Imana Yo Mutunzi w’Imbabazi.

<< prev

next >>

  Ijambo w'Ubugingo rukurikirane.

Imana Yo mutunzi w’Imbabazi.


William Branham.

Musome mu...
Imana Yo mutunzi w’Imbabazi.

Rero, niba benshi muri mwebwe bakunda kwandika ivyanditseumuvugabutumwa asoma. Kandi noshima ko mubikora iri joro, niba muvyipfuza,muzingurure mu Banyefeso. Kandi narikomvuga, kuwiyinga uheze ku Banyefeso, ingene igitabu ca Yosuwa cari Abanyefesoco mw'Isezerano rya Kera, n'ingene ari igitabu co gucungurwa. Gucungurwa nakwogufise ibice bibiri bitandukanye: “gusohoka uva” no “kwinjira mu.” Ubwa mbereutegerezwa gusohaka. Abantu bamwe bashaka kuzana isi bayinjiranye; yamarabisaba gusohoka ukava mw'isi, kugira winjire muri Kristo. Utegerezwa kusohokauva mu kutizera, kugira winjire mu kwizera. Utegerezwa kuba atakikuzibiye. Kugira vy'ukuri uronke ukwizera nyakwo, utegerezwa neza na neza gusiga inyumaikintu cose kinyuranye n'Ijambo ry'Imana, kugira winjire mu kwizera. Ico rero cariigitabu c'Abanyefeso co mw'Isezerano rya Kera, Yosuwa. Aho Mose yagaragazaivyagezwa, bitashobora gukiza umuntu n'umwe; ariko Ubuntu bwari bubishoboye,kandi aha Yosuwa n'ijambo risa na Yesu, “Yehova-Umukiza”. Kandi ubu naho, dusangayuko twashitse kubandi Banyefeso, iyindi Efeso kano kanya. Aho, mumadini yacuy'amanyabwenge n'ibindi, n'indinganizo zacu zo kwigisha zose vyashitse kuriYorodani ya vyo, rero duca dutegerezwa kuronka Abanyefeso ubugira kandi.Tubwirizwa kuronka ukuvayo, “gusohoka uva” no “kwinjira muri”, kubw'izamurwa.

N'uko tugiye gusoma, iri joro, mu ba kigabane ca 2 c'Abanyefeso. Nariko mvuga ivyo kugira mushobora gushika aho hantu, canke muzingururemuri ico kigabane.

Mwebwe, Namwe yarabagize bazima, hamwe mwari mupfuye mwishwe n'ibicumuron'ivyaha vyanyu, ivyo mwagenderamwo kera, nk'ukw ivy' iyi si bigenda, mwumvira umwami w'abaganzaikirere, ni we mpwemu ikorera mu bantu b'intabarirwa. Kandinatwe twese twahora muri bo kera mu kwifuza kw' imibiri yacu, tugakora ivy'imibiri n'imitima vyacu bigomba, kandi mu kameremere kacu twar' abo kurakirwa,nk'abandi bose. ArikwImana, kukw ar' umutunzi w'ikigongwe, kubw' urukundo rwayo rwinshi yadukunze, Hamwetwari tugipfuye, twishwe n'ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristo (ubuntu nibwo bwabakijije;)   [Abanyefeso 2:1-5]

Nipfuza gutoramwongaho amajambo make, canke agace k'umurongo ku murongo, “Arikw' Imana,” Imana Yo Mutunzi w'Imbabazi.

Ndashaka ko mwihweza ngaha, ivyo umuvugishwa, intumwa nako, Paulo, we, ingene yavuze kuri ibi, “Namwe Yabagize bazima, hamwe mwarimupfuye. Namwe Yarabagize bazima, hamwe mwari mupfuye, mwishwe n'ibicumuron'ivyaha vyanyu; mwagenda nk'uk'ivy'isi si bigenda, muvy' imibiri igomba, no mugushitsa ivy'imitima igomba. Yara...” N'igiki cateye iyompinduka, murabona? Kandi n'igiki cayiteye, “kuva mu kuba mwari mwarapfuyekera,” mukagirwa bazima? Kugirwa bazima bisigura “guhabwa ubugingo.” Hariimpinduka yabaye, ukava murupfu ukaja mubugingo. Ntakindi, ntakindi kintucoshobora gushikira umuntu uw'ariwe wese, gihambaye cane, nko kumuhindura akavamurupfu akaja mu bugingo. Umuntu, mugiheyobaye ariko arapfa mu buryo bw'umubiri, hama agashobora gukizwa mu buryobw'umubiri, ico coba ari ikintu gihambaye, ariko ntacongana no mu gihe yariyapfuye mu buryo bw'impwemu hanyuma Imana Ikaba Yamugize muzima, Ikamushira mu Bugingo.

“Hamwe mwari mugipfuye, kera.” Mwari mupfuye. Na benshi hanoiri joro, hari igihe, mashobora kuraba inyuma mugatahura ko mwari mugipfuye.Ariko none ni kuki utagipfuye iri joro nkuko vyari ico gihe? Vyari bikubereyekuba gutyo kuko wari umunyavyaha, “Ariko Imana, kukw ari Umutunzi w'Ikigongwe.” Ni —n'ivyo “Imana Yabaye Umuntunzi.” Ivyo twari turi vyose, “ariko Imana”! Icocaciye kizana impinduka aho nyene, “Imana Iri Umutunzi w'ikigongwe”! Ôo, ndanezerewecane kubw'ivyo, kuba Yo Ari Umutunzi w'ikigongwe. Iyo Iba Umutunzi w'amaheragusa, Iyo Iba Umutunzi w'ibigaragara gusa, koko nikw'Iri, ariko igihambayekuruta vyose n'ukuba Umutunzi w'ikigongwe. Ôo, ese ingene iryo jambo rihambaye, ukuntu twari dupfuye!

Kandi, ejo bundi mw'ijoro twariko tuvuga ku kuntu urubutorutegerezwa gupfa. Na buri kintu cose gikikuje karya kagera k'ubuzima ntigitegerezwagupfa gusa, kiranabora. Bitaboze, ntirubaho. Kubora nakwo bisigura ngo “kuzimanganaburundu: kigaherengetezwa.” Kandi gushika tugeze aho ivyiyumviro vyacu bwiten'ubwenge bwacu bwite bikuweho vyose bikazimangana muri twebwe, aho nihoakagera k'ubuzima gashobora gutangura kubaho. Rero twoshobora, ndashobora gutereramwo inyigisho nkeyi ngaha, nayo sinda... Nibautayizera, nta ngorane. Azoba ari amahoro. Ndavyizera. Nizera ko umuntu, iyoavutse muri iyi si, ko igihe uba uri akayoya, kavukiye mw'isi, ntiwarigushobora kuba ngaha, utabanje kumenywa imbere n'Imana, kuko Yo Itagira Iherezokandi Izi vyose. Kandi iyo ako kayoya kavukiye mw'isi, hariho ikintu kiba kirimuri urwo ruhinja. Nibaazokwigera agira Ubugingo, hariho akantu gatoyi hariya imbere, kaba kari muriuwo mwana muri ico gihe, atinda agashikako, bitebe bitebuke. Ako kabutokari muri we. Rero hamwe mwofata... ivyanditse biratomora ivyo.

Rero niba ufise Ubugingo budashira iri joro, niba dufiseUbugingo budashira, n'uko twamyeho, kuko hari ishusho imwe gusa y'Ubugingobudashira. Twamyeho. Kandi impamvu twariho, ni kubera twari agace k'Imana. Kandi Imana ni Yo gusa Ihoraho.

Kandi nka kumwe Melekisedeki Yakiririye Aburahamu ibigiracumi, maze bigaharurwa k'umwuzukuruzawiwe, Lewi, yari akiri mu bura bwa Aburahamu; yararishe ibigiracumu, ko yariakiri mu bura bwa Aburahamu aho yahura na Melekisedeki. Ndashaka kuzovuga kuriivyo hariya hirya muri kiriya kindi kibanza, ari mu gitondo. Uyu Melekisedeki ninde? Rero ivyomuvyihweze. Imbere yaho cane, Imana Yari Izi ko uwo muhungu ariko araza. YariIzi vyose.

Rero turi agcek'Imana. Nikwo mwamye muri. Ntavyo wibuka, kuko wari iciyumviro gusa mu Mana.Wari mu vyiyumviro vyaYo gusa. Izina ryawe bwite, niba ryarigeze riba mu Gitabo c'Ubugingo, ryashizweyo imbere y'itanguriro ry'isi. Yari Izi ico wari uri.

Ibi ndiko ndabivuga gusa, s'ukugira ngo ncanganye inyigisho,ariko kugira ndazigorore, ngo twitandukanye n'ubwo bwoba no gutinya. Ntumuziabo muri. Ntimuzoba, ariko ubu muri abana b'Imana. Murabibona, mwamye muriabana b'Imana. Murabona? Kuko igihe Imana yari Igufise mu vyiyumviro vyaYo mu ntango, utegereza kuba, igice kanaka cawe, Ubugingo bwawe buri muri wewe kano kanya, Butegerezwa kuba Bwari kumwe n'Imanaimbere hariya. Yemwe, Igihe Ya, n'imbere y'uko Iba Iyigaragara hano kw'isi,imbere y'uko haba ikintu na kimwe, atari Imana gusa, wari kimwe mu biYigize. Yari Izi izinawokwiswe. Yari Izi ibara imishatsi yawe yogize. Yari Izi vyose bikwerekeye. Icabaye conyene, n'uko igihe wewe, mu kuba wari umunyavyaha,....

Benshi muri mwebwe murashobora —murashobora kwemeranya nanjekuri iki ciyumviro. Igihe wari agahungu gato, canke agakobwa gato, waraja hiryano hino kandi hariho ibintu kanaka vyari gusa, aho ataco vyaba bitwaye abandibana, wamenga hari ikintu muri wewe caca gisemerera. Imana niho Yaba Iri ahantukanaka, naho wari umunyavyaha. Muravyibuka? Ata nkeka. Ubu rero, kirya cariigiki? Yari yashusho y'Ubugingo muri wewe kiriya gihe.

Hanyuma rero, haciye igihe warumvise Ubutumwa bwiza. Kumbure waraja gusenga, ugatoramwo aka na kariya, kandi wavuye mw'idini uja murindi. Ariko umusi umwe, kukowari agace k'Imana, wategerezwa kuba agace k'Ijambo. Kandi igihe wumva Ijambo, urazi iyo wavuye, waramenye Ukuri ukw' arikwo. Wamye uri, urubuto rwamye rurimuri wewe. Ijambo ryabonye Ijambo Ryari muri wewe, Ryari aho guhera imberey'itanguriro ry'isi, Ryabonye Ijambo maze uca uza kuri Ryo.

Ni nka ya nkuru yanje y'umuswi w'inkona, ingene uwo muswiw'inkona waberaguwe n'inkoko. Maze uwo muswi ukagendana n'imiswi y'inkoko, wo, inkoko yaragogoza ntutahure ukwokugogoza kwayo. Kandi —kandi imiswi y'inkoko, infungurwa zayo, yazironka inyuma y'urugo, wo ntiwabitahura, ingene yabigenza. Ariko hariho ikintu muri wo, wasan'uwutandukanye n'ico uwo muswi w'inkoro wari uri, kuko na kare wari inkona. Nivyo. Umusiumwe, nyina wawo iza kuwuhiga, hama, aho yumva ako kamo k'inkona, ntikasa na kwa kugogozakw'inkoko.

Kandi uko birikuwizera wese yavutse ubwa kabiri. Urashobora kwumva inyigisho ndoramana (tewolojiya) zoseushaka kwumva, hamwe n'umwaryana wose wakozwe n'abantu, ariko iyo iryo Jamborimuritse aho, hari ikintu gica kigucakira, ukaza kuri Ryo. “Hamwe mwarimugipfuye mu caha (ubwo buzima), Yabagize bazima.” Hategerezwa kubanza kubahoUbugingo bwo kugira buzima. Imana, biciye kukumenya imbere kwaYo, Yari Izivyose. Kandi twari twarategekanirijwe ishikiro ryo kuba abahungu n'abakobwab'Imana. “Hamwe mwari mugipfuye, mwishwe n'ivyaha n'ibicumuro vyanyu, ivyotwese twagizemwo kahise kacu, ariko Yatugize bazima.”

Nimwitegereze Paulo, mugihe Paulo yari umunyatewolojiya ahambaye. Ariko aho yahura imbanankubone n'iryo Jambo, Yesu, Ryaciye Rimugira muzima. Yaciye aronka Ubugingobukwi na bukwi, kubera ko yari yateguriwe kuba ukwo. I... yari agace k'Ijambo;kandi igije Ijambo Ryabona Ijambo, yari kamere yiwe. Ukugogoza kwose kw'inkoko,muma dini asanzwe amenyerewe kwabaye ukw'ubusa kuri we; yari yabonye Ijambo. Cari igice ciwe. Yari inkona. Ntiyari umuswi w'inkoko; yari kumwe n'imiswiinyuma y'urugo gusa. Ariko yari inkona uhereye mu ntango.

Hari igihe ushoborakuvugisha abantu ku mabarabara, ubabwira ivy'Umwami, bagutwenga imbonankubone. Yemwe, twabwirizwa kubikora, naho biri ukwo. Yamara mwumve, “Nta n'umweashobora kuza kuri Jewe Data Atabanje kumukwegera.” Imana niYo Itegerezwagukwegera. Hategerezwa kubaho Ubugingo kanaka. “Kandi abo Data ampa bosebaranshikira.” Yarategekanijekubw'abo bashaka gucungurwa. Yarategekanije kubw'abo bashaka gukira indwara.Kandi rero kubera Yakoze ivyo, biMugira Umutunzi w'ikigongwe, nk'uko Yamye IriUmutunzi w'ikigongwe. Ni ngombwa, iyo wanse iVyo, ntakindi kiba gisigaye atariUguca amateka, kuko icaha giterezwa gucirwakw' iteka.

Farawo, aho yajamu kiyaga, nk'uwigana, abona ko yocinjiramwo nk'uko Mose yagize. Mose, hamwen'igisirikare ciwe, na Farawo hamwe n' igisirakare ciwe, bompi bari guhonera mukiyaga, niko vyaboneka. Ariko Imana Umutunzi w'ikigongwe, Yaraciriye icanzo abanab' abaheburayo, (kuki?) kuko bariko bakurikira bari mu murongo w'ico bajejwe, bariko bakurikira bari mw'Ijambo. Rero ubwo ni bwi buryo bwo nyene bwo kuronkaikigongongwe, n' ugukurikiza amategeko Imana Yaduhaye ngo tuyakirikize. Ahoniho ho nyene Ishobora kwerekana ikigongongwe, ni mugihe dukurikije ivyo Yatugeze.

Ni nka kumwe twaharira gatoyi mu minsi iheze, n'umuvugabutumwayaruko avuga ko jewe, nigisha Inyigisho y'intuma mu iki gihe. Ndibaza konabivuzeko ejo canke hirya y'ejo mw'ijoro, canke igihe kimwe, ingene yambwiyeati “uriko ugerageza kwinjizaa Inyigisho y'intuma muri iki gihe cacu.” Ati “Igihec'intumwa caheranye n'intumwa.”

Naciye ndamubaza nti: “None mbega,urizera Ijambo?” Ati “Ego.”

Nca mvuga nti “Ivyahishuwe 22:18 havuga hati, 'Nihagira uwukurako ijambo na rimwe kuri Ibi, cankeakongerako ijambo na rimwe kuri Ibi,' atari n'amajambo abiri; ijambo rimwe, gukurako ijambo rimwe.” Ati “Ivyo ndavyizera.”

Nca mvuga nti “Ahorero, ndashobora kukubwira aho igihe c'intumwa catangiwe, aho Imihezagiroy'intumwa yaherewe Ishengero; maze unyereke aho Imana Yayikuye mw'ishengero, ukoresheje Ijambo. Ntavyo woshobora; nta hahari.” Navuze nti “Ubu rero, wibukeko Petero ku Musi wa Pentekote, niwe yari ajejwe gutanguza igihe c'intumwa. Aca ababwira bose ngo 'mwihane, hama mubatizwe mw'Izina rya Yesu Kristo ngo muboneguharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabwa ingabire, ari Yo Mpwemu Yera. Kukwisezerano ar' iryanyu kand' ar' iry' abana banyu, n'abari kure bose, abazohamagarwabose n'Umwami Imana yacu.”

Rero niba ushaka kwumviriza ukugogoza kw'inkoko kanakay'ikidini, maze ukibera inyuma hariya mu bintu vy'isi, bica vyerekana ko hariikitagznda neza. kuko Iryo n' Ijambo. “Ugomba wese, arashobora kuza.” Kandiniba ufise ugushaka, wari ukwiye kuza. Yamara, niba atagushaka ugira, urateyeagahunda. Ariko niba ufise ugomba kuza, ingo ukurikize gahunda w'Imana!

Kandi ntiYigeraInanirwa no gushitsa ivyo Yasezeranye. Nari muto, kandi none ndashaje,sindigera ndaYibona Inanirwa mw' Ijabo ryaYo. Kuko Yoshobora gukora ibindivyose kiretse kunanirwa. Ntishobora kunanirwa. Imana ntavyo Yoshobora. Ntibikunda ko Imana Yonanirwa, hama Ikaguma ari Imana.

Musome mu...
Imana yo Mutunzi w’Imbabazi.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Kuk’ urukundo Imana yakunze abari mw isi ari rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ ūmwizera wese ntaz’ apfe rubi, arikw ahabge ubugingo budashira.

Kukw Imana itātumye Umwana wayo gucira abari mw isi urubanza, ariko ngw abari mw isi bakizwe na we.

Ūmwizeye ntazotsindwa n’urubanza, arik’ ūtamwizeye aramaze gutsindwa, kukw atizeye izina ry’Umwana w’ Imana w’ikinege.

Yohana 3:16-18


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)
 

Chapter 13
- God is Light.

(PDF Icongereza)

Mountainside and
Rosebush in snow
in China.

Stature of a Perfect Man

(PDF Icongereza)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.