Ubutumwa bgiza.


Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi.

Yohana 3:16 Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ ūmwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.

Bose bākoze ivyaha.

Baroma 3:10 nk’uko handitswe, ngo Nta wugororoka, nta n’ umwe,
Baroma 3:23 bose bākoze ivyaha, ntibashikīra ubgiza bg’Imana;

Yesu, Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana.

Yohana 1:29 Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.
Yohana 1:36 yitegereza Yesu agendagenda, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’ Imana.

Kristo yapfiriye ivyaha vyacu.

1 Yohana 2:2 kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.
Ab'i Galatiya 1:4 yitangiye ivyaha vyacu, ngw aturokore mur’ iki gihe kibi ca none, nk’ukw Imana yacu yagomvye, ni yo Data we twese.

Imana ikamuzura mu bapfuye.

Baroma 10:9 Kuko ni wāturisha akanwa yuko Yesu ar’ Umwami, ukizera mu mutima yukw Imana yamuzuye imukūye mu bapfuye, uzokizwa.
Baroma 6:9 kuko tuzi yuko Kristo, amaze kuzuka mu bapfuye, atagipfa, urupfu rutakimuganza.
Ivyakozwe 4:10 ni mumenye mwese, n’ubgoko bgose bg’Abisirayeli, yukw ari mw izina rya Yesu Kristo, Umunyanazareti, uwo mwebge mwabamvye, Imana ikamuzura mu bapfuye, kw ari ho hatumye uyu muntu ahagarara imbere yanyu, akomeye.

Baramwishura, bat’ Izere Umwami Yesu.

Ivyakozwe 16:31 Baramwishura, bat’ Izere Umwami Yesu, urakira, mwe n’abo mu nzu yawe.
Ivyakozwe 15:11 Ariko twizeye yuko tuzokizwa n’ubuntu bg’Umwami Yesu nka bo.

Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe
(Umubatizo w'amazi.)

Ivyakozwe 2:38 ...Ni mwihane, umuntu wese muri mwebwe abatizwe mw'Izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabwa ingabire, ari yo Mpwemu Yera.

Muzohabwa ingabire, ari yo Mpwemu Yera.

Baroma 8:11 Ariko bisanzwe Mpwemu w’ Iyazuye Yesu imukūye mu bapfuye aba muri mwebge, Iyazuye Kristo Yesu imukūye mu bapfuye izozura n’imibiri yanyu ipfa, kubga Mpwemu wayo aba muri mwebge.


Quote...


William Branham.

“Ibirenge vyiWe vyǎsa n'umuringa w'umwakaka, utukujwe n'umuriro.” Umuringa uzwi kubw'ubukomezi bwawo budasanzwe. Nta kintu na kimwe kizwi ushobora kuwushiramwo ngo worohe. Ariko uwu muringa udondora ibirenge vyiWe uranahambaye kurushiriza bivanye n'uko wihanganiye igipimo c'itanure ryaka umuriro, igipimo ata wundi n'umwe yigeze gucamwo. Kandi ukwo ni ukuri koko. Kuko umuringa usobanura Urubanza rw'Imana: urubanza Imana Yatangaje Iranarushitsa.

Guharura 21:8-9,
“Maz'Uhoraho Abarira Mose, ati: 'Cura inzoka isa n'izo, uyimanike ku giti c'intumba, maz' uwakomowe wese ni yayiraba, arakira.' Nuko Mose acura inzoka mu miringa, ayimanika ku giti c'intumba, maz' uwo inzoka yariye wese, yaraba iyo nzoka y'umuringa, agakira.”

Isirayeli yari yacumuye. Icaha categerezwa gucirwa urubanza. Kubw'ivyo Imana Yategetse Mose gushira inzoka y'umuringa ku giti, hanyuma uwaraba yarakira igihano c'icaha ciwe.

Ariko umunsi umwe ivyo birenge vy'umuringa bizohagarara kw'isi. Kandi Azoba Umucamanza w'isi yose, maze Azocira urubanza abantu mu bugororotsi no mu gutungana. Kandi nta n'umwe azocika urwo rubanza. Nta wuzohindukiza ubwo butungane. Ntihazobaho kurworosha. Uwutagororotse azorushiriza kuba uwutagororotse, uwanduye azorushiriza kuba uwanduye. Umwe Adahinduka ntAzohinduka ico gihe, kuko Atigeze Ahinduka kandi ntAzigera Ahinduka. Ivyo birenge vy'umuringa bizofyonyora umwansi. Bizosangangura anti-Kristo, ca gikoko na ca gishushanyo n'ivyo vyose ari bibi mu maso yaYo.

Azohomvagura imikorere y'ishengero ryatwariye Izina ryiWe kwonona ugukayangana kwaryo gusa maze abafyonyorere hamwe na anti-Kristo. Abanyakibi bose, abahakanyi, abatemera ko Imana Ibaho, aba none, abanyabwigenge, bose ni ho bazoba bari. Urupfu, kuzimu, n'imva niho bizoba biri. Egome ni ho bizoba biri. Kuko niYaza, ibitabu bizozingururwa. Ico ni co gihe na rya Shengero ry'akazuyazi na za nkumi zitanu z'ibijuju bazoseruka. Azotandukanya intama n'impene. Ni yaza Azokwigarurira ubwami, kuko ari ubwiWe, Azoba Ari kumwe n'ibihumbi amacumi vy'ibihumbagiza, Umugeni wiWe, aza kuMukorera. Ubwiza! Ôo, ni ubu nyene canke naho nta kindi gihe. Ni mwihane igihe kitaramara kurenga. Nimwikangure muve mu bapfuye maze murondere Imana kugira ngo mwuzuzwe Mpwemu waYo atar'ukwo muzobura Ubugingo Budashira. Nimubikore ubu hakiriho umwanya.

From... Iyerekwa Ry’i Patimo. - William Branham.


  Ko Bibiliya ivuga...

Nukw abo mu muryango wa Isirayeli bose, ni bamenye badakekeranya yukw Imana yamugize Umwami na Kristo, Yesu umwe mwābamba.

Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?

Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.

Kukw isezerano ar’ iryanyu kand’ ar’ iry’ abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu.

Ivyakozwe N’intumwa 2:36-39


Click on an image to download the fullsize picture.


Inzira y’igihamo - Inzira ntoya.


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)

Chapter 13
- God is Light.

(PDF Icongereza)

Chapter 9
- The Third Pull

(PDF Icongereza)

As the Eagle
Stireth her nest.

(PDF Icongereza)

Chapter 14
- Sabino Canyon

(PDF Icongereza)

Sirs, is this the time?

(PDF Icongereza)
Musozi Sunset.
Where cloud appeared.

Chapter 11
The Cloud

(PDF Icongereza)


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.