibazo c'icaha burundu. Umuntu yari yasanzwe ari uwagirwa n'icaha, kandi icaha cari igihano ata mwanaw'umuntu yoshobora kuriha. Igihano cari igihambaye ku buryo ata mwana w'umuntuyarashoboye kuriiha igihano. Ndizera koko ko ari Imana yabitegetse uko - kugiraigihano kibe igikomeye ku buryo ata muntu ashobora kukiriha - kugira Yo nyeneabe ari Yo ivyikorera. Ubu, igihano c'icaha cari urupfu, twese twaritwavukiyemu caha, tubumbirwa mu bigabitanyo, tuza hano mw'isi tuvuga ububeshi. Kubw'ivyo, nta n'umwe muri twebwe yari abereyecanke ngo baronke mw'isi uwari abereye.

Kandi icaha nticahereye mw'isi. Icaha cahereye mw'Ijuru. Lusiferi, wa mugarariji yari icaremwe cavumwe ku bwo kugarariza kwiwe no kuvaimbere yuko yinjira mw'isi. Icaha cahereye mw'Ijuru aho Imana yari yashize abamalayika n'abandi kuri rya shimikiro We yashize umwana w'umuntu. Ubumenyi.... igiti co kumenya. Igiti c'ubugingo n'igiti co kumenya aho umwana w'umuntu yihitiramwo. Reri igihe Lusiferi yahabwa uburenganzira bwose bwo kwihitiramwo, yaciye ashaka ibintu vyiza kurusha ivyo Imana Yari Ifise. Aho niho ingorane zaciye zitangurira.

Kandi hariho ideni ryishuzwa kubera icaha. Icishuzwa rwari urupfu. Igihano cari urupfu kandi ico ni... Ico twoshoborakukivuga ido n'ido kuko sinizera ko hari urupfu rurenze rumwe. Hari Ubugingobumwe. Nanje ndizera ko umuntu afise Ubugingo Budashira ntashobora gupfa; kandindizera ko hari uguhonywa kw'uwo mushaha ukora icaha kubera Bibiliya yavuzeiti: “Umushaha ukora icaha ni wo uzopfa ata kabuza.” Atari uwo muntu; “uwo mushaha ucumura.” Rero Satani ategerezwaata nkeka gupfa, asangangurwe burundu. Ese ukuntu ntemeranya na bamwe bizera ivy'ikivungabavuga yuko Satani azokizwa! Yaracumuye, kandi ni we nkomoko y'icaha. Umushaha wiwe waracumuye; kandi na we yariimpwemu. Iyo mpwemu izotezimanganywa burundu, nta n'agasigarira kayo kazosigara.

Kandi igihe icaha cinjira mw'isi hariya inyuma kerank'igihuzu cirabura camanutse kiva mw'ijuru carakongataje isi. Catereyeicaremwe cose mw'isi n'ivyaremwe vyose vy'Imana mu buja. Umwana w'umuntu yarimu buja bw'urupfu, bw'ingwara, ingorane n'intuntu. Ivyaremwe vyose bigwana nawe. Icaha ni co rutimbisha yakongataje vy'ukuri isi. Ni ho twaca tuyishirwamwo,twihebuye, kubera ikiremwa cose kw'isi caratewe ubwoba muri yo, n'uwavutse wesemw'isi yaratewe ubwoba muri yo. Kubwo ivyo hategerezwa kuza ikintu kanaka kivuyeahantu kanaka hatagira icaha. Nticari kuva mw'isi.

Nta n'umwe muri tebwe yarigucungura uwundi. Categerezwa kuva ku Wundi. Kubwo ivyo, umwana w'umuntu amaze gutahura yukoyatandukanijwe n'Imana yiwe yaciye aba inyererezi. Bararize, barakomye induru, baragize ingorane, barayerera ku misozi miremire, no mu bugaragwa, baronderaigisagara categuwe congera cubakwa n'Imana. Yaramenye yuko hamwe yogaruka munyonga z'Imana yoshobora kubiganirako na Yo. Ariko nta nzira yo kugaruka yariihari. Aca aba aratakaye, ntiyamenya inzira yo kugaruka, kubwo ivyo acaatangura kuyerera, agerageza kurondera aho yoronka inzira yo kugaruka ahohantu. Ikintu kanaka muri we caramubwira yuko yavuye ahantu hari hatunganye. Ntamuntu n'umwe mu bariko baranyumviriza baboneka muri kino gitondo, canke mubanyumviriza biciye kuri bande yabura aho izoja hose mw'isi, nta n'umwe hanocanke ahandi hose atariko ararondera ukwo gutungana.

Iyo urishe ideni ryawe uca wibwira uti: “Biratoreweumuti.” Uhejeje kuriha ideni, haca haba umuntu arwaye mu muryango wawe. Iyoivy'indwara bigenze neza, haca haboneka ayandi madeni yo kuriha. Mu mwanya mutougasanga wameze imvi, ugaca wipfuza gusubira mu buto. Hama hari ikintu igihecose, umwanya wose kubera uwo mupfunda w'icaha. Ariko mu mutima, kubera urikourabirondera, vyerekana ko hariho ugutungana ahantu kanaka. Ahantu kanaka hariho ikintu.

-----
Vyakabaye kera, umunsi uri izina, ari wo w'urya munsi iKaluvariyo, hamanuka Umuntu Umwe Azananye mu Bwiza. Umwe, Yitwa Yesu Kristo,Umwana w'Imana, Yaje Avuye mu Bwiza, maze Kaluvariyo ica ifata ishusho. Uwowabaye umusi igiciro carishwe, ikibazo c'icaha gitorerwa inyishu burundu, kandiyugurura inzira igana kuri ca kintu twamye dufitiye inzara n'inyota. BicaBizana ikibanza co kunyurwa.

Nta muntu yagendeye Kaluvariyo kandi akayibonank'uko iri, ashobora kubandanya ameze ukwo yarasanzwe. Ico yipfuje akaronderaarakironka iyo ashitse muri ico kibanza. Wari umusi uhambaye cane kandi ikintu gihambayecane ku buryo canyigangije isi. Caranyingangije isi ku rugero itari bwigereinyiganga mu bindi bihe. Igihe Yesu yapfa i Kaluvariyo akariha ikibazo c'icaha.

Iyi si y'icaha yarasizweko umwijima koko. Izuba ryarenzehakiri ku mutaga. Ryaragize ibizunguzungu. Ibitandara vyaranyiganze, imisozimiremire irasaduka kandi imibiri yabapfuye irazuka ivuye mu mva. Vyagize iki? Imana Yariko Iratumbera hariya Kaluvariyoica irakomeretsa burundu ca gikoko citwa Satani. Yaciye agira uburakari bwinshiguhera ico gihe. Kubera vyazaniye umuco umuryango w'abana b'abantu, kandiumuntu wese arazi ko igikoko cakomeretse kica kirakara came.... Kikikwega mu giheumugongo waco wavunitse. Rero i Kaluvariyo, niho Satani yakubitiweubutakigaruka. Isi yarabishimangiye kw'ar'uko vyagenze. Ikiguzi gihambaye cane cigeze kurihwa, kandi Umwe gusayashobora kukiriha Yaraje kandi Yarabikoze i Kaluvarito. Aho niho ikiguzi gihambayecarihiwe. Ico ni kimwe muri vyinshi.

Imana ivyo yaravyishuza. Nta muntu yari abereye, ntamuntu yari abishoboye, nta muntu yashoboye kubikora. Imana nayo ica iriyizirayo nyene ihinduka umuntu, ibaho ubuzima bw'umuntu iri musi y'ivyipfuzovy'umuntu,kandi irabambwa i Gologota. Kandi hariya, Satani amaze kwibaza ko Atoshoborakubikora - yuko We atovyihanganira-We yarabicishijwemwo i Getsemane hamwen'ikigeragezo cose umwana w'umuntu yigeze gucishwamwo. yarabicishijwemwonk'abantu bose ariko yararishe ikiguzi. Kandi nico cateye isi umwijima. Nka Rutimbishabakoresha mu kubaga umuntu. Iyo umuganga ateye umuntu rutimbisha... ubwa mbereabanza kumutuma atakaza ubwenge. N'igihe Imana yabaga Ishengero, isi yaratewerutimbisha. Ivyaremwe birakanguka. Nta gitangaje. Imana, mu mubiri w'umuntu, yariko irapfa. Yari ya saha isi yari yararondeye, naho biri uko benshi ntibabimenye. Nkuko bimeze uno musi, benshi bararondera ivyo bintu, kandi ntibashobora kubitahura. Bobo ntibazi inzira yo kubicika. Babandanya bagerageza kurondera umunezero n'ibintu vy'isi, bágerageza kuronderainzira yo gucikiramwo.

Harabayeho ivyapa vyinshivyerekeza kuri uyo munsi-ibimenyetso vyinshi bihambaye. Ibimenyetso vyinshivyerekanwa vy'umwagazi w'intama, n'impfizi z'inka, n'inuma hamwe n'ibi bintuvyose; ariko ntivyashoboye kububomora. Ntivyashoboye kubomora ubwo bwamibw'urupfu. Kubera Satani yaraganza isi. Vya bitandara yagenderakoigihe kimwe kw'isi amazuku yaka umuriro - Lusiferi yari wa mwana wo mu mutwenzikandi yaragendeye kw'isi igihe yari ikirunga caka - vya bitandara nyene vyafatwa n'ubukonjeigihe Yesu yapfira i Kaluvariyo, vyaramijutse biva mw'isi. Ikiguzi cari kirishwekandi ububuja bwa Satani bwari bwarajanjaguwe.

Imana Igarukana mu minwe y'umwana w'umuntu inzira yo kugaruka kurikimwe yamye arondera. Ntiyategerezwa gusubira kurira. Igihe Yavuna urutirw'umugongo rwa Satani hariya i Googota - uruti rw'umugongo rw'icaha, rw'indwara - kandi vyazanye ikiremwa gipfa cose co mw'isi mu nyonga z'Imana hamwen'ivyaha vyahariwe. Haleluya! Ivyaha vyacu vyarahariwe. Satani ntashoboyekubandanya atugumiza kure y'Imana. Hari ibarabara rikururyubatswe. Hari yo iterefone. Hari umuhora ugana mu bwiza. Biza umuntu wese mugushikira uwo muhora. Iyo umuntu yuzuye icaha, aca yiyunga n'ishikiro ry'uwomuhora. Arashobora guharirwa ico caha. Si ivyo gusa, ariko ico caha kirarihwa. Ntushobora kuvuga uti: “Simbereye.” Vy'ukuri ntubereye. Ntuzigera ubauwubereye. Ariko Uwubereye yarafashe ikibanza cawe! Uridegemvya! Ntukeneragusubira kuyerera kandi. Ntukeneye gusubira kuba umuntu arondera umunezra w'iysi. Kubera:

Hariho iriba ryuzuyeamaraso
Riva mu mitsi yaImanuweli
Iyo umunyavyahaaryibiyemwo
Aca akurwako ukwagirizwa.

Ntutegerezwa gutakara. Hariho ibarabara rikuru, n'inzira, kandi yitwa inzira y'ubugororotsi; n'ikijujunticoyizimiriramwo. Kubera abanza guca lmw'iriba hanyuma akinjira mw'ibarabara rikuru.

Yarajanjaguye ubushobozibwose bwa Satani. Yaruguruye umuryango w'ibohero ry'i kuzimu. Ku muntu weseabohewe mw'isi - mw'ibohero - yaratinya igihe co gupfa, ico urupfu rwari rushoboyekumugira. I Kaluvariyo, Wewe yaruguruye iyo miryango y'ibohero kugira agireuwidegemvya imbohe yose. Ntutegerezwa kubandanya utotezwa n'icaha. Ntutegerezwakubandanya utanga ibihimba vyawe mu gukora ivyaha, kunywa inzoga, kunywa itabi,gukina akamari, kubesha. Urashobora kuba umunyakuri, umugororotsi, umuntuw'ingeso nziza; kandi Satani ntaco ashoboye kubihindurako. Kubera uragumijeumugozi, umugozi wo gutabarwa. Ushize inanga mu rutare rutanyiganyiga. Ntagishobora kugukura aho. Na muyagauhari ushobora kugukura i we. Nta kintu, nahorwoba urupfu coshobora kudutandukanya n'urukundo rw'Imana ruri muri KristoYesu.

Ico ni co Kaluvariyo yasobanuye. Abantu bǎri mu buja baragizwe abidegemvya. Abantu bari musiy'ingogo y'ubwoba bw'urupfu ntibagitinya urupfu. Umuntu yarondera igisagaracateguwe congera cubakwa n'Imana, arashoboye guhagarara kw'ibarabara rikuruagahanga amaso mwijuru kubera aridegemvya. Haleluya, yaracunguwe. Ntagikeneye kwongerakuyerera, kubera hariho uburyo bwo kumenya ko uri mu kuri canke utari mu kuri. Imana yaraduhaye ubugingo. Ivyaha vyacu vyaragiye. Urya munsi i Kaluvariyo wararishe ikiguzi.

-----
Ubwa mbere twategerezwa kurondera ico uwo munsi usobanura. Ubwa kabiri, twategerezwa kubona ico uwo munsiwadukoreye, ico watumariye. Ubu naho ubugira gatatu, reka twihweze ico dutegerezwa gukorera uwo munsi. Ico dutegerezwa kuwukorera.

Ubwa mbere twategerezwa kuwuraba kuko ni umusi uhambaye, uhambaye gusuimba iyindi. Ikiguzic'icaha carakuweho. Ubushobozi bwa Satani bwarajanjaguwe.

Ubu naho dushakakubona ico twokora kubitwerekeye. Ubu, kubitwerekeye, Igihe Yesu yapfira i Kaluvariyo, uryamunsi i Kaluvariyo, ntiyarishe ikiguzi c'ivyaha vyacu gusa, ariko yararisheigiciro kandi i yaraciye inzira kugira tumukurikire. Kubera twebwe, nka Adamuyaguye bagacungurwa… nkuko Mpwemu yarongora Adamu - Adamu wa mbere - ku bwa Mpwemu yari afise ubutware ku vyaremwe vyose. Niho natwe - Adamu wa kabiri - canke abantubo mw'isi, twaracunguwe na Kristo kuva ico gihe hariya i gologota, turashoborakumukurikira. Rero, igihe yapfa hariya i Kaluvariyo, yaratunganije inzira. Yaratanze Mpwemu, mpwemu Yera yarungitswe ngo agaruke mw'isi kubwawe na jewedushobore kubaho i We. Iyo niyo nsiguro ya Kaluvariyo kuri twebwe, turashobora kuMukurikira.

Musome mu... Urya Munsi i Kaluvariyo.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Nuko rer’ umuntu wese iy’ ari muri Kristo, aba ar’ icaremwe gisha: ivya kera biba bihise, vyose biba bicitse bisha.

2 Ab’i Korinto 5:17


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

Chapter 9
- The Third Pull

(PDF Icongereza)

Imbere...

Inyuma...

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)

“Simbereye.”
Vy'ukuri
ntubereye.
Ntuzigera
ubauwubereye. Ariko
Uwubereye yarafashe
ikibanza cawe!



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.