Ijambo w'Ubugingo rukurikirane.

  Abakristo Ubugingo rukurikirane.

  Kugirirwa rukurikirane.

  Ijambo w'Ubugingo rukurikirane.

Icagezwe c'irondoka ry'Imana.

Musome mu...  Igihe C’Ishengero rya Perugamo.


William Branham.

Ng'ibi ivyo ndikongerageza kubabarira. Icagezwe c'irondoka ni uko ikintu cose kirondoka nk'ukoubwoko bwaco buri, nk'uko nyene biri mw'Itanguriro 1:11: “Imana iravuga, it'isi nimere ivyatsi,n'ibimera vyose vyama utubuto, n'ibiti vyama ivyamwa vyavyo ukw'amoko yavyoari, birimw'imbuto zavyo, kw'isi nyene: biba kuno.” Ubuzima ubwo ari bwo bwose bwǎbaburi mu rubuto, bwaraseruka mu giti maze búvūye aho bugaseruka mu camwa. Icocagezwe nyene kirakora kw'ishengero uno musi. Urubuto urwo ari rwo rwose rwǎtānguyeishengero, ruzoseruka ruhezé rube nka rwa rubuto rwo ku nkomoko kuko ari rwarubuto nyene. Muri iyi misi ya nyuma, rya Shengero-Mugeni nyakuri (urubuto rwaKristo) Rizoshika kuri rya Buyery'Agasongero, kandi Rizoba ishengero ry'agahebuza, ubwokobw'agahebuza, uko RiMwegereza. Abo mu mugeni bazōba nka We cane rwose ku buryobazôbá mbere bari muri ya Shusho nyene yiWe. Ivyo ni ukugira ngo bamatanywe naWe. Bazōba umwe. Bazōba kwa kugaragara nyene kw'Ijambo ry'Imana Nzima. Amadinintashobora kwamukamwo ivyo (urubuto rubi). Azokwamukamwo za ndêmera zayon'imitegekere yayo bivānzé n'Ijambo. Ukwo kuvangatiranya kuvamwo umwimbuw'ikivange.

Umwana w'umuhungu wambere (Adamu) yarí urubuto-Jambo Ryǎvuzwery'Imana. Yarí Yáhāwe umugeni kugira ngo arondoke. Ni co gituma yahâwe umugenikugira arondoke; avemwo uwundi mwana w'Imana. Ariko uwo mugeni yacîye agwa. Yagûye kubera ukuvanga. Ni we yatúmye Adamu apfa.

Umwana w'umuhungu wakabiri (Yesu), na We nyene Urubuto-Jambo Ryǎvuzwery'Imana, Yahâwe umugeni nka kumwe kwa Adamu. Ariko imbere yuko Amwabira, uwomugeni na we nyene yarí yâgūye. We, nka kumwe kwa wa mugore wa Adamu,yarashizwe ku rupimo nimba yôkwǐzēyeIjambo ry'Imana akabaho, canke yôkêkeranije Ijambo agapfa. Yarakekeranije. Yaravuye kw'Ijambo. Yarapfuye.

Imana IzoshikirizaKristo umugeni mukundwa, Imúkūye mu karwi gatoyi k'urubuto nyakuri rw'Ijambo. Ni isugi y'Ijambo ryaYo. Ni isugi, kuko itazi ndêmera n'imwe canke imitegekerevyǎgizwe n'umuntu. Bíkozwe n'abagizeuwo mugeni kandi bícīye muri bo, hazoshitswa ivyasezeranywe n'Imana vyosekugaragarizwa muri iyo sugi.

Ijambo ry'isezeranoRyǎje kw'isugi Mariya. Ariko iRyoJambo ry'isezerano RyǎriWe, We nyene ubwiWe, kugira ngo Agaragazwe. Imana Yaragaragajwe. Yo, Yo nyeneubwaYo, Yarakoze muri ico gihe kandi Ishitsa Ijambo ryaYo bwite ry'isezeranomuri iyo sugi. Umumarayika ni we yayîzaniye ubwo butumwa. Ariko ubwo butumwabw'uwo mumarayika bwǎriIjambo ry'Imana. Yesaya 9:6. Yacîye Ishitsa muri ico gihe ivyari vyaranditswekuri Yo vyose, kuko iyo sugi yěmeye Ijambo ryaYo Ryǎyījekó. Abagize uwo mugenisugi bazoMukunda, kandi bazohabwa ivyizavyiWe, kuko Ari We mutwe wabo, kandi ububasha bwose bukaba ari ubwiWe. Bagānzwana We nk'uko ingingo z'imibiri yacu ziganzwa n'imitwe yacu.

Mwihweze neza uguhuzakwa Se n'Umwana. Yesu ntíYǐgezeAkora ikintu na kimwe Atabanje kucerekwa na Se. Yohana 5:19. Ukwo guhuzagutegerezwa kubaho ubu hagati y'Umukwe n'umugeni wiWe. Amwēreka Ijambo ryiWery'ubugingo. Akaryakira. Ntiyīgéra arikekeranyako. Ku bw'ivyo nta na kimwecomugirira nabi naho rwoba urupfu. Kuko iyo urubuto rutewe, amazi arasubirakurumeza. Ng'iri ibanga ry'ivyo: Ijambo Riri mu mugeni (nk'uko ryǎri muri Mariya). Umugeni afiseiciyumviro ca Kristo, kuko azi ico We Agomba ko gikorwa n'Ijambo. Arāngūraicagezwe n'Ijambo mw'Izina ryiWe kuko afise “ni ko Uhoraho Agize.” HanyumaIjambo Rikagirwa Rizima na Mpwemu, Rigahéza Rigashika. Kurya urubuto rutewerukavomerwa, rushiká ku musaruro ushitsé, rukaba rushikije intumbero yarwo.

Abarí mu mugenibakora gusa ukugomba kwiWe. Nta n'umwe yoshobora kubatuma bakora ukundi. Bafise “ni ko Uhoraho Agize,” atarí aho, baguma batekereje. Barazi kobitegerezwa kuba arí Imana muri bo Ikora ibikorwa, Ishítsa Ijambo ryaYo bwite. NtiYahéraheje igikorwa caYo cose igihe Yarí mu gikorwa c'ibango ryaYo ng'ahakw'isi, ku bw'ivyo rero ubu Ikorera mu mugeni Ibícīshije mu mugeni nyene. Uwoarabizi, kuko igihe caYo kitǎribwâgeré co gukora ibintu kanaka Itegérezwa gukora ubu. Ariko ubu, IzoshitsaIcîye mu mugeni ca gikorwa YaríYasigarije iki gihe cihariye.

Rero duhagarare nka Yosuwa na Kalebu. Igihugu cacu twǎsēzeraniwekiratanguye guseruka, nk'uko icabo cǎserutse. Rero, Yosuwa risigura “Yehova-Mukiza,” akaba yerekana ya ndongozi y'igihe c'iherezo izoza kw'ishengero, nk'uko nyene Paulo yajé ari indongozi ya mbere. Kalebu yērekana abǎgumye ari abizigirwa kuri Yosuwa....

Musome mu...  Igihe C’Ishengero rya Perugamo.


  Ko Bibiliya ivuga...

ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumūka, No kubohora abanywagutse imitima,

No kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n’Uhoraho.

Luka 4:18-19



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.