Gihe ca Lawodikiya.


  Ivyahishuriwe Yohana rukurikirane.

Igihe C'Ishengero rya Lawodikiya.


William Branham.

Musome mu...
Igihe C'Ishengero rya Lawodikiya.

Ivyahishuriwe Yohana 3:15-19,
Aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, yuk' udakonje kandi ntubire. Icompa ugakonja cank' ukabira! Nuko rero kuk' ur' akazuyazi, udakonje ntubire, Ngira Nkudahwe. Kuk' uvuga, uti Nd' umukire ndatunze kandi nta co nkennye; ntumenye yukw' ari wewe mutindi, wafutanye, ur' umworo, ur'impumyi, ugenda amenya; Ndakugira inama, uNgurekw'izahabu yakuwekw'inkamba n'umuriro, ubone kuba umutunzi; uNgureko n'impuzu zera, ubone kwambara, isoni z'ubwambure bwawe ntizigaragare; kandi uNgureko n'umuti wo gusiga ku maso, ubone guhumuka. Abo Nkunda bose Ndabakankamira, Nkabakangira; nuko gira umwete, wihane.

Inyuma yo gusomera hamwe iyo mirongo, ndazi neza yuko namwe mwabonye ko Mpwemu Atavuze ikintu kimwe gusa kibi kuri kino Gihe. Acagiriza ibintu bibiri, kandi iki Gihe Aragicira urubanza.

(1) Ivyahishuriwe Yohana 3:15-16, “Ndazi ibikorwa vyawe, yuk' udakonje kandi ntubire. Icompa ugakonja cank' ukabira! Nuko rero kuk' ur'akazuyazi, udakonje ntubire, Ngira Nkudahwe.”

Ibi rero tugira tubisuzume neza n'ubwitonzi. Havuzwe yuko uno mugwi w'igihe c'Ishengero rya Lawodikiya ari akazuyazi. Ako kazuyazi nako bisaba ko gahabwa igihano n'Imana. Igihano naco, n'uko Imana Izobadahwa mu kanwa kaYo. Aha rero dutegerezwa kugaba ntituhazimirire, nk'uko vyashikiye abantu benshi. Abo nabo bakaba bavuga amajambo batabanje kuyashirako umutima, mu kuvuga ngo Imana Irashobora kutudahwa mu kanwa kaYo, ngo rero ivyo vyerekana yuko ata kintu c'ukuri kiri mu nyigisho yo kwumirako y'Abera. Ngomba nkosore ico ciyumviro canyu kano kanya nyene. Uyu murongo ntiwahawe muntu ku giti ciwe. Wahawe Ishengero. Imana IrikoIvugana n'Ishengero. Iciyongeyeko, ni mwasuzuma neza Ijambo, muzobona ko ata na hamwe rivuga yuko turi mu KANWA k'Imana. Tumase mu biganza vyaYo. Dutwarirwa mu gikiriza caYo. Mu bihe bitazwi hiyo inyuma kera cane, twari mu vyiyumviro vyaYo. Turi mu ruhongore rwaYo, no mu bwatsi bwaYo butotahaye, ariko habe namba mu kanwa kaYo. None yamara mukanwa k'Umwami hariy'iki? Ijambo ni ryo riri mu kanwa kiWe.

Matayo 4:4,
“Yesu aramwishura, ati Vyanditswe ng' Umuntu ntatungwa n'umutsima gusa, arikw'atungwa n'Ijambo ryose riva mu kanwa k'Imana.” Ijambo ryategerezwa kuba mu minwa yacu na twebwe nyene. None rero, turazi yuko Ishengero ari umubiri waYo. Hano rifata ikibanza caYo. Mu kanwa k'Ishengero hazoba hariyo iki naho? IJAMBO.
Petero 4:11,
“Umuntu iy' avuze (Ijambo), avuge nk'ubivugishijwe n'Imana.”
Petero 1:21,
“Kukw'ata Jambo ry'abavugishwa n'Imana ryazanywe no kugomba kw'umuntu, arikw'abantu bavuga ivyava ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.” None rero ni igiki kitagenda neza muri aba bantu bo mu gihe c'iherezo? BǍGĪYE KURE Y'IJAMBO. NTIBAKIRISHWASHWANUKIRA. BARI AKAZUYAZI KURI RYO. Ngira ndabibemeze ubu nyene.

Ababatiste barafise nemera zabo n'imitegekere yabo yubakiye kw'Ijambo, kandi ntushobora kubanyiganza. Bavuga yuko igihe c'ibitangaza c'Intumwa carenganye kandi yuko ata mubatizo wa Mpwemu Yera ubaho inyuma yo kwizera. Abametodiste bavuga (bisunze Ijambo) yuko ata mubatizo wo mu mazi ubaho (gusukako amazi s'umubatizo) kandi ngo Mpwemu Yera ni ukwezwa. Ishengero rya Kristo ryemeza umubatizo wo kunagurwa, kandi kenshi, iyo binjiye mu mazi, baba ari abanyavyaha bumye, iyo bayavuyemwo bakaba ari abanyavyaha bajovye. Yamara n'ubwo bir'ukwo bemeza yuko inyigisho yabo yubakiye kw'Ijambo. Tujane iyo nzira maze dushikire Abapentekote. Bobo barafise Ijambo? Ni mubahe igipimo c'Ijambo, hanyuma murabe.

Ijambo bazoca barikaba n'ibishobisho hafi igihe cose. Nimba mushoboye kugira ukwigaragaza kanaka nk'amavuta mu kiganza, amaraso, indimi n'ibindi bimenyetso, vyaba biri mw'Ijambo canke bitariyo, yaba insobanuro ihuye n'Ijambo canke bidahuye, benshi bazoca bazoca baja narwo. None rero ni ibiki vyashikiye Ijambo? Ijambo ryashizwe ku ruhande, ni naco gituma Imana Ivuga Iti: “Ngiye kubarwanya mwese. Nzobadahwa mu kanwa kaNje. Birarangiye. Mu Bihe Ndwi vyose, nta kindi Nabonye atari abantu bashira amajambo yabo hejuru y'iryaNje. Niyo mpamvu kw'iherezo rya kino Gihe Nzobadahwa mu kanwa kaNje. Vyose birarangiye. Ngira ndabajinjibure. Egome, Ndi hano, hagati mw'Ishengero. Amen y'Imana, Umwizigirwa w'Ukuri, Azokwihishura , kandi BIZOBA BICIYE KU MUVUGISHWA WANJE.” Ôo, Egome.

Ivyahishuriwe Yohana 10:7,
“Ariko mu minsi y'ijwi ry'umumarayika w'indwi, ah' azoba agira avuze inzamba, ni ho ibanga ry'Imana rizoba riheraherejwe, nk'uko Yabariye abasavyi baYo ubutumwa bwiza, ni bo bavugishwa na Yo.”
Ni ivyo nyene. Irungika umuvugishwa yemejwe. Irungika umuvugishwa inyuma hafi y'imyaka ibihumbi bibiri. Irungika umuntu ari kure cane y'amadini, n'ubwenge n'isi y'ikidini, nk'uko vyari bimeze aho hambere kuri Yohana umubatizi na Eliya, azokwumviriza Imana gusa, kandi azoba afise “Niko Uhoraho Agize”, kandi azovuga ibivuye ku Mana. Azoba umuvugizi w'Imana, kandi WE, NK'UKO MALAKI 4:6 HABIVUGA, AZOGARUKANA IMITIMA Y'ABANA KURI BA SE. Izogarukana Abatoranijwe bo mu Gihe c'iherezo, nabo bazokwumviriza umuvugishwa yemejwe abazanira ukuri nyakwo, nka kumwe vyari bimeze kuri Paulo. Azogarukana Ukuri nk'uko nabo bari bagufise. Maze bano Batoranijwe hamwe nawe mur'ico gihe nibo bazogaragaza vy'ukuri Umwami, kandi bazoba bari Umubiri wiWe, bongere babe Ijwi ryiWe, kandi bazokora ibikorwa vyiWe. Haleluya! Mbega ivyo murabibona?

Ugusuzuma gato gusa muri kahise k'Ishengero bica bitwereka ukuntu ivyo duhejeje kuvuga ari ivy'ukuri. Mu gihe c'umwijima, abantu bari batakaje Ijambo hafi ryose. Nuko Imana Irungikana Luther IJAMBO. Muri ico gihe, Abaluteri bǎvuga ibivuye ku Mana. Ariko baciye bitunganye, hanyuma Ijambo ritunganye rica ryongera gutakara, kuko idini ryiyegurira nemera n'imitegekere, aho kwiyegurira Ijambo gusa. Ntibari bagishoboye kuvuga ibivuye ku Mana. Niho Imana Yaca Irungika Wesley, uwo nawe akaba yari hamwe n'Ijambo mu Gihe ciwe. Abantu bafashe nkama impishuro yiwe iyo yari yahawe n'Imana baciye bahinduka ivyete bizima, vyasomwa kandi bikamenywa n'abantu bose bo mu runganwe rwabo. Igihe Abametodiste bananirwa, Imana Yaciye Ihagurutsa abandi, maze ivyo bibandanya ukwo uko imyaka yagiye ikurikirana, gushika mu Gihe ca nyuma, aho hongeye kubaho ihanga kw'isi, iryo naryo, rirongowe n'intwarabutumwa yaryo, rizoba ijwi rya nyuma kubw'Igihe ca nyuma.

Egome mushingantahe. Ishengero ntirikiri “umuvugizi” w'Imana, ni umuvugizi waryo bwite. Gurtyo rero, Imana Irarihindukiriye. Izorimaramaza Ikoresheje umuvugishwa, n'Umugeni, kubera Ijwi ry'Imana rizoba riri muri we uwo Mugeni. Nivyo, riri muri we, kubera biravugwa mu kigabane ca nyuma c'Ivyahishuriwe Yohana, ku murongo wa 17 ngo:
“Mpwemu n'Umugeni baravuga ngo: 'Ngwino.'”
Irindi rimwe kandi, isi izokwumva mu buryo bw'ikibiriraho ibivuye ku Mana, nko kuri Pentekote; ariko nta nkeka ko, nko vyagenze mu Gihe ca mbere, uwo Mugeni-Jambo azonebagurwa.

Rero Yarasemereye kuri iki gihe ca nyuma Iti: “Mufise Ijambo. Mufise Bibiliya nyinshi kuruta ukwo vyigeze, ariko nta kindi Ijambo murikorera atari kuritātānya no kurigabanganyamwo uduceduce, mu gutoramwo ivyo mushaka, ivyo mudashaka mugaca muterera hirya. Ntimurajwe ishinga no KURIBAHO, kiretse kuríhārīráko. Nari Nipfuza ko mwokonja canke mukabira. Mukonje mukarishibura, ivyo Noshoboye kuvyihanganira. Mubirishijwe no kumenya ukuri kwaryo no kuribaho, Nobashimagije kubw'ivyo. Yamara iyo mufashe Ijambo ryaNje maze ntimuryubahe, aho rero nanje nzobasubiriza mu ndumane mu kwanka kububaha. Nzobadahwa, kubera munteye iseseme.”

Noneho murazi mwese ko amazi y'akazuyazi ari yo atuma mugwara umushishito. Ushaka gusesemwa, amazi y'akazuyazi ni co kintu ciza co kunywa. Ishengero ry'akazuyazi, ryateye Imana gusesemwa, kandi Yavuze ko Izoridahwa. Ivyo bitwibutsa kwa kuntu Yǐyumva imbere y'umwuzure, siko?

Ôo, ese ku Mana ishengero ryopfuma rikonja canke rikabira! Iciza ca vyose, n'uko ryoba irinyamwete (rikabira). Yamara siko riri. Urubanza rwamaze gusomwa. Ntirikiri Ijwi ry'Imana kub'isi. Rizoguma ryemeza yuko ari co riri, yamara Imana yoyo Ivuga ko atari co riri.

Ôo, Imana Iracafise Ijwi ku bantu bo mw'isi, nk'uko Yahaye Ijwi Umugeni. Iryo Jwi riri mu Mugeni nk'uko twabivuze, nk'uko tuzobivugako cane ubutaha.

(2) Ivyahishuriwe Yohana 3:17-18,
Kuko uvuga, uti Nd'umukire ndatunze kandi nta co nkennye; ntumenye yukw' ari wewe mutindi, wafutanye, ur' umworo, ur' impumyi, ugenda amenya;
Ndakugira inama, ungurekw'izahabu yakuwekw'inkamba n'umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n'impuzu zera, ubone kwambara, isoni z'ubwambure bwawe ntizigaragare; kandi ungureko n'umuti wo gusiga ku maso, ubone guhumuka.

Ni mwihweze agace ka mbere k'uwo murongo: “Kuko uvuga.” Murabona, bǎravúga. Bǎravúga biyumvira yuko ari abavugizi b'Imana. Ivyo birerekana neza na neza ivyo nariko ndavuga ku bijanye n'insobanuro y'imirongo ya 16 na 17. Ariko n'ubwo babivuga, ivyo ntibituma kuba ukuri. Ishengero Katolika rivuga yuko rivugira Imana, ryemeza rishize amanga ko riri Ijwi ry'Umwami. Ukuntu abantu bamwe bashobora kuba ababisha ukur'aho muri mpwemu birengeye ukwo ndabizi, yamara bāma bivanye n'urubuto ruri muri bo, kandi turazi iyo urwo rubuto rwazananye, siko?

Ishengero rya Lawodikiya rivuga ngo: “Nd' umukire ndatunze kandi nta co nkennye.” Ivyo nivyo ryǐyumvira ryo nyene. Ryǎrīrāvye hanyuma ribona ivyo. Ryǎvuze riti: “Ndatunze”, ivyo bisigura ko ritunze ivy'iyi si. Ririshimagiza, n'ubwo ryiyobagiza Yakobo 2:5-7,
“Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg' Imana ntiyatoranirije aboro b'ivy' isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubwami Yasezeraniye abaYikunda?
Ariko mweho mwatetereje umworo. None abatunzi si bo babatwaza amanyama, bakaba ari bo babakwega babajana mu manza?
Si bo barogota kw'Izina ryiza mwitirirwa?”

Gusa SIMVUZE ko umuntu atunze adashobora kuba uwa Mpwemu, ariko twese turazi ko Ijambo rivuga yuko abo ari bake cane. Abakene ni bo benshi mu mubiri wa rya Shengero nyakuri. N'ubwo bir'ukwo, hamwe Ishengero rihindutse iryuzuye ubutunzi, hari ikintu tuzi, n'uko ijambo “I-Kabod” ryanditswe ku marembo! Ivyo ntimushobora kubihakana, kubera ni Ijambo.

Musome mu... Igihe C'Ishengero rya Lawodikiya.



Ivyahishuriwe Yohana.
Ibandanya ry'rukurikirane.
(Krusto yaravuye mw’Ishengero.)



English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Ehe Mpagaze ku rugi, Ndaramukije. Umuntu ni yumva Ijwi ryaNje, Akugurura urugi, Ndinjira i we, dusangire.

Unesha, Nzomuha kwicarana naNje ku Ntebe yaNje y'ubwami, nk'uko Nanje Nanesheje Nkicaranana Data ku Ntebe yiWe.

Uri n'ugutwi, niyumve ico Mpwemu abwira Amashengero.

Ivyahishuriwe Yohana 3:20-22


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

The Two Babylons

by Rev Alexander Hislop.
(PDF Icongereza)

Mountainside and
rosebush in snow,
in China.

Lillies of Fire.

Inkingi z’Umuriro.
- Houston 1950.

Light on pyramid
rock.


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.