Ukwihishura Kwa Yesu Kristo.


  Ivyahishuriwe Yohana rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.


William Branham.

Musome mu...
Ukwihishura Kwa Yesu Kristo.

Ivyahishuriwe Yohana 1:5,
no kuri Yesu Kristo, Icabona co kwizigirwa, Imfura y'abari barapfuye, Uganza abami bo mw'isi. Umwe Adukunda, Yatubohoje ivyaha vyacu Amaraso yiWe,

Ivyahishuriwe Yohana 1:8,
Jewe Ndi Alufa na Omega, ni k'Umwami Imana Igize, Iriho, kandi Yamyeho, kand' Igira Ize, ni Yo Ishobora vyose.

Izi mvugo zose rero ngo: “Uwuriho,” “Uwamyeho,” “Uwugira Aze,” “Icabona co Kwizigirwa,” “Imfura mu Kuzuka mu bapfuye,” “Uganza Abami bo kw'Isi,” “ Alufa na Omega,” n' “ Ushobora Vyose,” ni amatazirano n'indondozi vya Wa MUNTU UMWE NYENE, Uwo na We akaba ari Umwami Yesu Kristo, Uwatwogesheje ivyaha vyacu amaraso yiwe bwite.

Mpwemu w'Imana muri Yohana avuga akoresheje iyo mvugo kugira ngo Yerekane Ubumana Kibirengeye bwa Yesu Kristo no guhishura Ubumana nk'Imana IMWE. Uyu munsi hariho ikosa rinini cane. Ni iry'uko hariho Imana zitatu aho kuba Imwe. Iyi mpishuro nk'uko yahawe Yohana biciye kuri Yesu, ubwiwe, irakosora iryo kosa. S'uko hari Imana zitatu, ariko ni Imana Imwe ifise ibisata bitatu. Hari Imana IMWE Ifise ivyubahiro bitatu, Data, Mwana, na Mpwemu Yera. Iyi mpishuro ihambaye ni yo Ishengero ryo mu ntango ryǎri rifise, kandi itegerezwa kugarukanwa muri kino gihe c'iherezo co kimwe n'uburyo bw'ukuri umubatizo wo mu mazi ukorwamwo.

Rero abanyatewolojiya ba none ntibazokwemeranya nanje kuko ng'ibi ivyanditswe mu kinyamakuru kimwe gikomeye ca Rukristo: “Iyo nyigisho (ku Butatu) ni yo shimikiro nyamukuru y'Isezerano rya Kera ni na yo nkomoko n'ishimikiro vy'Isezerano Rishasha. Isezerano Rishasha riragwanya co kimwe nyene n'Isezerano rya Kera iciyumviro c'uko hari Imana nyinshi zirenga Imwe. N'ubwo bir'ukwo Isezerano Rishasha ririgisha mu buryo butomoye nk'ubwo nyene yuko Data ari Imana, n'Umwana ko ari Imana, ko na Mpwemu Yera ari Imana, kandi yuko ivyo bitatu ATARI imero zitatu za wa mu Peresona nyene, ariko ko ari abantu batatu bafitaniye hagati yabo ubucuti kur'umwe n'uwundi. Aho dufise ya nyigisho ihambaye y'Abaperesona Batatu ariko Imana Ikaba ari Imwe.”

Barongera bakavuga ngo: “Imana, nk'uko biri muri Bibiliya, si umuperesona umwe, ariko ni abaperesona batatu mu Mana Imwe. Iryo ni ryo banga rihambaye ry'Ubutatu.”

Ni ibanga koko. Ni gute abaperesona batatu boba mu Mana Imwe? Uretse n'uko ata murongo n'umwe wa Bibiliya ubishigikira, ariko kandi birerekana ukubura ubwenge bukora neza. Abaperesona batatu batandukanye, n'ubwo boba basa mu bibagize, bagira imana zitatu, canke naho imvugo yaratakaje insiguro burundu.

Ni musubire mwumvirize ano majambo: “Jewe Ndi Alfa na Omega, Uwa Mbere n'Uw'Iherezo, niko Umwami agize, Uwuriho, Yamyeho, kandi agira aze, Ushobora vyose.” Ubu ni Ubumana. Uyu si umuvugishwa asanzwe gusa, umuntu. Iyi ni Imana. Kandi si impishuro y'Imana zitatu, ariko Imana IMWE, Mushobora vyose.

Ntibǐzēra Imana zitatu, mu ntango z'ishengero. Ntushobora gusanga ubwoko bw'ivyizerwa nk'ivyo mu Ntumwa. Hǎri mu gihe c'inyuma y'Intumwa, ni ho iyo nyigisho yaza iraheza ihinduka isôko y'impari n'inyigisho nyamukuru muri ya Nama Nkuru y'i Nikeya. Inyigisho y'Ubumana yatumye habaho ukwigaburamwo imice ibiri i Nikeya. Mur'ukwo kwigabura havuyemwo imigwi ibiri idacana uwaka. Umugwi umwe mu vy'ukuri wagiye mu vyo gusenga imana nyinshi, mu kwizera imana zitatu, abandi na bo baja mu nyigisho y'ubunyabumwe. Nta nkeka koko yuko ivyo vyafashe igihe kugira bibe, ariko vyarabaye, kandi n'uyu munsi nyene turabifise. Ariko Impishuro iciye kuri Yohana itanzwe na Mpwemu kuri ayo Mashengero yari: “Ndi Umwami Yesu Kristo, kandi ni Jewe Ndi ivyo VYOSE. Nta yindi Mana Iriho.” Aca arashirako ikidodo ciwe kur'iyo Mpishuro.

Ni mufate nkama ibi: Ninde yari Se wa Yesu? Matayo 1:18 havuga hati: “Bamubona afise inda yavuye kuri Mpwemu Yera.” Ariko Yesu, ubwiwe Yavuga ko Imana Yari Yo Se. Imana Data n'Imana Mpwemu Yera, nk'uko kenshi dukunze gukoresha ayo majambo, bigira Data na Mpwemu UMWE. Koko niko bari, atar'ukwo naho Yesu yari afise ba Se babiri. Ariko ni mwitegereze ukwo Yesu Yavuze yuko We na Data bǎri Umwe-atari babiri. Ivyo bigira Imana IMWE.

Kubera yuko ibi ari ukuri haba twisunze kahise canke Ivyanditswe, abantu baribaza iyo abo batatu bazananye. Yabaye inyigisho fatiro muri ya Nama Nkuru y'i Nikeya mu 325 Inyuma ya Kristo. Ubwo butatu (ijambo ritanaboneka no mu Vyanditswe na gato) bwǎri bushingiye ku mana nyinshi z'i Roma. Abaroma bǎri bafise imana nyinshi bǎsēnga. Baranasenga kandi ba sekuruza babo bapfuye nk'abahuza. Yari intambwe gusa yo guha amazina mashasha imana za kera, tugaca tugira rero aberanda kugira ngo bibe ibirushirije guhura na Bibiliya. Gurtyo rero, aho kuba Jupiter, Venus, Mars, n'izindi, dufise Paulo, Petero, Fatima, Kirisofori, n'abandi, n'abandi. Ntibǎri gushobora guhuza idini ryabo ry'igipagani n'Imana imwe nsa, kubw'ivyo rero niho bǎca bayigaburamwo gutatu, bashiraho abahuza b'aberanda nk'uko bǎri barashizeho abahuza ba ba sekuruza bapfuye.

Uhereye ico gihe abantu barananiwe kubona yuko hari Imana Imwe nsa Ifise ibisata bitatu canke ukwigaragaza. Barazi yuko hari Imana Imwe nk'uko Ivyanditswe bivuga, ariko bo bagerageza kubigira amajambo y'ibisigabwenge yuko Imana Imeze nk'umusôko w'inzabibu; abaperesona batatu bafise Ubumana bumwe basangiye bose mu buryo bungana. Ariko hano mu Vyahishuwe haravuga hatomoye neza ko Yesu ari “Iyiriho,” “Iyamyeho,” kandi “Igira Ize.” Ni “Alufa na Omega,” bisigura ko ari “A gushika Z” canke IVYO VYOSE. Ni vyose-Mushobora vyose. Ni We rya Shurwe ry'i Sharoni, Ikirungu co mu Biyaya, rwa Runyenyeri Rukayangana rwo mu Gaturuturu, Ishami ry'Ubugororotsi, Data, Mwana, na Mpwemu Yera. Ni We Mana, Imana Mushobora vyose. IMANA IMWE.

Timoteyo 3:16 havuga hati: “Nta wuhakana yukw'ibanga ryo kwubaha Imana rihambaye cane, naryo ni iri: Imana Yaragaragaye mu mubiri, Iboneka ko Igororotse muri Mpwemu, Ibonwa n'abamalayika, Iramenyekanishwa mu banyamahanga, Yizerwa mw'isi, Iduzwa mu Buninahazwa.” [Bibiliya y'Icongereza y'Umwami Yakobo. - Umw.] Ibi ni vyo Bibiliya ivuga. Nta co ivuga ku muperesona wa mbere canke wa kabiri canke wa gatatu hano. Ivuga yuko Imana Yagaragaye mu mubiri. Imana Imwe. Iyo MANA IMWE Yaragaragaye mu mubiri. Ivyo vyategerezwa kurangiza ikibazo. Imana Yaje mw'ishusho y'umuntu. Ivyo ntivyayigize IYINDI MANA. YARI IMANA, YA MANA NYENE. Yari impishuro kiriya gihe, n'ubu ni impishuro. Imana Imwe.

Reka dusubire muri Bibiliya turabe ico Yari ari mu ntango nk'uko impishuro Yatanze yiWe bwite iri, Umwe Yehova Ahambaye Yiyeretse Abisirayeli ari mu Nkingi y'Umuriro. Nk'Umumalayika w'Isezerano, Yaba mur'iyo Nkingi y'Umuriro akarongora Abisirayeli iminsi yose. Muri rwa rusengero Yatangaje Umuzo wiwe n'Igicu gihambaye. Niho rero umunsi umwe Yerekanwa mu mubiri wavutse uciye ku nkumi wari wamuteguriwe. Ya Mana Yaba hejuru y'amahema y'Abisirayeli ubu ho Yari Yiyambitse ihema ry'umubiri Iraheza iba hagati mu bantu nk'umuntu. Ariko yari ya MANA NYENE.

Bibiliya yigisha yuko IMANA YARI MURI KRISTO. UMUBIRI yari Yesu. Muri We hǎgerereye ukunengesera kw'Ubumana, MU BURYO BW'UMUBIRI. Nta kindi kintu gishobora kuba igitomoye kurusha ivyo. Ibanga, egome. Yamara ni ukuri koko-ntibishobora gutomora kurusha aho. Rero nimba batǎri abantu batatu kiriya gihe, ntishobora kuba batatu ubu. Imana Imwe: Kandi iyo Mana nyene Yarambaye umubiri.

Yesu Yavuze Ati: “Jewe naturutse ku Mana, kandi Ndiko Nja (Nsubira) ku Mana.” Yohana 16:27-28. Ivyo ni vyo vyabaye neza na neza. Yarakamanganye kw'isi biciye mu nzira y'urupfu rwiWe, uguhambwa, ukuzuka, n'ukuduzwa. Ni ho Paulo yahurira na We mu nzira ija i Damasiko Avugana na we ati: “Sauli, Sauli, uriko umpigira iki?” Paulo aravuga ati: “Uri Nde, ga Mwami?” Avuga ati: “ Ni Jewe Yesu.” Yari Inkingi y'Umuriro, Umuco uhumisha amaso. Yari Yarasubiye kuba ico Yari imbere y'aho, neza na neza nk'uko Yavuze ko Yobikoze. Yasubiye muri ya mero nyene Yar'arimwo imbere yuko Yambara urusago rw'umubiri. Ukwo nyene nikwo Yohana yabibonye. Yohana 1:18, “Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w'ikinege Aba mu gikiriza ca Se ni We YaYimenyekanishije.” Ni mwihweze aho Yohana yavuze ko Yesu ARI. Ari MU gikiriza ca Se.

Luka 2:11 havuga hati: “Uyu munsi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni We Kristo, Umwami.” Yavutse ari Kristo, iminsi umunani inyuma y'aho amaze gukebwa bamwise Yesu, nk'uko nyene umumarayika yari yababariye. Jewe navutse ndi Branham. Igihe navuka baciye bampa izina rya William. Na We Yari KRISTO ariko Yahawe Izina hano kw'isi hagati y'abantu. Urwo rusago rwo hanze abantu bǎshobora kubona rwǐtwa Yesu. Yari Wa Mwami w'Ubwiza, Mushobora vyose agaragajwe mu mubiri. Ni Imana Data, Umwana, na Mpwemu Yera. Ari ivyo vyose.

Musome mu...
Ukwihishura Kwa Yesu Kristo.

Download (PDF Icongereza)   Godhead Explained



Ivyahishuriwe Yohana.
Ibandanya ry'rukurikirane.
(Iyerekwa Ry’i Patimo.)


Yesu Kristo ni
We Mana.
Umwe Yehova Wo
mw'Isezeranorya
Kera ni We Yesu
Wo muri Rishasha.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’ amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.

Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ ikiyaga n’amasōko y’amazi.

Ivyahishuriwe Yohana 14:6-7


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

The Two Babylons

by Rev Alexander Hislop.
(PDF Icongereza)

Mountainside and
rosebush in snow,
in China.

Lillies of Fire.

Inkingi z’Umuriro.
- Houston 1950.

Light on pyramid
rock.