Kahise w'Ishengero.


index >>

  Imana n’Kahise rukurikirane.


William Branham.

Kugira ngo mushobore gutahura neza Ubutumwa bw'Ibihe vy'Ishengero, nashaka gusigura ibintu ngenderwako bitandukanye vyǎmfashije kuronka amazina y'Intwarabutumwa, ikiringo ivyo Bihe vyǎmaze, n'ibindi bintu bijanye na vyo.

Urufunguzo nahâwe n'Umwami kugira ngo nshobore gutora intwarabutumwa ya buri Gihe rurahuye n'Ivyanditswe koko. Kubera rushobora no kwitwa Urupfunguzo Nyamukuru rwa Bibiliya. Ni impishuro yuko Imana itigera ihinduka na mba, kandi yuko n'inzira zayo zidahinduka nk'uko nayo Iri. Mu Baheburayo 13:8 havuga ngo: “Yesu Kristo ukwo yar' ar' ejo, n'uyu munsi ni kw'akiri, ni kw'azokwama Ibihe Bidashira.”

Ng'ibi: Imana idahinduka n'inzira zidahinduka. Ico Yakoze UBWA MBERE Izotegerezwa kubandanya igikora gushika gikozwe ku ncuro YA NYUMA. Nta mpinduka izigera ibaho.

Ubu rero, dusanzwe tuzi neza biciye mw'Ijambo ryanditswe na Mpwemu ingene rya Shengero rya mbere, canke rya Shengero ryo ku nkomoko, ryatangujwe n'ingene Imana yǐgaragaza muri ryo.

Ijambo ntirishobora guhinduka canke ngo rihindurwe kuko Ijambo ari Imana. Yohana 1:1, “Ubwa mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n'Imana, kand' Uwo Jambo yar' Imana.”

Nuko rero, ico Ishengero ryǎri riri kuri Pentekote ni co gipimo. Ico ni co citegererezo. Nta kindi citegererezo kiriho. Ntaco bivuze ivyo abanyabwenge bavuga, Imana ntiyahinduye NA MBA ico citegererezo. Ic'Imana yakoze kuri Pentekote itegerezwa kubandanya igikora gushika Ibihe vy'Ishengero birangiye.

Musome mu... Igihe c’Ishengro rya Efeso.

  Imana n’Kahise rukurikirane.

Ishengero ndwi ari muri Aziya.

Efeso.

Igisagara ca Efeso cǎri kimwe mu bisagara bitatu bikuru-bikuru vyo muri Aziya. Kenshi cǎkūnda kwitwa igisagara kigira gatatu c'ukwizera kwa Gikristo. Ica mbere kikaba cari Yerusalemu, Antiyokiya na co kikaba ica kabiri. Cǎri igisagara gitunze cane. Cǎgānzwa na Roma, ariko ururimi rwaho cǎri Ikigiriki.

Musome mu... Igihe c’Ishengro rya Efeso.

Simuruna.

Igisagara ca Simuruna cari amaja mu buraruko gato bwa Efeso ku rwinjiriro rw'Ikigobe ca Simuruna. Kubera ikivuko cawo ciza cane cari ikigo c'ubudandaji cari kizwi cane kubw'ibidandazwa bishorwa hanze. Cari kandi rurangiranwa kubw'amashure yaco yigisha imvugo ziryohoye, filozofiya, ubuvuzi, ubuhinga, n'inyubakwa nziza.

Ijambo Simuruna risobanura, “umururazi,” rikaba rivuye mw'ijambo, isenga. Isenga ryakoreshwa mu gushingura ibiziga. Kubw’ivyo, dufise insiguro zibiri dusanga mw'izina ry'iki Gihe. Cari Igihe c'umururazi cuzuye urupfu.

Musome mu... Igihe c’Ishengro rya Simuruna.

Perugamo.

Perugamo (izina rya kera) yari muri Misiya, mu karere kǎvōmērwa n'inzuzi zitatu, aho biciye kuri rumwe mur'izo vyatuma ikora ku kiyaga. Cǎvugwa nk'igisagara ca rurangiranwa cane mu bindi vyose muri Aziya. Cǎri igisagara c'imico kama gifise inzu y'ububiko bw'ibitabu igira kabiri ukuye iyo muri Alegizandiriya. Nubwo bir'uko, cǎri igisagara ciganjemwo ivyaha vyinshi, cǎkūnda cane imigirwa y'ubushakanyi yo gusenga Asikarupiyo, uwo basenga mw'ishusho y'ikiyoka kibona catungirwa kikongera kikagaburirirwa mu rusengero.

Intebe y'ubwami bwa Satani be n'aho aba. Perugamo si ho hantu Satani yahoze aba uhereye mu ntango (mu bijanye n'ivy' abantu). Babuloni ni wo wamye ari umurwa mukuru wiwe mu buryo bugaragara canke butagaragara. Hǎri mu gisagara c’i Babuloni, ni ho ugusenga Satani kwǎkomōtse.

Musome mu... Igihe c’Ishengro rya Perugamo.

Tuwatira.

Mu bijanye na kahise, igisagara ca Tuwatira ni co cǎri gito mu kuba rurangiranwa muri vya bindi bisagara ndwi vyose vyo mu Vyahishuriwe Yohana. Cǎri giherereye ku mipaka ya Misiya na Iyoniya. Cǎri gikikijwe n'inzuzi nyinshi, ariko zǎri zuzuyemwo imishundo. Icǎwurānga kigaragara cane kwǎri uko cǎri cishoboye mu vy'ubutunzi kubera amashirahamwe y'ababumvyi, abahazi b'insato, abǎfuma, abǎsīga amarǎngi, abǎkora impuzu, n'ibindi. Ni mur'iki gisagara Ludiya, wa mudadaza w'impuzu z'agahama yava. Ni we yari Umunyaburaya wa mbere Paulo yashikanye kuri Kristo.

Rero igituma Mpwemu yahisemwo kino gisagara nk'icǎza gifise ibintu vya mpwemu vyoranze Igihe ca Kane, kwǎri kubera ubwoko bwaco bw'ugusenga. Ubwoko bw'ugusenga nyamukuru bw'i Tuwatira kwǎri ugusenga Apolo Tirimeneyo kwǎfatanywa no gusenga umwami. Apolo yari imana-zuba, akaba uwa kabiri mu bubasha kuri se, Zewusi.

Birabereye cane yuko tubona ko izina Tuwatira ubwaryo risigura, “Umugore Yiganza.”

Musome mu... Igihe c’Ishengro rya Tuwatira.

Sarudi.

Sarudi wari Umurwa mukuru wa Ludiya ya kera. Wavuye mu minwe y'abatware ba cami b'Abaludiya uja mu minwe y'Abaperesi, mu nyuma haza Alegizandereya Mukuru. Hanyuma Antiyokiyosi Mukuru awufata mpiri. Mu nyuma ubutware bw'ico gisagara bugwa mu minwe y'abami b'i Perugamo, hanyuma haza Abaroma. Mu gihe ca Tiberi, Sarudi yarasanganguwe na nyamugigima nyinshi n'indwara z'ivyaduka. Uyu munsi, aho ico gisagara cǎri hasigaye ibihomoka, ntawuhaba.

Ivy'ugusenga vyari mw'ico gisagara cari igikorane gihumanye c'imanakazi Sibele. Ibisigarira vy'urusengero rwayo vyasangangutse biracaboneka.

Musome mu... Igihe c’Ishengro rya Sarudi.

Filadelufiya.

Filadelufiya yari ku bilometero 120 mu bumanuko bushira uburengerazuba bw'i Sarudi. Cari igisagara ca kabiri c'i Ludiya. Cǎri cubatse ku misozi myinshi, mu karere rurangiranwa kubw'ibiterwa vyako vy'inzabibu. Ibiceri vyaho vyǎri bifise ishusho ya Bakusi na Bakante (umuherezikazi wa Bakusi).

Ico gisagara caragira ingorane zitewe na nyamugigima; ariko n'ubwo bir'ukwo, muri ibi bisagara ndwi vyo mu Vyahishuriwe Yohana, ni co cabayeho igihe kirekire. Mu bisanzwe, kiracariho gusa gifise izina ry'igiturikiya Alasehir, risobanura “Igisagara c'Imana.”

Musome mu... Igihe c’Ishengro rya Filadelufiya.

Lawodikiya.

Izina rya Lawodikiya risobanura “uburenganzira bw'abanyagihugu”, ryari izina rizwi cane ryitirirwa ibisagara bitari bike, mu guha icubahiro abagore b'amaraso ya cami bari rurangiranwa. Ico gisagara, mu vya politike no mu vy'ubutunzi, cari kimwe mu bisagara bikomeye cane, kimwe muri vyinshi vyari bitunze cane muri Aziya Ntoya. Ibintu vy'umusesekara vyarahawe ico gisagara bitanzwe n'abenegihugu bo mu vyicaro bikomakomeye.

Ni co carimwo icicaro c'ishure rihambaye ry'ubuvuzi. Abanyagihugu baco bari abahanga mu vy'utugenegene tw'ubwenge n'ivy'ubushakashatsi. Kenshi bacita “icitegererezo,” kubera ni co carimwo ubuyobozi bw'ibindi bisagara mirongo ibiri na bitanu. Imana ya gipagani yasengwayo yari Zewusi. Igihe kimwe ico gisagara carigeze kwitwa Diyopolisi (Igisagara ca Zewusi) mu cubahiro c'iyo mana yabo. Mu kinjana ca kane, inama idasanzwe y'Ishengero ni ho yabereye. Bidatevye, ico gisagara gikuraho kirahebwa burundu kubera nyamugigima zahibonekeza kenshi.

Musome mu... Igihe c’Ishengro rya Lawodikiya.


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet

(PDFs Icongereza)

Imana Irihisha Yo
Nyene UbwaYo mu
Bwiyoroshi...
(PDF)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

Ingene Wa
Mumarayika
Yangendeye...
(PDF)

English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Nuko wandike ivy' ubonye n'ibiriho n'ibizoba hanyuma y'ivyo,

ibanga ry 'inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw'i buryo, n'ivy'ibiterekwakw' amatara ndwi vy'inzahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b'ayo Mashengero Ndwi, ibiterekwakw' amatara ndwi na vyo ni yo Mashengero Ndwi.

Ivyahishuriwe 1:19-20



 


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.