Ishashara Rya Gatatu.

<< prev

next >>

  Amashashara Ndwi rukurikirane.

Agendera ifarasi y'agafyiri.


William Branham.

Musome mu...
Ishashara Rya Gatatu.

Oo Mana yacu, ni udufashe. Tugira duhagarikire hano. O Mana, dufashetubone neza ko ubu tuhashitse, ni ryo sengesho ryanje, kuko ntashakakubagumya umwanya munini. O Mana, dufashe ngo tubone: Ndizera koMpwemu ari kuri twebwe muri aka kanya kandi ko aja kudufasha kumena ikikimatanije ca Gitabo. Dusome rero, kugira tubone uko ishengero rimeze. Turabona uko ryari riri, ivyo ryakoze, ivyategerezwa gushika: Tubisanga muri ryo kandi turabonan'ivyo ryategerezwa gukora. Ni vyo nyene ryakoze. Ubu, murabona aho tugeze? Nimuvyirabire mwebwe nyene! Jewe nta co nshobora kubivugako. Ico njejweconyene ni ukuzana iri Jambo. Nk'uko narihawe, ndashobora kuribashikiriza. Igihe cose ntararihabwa, sinshobora kuribashikiriza, nta n'uwundi abishoboye.

Ivyahishuriwe Yohana 6:5-6,
5 Kand'amenye ica gatatu kimatanije ca Gitabo, numva ikigira gatatu mu binyabugingo kiti Ngwino. Mbona ifarasiy'agafyiri: kand'uyicayeko yar'afise umunzane mu minwe.
6 Numva hagati y'ivyo binyabugingo bine nk'ijwi rivuga, rit'Ingero imwe y'ingano n'idenariyo-idenariyo, n'ingero zitatu za sayiri n'idenariyo-idenariyo: arikw amavuta na vino ntugire ic'ubikorako.

-----
Ni murabe aho tugeze kuri uno mugoroba, murabe ikindi gihe c'Ishengerotugezemwo ubu. Ubu rero dushitse ku gihe c'Ishengero gisa neza na nezan'ifarasi igira gatatu. Igihe c'ishengero rya mbere cari ikihe? Ni ic'abanikolayiti bari bafiseinyigisho. Cari ica mbere. Ni uko. Ubwo nyene inyigisho y'abanikolayiti icairemezwa ko ari iy'ukuri maze ica ishirwa mu ngiro. Maze ico gihe ni ho uwomuntu aca yambikwa igitsibo. Hanyuma iyo mpwemu, impwemu ya Antikristo,ica yinjira mu muntu. Hanyuma turabona ko yahavuye inahinduka umurwaniziyambaye umubiri. Iyo dayimoni irasohoka maze umurwanizi nawe akinjira.

Kandi nk'uko ishengero rya Antikristo ritera rija imbere, Umugeni abandanya atera intambwe kuva muri kwa kuringaniza ukundi gusha ivyogusenga, mu gutsindanishirizwa, ukwezwa n'umubatizo wa Mpwemu Yeramaze akabandanya atera intambwe. Gusa, bo ni bo batanguye kuronka iryokanguro, ariko Ishengero rikaba ryabibonye kw'iherezo. Intambwe zitatu za mbere zicisha Ishengero mu gihe kiri hagati y'ikinjanaca gatanu n'ikinjana ca cumi na gatanu. Hanyuma muri izo ntambwe zitatuzikurikira, Ishengero rica mu gutsindanishirizwa, mu kwezwa no mu mubatizowa Mpwemu Yera, Imana yambaye Umubiri ubundi busha ikigaragaza muritwebwe.

Raba uwugendera kw'ifarasi aje ari Antikristo ari umuvugishwaw'ikinyoma, hanyuma ari igikoko, hanyuma haza igihe c'umwiza. Ishengerorirenganye ca gihe kiri hagati y'ikinjana ca gatanu n'ikinjana ca cumi nagatanu ryinjira mu gutsindanishirizwa, mu kwezwa, mu mubatizo waMpwemu Yera, Ijambo ryambaye Umubiri mu wizera, mu giheuwugendera kw'ifarasi amanutse. Aramanuka maze Ishengero rikaduga. Biratunganye bihebuje! Oh, ese ukuntu ari vyiza! Ivyo ndabikunda.

Uwo agendera kw'ifarasi ni umwe ariko ari mu yindi ntambwe y'igikorwaciwe. Intambwe ya mbere, ni ifarasi y'igitare. Nta kindi yari ari atari umwigisha, umwigisha Antikristo gusa, yarwanya Ijambo ry'Imana. Mushobora kubaAntikristo gute? Uwanka wese kwemera ko Ijambo ryose ryo muri iyiBibiliya ari Ukuri kandi akanka ko bakumwigisha ni Antikristo kuberayuko ahakana Ijambo kandi Imana ari Yo Jambo.

-----
Ubu raba ibanga ry'iki kimwe mu bimatanije ca Gitabo. Yarimpishuriyemuri aka gatondo butaraca. Nca ndihutira gufata Ivyanditswe no kubisesangura. Ni uko. Gushika ubu bitatu vyo muri bimwe bimatanije ca Gitabo ndamazekubihishurirwa mu buryo budasanzwe. Ubu rero ng'iri ibanga ry'ifarasiy'agafyiri nk'uko narihishuriwe. Yatanguye kugendera kuri iyo farasi muri ca gihe c'umwiza. Ni co ifarasiy'agafyiri yasigura: igihe c'umwiza, kuko cari igihe co mu gicugu kubizera b'ukuri bari basigaye. Ihweze ico gihe c'ishengero, ico gihec'ishengero kiri hagati na hagati, ico gihe c'umwiza c'ishengero. Umvirize icoavuga, ati: «Ufise inkomezi nke.» Hari mu gicugu ku wizera nyakuri.

Ni murabe ibi. Mu buryo bugaragara ivyizigiro vyose vyari vyakuwemw'Ishengero ry'ukuri kuko uwo muntu yagenzura ishengero na Letavyose hamwe. Bari gukora iki? Murabona, Katolika yari yigaruriye ishengerona Leta vyose hamwe, kandi abari bateye kubiri na Katolika bose barishwe. Nico gituma yagendera kw'ifarasi y'agafyiri. Mufatire ku bikorwa vy'umwizayakoze muca mutahura. Namba muzi inkuru za kahise, nimuzirikane ivyo bintu. Mbere ntimunakeneye kuzimenya kugira ngo mumenye ivyo. Ubu nimwihweze ibi. Ivyizigiro vyose vyari vyaheze. Yari ifarasi yiwey'agafyiri.

Igihe yagendera kw'ifarasi yiwe y'igitare: Bwari ubugunge, ubuyahawe ububasha bwo gukuraho amahoro: kwabaye ugutikizwakw'amamiliyoni y'abantu. Ni vyo yari agiye gukora igihe yakwiragira isi yoseari kw'ifarasi yiwe y'akagajo. Kandi ni vyo agikora n'ubu. Murabitahura? Arikong'uyo ariko aragendera kw'ifarasi yiwe y'agafyiri. Igihe c'umwiza cabaye ca gihe,inyuma gato y'aho ishengero ryari rimazegushingwa kandi rimaze gukomera, ryaciye rinyoha ibindi vyose kandi ivyovyamaze imyaka amajana, imyaka amajana n'amajana nk'uko umusomyi uwoari we wese abizi. Ng'iyo ya farasi y'agafyiri yerekana igihe c'umwiza.

Muri ico gihe, ivyizigiro vyose vyari vyarangiye, nta vyizigiro vyaribikiriho na mba ku bizera bari ku rushi, vyose vyagaragara nk'umwijima.Ni co gituma kigereranywa n'ifarasi y'agafyiri. Afise umunzane wiwe mu minwe maze yasemerera avuga ati: «Ingeroimwe y'ingano n'idenariyo-idenariyo, n'ingero zitatu za sayiri n'idenariyo-idenariyo!» Mu bintu bisanzwe ingano na sayiri ni vyo vya nkenerwa canemu buzima. Ni vyo bakuramwo umutsima n'ibindi bintu. Ariko murabonayarabigurisha. Ico ivyo bisigura, n'uko yarihisha abiwe kubw'ubwo bwoko bw'ubuzimayabizigiza. Ico gihe ni ho yaca atangura kurihisha ivyo gusabira abantu. N'unomusi baracabikora bakoresheje amanevene. Kuko we yakora iki? Yigaruriraamatungo y'isi igihe umunzane wagera ingero imwe y'ingano kw'idenariyo-idenariyo, n'ingero zitatu za sayiri kw'idenariyo-idenariyo.

Uwugendera kw'ifarasi y'agafyiri abiwe yabanyaga amafaranga yabo; nigurtyo Bibiliya yabuye ko azokwigungirako amatungo yose y'isi. Nk'ukotwabivuze ejo ku mugoroba ku vyerekeye Uburusiya n'ibindi nk'ivyo; bafataamafaranga yose maze bakanyaga abantu ivyo bafise vyose. Raba aho tugeze.

-----
Ehe rero umugabane mwiza. Nimurabe ibi: «Ariko amavuta na vinontugire ico ubikorako.» Hasigaye amasigarira makeya gusa, bene Data! Ntugireico ubikorako! Kandi amavuta agereranya Mpwemu, Mpwemu Yera. Namba mubishaka ngira ndabadondagurire imirongo imwe imwe yo muVyanditswe. Mu Balewi 8:12, Aroni, imbere yo kwinjira, yategerezwa gusigwaamavuta, murabizi. Muri Zekariya 4:2, amavuta atemba mu miheha kandihanditswe ngo: «Aya ni Mpwemu wanje», amavuta. Hariho kandi ikindi kintumuri Matayo 25:1-4. Hariho inkumi z'ibijuju (25:3); za nkumi z'ibijuju ntamavuta zari zifise, ntizari zifise Mpwemu. Muri Matayo 25:4, inkumiz'ubwenge zari zifise amavuta mu matara yazo, zari zuzuye Mpwemu. Amavutani ikigereranyo ca Mpwemu. Mbega ubwiza! Ivyo murabitahura? Ni uko.

Gurtyo, amavuta agereranya Mpwemu, vino nayo ikagereranyagusisimuka gutewe no guhishurirwa. Oh, ndashobora kwiterera hejurukubw'umunezero muri ino nzu! Ni igitangaza kubona ntakanguye n'ababanyibose igihe Umwami yabinyereka. Ni ugusisimuka kuvuye mu guhishurirwa,murabona. Muri Bibiliya, amavuta na vino vyama biri hamwe. Naciyendabisuzuma nca nsanga hariho imirongo myinshi ijanye na vyo, aho vino n'amavuta vyama biri kumwe.

Iyo Ukuri kw'Ijambo ry'Imana ryasezeranywe guhishuriwe vyukuriabera bayo buzuye amavuta, bose barasisimuka. Vino ni ugusisimuka. Oo,icubahiro kibe ic'Imana! Ndavyiyumvamwo muri aka kanya! Ni ugusisimukakujana n'akaruru k'umunezero. Igihe ivyo bishitse, ibiba kuri bo bisa n'ibiba kumuntu asanzwe yanyoye vino kuko igihe uguhishurirwa kw'ukuri kw'Imanagutanzwe, uwizera w'ukuri akuzura amavuta maze uguhishurirwa kukabakwatanzwe, ugusisimuka kugenda kwiyongera ku buryo kumutuma yifatank'uwaborewe. Ni ivy'ukuri! Mbega ubwiza! Ng'ivyo kumbure ibirikobirabashikira ubu. Ni ivy'ukuri. Ivyo bibatuma mwifata ukundi kuntu.

-----
Nabonye ko Imana yari yarasezeranye gukora ikintu kanaka muri kinogihe, igihe yasezerana kuzomena ibimatanije ca Gitabo mu gihe ca nyuma. Ntimushobora kumenya umunezero n'ubwiza nagize igihe namubona ahishuraibi; igihe nari mpagaze aho nihweza ugushitswa kw'ivyo bintu, nkamenya konzotuma umwe umwe wese yimenyera yuko ata co Imana yigeze kuvugakitashitse nk'uko yakivuze. Ni co gituma mubona umunezero uri mu mutimawanje iyo mbonye ugushitswa kw'Isezerano ryayo ryerekeye kino gihe canyuma nk'uko yasezeranye kubikora, maze nkaribona rishitswa kandi rishitse vyukuri.

Iyo mwumvise mvuga nti : «Ndumva nujujwe!» Ni kubera ko haba harikoharaba ibi: ugusisimuka kugenda kwiyongera ku buryo mpakwa guhagarikakuvuga. Murazi, ni ugusisimuka kuva mu guhishurirwa. Ni uko. Barasisimuwe cane n'uguhishurirwa ku buryo bashingiye intaheIsezerano. Oh, bene Data! Igihe Imana yabahishurira Isezerano ryayo,umunezero w'ugusisimuka warabarengeye gushika aho abantu bavuze bati: «Buzuye igisama!» Kandi ntiyarihishuye gusa, ariko yaranarishingiye intahe. Nivyo nama mvuga nti: «Umuntu arashobora kuvuga ico ari co cose (kandi yamaagomba kuvuga ivyo ari vyo vyose) ariko iyo Imana ije maze ikemeza...»

Bibiliya ivuga iti: «Namba muri mwebwe hari umuntu yiyumvira ko ariuw'impwemu canke uwuvugishwa, iyo ivyo avuze bidashitse, aho rerontimumwumvire. Ntimukamutinye na gato. Ntimutinye na mba uwo muntu. Ariko iyo ivyo avuze bishitse, aba ari Jewe! Mba ndi mur'ivyo. Ivyo bigaragazako ari Jewe.» Ivyanditswe vyemeza ko Mesiya azokora ivyo bintu kandi igihe yari ahoariko akora neza na neza ivyo Ivyanditswe vyavuze, wa Musamariyakazi yaciyeavuga ati: «Ni We! Nimuze murabe uwo muntu. Si vyo neza na nezaIvyanditswe bivuga ko bizoshika?»

Musome mu...
Ishashara Rya Gatatu.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Arik’ umusi w’ Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.

None, kw ivyo vyose bizoshonga birtyo, mukwiye kumera mute mu ngeso zera no mu kwubaha Imana,

2 Petero 3:10-11


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet

(PDFs Icongereza)
 

Inkingi z’Umuriro.
-Shoulder

Lillies of Fire.

 

Chariots of Fire.

Elijah being caught-up

Inkingi z’Umuriro.
- Houston 1950

Light on Pyramid Rock