Gihe c'Iherezo rukurikirane.

  Gihe c'Iherezo rukurikirane.

Abasîzwe Amavuta mu Gihe c’Iherezo.


William Branham.

Musome mu...
Abasîzwe Amavuta mu Gihe c’Iherezo.

Matayo 24:23-24,
23 Ico gihe ni hāgira umuntu ababgira, at’ Ehe Kristo ari hano, canke, at’ Ari hariya: ntimuze muvyemere.
24 Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’ Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka.

Nashaka ko mwihweza ng'aha muri Matayo 24,Yesu akoresha ijambo “Ba Kristo,” B-a-K-r-i-s-t-o, “Ba Kristo.” SiKristo, ariko “Ba Kristo,” mu bwinshi, si muri rudende. “Ba Kristo.” Rero, ijambo Kristo risobanura “Uwusîzweamavuta,” Kandi rero namba ari “uwusîzwe amavuta,” ntazoba ari umwe gusa, ariko, benshi, basizwe, “abasîzwe amavuta.” Murabona? Mu yindi mvugo, iyo akagomba kubisigurakugira dushobore kubitahura birushirije, Yari kuvug'ati: “Mu minsi y'iherezohazokwaduka abasîzwe amavuta, b'ikinyoma.” Rero, ivyo biboneka nk'ibitokwigerabishoboka, murabona, aya majambo “abasîzwe amavuta.” Ariko raba neza amajamboakurikira gatoya, “n'abavugishwa b'ikinyoma,” a-b-a-v-u-g-i-s-h-w-a, mubwinshi.

Rero, uwusîzwe amavuta, ni “umuntu afise ubutumwa.” Kandi inzira imwe gusa ubutumwa bushoborakuzananamwo ni ku muntu asizwe amavuta, kandi uwo na we yoba ari umuvugishwa, asizwe, “hazokwaduka abigisha basizwe amavuta, b'ikinyoma.” Umuvugishwa yigishaubutumwa bwiwe. Abigisha basizwe amavuta, abantu basizwe amavuta, ariko bafiseinyigisho y'ikinyoma. Abasîzwe amavuta, “ba Kristo,” mu bwinshi; “abavugishwa,”mu bwinshi. Namba rero hariho - Kristo, mu rudende, hategerezwa kubaho kandi “abasîzwe amavuta,” abo ubuvugishwa bw'ivyo bobaye bariko barigisha bwobayebutandukanye, kuko ari abasîzwe amavuta, basizwe.

Muri aka kanya,ni icigwa c'amiga yo ku munsi w'Iyinga, tugomba tu - tugerageze kuvyerekananeza, dukoresheje Ivyanditswe, tudakoresheje ico umuntu kanaka yabivuzeko,ahubwo neza na neza dusoma Ivyanditswe. Murashobora kuvuga muti: “Ivyovyoshoboka gute? Abasîzwe amavuta boshobora...? Bari bande?” “Ba Kristo,” B-a-K-r-i-s-t-o. “Ba Kristo basizwe amavuta, hamwen'abavugishwa b'ikinyoma.” Abasizwe amavuta, ariko b'abavugishwa b'ikinyoma! Yesu yavuze ko, “Imvura igwa ku bagororotsi no ku banyavyaha.” Muri aka kanya, umuntu yoshobora kumbwir'ati: “Urizera ko iryo sigwariri kuri abo bantu kwari isigwa rya Mpwemu Yera?” Egome, mushinganta, MpwemuYera w'ukuri ari ku muntu, ariko naho biri ukwo bakaba ar'ab'ikinyoma. Ubu rero mwumvirize neza kandi murabe ico yavuze: “Kandi bazokwerekanaibimenyetso n'utwumiza, ku buryo vyozimije n'Abatoranijwe, iyaba vyari ibishoboka.” Kandi barasizwe amavuta na Mpwemu Yera w'ukuri. Ndazi y'uko ibi vyumvikanank'ivy'ubujuju, ariko turaza gufata akanya tubisigure dukoresheje Ijambo, kw'ari UKU NIKO UHORAHO AGIZE, mu buryo bunengesereye, Ukuri.

-----
Matayo 5:45,
45 That ye may be the children of your Father which is in heaven: for he maketh his sun to rise on the evil and the good, and sendeth rain on the just and the unjust.
(The rain comes upon the evil the same as the good.)

Abaheburayo 6:7-8,
7 Indimiro zinyoye imvura yaziguyeko kenshi, iyo zimezemw’ ibirimwa bikwiye abazirimiwe, zironka umugisha w’Imana.
8 Arikw iyo zimezemw’ imikere n’ibitovu, ziba zisivye, ziba zishigaje gatoya zikavumwa, iherezo ryazo n’uguturirwa.

-----
Ubu rero, ivyo twongere tubigereranye na Matayo 5:24. Raba neza, Yesu avuga imvura n'izuba biza kw'isi, kandi Imana Ibituma gutegura ibifungurwahamwe n'ibindi vyose, ku bw'abantu bo kw'isi. Kandi imvura yatumwe kubw'ibifungurwa, ivyatsi. Ariko ugwamfu, ivyatsi bibi, kuko bisanzwe biri mu murima, bironka yamvura nyene. Ya mvura nyene ituma urugano rukura ni yo mvura nyene itumaivyatsi bibi bikura.

-----
Rero, imvura igwa ku bimera mu mashamba yo kw'isi, ni ikigereranyoc'Imvura ya Mpwemu itanga Ubugingo Budashira, igwa kw'Ishengero, kuko tuyitaimvura y'agatasi n'imvura y'urushana, isutswe na Mpwemu Yera, kw'Ishengero ryaYo.

Murabe neza, ni ikintu kitamenyerewe cane ng'aha. Murabona? Igihe izombuto ziguye mw'ivu, ukwo zojayo kwose, zari zisanzwe ari amahwa. Ariko haryaurugano rwaguye mw'ivu, canke ibirimwa, vyari bisanzwe ari ibirimwa. Kandi kirakirimwa cama ivyaco, ukwo nyene, vyerekana ko cari mu nkomoko yo ku ntango.

“Kandi bazozimiza n'Abatoranijwe iyaba vyari ibishoboka,” kubera baronkaya mvura nyene, wa muhezagiro nyene, bakerekana vya bimenyetso nyene, twatwumiza nyene. Murabona? “Bazozimiza, canke bozimije n'Abatoranijwe iyabavyoshobotse.” Rero igitovu ntigishobora kwibuza kuba igitovu, kandi n'uruganontirushobora kwibuza kuba urugano; ni ico Umuremyi wa buri kimwe cose yashinzemu ntango. Ni Abatoranijwe. Ya mvura nyene.

-----
Nuko rero, izuba riraza rikeza urubuto. Kandi, ntirishobora kurwezarimwe na rimwe. Ukwo rutera rurakomera, rukaguma rwera, gushika aho ruba umushiwuzuye. Uno munsi, ni kobimeze kw'Ishengero. Ryatanguye mu bwanabwaryo, hariya mu gihe c'umwijima, aho ryari riri mw'ivu. Ubu rero ryakuzerirashika mu gukomera. Kandi turashobora kubibona, mu buryo butunganye, ukuntu Imanaicishije mu vyaremwe Yama...

Ntimugahungabanye ivyaremwe. Iyo ni yo ngorane ihari uyu munsi. Turateraamabombe, na hariya mu biyaga, tukayisambura twongera tuyishwanyaguza amabomberuhonyanganda. Muguma gusamuhomvagura ibicafu, mubitereramwo. Muciye ibiti; ibihuhusi bizobashikira. Mugomeye uruzi; ruzosesa. Mwaterezwa kuronka inzira y'Imana yo gukora ibintu kandi mukayigumamwo. Twashize abantu mu madini yo mu mashengero hamwe n'amashirahamwe yitunganije; ni murabe ico twaronse. Ni mugume mu nzira Imana yatanze.

Ariko, murabona, “Irungika imvura,” dusubire ku cigwa cacu, “kubagororotsi n'abanyavyaha.” Yesu arababwira aha rero, muri Matayo 24, yukocobaye ikimenyetso mu gihe c'iherezo. Rero, nimba ico kimenyetso comenyekanye gusa mu gihe c'iherezo, n'ukohobaye ari inyuma y'Iyugururwa ry'Amashashara Ndwi. Murabona? N'ikimenyetsoc'iherezo. Ivyo vyobaye, igihe ivyo bintu vyoshitse, hobaye ari mu gihec'iherezo. Kandi kizoba ari ikimenyetso, rero, kugira ngo Abatoranijwentibagire ugwijiji kuri ivyo bintu. Murabibona? Kandi, bitegerezwa guhishurwa, bigashirwa ahagaragara.

Nimurabe neza, ivyo bibiri vyose, ingano hamwe n'ivyatsi bibi bibeshwahona rya Sigwa nyene rivuye mw'Ijuru. Ivyo bibiri vyose birarinezerererwa. Ivyo ndavyibuka, nsubiye kwisunga kuvyabaye wa munsi hariya i Green'sMill. Na - nabonye iyerekwa riza. Kandi hariho isi yagutse, kandi yose yariirimwe. Hanyuma, ubwa mbere na mbere haca haza Umubivyi. Ngomba kubishiraimbere yanyu. Murabe uwuza ubwa mbere, n'uwumukurikira. Kandi uwo Mugaboyambaye impuzu zera araza kuri iyo si, abiba imbuto, hanyuma mu nyuma Yiwe, haza umugabo yambaye ivyirabura, aboneka nk'uwihishahisha cane, yinyegezainyuma Yiwe, abiba ivyatsi bibi. Hanyuma ivyo bibaye, ni ho nabona rero ivyovy'imburwa bibiri bimeze. Bimaze kumera, kimwe cari urugano ikindi na co cariicatsi kibi.

Imvura ica iratara, ivyo rero,vyaboneka nk'uko, vyunamitse imitwe yavyo vyompi, biririra imvura. Hanyuma hacahaza igicu kinini hejuru y'isi, imvura iragwa. Nuko urugano rurahagurukaruravuga ruti: “Imana ishimwe! Imana ishimwe!” Ivyatsi bibi navyone birahagurukabirasemerera biti: “Imana ishimwe! Imana ishimwe!” Imyimbu isa. Ivyo bibiri vyompivyariko birapfa, vyose biriko birahona. Urugano rero, ni ho rwaciye runyoterwa. Kandi kubera hari mu murima umwe, mw'itongo rimwe, mu kibanza kimwe, musiy'ikibivomera kimwe, urugano rwarameze n'urwamfu ruramera bitumwe na ca kintukimwe nyene. Raba neza, ya mazi nyene y'isigwa ameza urugano, ameza n'icatsikibi.

Umwe Mpwemu Yera nyene asiga Ishengero, akabaha agashako ko gukizaimishaha, akabaha ubushobozi bwo gukora ibitangaza, agwa ku babi co kimwe no kubeza. Umwe Mpwemu nyene! Rero, nta bundi buryo woshobora kubikoramwo hanyumango utahure Matayo 24:24. Yavuz'ati: “Hazokwaduka ba Kristo b'ikinyoma,”b'ikinyoma, abasîzwe amavuta. Basizwe amavuta na ca Kintu c'ukuri, ariko ariabavugishwa b'ikinyoma baCo, abigisha b'ikinyoma baCo.

Ni igiki cotuma umuntu ashaka kuba umwigisha w'ikinyoma w'ikintu cariUkuri? Aho rero, turaza gushikira ikimenyetso c'igikoko mu minota mikeya, kandimuraza kubona kw'ari idini. Murabona? Abigisha b'ikinyoma, uwusîzwe amavutaw'ikinyoma. Ba Kristo basîzwe amavuta, ariko b'abigisha b'ikinyoma. Ni bwoburyo bumwe gusa mushobora kubibona.

-----
Nimwihwezeneza, ariko ni ivyo vyama bikubwira itandukaniro ryavyo. “Kuvyamwa vyabo,” Yesu yavuz' ati: “muzobamenyera.” “Umuntu ntiyokwamura inzabibuku bitovu,” naho ico gitovu coba kiri neza na neza mu ruzabibu. Ivyo vyoshobokaariko kizomenyekanira ku vyamwa. Mbega ivyamwa ni iki? Ijambo, ku…ivyamwa vy'igihe. Ni ico biri,inyigisho zabo. Inyigisho z'iki? Inyigisho z'igihe, iki gihe. Inyigisho z'umuntu, inyigisho z'idini, ariko, canke Ijambo ry'Imana ku bw'igihe.

Rero, umwanya uragiye cane, ivyo twoshobora kubimarako umwanya utarimuto. Ariko ndizera ko mwebwe abari hano, ndizera kandi yuko na mwebwe abarihirya no hino mu gihugu, mushobora kubona ico ndiko ndagerageza kubabwira, kukonta mwanya muremure dufise wo kubigumako.

Ariko mwategerezwa kubona ko isigwa rija kubatagororotse, abigishab'ikinyoma, rigatuma bakora neza na neza ivyo Imana yababwiye kudakora; arikobazobikora, ukwo biri kwose. Kubera iki? Ntiboshobora kuvyibuza. Igitovucoshobora gute kuba ikindi kintu kiretse kuba igitovu? Ntaco bimaze ukwo imvuraikivomera yoba ari nziza, gitegerezwa kuba igitovu. Ni co catumye Yesu avuga ko“bizoba vyegeranye cane, ko vyohenze n'Abatoranijwe,” bari mu mizi, “iyabavyoshobotse,” ariko ntibishoboka. Urugano ntaco rushoboye gukora kiretse kwamaingano; ni ico gusa rushoboye kwama.

Musome mu...
Abasîzwe Amavuta mu Gihe c’Iherezo.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Umumarayika w’indwi avuza inzamba: mw ijuru hakurikira amajwi arenga, at’ Ubgami bg’isi buhindutse ubg’ Umwami wacu n’ubga Kristo wiwe, kand’ azohora ahangamye ibihe bitazoshira.

Ivyahishuriwe Yohana 11:15


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)
 

Abasîzwe Amavuta mu
Gihe c’Iherezo.

(PDF)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.