Inyigisho z'Abanikolayiti.


  Ivyahishuriwe Yohana rukurikirane.

Perugamo: Intebe ya Satanibe n'aho aba.


William Branham.

Musome mu...
Igihe C’Ishengero Rya Perugamo.

Ivyahishuriwe Yohana 2:15,
Ni ko nawe, ufise abakomeza inyigisho z'Abanikolayiti nk' uko nyene.

Mwokwibuka yukonashíze ahabona mu Gihe ca Efeso yuko ijambo, Nikolayiti, riva mu majambo abiriy'ikigiriki: Nikao risigura kunesha, naLao risigura abalayike. Nikolayitirisigura, “Kunesha abalayike.” None ni kuki iki ari ikintu giteye ubwoba cane? Kirateye ubwoba cane kuko ImanaItǐgeze ishira Ishengero ryaYo muminwe y'uburongozi butōwé bugēndéra ku vyiyumviro vyapolitike. YajêjeIshengero ryaYo abashingantahe bǎhāwe iryo banga n'Imana, buzuye Mpwemu, babáho bîtōndera Ijambo, bakayobora abantu bábagaburira Ijambo. Ntiyatândukānije abantu mu mirwi ngo amagugu y'abantu arōngôrwe n'ubuherezibweranda. Ni ivy'ukuri yuko uburōngōzi bubwirizwa kuba ubwěra, ariko nk'ukwonyene ni ko n'ikoraniro ryose ribwirizwa kuba rimeze. Vyongeye, nta na hamwemw'Ijambo aho abaherezi canke abakozi b'Imana canke abantu nk'abo bǎkozenk'abahǔza hagati y'Imana n'abantu, nta na harihokandi aho batāndúkānywa mu gusengaUmwami. Imana Igomba ko bose baYikunda bakongera bakaYikorerera hamwe. Ubunikolayiti busenyura ivyo vyagezwe bugaca ahubwo butandukanya abakozib'Imana n'ihanga, bugaca bugira abarōngōzi kuba abagânza bahambaye aho kubaabakozi.

Rero vy'ukuri iyi nyigisho yatânguye nk'ibikorwa mu gihe ca mbere. Bigaragara yuko ingorane ishimíkiye ku majambo abiri: “abakurambere” (presipiteriyano) be n'“abazezwa shengero” (abepisikopi). Nâhó Ivyanditswevyērékana yuko harí abakurambere benshi muri buri shengero, bamwe bǎcīye batangura (hárimwó Inyasi) kwigishaiciyumviro c'ukoumwepiskopi ari wa wundi afise ikibanza ca mbere canke ubutegetsi n'ubugenzuziku bakurambere. Rero ukuri muri ivyo ni uko Ijambo “umukurambere” risigura icouwo muntu ari, mu gihe Ijambo “umwepisikopi” risigura igikorwa c'uwo muntunyene. Umukurambere ni umuntu. Umwepisikopi ni igikorwa c'uwo muntu.

“Umukurambere” rifise nantaryo kandi rizokwama imisi yose ryerekana gusaubusumbasumbane bw'imyaka umuntu amaze mu Mwami. Ni umukurambere atari kuberayatôwe canke yaróbānuwe, n'ibindi, ariko kuko AKUZE. Ni inararibonye, yǐgīshijwe, atarí umutungu, wokwizigirwa kubera ivyo yacîshijwémwo no kuberaukwihanganira ibigeragezo vy'ubuzimabwa Gikristo igihe kirekire. Ariko shwi, nya bepisikopi ntíbǎgumye ku vyete vya Paulo, arikoahubwo bǎgīye ku vyo Paulo yavúze igihe yahámagaraabakurambere bo muri Efeso ngo baje i Mileto mu Vyakozwe n'Intumwa 20. Kumurongo wa 17 icanditswe kivuga ngo, “abakurambere” bǎrahámagawe hanyuma na ho ku murongo wa 28bītwa abazezwa shengero (abepisikopi). Kandi abo bepisikopi, (nta nkeka bǎri n'imyitwarariko ya politike bánahahamiyeubutegetsi) bǎravúze bashimitse yukoPaulo yaríyátānze insobanuro ko “abazezwa shengero” bǎsūmba umukurambere nyakarambi afiseububasha bwemewe mw'ishengeroryiwe honyene. Ku bw'aboumwepisikopi yarírero uwufise ubukuru busāgá ku barongozi benshi nyakarambi. Iciyumviro nk'icontícǎri haba mu Vyanditswe canke ngokibe no mu vy'akahise,yamara n'úmūntu w'igihagararo nkaPolikarpe yarahengamiye ku kwitunganya nk'ukwo.

Gutyo, kimwe cǎtāngura nk'ibikorwa mu gihe ca mbere cǎri câgizwe inyigisho ishitse kandi n'ubu ni ko biri. Abepisikopi baracemeza ko bafise ububasha bwo kugenzura abantu no kubakoreshank'uko babigomba, bakanabashira mu kibanza bishakiye mu gikorwa c'Imana. Ivyo bihakana uburongozibwa Mpwemu Yera We Yavúze ati, “Nimundobanurire Paulo na Barunaba bankorere igikorwanabahamagariye.” Ivyo ni ibirwanya Ijambo kandi ni ibirwanyaKristo. Matayo 20:25-28 “Yesuarabahamagara, arababgira, ati Murazi yukw'abaganwa b'amahanga bayatwazaamanyama, kandi n'abakuru bayo bayagirak' ububasha. Muri mwebge si ko biri. Arik' ūgomba kuba mukuru muri mwebge az' abe umukozi wanyu; kand' ūgomba kubauw'imbere az' abe umuja wanyu, nk'uk' Umwana w'umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar' ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.” Matayo 23:8-9, “Ariko ntimukitwe Rabi: kukoUmwigisha wanyu Ari Umwe, ni We Kristo; namwe mwese muri abavukana. Kandintimukite umuntu wo mw'isi Data: kuko So Ari Umwe, Uwuri mw'Ijuru.” [Bibiliya y'Umwami Yakobo - Umus.]

Kugira ngo na nonendushirize gutomora bino, reka nsigure ivy'ubunikolayiti muri ubu buryo. Muribuka yuko mu Vyahishuwe 13:3 havuga hati, “Muri ya mitwe yaco mbonamw' umwe usan'ūkomeretse akagīrīre: uruguma rwocishe rurakira. Isi yose ikurikira icogikōko bagitangarira.” Rero turazi yuko uwo mutwe waríwakomeretse ko bwǎribwa Bwami buganza abami bwa Roma ya gipagani, bwa bubasha buhambaye bwapolitike bw'isiyose. Uwo mutwe wǒngeyeguseruka nk'Ubwamibuganza abami mu vya mpwemu bwa Katolika y'i Roma. Rero nimwihweze ibi mwitonze. Ni igiki Roma ya gipagani ya politike yakóze cǎbāyeumushinge w'ukuroranirwakwayo? Yó, “yaracanishamwo, hanyuma ikanesha”. Iyo yari imbuto y'Ikiroma- gucanishamwo hanyumaukanesha. Amenyo yayo y'icumayarátabagura akarotsa. Uwo itabaguye ikarotsa ntiyashóborakongera kuvyuka nka kumwe yakomvomvora Carthage ikayigira ubunywenywe akagǐrīre. Iyo mbuto nyene y'icuma yayígumyémwo aho ihagurukiyenk'ishengero ry'ikinyoma, kandi n'imigambi yayo yagumyeari ya yindi -gucanishamwo hanyuma ukanesha. Ubwo ni bwo Bunikolayiti kandi Imana irabwanka.

Rero ni ikintuc'akahise kizwi neza yuko igihe iri kosa ryǐnyegēteza mw'ishengero, abantu bǎcīye batangura guhiganirwa igikorwa c'ubwepisikopi na yoinkurikizi yavyo kwǎriuko ico kibanza cǎhābwa abantu bǐze cane b'abakire kandi bafisé ivyiyumviro vyapolitike. Ubumenyi n'imigambivy'umuntu vyǎcīye bitangura gufata ikibanza c'ubwenge bw'Imana hanyuma MpwemuYera ntiyaba Akiganza. Ico koko cǎri ikintu kibi giteye ubwoba,kuko Abepisikopi bǎcīyebatangura kwemeza yuko hatagisabwa ingeso igaragara ya Gikristo kugira ngowigishe Ijambo kibure uhagarikire imigirwa mw'ishengero, ngo kuko ica nkenerwavyǎri ibikoresho hamwe n'ibirori. Ibi vyǎtumye abantu babi (bazimíza) batabaguraumukuku.

Hamwe n'inyigisho yarînganijwe n'abantu yo gushira hejuru abepisikopi mu kibanzabadahabwa n'Ivyanditswe, intâmbwé ikurikira yarí iyo gutanga inzego mubusumbasumbane bwǎhavūye buvamwoirutarutana ry'ubukurumw'ishengero, kuko bídatevyé hǎcīye habaho abepisikopi bakuru hejuruy'abepisikopi n'aba karidinari hejuru y'abepisikopi bakuru hanyuma mu gihe caBonifasi wa gatatu hǎcīye habaho umu pāpa hejuru ya bose, Umupontife.

Kubera iyo nyigisho y'Abanikolayiti n'úrusukíranerw'ivya Gikristo n'ivy'i Babuloni, ingaruka zigaragara zǎtegerezwa kuba ivyoEzekiyeli yabônye mu gice c'8:10. “Nuko ndinjira nditegereza; mbona amoko yose y'ibikwega inda hasi, n'ay'ibikōkobizira, n'ibigirwamana vyose vy'ab'inzu ya Isirayeli, bishushanijwe ku nzuimpande zose.” Ivyahishuriwe 18:2, “Asemerera n'ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c'abadayimoni, aharindirwaimpwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwavyose. Kukw amahanga yose yanyoye vino,ni zo burake bw'ubusambanyi bwiwe.”

Rero iyo nyigishoy'Ikinikolayiti, iryo bwirizwa ryǎriryashinzwe mw'ishengero,abantu benshi ntíryǎbagūye neza rwose kuko bǎrashóbora gusoma icetekitamenyerewe canke insiguro kw'Ijambo vyǎnditswe n'umuntu kanaka yubahaImana. None ishengero ryǎkozeiki? Ryǎcīye ríca abigisha b'abagororotsi ryongerariturira imizingo. Bǎvugabati: “Bisabainyigisho zidasanzwe kugira ngo usome wongere utahure Ijambo. Ni na co gitumaPetero yavúzeyuko ibintu vyinshi Paulo yǎnditsevyǎri bigoye gutahura.” Aho bamariyegukûra Ijambo mu bantu, abantu ntíbǎtevyeguca baba abumviriza gusa ivyo umupatiri yabá afíse avuga, n'ugukora ivyo ababariye. Ivyo bǎvyīse Imana be n'Ijambo RyayoRyeranda. Bǎrīgaruriye ivyiyumviron'ubuzima bw'abantu baca babagiraabaja b'ubuherezi bw'igikenye.

Nimba rero ushakaicemezo c'uko Ishengero Katolika ryāká ubuzima n'ivyiyumviro abantu, umvirizagusa itegeko ryǎtānzwe na Tehodoziyo wa X. Itegeko ryambere rya Tehodoziyo.

Iri tegeko ryǎsohotse ubwo nyene agihezakubatizwa na rya Shengero rya Mbere ry'i Roma. “Twebwe abami b'abamibatatu dushaka yuko abatwǎgwa bacu bokwemera ata gukebaguzwa ukwizeraAbaroma bǐgīshijwe na Peteromweranda, kukazigamwa ubudatirigana n'imigenzo, kukanāmamazwa ubu napontife Damaze w'iRoma, hamwe na Petero, umwepisikopi w'i Alegizandiriya, umuntu w'ubwerandabw'Abatumwa nk'uko bisabwa n'urwego rw'Abatumwa, n'inyigisho y'Inkuru Nziza; twemere Ubumana bumwe bwa Data, Mwana, na Mutima Mweranda, b'icubahiro kinganamu Butatu Bweranda. Dutegetse yukoabayoboke b'uku kwizera bōkwītwá Abakristu b'Abakatolika; dushize iharamary'izina ribi ry'abahakanyi ku bipfamutima vyose bikurikira ukundi kwizera, kandi turihanije utudumbidumbi twabo ko tutohirahira ngo twiyite amashengero. Uretse ugucirwa urubanza n'ubutungane bw'Imana, babwīrizwa kwitega igihanokiremereye ico ububasha bwacu, búyobowen'ubwenge bwo mw'ijuru buzokwiyumvira yuko bibereye kubaha...”

Amategeko mpanavyahacumi n'atanu uyu mwami w'abami yasóhoye mu myaka myinshi nk'iyo, yarâtseabizera Ubutumwa bwiza uburenganzira bwose bwo gukora ibijanye n'ukwizerakwabo, yarábakûye mu buzi bwose bwa Leta, aranabakangisha amahadabu, kunyagwa, ukubāngāza mbere rimwe na rimwe, n'urupfu. Murabizi? Turikodutumbera neza na neza iyo nzira uno munsi.

Ishengero Katolikary'i Roma ryīyita Nyina w'amashengero. Ryīyita irya mbere canke ishengero ry'inkomoko. Uko niukuri ntabanduka. Ryǎri ryoShengero rya Mbere ry'inkomoko ry'i Roma ryǎsubiye inyuma rikaja mu caha. Ryǎbāye irya mbere ryitunganije. Muri ryo hǎsānzwemwó ibikorwa hanyuma rero inyigisho z'Ikinikolayiti. Nta n'umwe yohakana ko ari nyina w'amashengero. Ni nyina w'amashengero kandi yarávyāye abakobwa. N'ubundi umukobwa avyarwa n'umugore. Umugore yāmbayé iz'agahama yīcayé kuri ya misozi indwi y'i Roma. Ni maraya kandi yarávyāye abakobwa. Abobakobwa ni amashengero Giprotestanti yasóhotse áva muri we hanyuma rero acayisubirira mu vyo kwitunganya no mu vy'Ubunikolayiti. Uyu Nyinaw'amashengero-bakobwa yitwa maraya. Uwo ni umugore yahémutse ku masezerano yiwey'ukwabirana. Yarí yabiriwe n'Imana hanyuma rero aca abivamwo asambanan'umurwanizi kandi muri ubwo busambanyi bwiwe yavyâye abakobwa basá na wenyene. Uru rusukirane rwa nyina n'umukobwa ni ikirwanya Ijambo, ikirwanya Mpwemukuri ubwo rero ni ikirwanya Kristo. Egome, ANTIKRISTO.

Rero imbere yuko nshika kure cane nshaka kuvuga yukoaba bepisikopi ba mbere bǐbaza yuko bǎri hejuru y'Ijambo. Bǎbwīra abantu yuko bashoboye guharira ivyaha vyabo mu gihe bavyireze. Ivyontívyǐgeze bibaukuri. Bǎtānguye kubatiza abana mu kinjana ca kabiri. Mu vy'ukuribǎgira umubatizo wo kugirwa musha. Nta gitangaje koabantu bāzāzâniwe uyu musi. Nimba bäri bázāzāniwe cane ico gihe, bäri bakiri hafi cane ya Pentekoti, ubu hahezé hafi imyaka ibihumbi bibiri bari kure y'ukurikw'inkomoko, babāyehó mu buryo bw'umwiheburo ntangere.

Ôo, Shengero ry'Imana, hari icizere kimwe gusa. Garukakw'Ijambo kandi ugumane na ryo.

Musome mu...
Igihe C’Ishengero Rya Perugamo.



Gitabu c'Ivyahishuriwe.
Ibandanya ry'rukurikirane.
(Inyigisho Ya Balamu.)


Imana Ifise
ivyubahiro vyinshi...
ariko Ifise Izina
rimwe gusa rya
kimuntu, iryo Zina
na ryo rikaba
ari Yesu.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Kukw iri ari ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze: Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bgenge bgabo, No ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika, Nanje nzobabera Imana, Na bo bazoba abantu banje.

Abaheburayo 8:10


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

The Two Babylons

by Rev Alexander Hislop.
(PDF Icongereza)

Mountainside and
rosebush in snow,
in China.

Lillies of Fire.

Inkingi z’Umuriro.
- Houston 1950.

Light on pyramid
rock.


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.