Uruvyaro Rw’Inzoka.

<< prev

next >>

  Ijambo w'Ubugingo rukurikirane.

‘Ubugunge’ Inzoka.


William Branham.

Musome mu...
Uruvyaro Rw’Inzoka.

Itanguriro 3:1-7,
1 Inzoka yarusha ubugunge ibikoko vyose vyo mw'ishamba Uhoraho Imana yaremye. Ibaza uwo mugore iti, Mbega ni ivy'ukuri koko yukw'Imana yavuze ngo Ntimurye ku giti na kimwe co mw'iri tongo?
2 Umugore yishura inzoka at' Ivyama ku biti mw'iritongo twemererwa kubirya,
3 Arikw'ivyama ku giti kiri hagati mw'itongo, ni vy'Imana yatubujije, ngo ntitubiryeko, canke ngo tunabikoreko, kugira ngo twoye gupfa.
4 Iyo nzoka yishura uwo mugore iti, Habe n'intete ntimuzopfa.
5 Kukw'Imana izi yuko umunsi mwabiriyeko, amaso yanyu azokwihweza, mukamera nk'Imana ku vyo kumenya iciza n'ikibi.
6 Uwo mugore abo ico giti yukw' ar' ikibereye kuribwa, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar' igiti co kwipfuzwa kumenya ubwenge, yamura ku vyo camye, arabirya, ahako n'umugabo wiwe bari kumwe, na we arabirya.
7 Amaso yabo bompi arihweza, bamenya yuko bagenda amenya, badandikanya ibibabi vy'umusukoni, babikoramw' uducocerwa.

Nimurabe, ng'ibi ivyabaye. Ndizera, kandi ndashobora kuvyemeza na Bibiliya, yuko inzoka ari yo yabikoze. Inzoka ni yo w'ûwo muntu abura hagati y'imamfu n'umuntu. Kubera, mwumve, ibi mubimenye kano kanya, yuko inzoka itǎhoze mu bikwega inda hasi. Yarusha ubugunge ibikoko vyose vyo mw'ishamba.
Aha rero, naragiye kurondera kazinduzi, uyu munsi, ahantu hose, kugira ngo ndabe iri jambo, ico ijambo ubugunge risobanura. Risobanura “kuba incabwenge, kugira amayeri,” kandi, insobanuro nziza y'i— y'igiheburayo (kuva kuri m-a-h-a-h, mahah) bisobanura “kugira ubumenyi bw'ukuri ku bintu ngenderwako vy'ubuzima.”

Noneho reka ibi tubisuzume umunota umwe gusa. Ni incabwenge, umunyamayeri, yamara yitwa “inzoka.” Ariko mwibuke, yari ikintu giciye ubwenge cari gihari, kandi yasa cane n'umuntu kuruta ikindi kintu cose cari mw'ishamba; yari yegereye umuntu. Ntiyari igikwega inda hasi. Umuvumo ni wo wayigize igikwega inda hasi. Kandi yari... Bibiliya ivuga ko yari nziza cane muri vyose.
Kandi n'umuvumo ntiwayikuyeko ubwiza bwayo bwose; na none amabara meza y'inzoka ni ay'akaroruhore, n'ubwiyorobetsi bwayo n'amayeri yayo. Ndetse n'umuvumo ntiwigeze uyikurako ubwo bwiza. Ariko mwibuke, Imana yayibwiye ko amaguru yayo yovuyeko akamatana n'inda. Kandi ntushobora kuronka igufa na rimwe mu nzoka risa n'umuntu, kandi ni yo mpamvu ubushakashatsi vyabutaye kuw'amazi. Ariko ni yo.

Imana yabihishije amaso y'abanyabwenge n'abahinga, maze isezerana kubihishurira abana b'Imana, mu minsi y'iherezo, igihe abana b'Imana bogaragarijwe, igihe, “abana b'Imana bǎnēzērwa imbere y'ukuremwa kw'isi.” Igihe impishuro ihambaye y'Ubumana n'ibindi vyohishuwe mu minsi y'iherezo, Yogaragaje ibi bintu biciye mu bana b'Imana. Murazi ko ivyo Ivyanditswe bivyigisha. None raba ni ho turi.
Ni co gituma Imana yatwugururiye ivyo bintu. Imana iriko irazana abana bayo ku kwigaragaza. Iriko irarengera ukwigana kw'ubwenge bwose bw'umuntu, hiyo mu mpishuro ya mpwemu, maze Ikabihishura. Ntabwo twigeze twigisha muri iyi Bibiliya, ngo “Uwufise ubwenge”? Atari ivyo yize mw'iseminari kanaka; ariko ivyo yigiye ku mavi imbere y'Imana, n'îcó Imana yahimbariwe kumuha. Abana b'Imana bagaragajwe!

Ng'iyi inzoka, ng'uku uko inzoka yari imeze; Ngira ndabahe insiguro yanje kuri yo.
Turafise i... turamanuka, duhereye ku gikere, kur'ico kinyamurobo, tukamanuka, kur'ibi n'ibi, kugeza igihe amaherezo uza kugera ku nkende, ku mamfu. Hanyuma ku mamfu, aho tugaca dusimba tukava ku mamfu tugashika ku muntu, kandi turibaza impamvu.

Ubushakashatsi buvuga buti: “Noneho, hinge! Turashobora guhuza umugore n'inkende hamwe n'imamfu, hanyuma no ku rundi ruhande, umuntu agahuzwa n'imamfu.” Ntakizovamwo. Bihuze n'ikindi gikoko cose; nta kizovamwo. Amaraso ntazovangana; fate amaraso yanyu, ni amaraso atandukanye cane rwose.
Hariho amaraso kanaka ari aho hagati, kandi ntibashobora kubona ico gikoko. Ôo, Haleluya, ubu numva mbaye muri mpwemu rwose aka kanya.

Nimurabe. Kubera iki? Imana yarabibanyegeje. Nta gufa riri mu nzoka risa n'amagufa y'umuntu. Ico kintu Yagishize kure cane ku buryo kidashobora kugundurwa n'abanyabwenge. Kandi ngiye kubereka aho uwo muntu w'incabwenge aturuka, aho— aho ari, uko biri kwose. Murabona, ntashobora kubishikako aciye muri ivyo.

Bitegerezwa kuza biciye mu mpishuro, “Uri Kristo, Umwana w'I...” “Kur'urwo rutare nzokwubakako Ishengero ryanje; kandi amarembo y'i kuzimu ntazorishobora,” impishuro yo mu buryo bwa mpwemu. Ni gute—ni gute Abeli yamenye ko yar'akwiye gutanga umwagazi w'intama, aho kuba nka Kayini yatanze ivyamwa vyo mu ndimiro? Yabihishuriwe mu buryo bwa mpwemu. Ntubironka biciye mw'iseminari. Ntubironka biciye mu madini. Ubironka bivuye mw'Ijuru.

Noneho nimurabe inzoka, iyi nzoka yari iya mbere. Reka dushushanye ishusho yayo kano kanya. Ni umuntu munini akomeye. Iri hagati y'imamfu n'umuntu. Kandi, inzoka; umurwanizi, Lusiferi, yari azi ko ayo yari yo maraso yonyene yari gushobora kuvangana n'aya maraso y'umuntu, umuntu wenyene yari ashobora gukorana na we. Ntiyari gushobora gukorana n'imamfu, ayo maraso ntiyari kuvangana. Ntiyari gushobora gukorana n'ibintu bitandukanye. Ntiyari gushobora gukorana n'intama. Ntiyari gushobora gukorana n'ifarasi. Ntiyari gushobora gukorana n'igikoko ico ari co cose; yategerezwa gukorana n'iyi nzoka.

Reka tuyifate noneho turabe ukuntu yasa. Ni umuntu munini akomeye, igihangange cabanjirije muri kahise. Aho ni ho batoye ayo magufa manini, kandi ibi ndabibereka muri Bibiliya. Noneho mwitegereze n'ubwitonzi ntangere. Neza cane. Uyu muntu munini akomeye, reka tuvuge ko yari— yari afise uburebure bw'imetero zitatu, ibitugu binini bikomeye; yasa nk'umuntu. Amaraso yayo, amaze kumanuka, yahuye n'igikoko kimwe be n'ikindi...

Urashobora guhuza ibikoko; kandi hakomeje kuboneka amaraso ari hejuru, ubuzima bwo hejuru, ubuzima bwo hejuru, kugeza aho ushika ku rugero rw'umuntu. Ariko ihuriro rya nyuma hano, hagati ya hano, ryaraciwe. Ni bangahe bazi ko ubushakashatsi budashobora kuronka ako gace kabura? Mwese murabizi. Kubera iki? Aha hari inzoka. Yari hano, umuntu munini akomeye.

Hanyuma umurwanizi aramanuka, na none, aravuga ati: “Ndashobora kuyihumekera.” Rero iyo utanguye kuraba abagore, no kugira imimenyerano n'abagore, wibuke, usīzwe amavuta n'umurwanizi (kandi ntabwo ari umugore wawe).

Nimurabe kano kanya, umurwanizi yaramanutse yinjira mu nzoka. Ica iza kuri Eva mw'itongo rya Edeni, yambaye ubusa, maze avuga ku bijanye n'icamwa kiri hagati. Hagati bisobanura “ikiri hagati,” n'ibindi; murabitahura, turi mw'ikoraniro ririmwo abato n'abakuzi. Rero iravuga ati: “Emwe, ni ciza. Kirabereye ijisho.”

Yakoze iki? Yaciye itangura gukundana na Eva, munyuma imenyana na we mu buryo bw'umubiri, nk'umugabo.
Abonye ko ari vyiza, nukw' aragenda abibwira umugabo wiwe, ariko yari yamaze guterwa inda na Satani. Maze avyara umuhungu wiwe wa mbere, yitwa Kayini, mwene Satani.

Ah' uhava uvuga uti: “Eka, ivyo si vyo.”
Nta kibazo, turaza kumenya gusa nimba ari vyo canke atari vyo.
Kandi nzoshira inyankane hagati y'Uruvyaro rwawe n'uruvyaro rw'inzoka.
Ni iki? Uruvyaro rw'inzoka! Yariafise Uruvyaro, kandi na yo nyene yari ifise uruvyaro. Kandi Ruzogufyonyora umutwe, nawe uzorukomeretsa ku gitsintsiri.
Kandi gufyonyora, ng'aho, bisobanura “kugira Impongano.” Noneho rero ng'urwo “uruvyaro” rwanyu rw'inzoka.
Noneho nimurabe, hano haje aba bantu babiri.

Rero, iyi nzoka, igihe yari ihagaze aho, kiriya gihangange kinini c'umuntu gihagurutse aho, yari yagiriwe n'icaha co gusambana n'umugore wa Adamu. Uyu munsi icaha kiri he? Ni igiki gituma ibintu bimeze uko bimeze uyu munsi? Noneho, je... Mu vy'ukuri murashobora gutahura ivyo ndiko ndavuga.

Rero vyari ivyo. Kandi amaze kubikora, Imana yaravuze, yaciye ibanza ihamagara Eva na Adamu.
Nawe ati: “Ndi gusa.”
Na Yo iramubaza ati: “Ni nde yakubwiye ko uri gusa?”
Hanyuma batangura, nka bimwe vy'abasoda, batangura gutanako amakosa. Avuga ati: “Emwe, wa mugore Wampa, ni we yabigize. Ni we yanyurwishije.”
Uwo mugore na we ati: “Inzoka ni yo yampaye ipome”? Yewe, muvugabutumwa, niwisubireko.
Yavuze ati:“Inzoka ni yo yanyoheje.” Mbe murazi ico kwosha bisobanura? Bisobanura “kwanduza.” I... Umugore... sa-... umurwanizi ntabwo yigeze amuha ipome. “Inzoka ni yo yanyoheje.”
Hanyuma umuvumo ub' urashitse.

Iramubwira Iti: “Kubera ko wumvirije inzoka mu gishingo c'umugabo wawe, wakuye Ubuzima kw'isi. Kandi uzogwiza imibabaro yawe; kandi ivyiyumviro vyawe bizoba ku mugabo wawe,” n'ibindi.
“Hanyuma nawe kubera ko wateze amatwi umugore wawe, mu gishingo canje (Jewe nagukuye mu mukungugu; ubwoko buri hejuru), uzosubira muri wo.”
“Maze nawe wa nzoka we, kubera ko wakoze ivyo, ntuzongera kugira amaguru. Uzohora ugenda ukwega inda hasi, iminsi yose y'ubuzima bwawe. Kandi uzokwankwa. Kandi umukungugu ni wo uzoba ivyo kurya.” Ng'ivyo rero. Hariho ako gace kabura.

Noneho haca haza Kayini. Reka turabe izo kamere. Ng'aho haca haza Kayini. Ni iki? Ni umugwizatunga w'incabwenge. Arima mu ndimiro. Umunyabwenge, incabwenge; umunyedini, umunyedini cane; nimu— nimurabe ibimuranga kano kanya. Nimujane nanje mu minota mikeya gusa.
Ng'uyo araje. Arazi ko afise imico rusangi. Ashaka kuja kw'ishengero. Aca yiyubakira urusengero, azana amashikanwa. Yarazanye igicaniro, n'ibindi vyose. Yarubatse igicaniro, agishariza amashurwe. Ashira indimiro... ivyeze vyo mu ndimiro, abishikanira Imana. Yavuze ati: “Ng'ivyo, Mwami. Ndazi ko twariye ipome, ni co cabiteye.” Bamwe mu bana biwe bafise iciyumviro nk'ico nyene. Vyerekana iyo vyazananye. Yazanye amapome yiwe yo mu ndimiro, ayashira aho, ati:“Ibi bizogira impongano.”
Imana iravuga iti: “Ntabwo yari ipome.”
Ariko biciye ku mpishuro yo buryo bwa mpwemu, Abeli yaramenye ko yari amaraso. Nuko azana umwagazi w'intama, awuca izosi, urapfa.
Nukw'Imana iravuga iti: “Ni vyo. Ico ni co cabiteye. Yari amaraso.” Murazi amaraso ndiko ndavuga. Neza cane. “Amaraso ni yo yabikoze.”
Noneho nimurabe.

Hanyuma, Kayini abonye ko murumuna we w'umweranda yikumbagaza amaze kwemerwa imbere y'Imana, kandi ko ibimenyetso n'utwumiza vyariko birabera hiy'epfo, amugirira ishari. Aca avuga ati: “Ibi bintu turabihagarika ubu nyene.” Nimwitegereze barumuna we, nimwihweze abana biwe, uyu munsi. N'ishavu n'akantu, avuga ati: “Jewe ndi incabwenge kumurusha.” Ishavu ryaturutse hehe? Woshobora kuvuga ko ishavu...? Yaciye agandagura murumuna we. Yari umwicanyi.

Imana mwoshobora kuyita umwicanyi? Kandi Adamu yari umwana w'Imana. Bibiliya ivuga ngo: “Adamu yari umwana w'Imana,” ya ntango itunganye ya hariya kera. Adamu yari umwana w'Imana. Kandi iryo shari n'inzigo, n'ibindi vyose, ntivyari bishoboye kuzanana mw'uwo mugende utunganye. Vyategerezwa kuza bizananye ahandi. Kandi vyazananye kuri Satani, ni we yari umwicanyi, kuva mbere na mbere. Bibiliya ivuga iti: “Yari umunyabinyoma n'umwicanyi, uhereye mbere na mbere.” None ng'ivyo. Aca yica murumuna we.

Kandi ico cari ikigereranyo c'urupfu rwa Kristo. Hanyuma, inyuma y'aho, ata nkeka Yaciye Ihagurutsa Seti kugira ngo aje mu gishingo ciwe. Urupfu, guhambwa, n'ukuzuka vya Kristo.

Kandi nimurabe rero, aho ni ho haca haza ivyo bihangange vyanyu. Kayini yaciye aja mu gihugu c'i Nodi. Nimba se wiwe yari umuntu munini w'igihangange, Kayini yobaye asa na nde? Na se wiwe. Nuko aja mu gihugu c'i Nodi, atwara umwe muri bashiki we. Nta kundi yari kubigenza. Nta handi abagore bari gushobora kuzanana, kiretse biciye kuri Eva gusa. Bavuga ko bari bafise abahungu n'abakobwa mirong' irindwi. Nimba— nimba ata bagore...Bibiliya ntiyandika iyo havutse igitsina-gore, ivuga abagabo gusa. Kandi aho, nimba ata bandi bagore bari bahari kiretse Eva, igihe yapfa, ubwoko-muntu bwociye buhagarika kubaho. Yategerezwa kugira abakobwa. Yategerezwa kurongora mushiki we. Yaciye agenda mu gihugu c'i Nodi maze aronka— maze azana umugore wiwe. Amaze kumurongora aho, ni ho babona vya bihangange bikomeye, hamwe abana b'Imana bagwa; bamwe bava kuri se wabo, umurwanizi, biciye kuri Kayini. Ng'ako ka gace kanyu kabura.

Musome mu...
Uruvyaro Rw’Inzoka.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Uko ni kw inzira y’umusambanyikazi imeze: Ararya, akanyuza umunwa mw ivu, Akavuga, ati Nta kibi nakoze.

Imigani 30:20


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)
 

The Pillar of Fire.

(PDF Icongereza)

Imana Irihisha Yo
Nyene UbwaYo Mu
Bwiyoroshi...

(PDF)

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

(PDF)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.