Hirya ya ca gihuzu c’igihe.

<< prev


  Izuka rukurikirane.

Urukundorushitse.


William Branham.

Umusi umwe mu gitondo, nari ngaramye kugitanda canje. Niho nari nkivyuka, kandi nari niseguje amaboko, nduhutse, umutwe nawonawushize ku musego. Niho natangura kwibaza uko bizoba bimeze hariya hakuryamw’ijuru. Nari nabonye ko maze kurenza igice c’imyaka ntegerezwa kubaho (iyo mbanoramvye nk’abo mu mu muryango wanje), kandi nashaka gukorera vyinshiUmwami wacu imbere yuko mpfa. Naciye numva Ijwi rimbwira riti: “Niho ugitangura; ahubwo komeza urugamba, ubandanye.” Nkigaramye ku gitanda, ndimbura kuri ivyo... nkigaramyeku gitanda, ndimbura kuri ayo majambo, nibajije ko iryo numvise ari ibintuniyumviriye. Ijwi rirasubira riravuga riti: “Bandanya urugamba. Bandanya uja imbere. Bandanya ujaimbere.”

Kuko ntavyemera, nibajije ko ari jewe nyene navuze ayomajambo. Naciye mbumba umunwa, nshira ukuboko ku munwa, maze ntegaugutwi. Ijwi rirasubira riravuga riti: “Bandanyagusa. Iyaba wari uzi ibiri ku mpera y’inzira.” Vyaciye bisa naho ndiko ndumva umudiho bon’amajambo y’akaririmbo ka kera menyereye kumva kavuga ngo:
Mfise inkumbu kandi ndababaye, kandi nshakakubona Yesu. Nashaka kumva za nkengeri zo ku kivuko zirikoziravuga, Ivyo vyotuma haba umuco mu nzira yanje mazebikankuramwo ubwoba bwose. Mwami, nundeke ndabe hariya hakurya y’igihuzugikingiriye ibihe.
Niho rero haza Ijwi rimbaza riti: “Urashakakubona hariya hakurya y’igihuzu gikingiriyeibihe?”
Nca ndishura nti: “Ivyo vyomfasha cane”.

Sinoshobora kuvuga ivyabaye. Sinzi nimba narimu mubiri wanje canke ko kwari nk’ukuzamurwa. Sinzi. Yamara vyaribitandukanye n’ukundi kwerekwa nari maze guhabwa. Narabona aho nari najanywe,kandi naribona ngaramye ku gitanda canje. Nca ndavuga nti: “Ibi bintubiratangaje.” Hari abantu ibihumbi baza biruka bagana ahondi, basemerera bati: “Ooo mweneData mukundwa!” Hatanguye kuza abagore bakiri bato basanaho bafise imyaka mirongo ibiri; maze mu gihe barikobarangumbira, bavuga bati: “Mwene Data mukundwa!” Abagabo bakiribato, bafise amaso akayangana nk’inyenyeri iyo zatse mw’ijoro, kandi bafise amenyo yerank’utubuyenge, baraza kungumbira, bavuga bati: “Mwene Data mukundwa!”

Hanyuma, nca mbona ko nanje nasubiye kuba umusore. Naribonayo, kandi ngahindukira nkabona umubiri wanje ushaje ugaramye kugitanda, niseguje amaboko. Nca ndavuga nti: “Ibi bintusindabitahura.” Nkigerageza gutahura aho ndi, naciye ntangurakubona ko aho hantu hatabaho ejo hahise canke ejo hazoza. Nta n’umwe yasa nahoarushe. Kurya rero abagore bakiri bato ibihumbi n’ibihumbi, beza cane ntaribwigere mbona, bazana amaboko kugira bangumbire, naciye mbona ko nkikujwe n’urukundorwinshi, kandi ko ata nkaburamubiri numva muri jewe nka kurya bimera mumubiri. Narabonye ko abo bagore bakiri bato bari bafiseimishatsi miremire igera ku gikenyerero,kandi amajipo bari bambaye yagera ku birenge.

Inyuma y’ivyo, Hope, wa mugore wanje wa mbere, arangumbira maze arambwiraati: “Ooo mweneData mukundwa!” Hanyuma uwundimugore akiri muto arangumbira, maze Hope aca arahindukira kugira agumbire uwo mugore akiri muto. Nca ndavuga nti: “Ibi bintu sindabitahura. Ni ibintu bitandukanye cane n’urukundorw’abantu bambaye umubiri w’inyama n’amaraso. Sinshaka gusubira muri urya mubiriugaramye hariya ku gitanda.” Niho rero Ijwi ryambwira riti: “Ibi ni bimwe wigisha, ni MpwemuYera. Uru ni urukundorushitse. Ntawushobora kwinjira hano adafise urwo rukundo.”

Hanyuma nca ndaduzwa nshirwa ahantu hataramutse. I ruhandeyanje hari abagabo n’abagore ibihumbi bakiri bato. Barasemereran’umunezero bati: “Ewe mwene Data mukundwa, turanezerejwe cane no kukubona hano!”
Nca ndibaza nti: “Sindiko ndarota, kuko ndabona abo bantu, kandindabona umubiri wanje aho ugaramye ku gitanda.”
Ijwi rica rirambwira riti: “Mbega urazi ko handitswe muriBibiliya ko abavugishwa n’Imana bahamvya ababo?”
Nca ndishura nti: “Ego, ndibuka kobiri mu Vyanditswe. Ariko abo mu muryango wa Branhamntibagana uko?”

Ijwi rica riranyishura riti: “Siabo mu muryango wa Branham. Ni abo wabwiye ubutumwa, abo wazanye ku Mwami. Bamwe muri abo bagore ubona bakiri bato kandibeza cane, bari bafise imyaka mirongo icenda hamwe wabazana ku Mwami. Ntibitangajekubona bashobora gusemerera bati: ‘Mwene Data mukundwa!’” Ni ho rero abo bantu ibihumbi n’ibihumbi bacabasemererera icarimwe bati: “Iyo utazana Ubutumwa Bwiza, ntituba turi hano.” Nca ndabaza nti: “Ooo, Yesu ari hehe none? Nshaka kumubona”

Abo bantu baca baranyishurabati: ‘Ari hejuruy’aha gato. Umusi umwe azoza aho uri. Warungitswenk’umurongozi, kandi Imana niyaza, izogucira urubanza kuvyo wigishije.” Nca ndabaza nti: “Paulo na Petero nabo bazocirwaurubanza?” Inyishu yabaye ngo: “Ego”

Nca ndavuga nti: “Nigishije ivyo bigishije. Sinatambamiyei buryo canke i bubamfu. Aho babatije mw’Izina rya Yesu, nikonanje nibikoze. Aho bigishijeumubatizo wa Mpwemu Yera, niko nanje nigishije. Ivyo bigishije vyose, nanje naravyigishije.”

Ayo masinzi y’abantu baca barasubizayo bati: “Turabizi, kandi turazi ko tuzosubiranakw’isi na we. Yesu azoza maze agucire urubanza kw’Ijambo watwigishije. Hanyuma, uzoca udushikana imbere yiwe,maze twese hamwe tuzoca tugaruka kw’isi kugira tubeho ibihe bidashira.”
Nca ndabaza nti: “None nsubire kw’isiubu nyene?” Baca baranyishura bati: “Ego, ariko bandanya wihangana.”

Uko nagenda mva aho hantu heza cane kandih’igikundiro, aho amaso yanjeyageza kubona, abantu baguma baza biruka bagana iyondi kugira bangumbire, kandi basemerera bati : “Ewe mwene Data mukundwa!”

Ubwo nyene, nca nsubira kwisanga ndi ku buriri. Ncandavuganti: “Ewe Mana, mfasha. Ntundekengompeshekw’Ijambo. Umpeguhagararanshikamyekw’Ijambo. Ivyo uwundi wese yokora uko vyoba bimezekwose, Mwami, umpeguhiganirwa aho hantu heza cane kandi k’igikundiro.” Ubu ndemera ntakekeranya kurusha ikindi gihe nabayeho, ko hakeneweurukundo rushitse kugira ngo umuntu yinjire haryahantu. Nta shari, nta ngwara, nta busaza, nta rupfu bibaho; habaho gusa umunezeron’ubwiza buhebuje. (Haleluya!) Ivyo mwokora vyose, mushire ku ruhandeikindi kintu cose gushikamuronse urwo rukundo rushitse; mushike ku rugezorw’aho mushobora gukundaabantu bose, mbere n’umwansi wese. Naho indegeyonyiganga, imiravyo ikaravyacanke ibigwanisho vy’umwansi bakaba babitumbereje kurimwebwe, ivyo ntacobitwaye; nimugire urukundo rushitse. Nimba mutarakizwa, nimwemere Yesu Kristo nk’umukizawanyu muri kanokanya. Nimba mutarabatizwa mu mazi, nimubatizwe murikano kanya. Nimbamutarahabwa Mpwemu Yera, nimumuhabwe muri kano kanya. Nimwihutire kwinjiramuri urwo rukundo rushitse ruzobajana harya hantu hezacane kandi h’igikundiro, hakurya y’igihuzu igihe.

W. Branham.

Musome mu... Hirya ya ca gihuzu c’igihe.


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

The Two Babylons

by Rev Alexander Hislop.
(PDF Icongereza)

Mountainside and
rosebush in snow,
in China.

Lillies of Fire.

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)

Inkingi z’Umuriro.
- Houston 1950.

Light on pyramid
rock.

Ibi ni bimwe
wigisha,
ni
MpwemuYera.
Uru ni
urukundorushitse.