Mushingantahe, iki ni co kimenyetso c’Iherezo?

<< ivyahise

igikurikira >>

  Gihe c'Iherezo uruhererekane.

Mumarayika w'indwi ubutumwa.


William Branham.

Musome mu...
Mushingantahe, iki ni co kimenyetso c’Iherezo?

Ivyahishuriwe Yohana 10:7,
7 ariko mu misi y'ijwiry'umumarayika w'indwi, ah' azoba agira avuze inzamba, ni ho ibanga ry'Imanarizoba riheraherejwe, nk'uko yabariye abasavyi bayo Ubutumwa Bwiza, ni bobavugishwa na yo.

Rero, mw'urwo rugendo rwose, hariho ibintu vyabaye,ivyo jewe ntashobora gutahura. Kandi kimwe mu bintu ntashobora gutahura, niigihe nari nkiri muto hanyuma ayo mayerekwa akanzako. Jewe narayabona hanyumangaca mbwira abavyeyi banje ibintu vyaba bigiye kuba. Bo biyumvira ngo nabanacanganyikiwe. Ariko, igitangaje, vyashika nk'uko naba nabivuze.

Wombazauti: “Ivyo vyaba imbere yo guhindukirira Imana kwawe?” Ego.
“Ingabire n'imihamagaro ntivyicuzwa,” ni ko Bibiliya ivuga. Wavukiye kuri iyisi kubw'intego kanaka. Kandi ntabwo... Ukwihana kwawe si kwo kuzana ingabire; ubawarazitegekanirijwe kuva kera. Noneho, mw'urwo rugendo, kandi nkiri muto,icipfuzo canje kwari... Ntabwo nari nyuzwe mu gihugu twabamwo. Narifuza cane muburyo kanaka, kuja mu Burengero.

-----
Hategerezwa kubahari isaha zine z'igitondo, igihe umugore wanje yagerageza kwinjira mu cumba, niho vyabaye. Nagiye mw'iyerekwa muri ico gitondo, hanyuma jewe hari ukuntu... Uburero, mwibuke, ntiyari indoto.

Harihoitandukaniro hagati y'indoto n'iyerekwa. Indoto ni igihe uba usinziriye. Amayerekwana yo, ni igihe uba udasinziriye. Twavutse tumeze uko. Umuntu asanzwe, iyoarose, ivyo bibera muri gatimanama kiwe ka kabiri. Rero gatimanama kiwe kabakari kure yiwe. Inziranyumviro ziwe ziba ziriko zirakora igihe cose ari murigatimanama kiwe ka mbere. Mur'ako gatimanama, wewe, uba ukanura; uba ushoborakubona, guhonja, kwiyumvamwo, kumoterwa, kwumva. Ariko iyo uri muri gatimanamakawe ka kabiri, usinziriye, haba kubona ntubona, ntuhonja, ntiwiyumva, ntumoterwa, canke ngo wumve. Ariko hari ikintu kanaka, iyo urose, ukagaruka mur'akagatimanama. Hariho ukwibuka, ku buryo wibuka ikintu warose, mu myaka yaheze. Umuntuasanzwe ni uko ameze.

Ariko iyoImana yategekanije kuva kera ikintu kanaka, aka gatimanama ka kabiri ntikabakari kure y'aha, ku wubona, ariko utwo dutimanama twompi tuba dufatanye. Kandiuwubona, mw'iyerekwa, si ngombwa ngw'arinde gusinzira. Aba akanura, hanyumaakabibona.

-----
Rero, muri iryoyerekwa, canke nk'uko nariko ndavuga, ndavye, mbona ikintu gitangaje. Mw'uyo mwanya, wamengo ni umuhungu wanjemuto Joseph, yari i ruhande yanje. Nariko mvugana na we. Noneho, witegerejeneza iryo yerekwa, uzobona impamvu Joseph yari ahagaze aho.

Maze nditegereza, mbona igisaka kinini. Hanyuma kur'ico gisaka, hari inyonizari mu murwi, twarin utunyoni duto, zifise uburebure bw'amakikabw'isantimetero no mu maduga. Izo nyoni zari intwari. Amababa yazo mato yariyarashwe. Kandi zari nka zibiri canke zitatu kw'ishami ryo hejuru, zitandatu cankeumunani kw'ishami rikurikira, na cumi na zitanu canke mirongwibiri kw'ishamirikurikira; umanuka mw'ishusho y'umusonge. Rero utwo tunyoni duto, izo ntwarabutumwanto, zari zirushe cane. Zariko ziraba zerekeza mu Buseruko.

Nanje nari i Tucson, muri Arizona, mw'iryo yerekwa, kuko Yararitomoye neza kuburyo ntayoberwa kubona aho ari ho. Nari nikura ibifashi vyo mu bugaragwa. Ndibwira nti: “Noneho,ndazi ko iri ari iyerekwa, kandi ndazi ko ndi muri Tucson. Kandi ndazi ko izo nyoninto zigereranya ikintu kanaka.” Kandi zaraba zerekeza mu Buseruko. Giturumbuka, zica zigabira kuraguruka, ziravuduka zigenda zerekeza mu Buseruko.

Zikimara kugenda, haza inyoni nini-nini zigize umurwi. Zasa n'inuma, amababa asongoyecane, zisa n'ibara ry'umunyota, gusa zisa n'igitare gato kuruta za ntwarabutumwanto za mbere. Kandi zari zije zivuye mu Buseruko n'umuvuduko munini. Hanyuma bidatevye, zikimara gukamangana,nongera guhindukira ndaba mu Burengero, ni ho vyabereye. Habayeho ugururikakwanyigangije isi yose.

Ubu rero, ibi ntibibacike. Namwe, namwe abari kui bǎnde, mumenyeneza yuko ibi mwabitahuye neza. Ubwa mbere, habaye uguturika. Kandi nibajije ko ukwo guturika kwumvikanye nkahamwe hari uruhome rw'ijwi, uko mwonavyita, iyo indege zirenganye aho ijwiryumvkana, ijwi rica rigaruka gusamirana kw'isi. Haranyiganyize, nk'umutontomo, ibintu vyose. Aho, wari gushobora kuba wari umuturagaro ukomeye w'inkubaumeze nk'umuravyo; ariko nta muravyo nabonye. Numvise gusa ukwo guturikagusamirana, vyumvikaniye nk'aho umengo hari mu bumanuko bw'aho nari ndi, amajamuri Mexico.

Ariko, vyaranyiganyije isi. Kandi igihe vyaba, nari nkiraba mu Burengero. Hanyumakure cane mu Bihe Bidashira, mbona ikintu kanaka kije kigize umurwi. Wamengo ninkaho twari utuntu tw'utuburungu. Dushobora kuba tutarenga dutanu, canke indwi. Ariko, Vyari biri mw'ishusho y'umusonge, nka za ntwarabutumwa zǎza. Mazeivyo bimaze kuba, Ubushobozi bw'Imana Mushobora vyose buranterura mu kirere kugirango duhure na Vyo. Kandi ndashobora kubibona. Ntabwo Vyigeze bimvamwo. Iminsiumunani irashize, yamara sinshobora kuvyibagira. Nta kintu nari bwigere ngira kimpagarikaumutima nk'ico. Umuryango wanje uzobibabwira.

Narashoboyekubona abo Bamarayika, ayo mababa asongoye yari inyuma, bǎgurukabihuta kuruta umuvuduko w'ijwi. Baje bava mu Bihe Bidashira, mu kanya isase, nk'akogukubita urugohe. Ntivyamaze n'akanya ko guhumaguza, gukubita urugohe gusa, BariBamaze gushika. Nta mwanya naronse wo guharura. Nta mwanya nari mfise kiretseuwo kubitegereza gusa. Abamarayika bahambaye b'abanyenkomezi nyinshi cane, beraderere nk'urubura; baguma bakubita amababa yabo, n'imitwe. Kandi baguma bagira,“hwuuuui-hwuuuui!” Kandi igihe vyaba, nari nateruwe mu kirere mur'uyo musonge, mw'uwo murwi.

Nariyumviriyenti: “Noneho, ng'ibi.” Nari nakongataye wese. Nibwiye nti: “Ôo, bagenzi! Ibi bisobanurako hazobaho uguturika kuzompitana. Ndi kw'iherezo ry'urugendo rwanje ubu. Iriyerekwa niryamvako, ntawe nzobibwira mu bantu banje. Sinshaka ko babimenya. Ariko, Data wo mw'Ijuru yamenyesheje noneho ko igihe canje kirangiye. Kandisinzobwira umuryango wanje, gurtyo boye guhangayika bavuga bati: 'Kubera, yimirijekugenda.' None kw'abo Bamarayika baje kuntora, aho vuba ngiye guhitanwan'uguturika kanaka.”

Hanyuma binzako, mu gihe nari muri uyo murwi w'Abamarayika, ngo: “Oya, ntabwo ari ivyo. Iyaba vyakwishe, vyari kuba vyishe na Joseph.” Kandi nari nshoboye kwumva Joseph ampamagara. Emwe, noneho nongera guhindukira. Ndiyumviranti: “Mwami Mana, iri yerekwa risobanura iki?” Naribajije.

Hanyuma binzako, (atari ijwi) vyabaye bunzeko gusa. “Ôo! Abo ni Abamarayika b'Uhoraho, bajekumpa igikorwa c'ibango canje gishasha.” Ivyo maze kuvyiyumvira, nkirizaibiganza, ndavuga nti: “Ô Mwami Yesu, Ugomba nkore iki?” Hanyuma iryo yerekwa riramvako. Namaze hafi isaha yose umubiri watimvye.

Noneho, mwebwebantu murazi imihezagiro y'Umwami ico ari co. Ariko, Ubushobozi bw'Umwami buratandukanyecane, Ubushobozi bw'Umwami bwa mwene aho hantu. Nari maze kubwumva, kenshi, kenshicane, imbere y'aho, mu mayerekwa, ariko nta na rimwe mur'ubwo buryo. Bwumvikanank'ubwoba bw'igitinyiro. Naragize ubwoba bwinshi ku buryo no gukongataranakongataye, imbere y'ivyo Binyabugingo.

Ndavuga Ukuri. Nk'uko Paulo yabivuze, “Simbesha.” Ntabwo mwigeze munyumva mvuga ikintu kitarico ku bintu nka mwen'ivyo. Hariho ikintu kanaka cimirije gushika. Hanyuma, hashize akanya, ndavuga nti: “Mwami Yesu, nimba ngiye kwicwa, bimbwire, kugira ngo ibi bintu sinzobibwire abantu banje. Ariko nimba ari ikindi kintu, bimbwire.” Ariko, nta na kimwe canyishuye. Mpwemu amazekumvako, ndakeka nko mu gihe kingana n'igice c'isaha, canke kirenga, navuzenti: “Mwami, nimba ari vyo rero, nkaba ngiye kwicwa, kandi Ukaba Urangijenanje kw'isi, hanyuma— hanyuma ubu nkaba ngiye gutahanwa Muhira; ivyo, nimba ariko bimeze, ni vyiza. Ni vyiza cane. Rero,” Ndavuga nti: “Nimba ari vyo, bimenyeshe. Subira Urungike ubwo Bushobozi bwawe ubugira kandi, noneho nca menya kw'abantubanje ataco ndi bubibabwireko canke uwundi wese, kuko Uzoba Wegereje kunjana.” Mazejewe... Nta na kimwe cabaye. Nararindiriye gato. Hanyumandavuga nti: “Mwami Yesu, nimba atari ico busobanura, maze bikaba bisigurako hari ico Umfitiye co gukora, maze nkaba nzogihishurirwa hanyuma, mw'ico gihenurungike ubwo Bushobozi bwawe.” Bwahatswe kumijurira hanze y'icumba!

Nisanze ndi ahantukanaka, mu mfuruka. Nari nshoboye kwumva umugore wanje, ahantu kanaka, agerageza kunyiganza urugi. Urugi rwo mu cumba co kuraramwo rwari rwugaye. Kandinari mfise Bibiliya izinguruye, hanyuma... Nariko ndasoma, sinzi, ariko hari mu, nibazako hari mu Baroma igice c' 9, umurongo wanyuma:... Ehe ndashira i Siyoni ibuye ritsitaza, urutarerugwisha, kandi uwizera Uyo ntazoterwa n'isoni. Mazendiyumvira nti: “Biratangaje kubona nariko nsoma ivyo.” Mpwemu yabandanijeanzungurukana mu cumba! Ndazinga Bibiliya, maze mpagarara aho.

Negereyekw'idirisha. Hari nk'isaha zine z'umunsi, canke zirenga. Ndakiriza ibiganza,ndavuga nti: “Mwami Mana, sindabitahura. Uyu umbereye umunsi utangaje. None ndihafi gucanganyikirwa.” Navuze nti: “Mwami, ivyo bisobanura iki? Reka nongerensome, nimba ari Wewe.” Ubu rero, ibi vyumvikana nk'aho ari bito. NarafasheBibiliya, ndayizingurura. Ng'ivyo na none, ha hantu nyene, Paulo abwira Abayudako bagerageje... Abwira Abaroma ko Abayuda bagerageje kuvyizeresha ibikorwa, arikoyuko twebwe ari kubwo kwizera tuvyizera.

-----
Nizera ko “uwo mumarayika w'indwi” wo mu Vyahishuriwe Yohana 10 ariya ntwarabutumwa y'indwi y'ishengero yo mu Vyahishuriwe Yohana 3:14. Mwibuke.Reka noneho nsome. Ndabe aho nshobora gusoma. Kano kanya, uyu yari umumarayika w'indwi. Ariko mu minsi y'ijwi ry'umumarayika w'indwi, (umurongo w'indwi) ah'azoba agira avuze inzamba, ni ho ibanga ry'Imana rizoba riherahejwe, nk'uko Yabariye abasavyi bayo Ubutumwa Bwiza, ni bo bavugishwa na Yo.

Noneho, murabona ko uyu yari umumarayika. Kandi ni wa mumarayika wo mu gihe c'indwic'ishengero, kuko bivugwa hano ko ari “umumarayika w'indwi,” wo mu gihe c'indwic'ishengero. Musanga, hamwe mushatse kuraba uwo... aho uwo mumarayika ari, IvyahishuriweYohana 3:14, ni: “Umumarayika w'ishengero rya Lawodikiya.”

-----
Ubu rero mutegeyompi mu bwitonzi ntangere. Uyo mumarayika w'indwi wo mu Vyahishuriwe Yohana 10:7 ni ya ntwarabutumwa y'igihec'indwi c'ishengero. Murabona? Noneho murabe. “Ariko mu minsi...” Ubu reromwitegereze hano: Ariko mu minsi y'ijwi ry'umumarayika w'indwi, ah'azoba agiraavuze inzamba, ni ho ibanga ry'Imana rizoba riherahejwe,...

Ubu rero, asamiranisha, iyi ntwarabutumwa, uyu mumarayika w'indwi hano, asamiranishaUbutumwa bwiwe kw'ishengero rya Lawodikiya. Nimurabe ubwoko bw'Ubutumwa bwiwe. Uburero, ntihari ku mumarayika wa mbere, si ho Ivyo vyatanzwe; umumarayika wakabiri, uwa gatatu, wa kane, wa gatanu, wa gatandatu. Ariko umumarayika w'indwini we yari afise Ubutumwa bw'ubwo bwoko. Vyari ibiki? Nimurabe ubwokobw'Ubutumwa bwiwe: “Guheraheza amabanga yose y'Imana, yanditse mu Gitabu.” Uwo mumarayikaw'indwi aheraheza amabanga yose yasigaye yenena, ivyo bintu vyose mur'ukwokwitunganya kwose n'amadini. Umumarayika w'indwi arabikoranya, agaca aherahezaibanga ryose uko ryakabaye. Ivyo ni vyo Bibiliya ivuga: “Aheraheza ibanga ry'Igitabucanditse.”

Musome mu...
Mushingantahe, iki ni co kimenyetso c’Iherezo?

Raba kandi... Bicu vyo kw injuru.


Urubuga rw’amakuru
y’icongereza.

Ivyahishuriwe Yohana.

Imana na Siyansi.
Index. Ivy’ubucukuzi.

Eliya Umuhanuzi.

Inkuru nziza.
Yesu yapfiriye ivyaha
vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 
 

Bicu vyo kw injuru.

Inkingi z’Umuriro.

Izuka uruhererekane.

Rihambaye
ry'Ubutatu.

Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza).

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Ijambo Ry'Ubugingo
uruhererekane.

Noheri
uruhererekane.

Gihe c'iherezo
uruhererekane

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Imana n’Kahise.
uruhererekane.

Abakristo kugenda
uruhererekane.

Ubwato bwa Nowa.

Ivy’ubucukuzi.
Sodomu na Gomora.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Ubutumwa mu Ikirundi.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

   Bibiliya ivuga...

Bun’ ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.

Matayo 24:30


Fyonda ku ishusho kugira ngo ubone ishusho yuzuye canke PDF.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

Mushingantahe, iki ni co kimenyetso c’Iherezo?

(PDF) Umusozi Sunset.
Aho igicu yagaragariye.

Chapter 14
- Sabino Canyon

(PDF Icongereza)

Chapter 11
- The Cloud.

(PDF Icongereza)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

Ingene Wa
Mumarayika
Yangendeye...
(PDF)


Ubutumwa hub... Hitamwo ururimi rwawe maze gukurura ubutumwa ku buntu buvuye ku muvukanyi Branham.