Mugore Yezebeli.


  Ivyahishuriwe Yohana rukurikirane.

Igihe C'Ishengero rya Tuwatira.


William Branham.

Musome mu...
Igihe C'Ishengero rya Tuwatira.

Ivyahishuriwe Yohana 2:20-23,
Ariko Mfise ico Nkugayako, yuk'ukundiraurya mugore Yezebeli, yiyita ūvugishwa n'Imana, akigisha akazimiza abagurano baNje, kugira ngo bashakane barye ivyaterekerejwe ibigirwamana. Kandi Namuhaye uburyo bwo kwihana, ntiyakunda kwihana ngw'areke ubushakanyi bwiwe. Ehe Ndamutsinda ku buriri, Ndarungikira abasambana na we amarushwa menshi, ni batihana ibikorwa vyiwe. Kandi n'abana biwe Nzobicisha urupfu, kand'Amashengero yose azomenya yukw'ari Jewensesa mu mishaha no mu mitima, kandi Nzokwishura umuntu wese wo muri mwebwe ibihwanyen'ivyo mwakoze.

Ikintu ca mbere kandi nyamukuru cane tubona kuriYezebeli ni uko ATARÍ umukobwa waAburahamu, n'ukwinjizwa kwiwe mu miryango y'Abisirayeli si ukw'ukwemererwa kwampwemu nk'uko ukwa Rusi kwǎbāye, wa Munyamowabukazi. Oya mushingantahe. Uyo mugore yarí umukobwa waEtibayali, umwami w'i Sidoni (1 Abami 16:31), yarí umuherezi wa Ashitoreti.Yarí yáshitse ku ntebe y'ubwami yîshe uwo yasúbiriye, Felesi.Duca tubona rero ko yarí umukobwa w'umwicanyi. (Ibi nta nkeka bitwibutsaKayini.) Kandi uburyo yacîtse umwe mu Bisirayeli ntivyǎcīye muri ya migende ya mpwemu iyo Imana Yarí Yárashînze ku bw'ukwemerwa kw'Abanyamahanga; ariko yǐnjiye bícīye mu KWABIRANA na Ahabu, umwami wa ya miryango cumi y'Abisirayeli.

Rero uko kunywana nk'ûkó twābibǒnye ntikwǎri ukwa Mpwemu; kwǎri ukwa politike. Kandi rero uyu mugore yarí yáradóbeye mu bwina mugusenga ibigirwamana, nta cifuzo na gitoya yarí afise co gucîka umusenzi wa YaMana Imwe y'Ukuri ariko nyabuna yáje afíse intumbero zērúye zo gukura Isirayelik' Uhoraho. Rero Isirayeli (ya miryango cumi) bǎri baramaze kumenya ico ari co gusenga inyanaz'izahabu, ariko ntíbǎri bwiyegurire ugusenga ibigirwamana, kuko Imana Yarasengwa n'ivyagezwevya Mose vyǎri vyemewe.Ariko kuva ahó Ahabu yābíririye Yezebeli, ugusenga ibigirwamana kwarateyeimbere mu buryo buteye ubwoba cane. Hǎri igihe uyo mugore yacîka umuherezi mu ngoro yǔbakiye Ashitoreti (Venusi) na Bayali (imana zuba) ahóIsirayeli yashika ku gasongero k'ingorane mu buzima bwabo.

Dúfise ibi ku mutima turashobora ubu gutangura kubonaico Mpwemu w'Imana Ariko arerekana muri iki Gihe ca Tuwatira. Ni co c'iki.
Ahabu yarôngoye Yezebeli abigira nk'amayeri yapolitike kugira ngo akomeze ubwami bwiwe yongere abukingire. Ico ni co neza na nezan'ishengero ryǎkoze igihe ryǎbīrana ku ngoma ya Konstantino. Bompi bǐyunze ku mvo za politike, nubwo bǎbihāye ishusho y'ivya Mpwemu. Nta n'umwe yoshoborakunyemeza ko Konstantino yarí Umukristo. Yarí umupagani afise ibisan'ibimenyetso vy'inyuma vya rukristo. Yashushanije imisaraba yera ku nkinzoz'abasoda. Ni we yatânguje Abagendera ku mafarasi ba Kolombusi. Yashízeumusaraba ku munara w'urusengero rw'umweranda Sofiya aho aba atanguje umugēnzo.

Cǎri iciyumviro ca Konstantino co gushira hamwe bose, abapagani, Abakristobo kw'izina n'Abakristo nyakuri. Kandi mu gihe kanaka vyǎsa nk'uko yari kubishobora kuko abizera nyakuri bǎrabǐjémwo kugira ngo barabe yuko boshobora kugarura abo bǎri bâjānywe kure y' Ijambo. Ahó babonéye kobatagishoboye kubagarura mu kuri, vyǎbasavye kuvavanura n'uwo murwi wa politike. Rero ahó bavavanuriye na wo, bǎcīye bitwa abahakanyi baca barahamwa.

Reka mvuge aha nyene yuko dufise nk'ico kintu nyenekikiriko kirabandanya n'ubu. Abantu barikó baraja hamwe. Barikó barandikaBibiliya izoshimisha umwe wese yaba Umuyuda, Umukatolika canke Umuprotestanti. Barifitiye Inama Nkuru y'iNikeya yabo bwite ariko bayīta Inama Nkuru y'Ubumwebw'Amashengero. None murazi uwo ayo mashirahamwe yose arwanya? ArwanyaAbapentekoti nyakuri. Simvuga ryâ dini ryitwa Pentekoti. Mvuga abo ariAbapentekote kuko būzúye Mpwemu Yera kandi bakagira ibimenyetso n'ingabirehagati yabo kuko bagendera mu kuri.

Igihe Ahabu yarôngora Yezebeli ku mvo za politike yaríagurishije ubufura bwiwe. Wîfatanije n'idini uba ugurishije ubufura bwawe, mwene Data, wôgōmba kuvyemera canke utôbigōmba. Buri murwi wose w'Igiporoti wǐgeze gusohoka hanyuma ugasubira inyuma wagúrīshijeubufura bwawo, kandi iyo ugurishije ubufura bwawe, uba uri co kimwe na Esau - urashobora kurira no kwihana ivyo ushaka vyose, ariko nta na kimwe bizogufasha. Hariho ikintu kimwe gusa ushobora gukora na co ni iki: “Bantu baNje, ni muve iwe, kugira ngo mwoye gufatanya n'ivyaha vyiwe!” Ubu ni waba wiyumvira ko ntarímu kuri, ishura gusa iki kibazo kimwe.

Hari umuntu n'umwe muzima yoshoborakumbarira irihe shengero kibure uwuhe mugwi w'Imana wǐgeze kuronka umuvyuro hanyuma ukagaruka mu nyuma y'âhóuba wâragîye mu kwitunganya ukaba idini? Nimusome kǎhise kanyu. Nta na rimwe ushobora kuronka - nta narimwe.

Yarí isaha y'igicugu kuri Isirayeli igihe yǐfatanya n'isi ikava mu vya Mpwemu ku bw'ivya politike. Yarí isaha y'igicugu i Nikeya igiheishengero ryǎkora nk'ivyo nyene. Ni isaha y'igicugu ubu ahó amashengeroariko araja hamwe.

Rero ahó Ahabu yābíririye Yezebeli yarámurekuriyegufata amafaranga ya leta n'ukubaka inzu zibiri z'ámahêro zo gusengeramwo zaAshitoreti na Bayali. Iyarí yûbakiwe Bayali yarí nini bihagije kugeza ahoIsirayeli yose yáza igasengeraho. Igihe na ho Konstantino n'ishengero bǎbīrana yahâye inyubakwa ishengero, ashinga ibicaniro n'ibishushanyo, aca atunganya irutarutana ry'ubukuru ryǎri ríza ryâmaze kwǐserura.

Aho Yezebeli aronkeye ububasha bwa leta inyuma yiweyacîye ahatira abantu kw'idini ryiwe aca yīca abavugishwa be n'abaherezib'Imana. Vyarabaye nabi cane kugeza n'âhó Eliya, yâ ntwarabutumwa y'igihe ciwe,yǐbajije ko yarí we wenyene asigaye; ariko Imana YaríYîfitiye abandi 7000 batǎri barapfukamiye Bayali: Kandi n'ubu nyene hariya muri ayo madiniy'Ababatista, Abametodiste, Abapresipiteriyano, n'ayandi, harimwo bamwebazosohoka bakagaruka ku Mana. Nshaka ko mumenya yuko ntarwanya, ubu, kandi ntǐgeze ndwanya abantu. Ni idini - uburyo bwo kwitunganyani bwo ndwanya. Ntegerezwa kubirwanya kuko Imana Iravyanka.

Ubu reka duhagarare akanya gato hano dusubiremwo ivyotwěrekanye ku bijanye n'ugusenga kwo muri Tuwatira. Navúze ko bǎsēnga Apolo (yari imana-zuba) hamwe n'umwami w'abami. Rero uwo Apolo yǐtwa “uwukinga inabi”. Yǐgiza inabi kure y'abantu. Yarabahezagira kandi yarí imana nyakuri kuri bo. Yafátwa nk'iyigisha abantu. Yasígūra ibijanye n'ugusenga, hamwe n'imigirwa yo mu rusengero, ivyakorerwa imana, ibijanyen'ibimazi n'urupfu hamwe n'ubuzima inyuma y'urupfu. Uburyo yabíkoramwóyabícīsha mu muvugishwakazi yǐcara yâyāmye mu mpwemu ku ntebe y'amaguru atatu. Ewe jewe! Murabibona? Ng'uyu uwomuvugishwakazi yītwá Yezebeli kandi ariko arigisha abantu. Kandi inyigisho yiweiriko irazimiza abagurano b'Imana no kubatuma bagira ubushakanyi. Reroubushakanyi ni ukuvuga 'ugusenga ibigirwamana.' Iyo ni yo nsiguro yabwo mu vyaMpwemu. Ni ukwabirana kunyuranije n'amategeko. Ukwabirana kwa Ahabun'ukwabirana kwa Konstantino kwǎri kunyuranije n'amategeko kwompi. Bompi bǎgize ubushakanyi mu buryo bwa mpwemu. Umushakanyi weseazohereza muri ca kiyaga caka umuriro. Imana Yavúze Ityo.

Musome mu... Igihe C'Ishengero rya Tuwatira.

Download (PDF Icongereza)... Jezebel Religion.


  Ko Bibiliya ivuga...

Unesha akitondera ibikorwa vyaNje agashitsa kw'iherezo, Nzomuha ububasha bwokuganza amahanga:

azoyaragiza inkoni y'icuma, nk'uko bamenagura inzavyaz'ibumba; nk'uko naNje Nahawe na Data. Kandi Nzomuha ikinyenyeri co mugaturuturu.

Kandi Nzomuha ikinyenyeri co mugaturuturu.

Ivyahishuriwe Yohana 2:26-28



Ivyahishuriwe Yohana.
Ibandanya ry'rukurikirane.
(Gihe ca Lawodikiya.)


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

The Two Babylons

by Rev Alexander Hislop.
(PDF Icongereza)

Mountainside and
rosebush in snow,
in China.

Lillies of Fire.

Inkingi z’Umuriro.
- Houston 1950.

Light on pyramid
rock.