Iyerekwa Ry’i Patimo.


  Ivyahishuriwe Yohana rukurikirane.

Yohana i Patimo.


William Branham.

Musome mu...
Iyerekwa Ry’i Patimo.

Ivyahishuriwe Yohana 1:9,10
9 Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n'ubwami n'ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampora Ijambo ry'Imana no gushingira intahe Yesu.
10 Ku munsi w'Umwami nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje Ijwi rirenga nk'iry' inzamba,

Uru rukurikirane rw'amayerekwa y'Ukwihishura kw'Umuperesona wa Yesu Kristo rwahawe Yohana mu gihe yari yatawe ku Kizinga c'i Patimo. Iki kizinga gito kiri kuri mayili mirongo itatu [Ibirometero 50] uvuye ku nkengera za Aziya Ntoya mu Kiyaga Ayegeni. Kubera kigizwe n'ibitandara kikongera kikaba cuzuyemwo inzoka, imiserebanyi na za sikoropiyo, cǎri gifise agaciro gato mu vy'ubudandaji, kubw'ivyo kikaba cakoreshwa n'ubwami bw'i Roma nk'ahantu hahanirwa ivyaha ahashirwa inkozi z'ikibi ruhebwa, imfungwa za politike, n'abandi.

Murabona yuko Yohana yavuze abwira Abakristo nka mwene Data basangiye amarushwa. Hari mur'iki gihe aho rya Shengero ryo ku ntango ryǎriko riraca mu guhamwa gukomeye. Uburyo bwabo bwo gusenga “ntibwavugwa nabi gusa hose” ariko n'abantu ubwabo barapfungwa bakanicwa. Yohana, co kimwe n'ayandi masinzi, yariko aracumukurira mw'ibohero kubw'Ijambo ry'Imana no gushingira intahe Yesu Kristo. Igihe yahagarikwa, baragerageje kumwica mu kumuteka mu mavuta amasaha mirongo ibiri n'ane bibata ku w'amazi . Abo bakuru n'ishavu n'akantu babuze ico bari bukore baca bamucira urubanza rwo kurungikwa i Patimo nk'umurozi. Ariko Imana Yari kumwe na we, kandi yarazigamwe arava mur'iryo zinga asubira muri Efeso aho yongeye kandi kubandanya nk'umwungere gushika igihe c'urupfu rwiwe.

Vya Bintu Ndwi Vy'Ubwiza
Bw'Umuperesona wiWe.

Ivyahishuriwe Yohana 1:14-16,
“Kand' Umutwe wiWe n'umushatsi vyǎri vyera nk'ubwoya bw'intama y'umweru, canke nka shelegi, n'inyonga ziWe zǎsa n'imbeya z'umuriro; ibirenge vyiWe vyǎsa n'umuringa w'umwakaka, utukujwe n'umuriro; n'Ijwi ryiWe ryǎri rimeze nk'iry' amazi menshi asuma, kandi mu kuboko kwiWe kw'i buryo Yar' Afise inyenyeri ndwi, mu kanwa kiWe hǎvamw' inkota ikarishe, mu nyonga hiWe hǎri hameze nk'izuba iyo ryatse umutari.”

Ese ukwo ukuntu Yesu Yabonekeye Yohana kwari ugukwegera kandi guhumekera bimwe bikomeye, hamwe yari mu ruhungo aho yari yatawe kubw'Ijambo, none raba, ubu ho IJAMBO Rizima rihagaze imbere yiwe! Mbega iyerekwa ry'umuco, kuko buri mero iMudondora irafise ico isigura. Mbega impishuro y'Ukwo Ari kw'Ubuninahazwa!

1. Umushatsi wiWe Wera nka Shelegi.

Ubwa mbere Yohana aravuga akongera akerekana ukwera kw'umushatsi wiWe. Warera, kandi ugaca ibibatsi nka shelegi. Ivyo ntivyavana n'imyaka yiWe. Ôo, oya. Imishatsi ica ibibatsi yera ntisigura imyaka ariko uburambe, gukomera, n'ubwenge. Umwe Ahoraho ntasaza. Mbega igihe ku Mana ni iki? Igihe nta kinini gisigura ku Mana, ariko ubwenge busigura vyinshi. Ni nk'igihe Salomo yasaba Imana ubwenge kugira ngo acire imanza ab'Isirayeli. Ubu rero Araje, wa Mucamanza w'isi yose. Azoba Yambitswe igitsibo c'ubwenge. Ico ni co umushatsi wera kandi ukayangana cane usobanura.

Yari umucamanza Ariko Arazingurura ibitabu Akongera Agaca imanza yisunze ibiri muri vyo. Daniyeli yaraMubonye aje mu bicu. Ni neza na neza nk'ivyo Yohana yabonye. Bompi baMubonye neza na neza co kimwe. Babonye UWo Mucamanza n'umukanda wiWe wo guca imanza mu bitugu vyiWe, Ahagaze Atagira agasembwa kandi Ari Uwera, Yuzuye ubwenge, Akwije ibisabwa vyose vyo gucira urubanza isi mu bugororotsi. Haleluya.

2. InyongaziWe nk'Imbeya z'Umuriro.

Ni muvyiyumvireko. Ayo maso igihe kimwe yadegejwe n'amosozi y'agahinda n'ikigongwe. Ayo maso yarize n'ikigumbagumba ku mva ya Lazaro. Ayo maso atabonye ikibi c'abicanyi baMubamvye ku musaraba ariko mu gahinda Agasemerera Ati: “Data baharire.” Ubu ho ayo maso ni urubeya rw'umuriro, amaso y'uwo Mucamanza Azosubiriza mu nkōko abaMwanse. Mu bishika vyose vy'umuntu Yagaragaje kurusha ibindi igihe Yaseruka nk'Umwana w'Umuntu icaruta ibindi cǎri iki , Yararize kenshi. Ariko inyuma y'ukwo kurira n'ako gahinda Imana ni ho Yagumye Ari Imana.

Ayo maso nyene yarabona amayerekwa. Yararaba mu bwina bw'imitima y'abantu agasoma ivyiyumviro vyabo bwite akanamenya inzira zabo zitandukanye. Icasokoka mur'ayo maso apfa yari Imana, Yasemereye Abwira abo bataMumenye ku co Yar'Ari ati: “Ico ni co gitumye Mbabwira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko Ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu,” Yohana 8:24,

“Asangwa Ntakora ibikorwa vya Data, ntimuNyizere; ariko ni Nabikora (ibikorwa vya Data), naho Jewe mutoNyizera, mupfe kwizera ibikorwa.” Yohana 10:37-38. Ni nka Yeremiya wa kera, yari umuvugishwa acura intimba, kuko abantu batǎkiriye Ijambo ry'Imana, bagashira ku ruhande impishuro.

Ayo maso yaka umuriro y'Umucamanza n'ubu nyene ariko arābūra ubuzima bw'abantu bose. Akwiragira hirya no hino kw'isi, nta na kimwe Atazi. Arazi ivyipfuzo vy'umutima n'ico uwo ari we wese agabira gukora. Nta kinyegejwe na kimwe kitazoshirwa ahabona, kuko vyose vyambaye ubusa imbere y'Iyizotubaza ivyo twakoze. Nimuvyibazeko, n'ubu nyene Arazi ivyo muriko muriyumvira.

Egome, ng'uyo Arahagaze nk'Umucamanza n'amaso y'imbeya z'umuriro kugira ngo ace imanza. Igihe c'ubuntu kiba carangiye. Ôo, ese abantu bokwihana bakarondera mu Nyonga hiWe mu bugororotsi igihe kigihari. Ese bogira igikiriza ciWe umusego wabo imbere yuko isi itongorwa n'umuriro.

3. Ibirenge vy'Umuringa.

“Ibirenge vyiWe vyǎsa n'umuringa w'umwakaka, utukujwe n'umuriro.” Umuringa uzwi kubw'ubukomezi bwawo budasanzwe. Nta kintu na kimwe kizwi ushobora kuwushiramwo ngo worohe. Ariko uwu muringa udondora ibirenge vyiWe uranahambaye kurushiriza bivanye n'uko wihanganiye igipimo c'itanure ryaka umuriro, igipimo ata wundi n'umwe yigeze gucamwo. Kandi ukwo ni ukuri koko. Kuko umuringa usobanura Urubanza rw'Imana: urubanza Imana Yatangaje Iranarushitsa.

Guharura 21:8-9,
“Maz'Uhoraho Abarira Mose, ati: 'Cura inzoka isa n'izo, uyimanike ku giti c'intumba, maz' uwakomowe wese ni yayiraba, arakira.' Nuko Mose acura inzoka mu miringa, ayimanika ku giti c'intumba, maz' uwo inzoka yariye wese, yaraba iyo nzoka y'umuringa, agakira.”

Isirayeli yari yacumuye. Icaha categerezwa gucirwa urubanza. Kubw'ivyo Imana Yategetse Mose gushira inzoka y'umuringa ku giti, hanyuma uwaraba yarakira igihano c'icaha ciwe.

Ariko umunsi umwe ivyo birenge vy'umuringa bizohagarara kw'isi. Kandi Azoba Umucamanza w'isi yose, maze Azocira urubanza abantu mu bugororotsi no mu gutungana. Kandi nta n'umwe azocika urwo rubanza. Nta wuzohindukiza ubwo butungane. Ntihazobaho kurworosha. Uwutagororotse azorushiriza kuba uwutagororotse, uwanduye azorushiriza kuba uwanduye. Umwe Adahinduka ntAzohinduka ico gihe, kuko Atigeze Ahinduka kandi ntAzigera Ahinduka. Ivyo birenge vy'umuringa bizofyonyora umwansi. Bizosangangura anti-Kristo, ca gikoko na ca gishushanyo n'ivyo vyose ari bibi mu maso yaYo. Azohomvagura imikorere y'ishengero ryatwariye Izina ryiWe kwonona ugukayangana kwaryo gusa maze abafyonyorere hamwe na anti-Kristo. Abanyakibi bose, abahakanyi, abatemera ko Imana Ibaho, aba none, abanyabwigenge, bose ni ho bazoba bari. Urupfu, kuzimu, n'imva niho bizoba biri. Egome ni ho bizoba biri. Kuko niYaza, ibitabu bizozingururwa. Ico ni co gihe na rya Shengero ry'akazuyazi na za nkumi zitanu z'ibijuju bazoseruka. Azotandukanya intama n'impene. Ni yaza Azokwigarurira ubwami, kuko ari ubwiWe, Azoba Ari kumwe n'ibihumbi amacumi vy'ibihumbagiza, Umugeni wiWe, aza kuMukorera. Ubwiza! Ôo, ni ubu nyene canke naho nta kindi gihe. Ni mwihane igihe kitaramara kurenga. Nimwikangure muve mu bapfuye maze murondere Imana kugira ngo mwuzuzwe Mpwemu waYo atar'ukwo muzobura Ubugingo Budashira. Nimubikore ubu hakiriho umwanya.

4. Ijwi Ryiwe Ryari Rimeze nk'iry'Amazi Menshi Asuma.

Mbega amazi yerekana iki? Ni muvyumve mu Vyahishuriwe Yohana 17:15, “Amazi wabonye,…ni yo moko n'amakungu y'abantu n'amahanga n'indimi.” Ijwi ryiWe ryǎri rimeze nk'ijwi ry'amasinzi avuga. Ni ibiki? Ni urubanza. Kuko ayo ari amajwi y'amasinzi y'ivyabona, ivyo, biciye kuri Mpwemu Yera mu bihe vyose, bashingiye intahe Kristo bakigisha Ubutumwa Bwiza bwiWe. Rizoba ari ijwi rya buri muntu wese azohaguruka mu rubanza kwagiriza umunyavyaha atagomvye kwumva imburi. Amajwi ya za Ntwarabutumwa Ndwi azokwumvikana cane kandi arongorotse. Abo bavugabutumwa b'abizigirwa bigishije ubushobozi bukiza bwa Yesu, bigishije umubatizo wo mu mazi mw'Izina rya Yesu, bigishije ukwuzuzwa n'ubushobozi bwa Mpwemu Yera, bahagarariye Ijambo kurusha ukwo bahagarariye ubuzima bwabo bwite; bose bari ijwi rya Yesu Kristo biciye kuri Mpwemu Yera mur'ivyo bihe. Yohana 17:20, “Sinsabira aba gusa, ariko Ndasabiran'abo bazoNyizera kubw'Ijambo ry'aba.”

Ôo, ese iyaba mwobibona gusa! Amazi ni yo yahoneje isi, ariko ni ayo mazi nyene yakijije Nowa anakiza kandi isi yose kubwa Nowa. Ni mwumve Ijwi ryiWe, Ijwi ry'abasavyi biWe, mu gihe ririko rirahamagarira kwihana n'ubugingo.

5. Mu kuboko kwiWe kw'i Buryo Hari Inyenyeri Ndwi.

“Kandi mu kuboko kwiWe kw'i buryo Yar' Afise inyenyeri ndwi.” Ubu rero nta nkeka tuza tuzi bivuye ku murongo wa 20 izo nyenyeri indwi izo ari zo vy'ukuri. “Ibanga ry'izo nyenyeri ndwi ni zo bamarayika (intwarabutumwa) b'ayo Mashengero Ndwi.” Nta kosa na rimwe twoshoboye kugira ng'aha mu buryo na bumwe, mu gihe Abidusobanuriye. Izi nyenyeri ndwi ni za ntwarabutumwa za vya Bihe Ndwi vy'Ishengero bikurikirana. Ntizivugwa mu mazina yazo. Bavugwa gusa ko ari indwi, umwe kuri buri gihe. Kuva mu Gihe ca Efeso kubandanya gushika kuri kino Gihe ca Lawodikiya buri ntwarabutumwa yazanye ubutumwa bw'ukuri ku bantu, ntiyigera ibura kuzigama Ijambo ry'Imana kubw'ico gihe c'Ishengero cihariye. Umwe wese yararyumiyeko. Bari bashikamye mu bwizigirwa bwabo kuri wa Muco w'inkomoko. Mu gihe buri gihe caja kure y'Imana, intwabutumwa yiWe y'umwizigirwa yaca igarukana ico gihe kw'Ijambo.

Inguvu zabo zava ku Mwami atari ukwo ntibǎri gushobora kwihanganira imipfunda. Bǎri impore mu kwitabwaho na We, kuko ata na kimwe coshoboye kubashikura mu kuboko kwiWe, canke ngo hagire icoshobora kubatandukanya n'urukundo rw'Imana, naho yoba indwara, irinde, kwambara ubusa, inzara, inkota canke urupfu. Bǎri baraYishikaniye vy'ukuri kandi bǎzigamwa n'Ugushobora vyose kwaYo. Ntibari bitayeho uguhamwa bahura nakwo. Imibabaro no gucokorwa ntaco vyari biri uretse imvo yo guha Imana icubahiro yuko baharuwe nk'ababereye kubabazwa kubwaYo. Kandi mu mashimwe y'agakiza kiWe bǎkīshijwe n'umuco w'ubuzima bwaYo maze bagaragaza urukundo, ukwihangana, uburwaneza, ukwirinda, ubwiyoroshi, n'ubwizigirwa vyiWe. Kandi Imana Yabashigikije utwumiza, ibimenyetso, n'ibitangaza. Bagirizwa kuba abanyakaguma, no kuba aberanda bikumbagaza. Baratungwa agatoke n'amadini bagacokorwa, ariko bagumye ari abizigirwa kw'Ijambo.

Kandi iyi ndemeshanyo si iya za Ntwarabutumwa z'Ibihe Ndwi vy'Ishengero gusa. Buri wizera nyakuri ari mu kiganza c'Imana kandi arashobora kuvoma mu rukundo n'ubushobozi vyaYo, akaronka inyungu yuzuye y'ico Imana Iri cose ku wizera. Ico Imana Iha intwarabutumwa, n'ingene Ihezagira Ikongera Igakoresha intwarabutumwa, ni akarorero ku bizera bose uburwaneza n'ukwitwararika vyaYo ku bagize umubiri waYo BOSE. Amen.

6. Inkota y'ubugi bubiri.

“Mu kanwa kiWe havamw' inkota ikarishe.”
Mu Baheburayo4:12,
“Kukw'Ijambo ry'Imana ari rizima, rifise ubukuba, rifise ubugi buruta ubw'inkota zose, rikinjira n'aho ritanya ubugingo n'impwemu, rigatanya ingingo n'umusokoro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.” Mu kanwa kiWe hava iyo nkota ikarishe y'ubugi bubiri ari yo JAMBO RY'IMANA.

Rero Paulo yavuze yuko Ijambo ryǎje mu nkomezi co kimwe no mw'Ijwi. Ijambo mu bisanzwe ni ryo ryigisha rikigaragaza ubwaryo. Nk'inkota yaka umuriro, y'uburyi yǐnjiye mu dutima-nama tw'abantu, kandi kumwe kwa ka kabugita ka muganga, ryaracacuye rita hanze indwara maze ribohora imbohe. Aho hose abo bizera ba kera bagenda, “bagenda bavuga Ubutumwa Bwiza (Ijambo) Imana naYo Ishingishiriza intahe iryo Jambo ibimenyetso birikurikira. Abarwaye barakira, abadayimoni barasendwa, kandi baravuga mu ndimi nsha. Iryo ryǎri Ijambo mu gikorwa. Iryo Jambo ntiririgera rinanirwa mu minwa y'Abakristo bizeye. Kandi muri kino gihe ca nyuma riri hano rikomeye kandi rihambaye kurusha ikindi gihe cose mu Mugeni-Jambo w'ukuri. Ôo, busho buto, mwebwe nkehwa, ni mwumire kw'Ijambo, ni muryuzuze akanwa kanyu n'imitima yanyu, maze umunsi umwe Imana Izobaha ubwami.

7. Mu Maso Hiwe Hasa n'Izuba.

Mu Vyahishuriwe Yohana 21:23, “Kandi wa murwa nturinda kwakirwa n'izuba canke n'ukwezi, kuk' ubwiza bw'Imana ari bwo buwakira, kandi wa Mwagazi ni We Tara ryawo.” Iyi ni Yerusalemu musha. Wa Mwagazi Azoba Ari mur'ico gisagara, kandi ku bwo kuhaba kwiWe, nta muco uzokenerwa. Nta zuba rizoseruka ngo rihakire, kuko Ari We Zuba n'Umuco waho, ubwiWe. Amahanga aza muri co azogendera mu muco wiWe. Mbega ntimuhimbawe n'uko uwo munsi udushikiriye? Yohana yarabonye uwo munsi uriko uraza. Egome, Mwami Yesu, nUze vuba!

Malaki 4:1-3,
“Ehe raba, umunsi uraje, waka nk'itanure; abibone bose n'inkozi z'ibibi zose bazoba ibishingwe; kand'uwo munsi ugira uze uzobatongora, ni k'Uhoraho Nyen' ingabo Agize, nta n'agashitsi cank'agashami uzobasigarana. Ariko mweho abubaha Izina ryaNje izuba ry' ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk'inyana zivuye mu ruhongore. Kandi muzosiribanga abanyakibi; bazoba umunyota musi y'ibirenge vyanyu ku munsi Nzoshinga, ni k'Uhoraho Nyen' ingabo Agize.”

Ng'ivyo kandi. IZUBA ryatse umutari. Ôo, inkomezi z'Umwana w'Imana zakira hagati ya vya biterekwakw'amatara ndwi. Ng'Uyo Arahagaze, Umucamanza, Umwe Yatubabarizwa Akadupfira. Yishizeko uburake bw'urubanza rw'Imana ubwiWe. Yaganishije ibirenge mu bwato bwa vino y'uburake bw'inkazi bw'Imana wenyene. Nk'uko tumaze kubivuga, ku munyavyaha Ijwi ryiWe ni nk'uguhinda kw'isumo canke imipfunda ihambaye yikubita mu mipfunda y'urupfu ku nkombe z'ibitandara. Ariko ku mugororotsi, Ijwi ryiWe rimeze nk'Ijwi ry'umugezi uririmba mu buryo bwiyoroheje mu gihe uryamye uruhutse, uhagijwe muri Kristo. Atwakira n'imishwarara yiWe y'urukundo isusurutse Avuga Ati: “Ntimutinye, Jewe Ndi Uwamyeho, Uwuriho, Uwugira Aze; Ndi Ushobora vyose. Hampande yaNje nta wundi ariho. Ndi Alufa na Omega, VYOSE.” Ni We Shurwe ryo mu Biyaya, rwa Runyenyeri ruca Ibibatsi rwo mu Gaturuturu. Ni We Mwiza mu bihumbi cumi ku mushaha wanje. Egome, uwo munsi uhambaye uriteguriye guseruka kandi Izuba ry'Ubugororotsi rizoseruka rifise ugukiza mu mababa yaRyo.

Musome mu...
Iyerekwa Ry’i Patimo.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Ndamubonye, nikubita imbere y'inyundo ziWe nk'upfuye; maz' anshirak' ukuboko kw'i buryo, ati Ntutinye: Jewe Nd' Uwa mbere kandi Nd' Uw' iherezo,

kandi Ndi Muzima; Nari Narapfuye, kandi raba mpora Ndi Muzima Ibihe Bitazoshira, Mfise impfunguzo z'urupfu n'iz' i kuzimu.

Ivyahishuriwe Yohana 1:17-18.



Ivyahishuriwe Yohana.
Ibandanya ry'rukurikirane.
(Giti c'Ubugingo.
Ruvyaro rw'inzoka.)


Ng'uyo Arahagaze
nk'Umucamanza
n'amaso y'imbeya
z'umuriro
kugira ngo
ace imanza.


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


He is the I am.

 

Christ. In the golden
candlestick.

Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

The Two Babylons

by Rev Alexander Hislop.
(PDF Icongereza)

Mountainside and
rosebush in snow,
in China.

Lillies of Fire.

Inkingi z’Umuriro.
- Houston 1950.

Light on pyramid
rock.


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.