Krusto yaravuye mw’Ishengero.


  Ivyahishuriwe Yohana rukurikirane.

Igihe C'Ishengero rya Lawodikiya.


William Branham.

Musome mu...
Igihe C'Ishengero rya Lawodikiya.

Ivyahishuriwe Yohana 3:20-22,
20 Ehe Mpagaze ku rugi, Ndaramukije. Umuntu ni yumva Ijwi ryaNje, Akugurura urugi, Ndinjira i we, dusangire.
21 Unesha, Nzomuha kwicarana naNje ku Ntebe yaNje y'ubwami, nk'uko Nanje Nanesheje Nkicarana na Data ku Ntebe yiWe.
22 Uri n'ugutwi, ni yumve ico Mpwemu Abwira Amashengero.

Hariho urwijiji rwinshi kuri uwo murongo ukuntu abantu benshi bawukoresha mu bikorwa vyabo vy'ivugabutumwa: nk'aho Yesu Yoba Yari ku muryango w'umutima wa buri munyavyaha, Akaba Yariko Aradodora kugira baMureke Yinjire. Barongera bakavuga kandi ngo umunyavyaha yuguruye umutima wiwe, Umwami Aca Yinjira. Yamara uwo murongo nturiko uvuga ku banyavyaha umwe wese ku giticiwe. Turafise incamake y'ubutumwa bwerekejwe kuri iki Gihe, nk'uko buri Gihe gifise ubwaco. Ku murongo wa 22, havuzwe ngo: “Uwuri n'ugutwi ni yumve ico Mpwemu Abwira AMASHENGERO.” Rero, ni ubutumwa kw'Ishengero ry'Igihe ca nyuma. Ukwo nikwo Ishengero rya Lawodikiya rimeze mu gihe iherezo ryaryo ryegereje. Si ubutumwa bw'umuntu ku giti ciwe; Mpwemu ni We Atubwira aho Yesu ari. KRISTO YARAVUYE MW'ISHENGERO.

Mbega aho siho ibintu bigarukira, canke ingeruka, iyo ushize Ijambo ku ruhande kugira urisubirize na nemera, gushira Mpwemu Yera ku ruhande ukamusubiriza n'abapāpa, abepisikopi, abakuru, abajenama n'ibindi, ugashibura Umukiza mu kumusubiriza n'integuro y'ibikorwa, kuba umunyeshengero gusa canke guhuza n'umukorere w'Ishengero? Ni ikihe kibi kirenze ico woshobora kuMukorera? Ukwo rero nikwo kwa kureka Imana! Rabe ukuntu baYihevye! Ng'uyu umuryângo wugururiwe anti-Kristo, kubera nimba hari Uwaje mw'Izina rya Data (Yesu) ntibaMwakire, ariko bakaMwanka, n'uko rero uwundi azoza mw'izina ryiwe bwite (umwangushi, icaduka) kandi uwo we bazomwakira. Yohana 5:43. Wa muntu w'icaha, wa mwana wo kuranduka, azofata inganji.

Matayo 24 havuga ku bimenyetso bizoboneka mu majuru muri iki gihe ca nyuma, imbere gato y'Ukugaruka kwa Yesu. Ndibaza nimba mwarabonye ko ubushize habonetse kimwe muri ivyo bimenyetso, cerekana uku kuri duhejeje guca irya n'ino. Ukwo kuri n'uko Yesu Yabandanije Ashirwa ku ruhande gushika mu Gihe ca nyuma, aho Yashiburiwe hanze y'Ishengero. Ni mwibuke ko mu gihe ca mbere, abari bagize Ishengero hafi bose bari mu kuri. Gusa hariho agakosa gato, kitwa ibikorwa vy'Abanikolayiti, vyaribuza kugira umuzingi wuzuye w'umuco. Hanyuma mu Gihe cakurikiye, umwijima mwinshi wabandanije winyegeteza, kugira ufate igice kinini c'umuzingi, aho naho hakaba haca hasigara umuco muke. Mu Gihe kigira gatatu, ubwirakabiri bwari bwongerekanye. Mu Gihe kigira kane, ico naco kikaba ari Igihe c'umwijima w'umuzitanya, umuco wari hafi gukamangana. Ubu rero ibi muvyiyumvireko. Ishengero ryaka umuco wa Kristo. Ni We rya ZUBA. Ishengero naryo ni UKWEZI.

Rero urya muzingi w'umuco ni ukwezi. Ukwezi hafi kwuzuye umuco mu Gihe ca mbere, igice kirimwo umuco caragabanutse ku buryo n'aho kiba agace gatoya mu Gihe ca kane. Ariko mu Gihe ca gatanu, umuco waciye usubira kwongerekana. Mu Gihe ca gatandatu, wari wagwiriye bimwe biboneka. Mu gice kanaka c'Igihe c'indwi, umuco warabandanije ugwira, hanyuma giturumbuka uca urahagarara, uca urazimangana burundu. Aho rero umwijima w'ukureka Imana wari wasubiriye umuco, rero mu mpera y'Igihe, nta muco wari ugihari, kubera umwijima w'umuzitanya wari watsimbataye. Ubwo rero Kristo Yari hanze y'Ishengero. Ng'iki rero ikimenyetso mw'ijuru: ubwirakabiri buheruka bwari ubwirakabiri bwuzuye. Ukwezi kwari kwazimanganye kwose. Mu gihe kigira indwi, umwijima wuzuye wibonekeje igihe pāpa w'i Roma (Paulo VI) yaja muri Palestina kugira agendere Yerusalemu. Ni we yabaye umupāpa wa mbere agiye i Yerusalemu. Uwo mupāpa yitwa Paulo VI.

Paulo yari intwarabutumwa, uwo mugabo nawe yafashe iryo zina nyene. Ni murabe neza, ni uwa gatandatu, canke igitigiri c'umuntu. Birenze uguhurirana gusanzwe kw'ibintu. Rero, igihe yaja i Yerusalemu, ukwezi, ni kuvuga Ishengero, kwaciye kudwebera mu mwijima w'umuzimagiza. Ni ivyo. Ni iherezo. Uru runganwe ntiruzorangira ivyo vyose bidashitse. Egome, Mwami Yesu, ni Uze vuba!

Ubu rero turabona igituma hǎri imizabibu ibiri, uw'ukuri n'uw'ikinyoma. Ubu rero turabona igituma Aburahamu yari afise abahungu babiri, umwe wo mu mubiri (yahama Isaka) uwundi w'isezerano. Ubu turabona yuko nya bavyeyi nyene barondotseko amahasa, umwe akaba yar'azi kandi yarakunda ibintu vy'Imana, uwundi yar'azi igice ciza c'ukuri, ariko ntibakomoka ku Mpwemu imwe, ico nico catuma umwe ahama umwana yatoranijwe. Imana ntiyakangiriye kubwo gushimishwa no gukangira gusa. Yakangiriye Abatoranijwe mu rukundo. ABATORANIJWE NTIBASHOBORA guhama Abatoranijwe. ABATORANIJWE NTIBASHOBORA gukorera ikibi Abatoranijwe.

Ibihombe nivyo bihama Abatoranijwe kugira bibahonye. Ôo, abo bantu b'ibihombe n'abanyedini. Ni incabwenge. N'abo mu ruvyaro rwa Kayini, abo mu ruvyaro rw'inzoka. Barubaka iminara yabo ya Babeli, hamwe n'ivyo vyose bambaza Imana. Baranka uruvyaro rw'ukuri, kandi bazokora ivyo bashoboye vyose (wanashaka mw'Izina ry'Umwami) kugira bahonye Abatoranijwe n'Imana. Ariko barakenewe. “Igishishwa kimariye iki urugano?” Ata gishishwa, nta rugano. None igishishwa gishikirwa n'iki kw'iherezo? Gituririrwa mu muriro utazima. Urugano narwo? Ruca ruja he? Ruca rwimburirwa mu kigega carwo. Aho ni ho na We ari.

Ôo, Batoranijwe n'Imana, mwiyubare. Mwige mugavye. Muragabe. Mukorere agakiza kanyu mutinya kandi muhinda agashitsi. Mwishimikize Imana, mukomere mu bushobozi bwaYo. Umwansi wanyu, umurwanizi, ariko araroha nk'intambwe yivuga, arondera uwo arotsa. Mukeshe musenga kandi mushikame. Turi mu gihe c'iherezo. Wa muzabibu w'ukuri n'uw'ikinyoma, yompi irashitse ku kwera. Muri ico gihe, imbere yuko urugano rwera, urwo rwamfu rweze rutegerezwa guhambirwa kugira ruturirwe. Murabona, bose bariko barifatanya n'Inama y'Ubumwe bw'Amashengero. Aho niho bahambirirwa. Vuba, urugano rugiye kwimburirwa mu kigega. Ariko kano kanya, izo Mpwemu zibiri ziri mu gikorwa, muri iyo mizabibu ibiri. Ni muve mu rwamfu. Tangure muneshe kugira mushobore kwubahisha Umwami wanyu, kugira mube ababereye kuyobora no kuganzanya na We.

Musome mu...
Igihe C'Ishengero rya Lawodikiya.



Ivyahishuriwe Yohana.
Ibandanya ry'rukurikirane.
(Babuloni y'Akabanga.)


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

The Two Babylons

by Rev Alexander Hislop.
(PDF Icongereza)

Mountainside and
rosebush in snow,
in China.

Lillies of Fire.

Inkingi z’Umuriro.
- Houston 1950.

Light on pyramid
rock.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Kukw iri ari ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze: Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bgenge bgabo, No ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika, Nanje nzobabera Imana, Na bo bazoba abantu banje.

Abaheburayo 8:10



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.