Ishashara Rya Kane.

<< prev

next >>

  Amashashara Ndwi rukurikirane.

Agendera ifarasi ibenjutse.


William Branham.

Musome mu...
Ishashara Rya Kane.

Ubu rero ngerageza gukora ukwo nshoboye kandi, mu gihe hagati yacu hariikintu kiriko kiricira inzira... Kuri uno mugoroba, turaja kugeragezakubw'ubuntu bw'Imana, gufata ica kane kimatanije ca gitabo maze turabe icoMpwemu Yera aja kutubwira kuri ivyo. Dusome mu Vyahishuriwe Yohana, igice ca 6, maze duhere ku murongow'indwi (turasoma umurongo w'indwi n'uw'umunani; hama hari imirongoibiri, uwa mbere ni uwo guhamagara, uwa kabiri ni ivyo yabonye.

7 Kandi amenye ica kane kimatanije ico gitabo numva ijwi ry'ikigira kane mubinyabugingo, kiti Ngwino.
8 Mbona ifarasi ibenjutse; kand'uyicayeko yitwaRupfu, kuzimu nawe aramukurikira; bihabwa ububasha ku kigira kane c'isi, kugira babicishe inkota n'inzara n'urupfu n'ibikoko vyo kw'isi.

Ubu rero Umwami n'adufashe kugira ngo dutahure ivyo. Ni ibanga.

Kugira ngo tubibone neza vyose, turaja kwongera kwihweza gatoyaivy'abo bagenderaku mafarasi (nk'uko twabigize ku bihe ndwi vy'ishengero) bo n'ibi bimatanijeca Gitabo tumaze kumena. Gurtyo, turaja kwibuka ivyo bintu vyose mukubivugako gatoya gushika aho twumva ko ari igihe gikwiye co kuvuga.

Twarabonye rero ko ukumenagurwa kwa birya bimatanije ca gitaboari ukwugururwa kwa ca Gitabo kimatanishije ishashara c'Ugucungurwa,kandi ko ico Gitabo kizinze nk'umuzingo, nk'uko babikora kera. Nticari igitabokimeze nk'iki kuko ubu buryo bwa none bwo gufatanya ibitabo bumaze imyakaamajana makeya bubayeho. Bamaze kuzinga ico gitabo baca basiga ahantu kumpera ho gufata. Narababwiye ukuntu ivyo vyakorwa n'aho mushoborakubisanga mu Vyanditswe. Ni muri Yeremiya n'ahandi. Hanyuma igikurikiracaca kikizingirirwako, hagati bagasiga ahantu ho gufata k'uku. Kimwe murivyo caba ari ikimatanije ico gitabo, cari Igitabo kimatanishije udushashara ndwi,cari Igitabo c'Ugucungurwa kimatanishije udushashara ndwi.

Nta n'umwe haba mw'Ijuru, kw'isi canke i kuzimu, yari abereyekukizingurura, cankengo akirabe. Ni ho rero Yohana yaca arira, kuko ata muntu n'umwe yoshoboyekubona. Kandi iyo ico Gitabo kidakurwa mu minwe y'uwari asanzwe arinyeneco (uwo cagarutseko Adam una Eva bamaze kugitakaza bakarwabagatakaza n'uburenganzira bari bafise kw'Ijambo) aho rero amasezerano, umugabane wabo...

Nimwibuke ko bagenzura isi. Adamu yari «imana ntoyi» kuko yariumwana w'Imana, kandi umwana w'Imana aba ari «imana ntoyi». Ivyontibihushanye n'Ivyanditswe. Ndazi ko ivyo bisa n'ibitangaje arikoYesu yavuzeati: «None ko yabise imana bamwe Ijambo ry'Imana ryashitseko...» Nonerero Ijambo ry'Imana riza kuri bande? Riza ku bavugishwa n'Imana. «Noneko mwita imana bamwe Ijambo ry'Imana ryashitseko, n'iki gitumamuncirakw'iteka, iyo mvuze ko ndi Umwana w'Imana!» Murabona?

-----
Ejo ku mugoroba twaramenye ica gatatu kimatanije ca Gitabo. Ubwa mberehabayeho ifarasi y'igitare, hanyuma ifarasi y'akagajo, hanyuma y'ivyo haza ifarasi y'agafyiri. Kandi twarabonye ko barya bagendera ku mafarasi, yagumaari wa wundi, yari antikristo kuva kw'itanguriro. Nta gitsibo yari afise, arikoyakironse mu nyuma. Hanyuma twarabonye ko yaciye ahabwa inkota ngo akureamahoro mw'isi, kandi twarabonye ko ari vyo yakoze. Nyuma y'ivyo yaje azananye imitegekere yiwe kugira ngo ishengero arigureamafaranga (Idenariyo kuri ibi, idenariyo zibiri kuri ibi) ariko yarabujijwegukora ku mavuta no kuri vino, kuko ni vyo vyonyene vyari bisigaye. Ego ku mugoroba twagarukirije ku kubereka arya mavuta na vino ivyo arivyo n'ico bikora. Ivyo vyabaye nk'ibintu bigumye, ariko ni ukuri kutagabanije.

-----
Ni mwibuke ko iyo ukuri guhishuwe, ukuri kurongera kukemezwa. Umuntu naho yoba umunyabwenge gute, naho ivyiyumviro vyiwe vyobabirashe gute, iyo Imana idashigikiye ivyo avuga ni uko haba hari ikintu kitarico. Ni ivy'ukuri kuko ari Ijambo. Igihe Mose yasohoka, ahumekewe n'Imana, maze akavuga ati: «Nihabehoibibugu!» ibibugu vyaciye bibaho. Igihe yavuga ati: «Nihabeho ibikere!»,ibikere vyaciye bibaho. None naho iyo avuga ati: «ibibugu!», mazentibibeho? Murabibona? Aho rero ntiyobaye yavuze Ijambo ry'Umwami, yobaye yavuze ijambo ryiwe bwite. Yari gushobora kwiyumvira ko hari hakwiye kubaho ibibugu ariko nta nakimwe cari kuza kuko Imana itari kuba yabimubwiye. Iyo Imana ibabwiyeikintu iti: «Genda ukore ibi kandi nzoba ndi muri vyo, kuko ari Jewe ndabivuze», maze ikacerekana muri Bibiliya, Imana izoba iri muri vyo ukwobizomera kwose, iyo ari Imana yabivuze. Murabitahura? Kandi iyo ivyobitarimwo, bihishurirwa abavugishwa n'Imana. Turabona neza ko Imanaimenyesha amabanga yayo abavugishwa na Yo bonyene (Amosi 3:7).

-----
Ariko rero, igihe wa Mwagazi w'intama yugurura ica kane kimatanije ca Gitabo.... Duhagarare ngaha kuri iki ca kane kimatanije ca Gitabo. Ni nde yakimenye? Ni wa Mwagazi w'Intama. Ni nde wundi yari abibereye? Ntawundi yari gushobora kubikora. Oya! Wa Mwagazi w'intama ni We yamenyeica kane kimatanije ca Gitabo maze ikigira kane muri vya binyabugingo,ikinyabugingo gifise ishusho y'inkukuma kibwira Yohana, giti: «Ngwinourabe irigira kane mu mabanga ari mu mugambi w'ubucunguzi ryanyegejwemuri iki Gitabo» (kuko wa Mwagazi w'Intama yariko arakimena) Mu yindimvugo ni ko cariko kiravuga. Aha hari ibanga rigira kane. Narabiberetse mukigereranyo. Yamara Yohana yanditse ivyo yabona (sinzi ko mwabitahuye). Ariko ryari ibanga, nta n'ibindi yashoboye kwandika kiretse ivyo yabayabonye. Wa Mwagazi w'Intama yariko aramena ico kimwe mu bimatanije caGitabo, ariko Imana ntiyagira igihishure; vyari birindiriye igihe c'iherezo.

Twarabonye ikigereranyo kandi rimwe na rimwe twarabisesanguye nezacane, murabibona. Ariko turazi ko ibintu vyateye bija imbere. Maze ubu mugihe ca nyuma, turashobora kuraba inyuma maze tukabona aho ivyo vyabereyen'ibitegerezwa gukorwa kw'iherezo ry'ibihe vy'ishengero, gato imberey'izamurwa. Ishengero rishobora gute gucishwa muri vya vyago, nta vyo nzi! Ni igikicotuma rica muri vya vyago kandi ata caha rifise? Sindiko ndavuga ishengero. Iri rizoca muri vya vyago bihambaye. Ariko ndiko mvuga ku Mugeni.

Umugeni ntashobora guharurwako icaha na kimwe. Vyarogejwe kandi ntan'akamoto kavyo kagisigaye. Nta na kimwe kigisigaye. Aratunganyeimbere y'Imana. Nta vya vyago akeneye kugira ngo atunganywe, arikoabandi barabikeneye. Ishengero ritegerezwa guca muri vya vyago, arikoUmugeni ntazobicamwo. Ivyo tubisanga mu bigereranyo vy'ubwoko bwose nk'ishengero (rigereranywa na Nowa) ryavuye mu caha maze rikagisubiramwo. Barabikize, ariko Henoki we yagiye imbere ya wa mwuzure. Yari ikigereranyo c'aberabazozamurwa imbere ya vya vyago.

-----
Emwe, twoshobora kuvuga ubutumwa kuri ivyo gusa! Kugira ngo nshoborekubibereka neza, novuga ibi nti: «Icitwa anti cose kiba kigwanya ic'ukuri, kandi ico ntigishobora kuba ikindi atari urupfu, kuko hari ibintu bibirigusa ari vyo ubugingo n'urupfu. Kandi ivyo biremeza ko ivyo Mpwemu Yerayahishuye muri iki gihe ari ukuri kutagabanije. «anti» ni urupfu kuko Ijamboari Ubugingo (nk'uko tuja kubibona hanyuma). Murabibona? Kandi uwomuntu yitwa «Rupfu».

-----
Kano kanya ni mwihweze. Ni mwitegereze hano muri Bibiliya. Ivuga ko izina ryiwe ari Rupfukandi ko kuzimu na we yamukurikiye. Kandi kuzimu yama akurikira Rupfu mubintu bisanzwe. Iyo umuntu w'inyama n'amaraso apfuye, kuzimuaramukurikira, n'imva, ari yo kuzimu, murabona. Ni mu buryo busanzwe. Ariko mu buryo bw'impwemu, ca kiyaga caka umuriro. Murabibona? Ni uko. Ni ugutandukana burundu aho baturirirwa bagaherengetera. Malaki 4, havuga ngo: «...nta n'agashitsi cank'agashami uzobasigarana...» Ng'uko ukuntuisi itegerezwa kwozwa ubundi busha kubw'ukuza kwa ya nganji ya Kristoy'imyaka igihumbi, murabona.

-----
Ivyo vyose bishika hehe? (Ndibaza ko tudasigaranye umwanya urengaiminota cumi n'itanu.) Raba aho ivyo vyose bizoshika. Bigenda gute? Ivyovyongera guca neza na neza muri ya nzira nyene. None bishika muri yantambara y'igihe c'iherezo. Ikintu ca mbere mw'Ijuru, cabaye intambara. Lusiferi yarirukanywe mazeaca aja kw'isi. Hanyuma rero aca ahumanya rya tongo ryo muri Edeni: kuva icogihe ntiyigeze ahengeshanya guhumanya. Kandi ubu, hanyuma y'intambara yo mw'Ijuru haje kuba intambara yokw'isi. Izorangira kw'isi mu gihe c'iherezo mu ntambara yitwa Harumagedoni. Bose ivyo barabizi! Intambara yatanguriye mw'Ijuru, Mikayeli n'Abamarayikabiwe baramunesheje maze bamuterera hanze. Igihe ivyo vyashika, Lusiferi yakorotse atumbereye muri Edeni kandi aho ni ho intambara yatanguriye ngahakw'isi.

-----
Intambara yatanguriye mw'Ijuru. Izoherera kw'isi muri ya ntambara yaHarumagedoni. Reka twirabire ingene izoshika. Kumbure dushobora kuyibona. Umwami n'adufashe ubu nyene kugira tubone ingene izogenda. Umwe agendera kw'ifarasi w'akabanga (nimurabe ivyo ariko arakora ubu) yaragararije, amaze kwanka kwihana no kugaruka kw'Ijambo ry'Amarasoy'inkomoko. Ijambo ryacitse inyama n'amaraso; ariko yaranse kugaruka kuriryo. Ni antikristo. Ararwanya Umugeni-Jambo nyakuri. Afata umugorewiwe bwite (agatuma agwanya umugeni nyakuri), afata umugore wiwebwite maze antikristo akamushira mu buryo bw'idini rigizwe na zanemera n'imitegekere. Abonye wa Mugeni yejejwe, aca amurwanya maze akikorera umugorewiwe bwite yitwa antikristo ku bwo inyigisho ya antikristo inyuranye na Kristo (nimurabe ukuntu afise ubugunge). Aho kugira ubumwe bw'urukundorugenzura ugusengera munsi y'amaraso, afise idini. Aho gufata Ijambo, yafasheza nemera, imitegekere n'ibindi.

-----
Ni murabe ibi... Yegeraniriza hamwe ivyo bintu vyose, bivangavanze n'amadini, inyigishoz'abantu. Si vyo? Nta nkeka. Ni ibara rivanze, ibara rivanze ry'iyi farasi y'isiibenjutse kandi yapfuye. Ni vyo: Ni ibara rivanze n'ubu bwoko bw'ifarasiibenjutse yapfuye y'isi. Oh, bene Data! Si Amaraso yera yo mw'Ijambo. Habe na mba. Nimurabeukuntu abakoranya abakuye mu mfuruka zine z'isi; abakoraniriza i HaruMagedoni, nk'uko Bibiliya ibivuga (Ivyahishuriwe Yohana 16:16) Abakoranirizaho kubwa wa musi w'intambara uhambaye w'umwamiImana yacu. Ni mubirabe.

-----
Ubu rero bakoraniye aha kugira ngo baje muri rya herahezwa ry'i Haru- Magedoni, agendera kuri iyo farasi y'ibara rivangavanze, ifarasi y'igitare, ifarasi y'akagajo, ifarasi y'agafyiri, bwa bushobozi butatu butandukanye bwapolitike, ubushobozi bwo mu buryo bw'impwemu bugenzurwa n'ubushobozibw'idayimoni ari yo antikristo. Ivyo vyose mubivangavanze, muca muronka icokintu c'ibara ribenjutse kandi kirwaragurika ariko aragenderako. Ni ivy'ukuri. Ubu rero nimurabe ibi, nimurabe ico ariko aragenderako. Iyo farasi isan'iyibenjutse, ifise ibara rishaka gusa n'agafyiri (ikivange c'ibara ry'agafyiri, iry'akagajo n'iry'igitare), yinjira mw'ihanga ryose riri musi y'Ijuru.

Daniyeli ntiyasobanuye za nzozi, kandi akabona n'ikivange c'ivyuma muribwa bwami, n'ukuvuga Uburoma? Ng'abo bariko baregerana. Ubu rero nimwumve kandi mutekanye mukanya gatoya. Ubu rero bariko baregerana kugirango babikore, bazana abayoboke biwe babakura mu mfuruka zine z'isi, bagendera kw'ifarasi ibenjutse kandi isa n'iyirwaye, ifarasi ifise amabara atatuavangavanze, ariko ni wa muntu nyene.

Musome mu... Ishashara Rya Kane.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Kandi mbona igicu cera; no kuri kino gicu ūkivyagiyeko, asa n’Umwana w’umuntu, yambaye igitsibo c’izahabu mu mutwe, kand’ afise umuhoro ukarishe mu kuboko.

Umumarayika wundi ava mu rusengero, asemerera n’ijwi rirenga, abgira ūvyagiye kur’ ico gicu, ati N’urungike umuhoro wawe, wimbure, kukw iyimbura rishitse, kand’ ivyimburwa vyo mw isi vyumye.

Ivyahishuriwe Yohana 14:14-15


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)

Sirs, is this the time?

(PDF Icongereza)
-Musozi Sunset.
Where cloud appeared.

Chapter 11
- The Cloud

(PDF Icongereza)

Imbere...

Inyuma...