Ivy’ubucukuzi 3.
<< ivyahise
Sodomu na Gomora.
David Shearer.Akarere kari hafi y’Ikiyaga c’Umunyu, kari akarere k’uburimyi gateye igomwe, nk’uko mw’Itanguriro 13:10 havuga,
Loti yunamura amaso, yitegereza ikiyaya cose co kuri Yorodani, abona ko har’ibigera vy’amazi hose. Uhoraho atararandura Sodomu na Gomora, ico kiyaya cari kimeze nka rya tongo ry’ Uhoraho, canke nk’ igihugu ca Egiputa ugiye werekeye i Sowari.
Ariko rero, muri iki gihe, ako karere kose karabaye amatongo, ibisagara bifise ibara ritandukanye (ivu ryera) n’iry’ibitandara vyo muri ako karere, ivyo bikaba vyerekana ubunini bw’ico kiza.
Intunganyo y’Inyubakwa.Bibiliya yashingira intahe ububi bwa Sodomu mu mirongo ikurikira:
Itanguriro 13:13
Kand’ Abanyesodomu bār’ abanyavyaha, bacumura k’Uhoraho birengeje urugero.
Ivu sfinx (ikigirwamana).Ezekiyeli 16:49
49 Rāba, ibi ni vyo bigabitanyo vya murumunawe Sodomu: kugira ubgibone, n’ukwibera mu gahimbo k’indya, n’ ugutsindaza ata co yinona; ivyo ni vyo vyari muri we no mu bakobga biwe; kandi ntiyatabaye impahazwa n’umukene.
50 Bābaye abībone, kandi bākorera ibizira imbere yanje: nuko mbibonye mbakūraho.Intunganyo.
Intunganyo y’Inyubakwa.Inyubakwa zo mu bihome zigizwe n’ibipande vy’ivyuma vyitwa Calcium Sulfate, n’ivyuma vyitwa Carbonate de Calcium. Ivyo bituma bisa n’ibipande vy’ivu ryera n’iry’umweru bihindukahinduka. Bica bimenagurika cane, ibikoresho birashobora “gukomanga” bitagoranye bivuye ku bibanza.
Intunganyo y’Uruhome.Imipira y’ikibiriti.
Imipira y’ikibiriti.Hariho ibihumbi vy’Imipira y’Ikibiriti yinjijwe mu bihome vy’ivu. Ivyo bifise ibintu vyashonze bikikije, hamwe n’ivu. Ivyo vyatumye bacika abapfutse, gukuramwo umwuka w’ikirere (oxygène) muri vyo, bikazimya umuriro, gutyo bikazigama ikibiriti kiri muri vyo.
Ikibiriti kiri muri vyo ni ibara ryera, kandi mu bipimo vy’imiti, vyerekanwa ko ari ivyiza birenga 98%. (Ikibiriti gisanzwe kiboneka ni umuhondo, gifise kamere y’ikirung, kandi mu bisanzwe gisukuye 40% gusa.)
Inyubakwa - Gomora.Gusubira mu Vyagezwe 29:23
23 bakabona yukw ico gihugu cose cabaye amazuku n’umunyu, cahiye uburimbi, ko kitakirimwa, canke ngo kimere, canke ngo kibemwo n’akātsi, ko gisigaye kimeze nk’ukw i Sodomu hākomvomvowe, bo n’i Gomora n’i Adima n’i Seboyimu, ibisagara Uhoraho yakomvomvoje uburake bgiwe n’ubushangashirwe bgiwe;Icigwa kuri twebwe.
Isangangurwa rya Sodomu n’ibindi bisagara ni imburi kuri twebwe muri iki gihe, nk’uko ivyanditswe bivuga muri 2 Petero 2:6,
kand’ ibisagara vy’i Sodomu n’i Gomora, ko yabiciriyekw iteka ryo gukomvomvorwa ikabigira umunyota, ikabishiraho kuba akabarore k’abazogenda batubaha Imana,
maz’ umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n’amazuku biratibuka bivuye mw ijuru, birabahonnya bose.
Ni ko bizoba, umusi Umwana w’umuntu azoserukirako.
Luka 17:29-30
Ibiharuro...
Kandi naravuze iri jambo. Nimba iri hanga rizorokoka urubanza, Imana izobwirizwa guhagurutsa Sodomu na Gomora isaba imbabazi ko ziroha no kuziturira. Kuko turi ababisha nka Sodomu na Gomora. Kandi nimba yaroze Sodomu na Gomora ikabitwika kubera icaha cabo, kandi ntadufata gutyo nyene, rero yoba ari umurenganyo kandi yari kubafitiye umwenda wo kubasaba imbabazi. Imana ntibwirizwa gusaba imbabazi umuntu n’umwe canke ikintu cose. Icaha kizocirwa urubanza, kandi kizohanwa, nk’uko nyene ata gukeka ko hariho Imana Ishobora gucira urubanza. Kandi urubanza rw’Imana ni Rwera, Imana ni nyeranda. Kandi rero, imanza ziwe n’ibikorwa vyiwe bitegerezwa kuba bigororotse kandi vyeranda kuko rihinduka Imana nyeranda kubera ibikorwa vyayo n’urubanza rwayo.
Yahinduwe ibikuwe muri...
Handwriting on the wall 58-0309M William Branham
Uhoraho atiburira kuri Sodomu na Gomora umuriro n’ amazuku, bivuye kuri we mw ijuru;
akomvomvora ivyo bisagara n’ ico kiyaya cose, n’ababa mur’ ivyo bisagara bose, n’ivyari vyarahameze vyose.
Itanguriro 19:24-25
Nta na rimwe
Bibiliya ivuga ko
Ijambo ry’Imana
riza ku
Munyatewolojiya.
Ni bo babitera
umuvurungano.
Fyonda ku ishusho kugira ngo ubone ishusho yuzuye canke PDF.
As the Eagle Stireth her nest. (PDF Icongereza) |
Chapter 14 - Sabino Canyon (PDF Icongereza) |
William Branham Life Story. (PDF Icongereza) |
Ingene Wa Mumarayika Yangendeye... (PDF) |
Chapter 13 - God is Light. (PDF Icongereza) |
Chapter 9 - The Third Pull (PDF Icongereza) |
Ubutumwa hub... Hitamwo ururimi rwawe maze gukurura ubutumwa ku buntu buvuye ku muvukanyi Branham.