Intangamarara ku Bihe vy'Ishengero.


  Ivyahishuriwe Yohana rukurikirane.

Ishengero ndwi ari muri Aziya.


William Branham.

Musome mu...
Igihe c’Ishengero rya Efeso.

Kugira ngo mushobore gutahura neza Ubutumwa bw'Ibihe vy'Ishengero, nashaka gusigura ibintu ngenderwako bitandukanye vyǎmfashije kuronka amazina y'Intwarabutumwa, ikiringo ivyo Bihe vyǎmaze, n'ibindi bintu bijanye na vyo.

Kubera yuko kino cigwa categerezwa kuba igihambaye cane kurusha ibindi vyose maze gufata kugeza ubu, nararondeye Imana iminsi myinshi, kugira ngo ndonke ihumekerwa rya Mpwemu Yera. Ni ho nasoma Ivyanditswe ku Bihe vy'Ishengero, nongera ndinjira cane mu bitabu vyinshi vya kahise k'Ishengero vyanditswe n'abanyakahise nashoboye kuronka badahengamira na mba ku ruhande na rumwe. Imana ntiyabuze kwishura isengesho ryanje, kuko igihe nariko ndasoma Ijambo n'ibitabu vya kahise bitandukanye, narashobojwe na Mpwemu Yera kubona haseruka igicapo kibandanya mu binjana no kugera neza na neza muri kino Gihe ca none, ca nyuma.

Urufunguzo nahâwe n'Umwami kugira ngo nshobore gutora intwarabutumwa ya buri Gihe rurahuye n'Ivyanditswe koko. Kubera rushobora no kwitwa Urupfunguzo Nyamukuru rwa Bibiliya. Ni impishuro yuko Imana itigera ihinduka na mba, kandi yuko n'inzira zayo zidahinduka nk'uko nayo Iri. Mu Baheburayo 13:8 havuga ngo:

“Yesu Kristo ukwo yar' ar' ejo, n'uyu munsi ni kw'akiri, ni kw'azokwama Ibihe Bidashira.”

Umusiguzi 3:14-15,
“Ndazi yukw'ico Imana ikora cose kizokwamaho: nta kintu gishobora kwongerwa kuri co, kandi nta kintu gishobora gukurwa kuri co: Imana ni Yo yagikoze, kugira ngw'abantu bayubahe.
Ikiriho ni co cahozeho, kand'ikizobaho na co cahozeho: kandi Imana isubira kugarukana icamaze guhita.”

Ng'ibi: Imana idahinduka n'inzira zidahinduka. Ico Yakoze UBWA MBERE Izotegerezwa kubandanya igikora gushika gikozwe ku ncuro YA NYUMA. Nta mpinduka izigera ibaho. Ivyo rero nimubishire ku Bihe vy'Ishengero. Ubwoko bw'umuntu Imana yahisemwo kubw'Igihe ca Mbere, n'ingene Imana yigaragaje mu gikorwa c'uwo muntu, ni ko kobaye akarorero ku bindi Bihe vyose. Ic'Imana yakoze mu Gihe ca Mbere c'Ishengero, ni co Ishaka gukora mu bindi Bihe vyose.

Ubu rero, dusanzwe tuzi neza biciye mw'Ijambo ryanditswe na Mpwemu ingene rya Shengero rya mbere, canke rya Shengero ryo ku nkomoko, ryatangujwe n'ingene Imana yǐgaragaza muri ryo. Ijambo ntirishobora guhinduka canke ngo rihindurwe kuko Ijambo ari Imana. Yohana 1:1,

“Ubwa mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n'Imana, kand' Uwo Jambo yar' Imana.”

Guhindura Ijambo rimwe gusa kuri ryo, nk'uko Eva yabikoze, bizana icaha n'urupfu, nk'uko bivugwa mu Vyahishuriwe Yohana 22:18-19,

“Uwumva wese Amajambo yavugishijwe yo mur' iki Gitabu ndabishingira intahe kuri we, nti: 'Nihagira umuntu azokwungurira kuri yo, Imana izomwunguka ivyago vyanditswe mur' iki Gitabu. Kandi nihagira umuntu akura ku Majambo y'Igitabu c'ibi vyavugishijwe na yo, Imana izomukura ku mugabane wa ca Giti c'Ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe mur' iki Gitabu.”

Nuko rero, ico Ishengero ryǎri riri kuri Pentekote ni co gipimo. Ico ni co citegererezo. Nta kindi citegererezo kiriho. Ntaco bivuze ivyo abanyabwenge bavuga, Imana ntiyahinduye NA MBA ico citegererezo. Ic'Imana yakoze kuri Pentekote itegerezwa kubandanya igikora gushika Ibihe vy'Ishengero birangiye.

Nubwo abanyabwenge boshobora kubabwira yuko Igihe c'Intumwa caheze, ntimuvyizere. Imvugo nk'iyo ntabwo ari yo, kubw'impamvu zibiri: Ubwa mbere hoho, ni ikosa gufata yuko ata Ntumwa zikiriho, kubera gusa zimwe cumi na zibiri zo ku nkomoko zapfuye. Intumwa bisobanura “uwarungitswe”; kandi hariho abarungitswe benshi uyu munsi, ariko bītwa abamisiyonari. Igihe cose abantu bakiriko barahamagarwa bakanarungikanwa Ijambo ry'Ubugingo, Igihe c'Intumwa kiracabandanya. Ubugira kabiri, bavuga ko igihe c' “ukwigaragaza kw'ubushobozi bwa Mpwemu Yera” caheze kuva Bibiliya iherahejwe. Ivyo si vyo. Nta n'Icanditswe na kimwe kivuga ivyo bintu, ariko vyinshi ahubwo bivuga mu buryo butomoye ibinyuranye n'ivyo. Ng'iki ikimenyamenya yuko ivyo birego bibiri ari ikinyoma.

Ivyakozwe 2:38-39,
“Petero arabishura, ati Nimwihane, umuntu wese muri mwebwe abatizwe mw'Izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabwa ingabire, ari yo Mpwemu Yera.
Kukw'isezerano ar'i ryanyu kand' ar' iry'abana banyu, n'abari kure bose, abazohamagarwa bose n'Umwami Imana yacu.”

Isezerano ry'ubushobozi Intumwa zahawe ku munsi wa Pentekote ni “iryanyu (Abayuda), n'abana banyu (Abayuda), n'abari kure bose (Abanyamahanga), abazohamagarwa bose n'Umwami Imana yacu (Abayuda n'Abanyamahanga bompi).” Itarashika aho ihagarika guhamagara, Ubutumwa bw'ubushobozi bwa Gipentekote NTIBIZOHAGARARA.

Ico Ishengero ryǎri rifise kuri Pentekote ni uburenganzira bwaryo ntakurwaho. Ku nkomoko, ryǎri rifise Ijambo ritagira agatosi ry'Imana. Ryǎri rifise ubushobozi bwa Mpwemu bwǐgaragariza mu bimenyetso bitandukanye n'utwumiza n'ingabire za Mpwemu Yera.

Abaheburayo 2:1-4,
“Ni co gituma dukwiye kurushiriza kwitwaririka ivyo twǔmvīse, kugira ngo ntidutwarwe akayombekere tukabivako.
Kw'Ijambo ryavugiwe mu kanwa k'abamarayika ryagumyeho, kand' ibicumuro vyose no kutaryumvira
(Ijambo) bikagererwa ingero bikwiranye,
tweho tuzokwikiza dute, nitwanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n'Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebwe n'abakumvise,
Imana Ifatanije na bo kugashingira intahe, Iyishingisha ibimenyetso n'ibitangaza n'ibikomeye vy'uburyo bwinshi n'ingabire za Mpwemu Yera zagabanganijwe nk'uko yagomvye?”

Iryo shengero ryo ku nkomoko ntiryǎri ryatunganijwe n'abantu. Ryǎrōngōrwa na Mpwemu Yera. Ntiryǎri rinini cane. Ryǎrānkwa rigakengerwa. Ryǎratôtezwa. Ryǎrahámwa gushika ku rupfu. Ariko ryǎri iryizigirwa ku Mana. Ryǎgumye kuri ca citegererezo c'Ijambo c'inkomoko.

Yamara rero ng'aho ntimuzimire. Iyo mvuze yuko Imana be n'inzira zayo bitigera bihinduka, sinshatse kuvuga yuko Ishengero be n'Intwarabutumwa zaryo bitoshobora guhinduka. Ishengero si Imana. Kubw'ivyo rirashobora guhinduka. Ariko ico navuze ni uko Imana idahinduka, n'inzira zayo zidahinduka, turashobora gusubira inyuma hariya mu ntango tukabona igikorwa ca mbere kandi gitunganye c'Imana, tugaca rero duc' urubanza twishimikije ico citegererezo. Ukwo ni ko bikorwa. Ishengero ry'ukuri rizokwama na ntaryo rigerageza kumera nka rya rindi ryo ku nkomoko kuri Pentekote. Ishengero ry'ukuri ry'uyu munsi rizogerageza gusa na rya rindi rya mbere. Intwarabutumwa z'ǎyo Mashengero na zo, zifise Umwe Mpwemu nyene w'Imana muri zo, zizogerageza gusa n'Intumwa Paulo. Ntizizosa neza na neza nka we; ariko intwarabutumwa z'ukuri zizoba ari izo zegereye cane Paulo, we atǎri imbohe y'abantu, yǐhebeye rwose Imana, akamamaza Ijambo ry'Imana ryonyene, kandi akagaragaza Mpwemu Yera mu bushobozi. Nta kindi cobikoze. Utegerezwa gukora uhereye kuri kimwe co ku nkomoko. Nk'uko umuderi wo ku nkomoko uvamwo uburorero bisa, Ishengero ry'ukuri rizokwama na ntaryo ari rya rindi rigerageza guca mu makanda y'abaritanguje kuri Pentekote, kandi intwarabutumwa zaryo zizokurikira Intumwa Paulo, ya ntwarabutumwa ya mbere y'Igihe ca Mbere c'Ishengero. Ni ibintu vyoroshe nk'uko, kandi ni vyiza cane.

Hamwe n'urwo rupfunguzo, rusanzwe cane, ariko n'ubwo bir'uko rwiza cane, ni ho nashoboye, mfashijwe na Mpwemu Yera, gusoma Igitabu c'Ivyahishuriwe Yohana n'ibitabu vya kahise nca nsangamwo buri Gihe, buri ntwarabutumwa, ikiringo ca buri Gihe, n'uruhara rwa kimwe kimwe cose mu ntego y'Imana kuva kuri Pentekote gushika ku mpera y'ivyo Bihe.

Rero ubu, kubera yuko mutahura ukuntu tumenya ingene Ishengero ry'ukuri ryǎri rimeze ( ico ryǎri riri kuri Pentekote n'ico ryǎri riri mu gihe c'Intumwa nk'uko vyanditswe mw'Ijambo mu Gitabu c'Ivyakozwe n'Intumwa) turashobora gukoresha iyo ngingo ngenderwako nyene kugira bitwereke ingene Ishengero ryǎnaniwe. Ikosa ry'ifatiro, canke amakosa yǐnyegeteje mw'Ishengero rya Mbere hanyuma agahishurwa mu Bitabu vy' Ivyakozwe n'Intumwa be n'Ivyahishuriwe Yohana mbere kandi no mu Vyete, azobandanya yerekanwa mu buryo bugaragara kurushiriza muri buri Gihe gikurikira, gushika n'aho tugera ku kuzimangana burundu kw'ukuri mu Gihe ca nyuma, canke ca Lawodikiya.

Ubu rero, bivanye na runo rupfunguzo rwa mbere twahawe n'Umwami, haca haza ukundi kuri gusa n'ukutari kwiza gato. Navuze yuko Ishengero ry'ukuri ryotegerejwe na ntaryo kwama rigerageza kuba nk'uko ryǎri rimeze mu Gitabu c'Ivyakozwe n'Intumwa. Ukwo ni ukuri koko. Ariko kandi twābōnye yuko Ijambo ryigisha uguterwa n'ikosa gushika aho haba ukuzimangana burundu kw'ukuri mu Gihe ca Nyuma, igihe Umwami azoba ari hafi guseruka. Ubu rero, hariho ikibazo gica caduka mu mitima yacu: Mbega Imana irareka abayo ikabareka ngo bagwe mu kuntu kwo guhendwa? Habe na gato, kuko Icanditswe kivuga mu buryo butomoye cane muri Matayo 24:24, yuko “Abatoranijwe” BADASHOBORA guhendwa.

“Kuko hazokwaduka ba Kristo b'ibinyoma n'abavugishwa b'ibinyoma, bakore ibimenyetso bihambaye n'ibitangaza, kugira ngo bazimize n'abatoranijwe IYABA VYOSHOBOTSE.”
[Bibiliya y'Icongereza y'Umwami Yakobo —Umus.]

Ni iki none? Inyishu iratomoye imbere yacu. Hariho Ishengero ry'Ukuri n'Ishengero ry'ikinyoma. Hariho Umuzabibu w'ukuri n'umuzabibu w'ikinyoma. Ariko koko iryo Shengero ry'ikinyoma, uwo mugwi w'umuzabibu w'ikinyoma, rizokwama rigerageza kwiyitirira ikibanza ca rya Shengero ry'Ukuri, rinavuge ko ryo, atari Abatoranijwe, yuko bo ari bo ba nyabo kandi b'ukuri. Iry'ikinyoma rizogerageza kwica iry'Ukuri. Ukwo ni ko vyǎri biri mu Gitabu c'Ivyakozwe n'Intumwa, ukwo ni ko bivugwa mur'ivyo Bihe Ndwi, kandi ukwo ni ko binavugwa mu Vyete bitandukanye. Ukwo ni ko vyǎbāye. Ukwo ni ko biri na bugingo n'ubu. Ukwo ni ko bizoba. Ntibishobora guhinduka.

----
Aya Mashengero Ndwi ari muri Aziya Ntoya yari afise ivyayaranga kanaka muri yo, mur'ico gihe ca kera, vyahavuye bihinduka icamwa ceze c'Ibihe vyo hanyuma. Ivyǎri imbuto gusa hariya inyuma zahavuye ziza mu nyuma mu musaruro weze, nk'uko Yesu yavuze ati: “Ko bagirira bartyo igiti kibisi, non'icumye kizogirirwa gite?” Luka 23:31.

Musome mu...
Igihe c’Ishengero rya Efeso.



Gitabu c'Ivyahishuriwe.
Ibandanya ry'rukurikirane.
(Gihe ca Lawodikiya.)



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Kur’ uwo musi ntihazoba har’ umuco utamanzuye, ntihazoba n’ ikibūnda:

arik’ uzoba umusi umwe rudende uzwi n’Uhoraho, atar’ umurango ntube n’ijoro; ariko hageze mu kagoroba hazoba umuco.

Zekariya 14:6-7


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet

(PDFs Icongereza)

Imana Irihisha Yo
Nyene UbwaYo mu
Bwiyoroshi...
(PDF)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

Ingene Wa
Mumarayika
Yangendeye...
(PDF)