Ishashara Rya Kabiri.

<< prev

next >>

  Amashashara Ndwi rukurikirane.

Agendera ifarasi y'akagajo.


William Branham.

Musome mu...
Ishashara Rya Kabiri.

Kuri uno mugoroba turaja kwiga iki ca kabiri kimatanije ca Gitabo. Binevya mbere bimatanije ca Gitabo bijanye n'abagendera kw'ifarasi bane.Hariho ikintu casubiye gushika uno musi. Nari nashatse gusubira kuraba muvyo nari naranditse kera bifitaniye isano n'ubutumwa nari narigishije kera; nicaye mu biro vyanje ndibaza nti: «Nta ko ntari nagize». Abantu benshibaravyanditseko. Nibwiye nti: «Ewe, ngira nsome gato maze ndabe ibin'ibi». Ariko haciye haza ikintu kimwe muri ako kanya nyene, vyaribitandukanye rwose. Ivyo ntaho bihuriye. Naciye rero mfata n'ingogaikaramu y'igiti nca ntangura kwandika n'ingoga na n'ingoga uko nshoboyemu gihe yari akiri aho.

-----
Gurtyo ejo ku mugoroba mu kubigisha ku Mashashara nk'uko dukunze kubikora, twabigize nk'uko vyakozwe ku Bihe vy'Ishengero. Duhejeje kwigisha ku Bihe vy'Ishengero, ubwa nyuma nabivuzeko ndi ahaimbere havugirwa ubutumwa nandika ku kibaho, ni bangahe muri mwebwebibuka ivyabaye? Wa Mumarayika yaciye yururuka, agenda atumbereyeurusika ari mu muco, aca wenyene arabicapura ubwo nyene ku kibahoimbere yacu. Uwo Mumarayika w'Uhoraho yari ahagaze aha imberey'abantu amajana n'amajana. Kandi n'ubu nyene ariko arakora ikintukidasanzwe vyukuri. Gurtyo rero twiteze ibintu bikomeye. Ivyobirabanezereje kubirindira mutaramenya neza na neza ibihava bishika? Murazi: Kurindira gusa?

Mbega ukuntu Imana ari igitangaza kuri twebwe! Mbega ukuntu ariIgitangaza! Turayikunda cane! Ubu rero ngira nsome umurongo wa 1n'uwa 2, ari na ho haza kutubera urufatiro, hanyuma turaja gufata umurongowa 3 n'uwa 4 kubwo ica kabiri kimatanije ca Gitabo; tuzoce dukurikizakoumurongo wa 5 n'uwa 6, kubwo ica gatatu kimatanije ca Gitabo n'ibindi. Niukuvuga ko ari imirongo ibiri ibiri ku wugendera kw'ifarasi.

Nagomba ko mubona ukuntu uwo agendera kw'ifarasi agenda yihindurauko agenda ahindura ifarasi; hanyuma tuzoshika kuri kimwe ca nyumagihambaye kimatanije ca Gitabo, Imana ibigomvye, kizokwugururwa kuw'iyinga ku mugoroba. Ico kimatanije ca Gitabo cuguruwe, ikintu kimwegusa caciye gishika ni agacerere nk'ak'igice c'isaha kabaye mw'Ijuru. Imana ni idufashe! Ubu rero ngira nsome uwu murongo wa 3:

Kand'amenye ica kabiri kimatanije ca gitabo, numva ikigira kabiri mu binyabugingo, kiti Ngwino. Haza iyindi farasi y'akagajo, uyicayeko ahabga gukura amahoro mw'isi, ngo bicane: kandi ahabga inkota ndende.

Haciye habaho rero ikintu c'akabanga igihe ikinyabugingo cavugakiti: «Ngwino». Ntiyabona ivyo ari vyo, yabonye ikigereranyo gusa. Kandiicatumye ico kigereranyo kibaho... Caciye kivuga kiti: «Ngwino». ArikoYohana yabonye ikigereranyo c'ibintu; ico yategerezwa kugishikirizaishengero nk'uko kiri ku buryo riba maso gushika rishitse mu gihe ca nyumamaze ibi bimatanije ca Gitabo bikugururwa.

Ubu none mwesemurabitahuye? Murabona, ibimatanije ca Gitabo vyategerezwa kuzomenwa. Mbega ntimunezerejwe no kuba mubayeho muri kino gihe? Si ivyo gusa bagenzi, ariko mugume mwibuka ubutumwa bwo ku w'iyinga ushize mu gitondo bwari bushimikiyeku «guca bugufi», ku bintu vyiyoroheje, biciye bugufi. Ivyo bizoshika kuburyo abantu bazobica ku ruhande, batanazi n'uko ivyo bishika. Kandi nimwibuke yuko turindiriye Ukuza kw'Umwami mu kanya ako ari ko kose.

Naravuze yuko kumbure izamurwa rizoba muri ubwo buryo nyene. Izamurwa rizoba kandi nta muntu n'umwe azomenya ikintu na kimwe. Nimugaruke kuri Bibiliya maze murabe ukuntu ibintu bigenda, no ku vyabayebihambaye cane nk'ukuza kwa mbere kw'Umwami Yesu! Nta n'umweyamenye ikintu na kimwe kuri ivyo! Bibaza bati: «Ni umusazi!» Amashengero yaravuze ati: «Ni umuntuakavya gusa! Vyukuri ni umusazi! Ni igisare. Bati turazi ko uri igisare (igisare ni umusazi) turazi ko ufise idayimoni yatumye usara. Ugeragezakutwigisha kandi uri umwana w'ikivyarwa! Iki! Wewe wavukiye mubusambanyi, uriko uragerageza kwigisha abagabo b'abaherezi n' abakozi bomu rusengero nka twe?» Kuri bo cari igitutsi.

Igihe Yohana Umubatizi yaza vyari vyaravuzwe uko Ibihe vyagiyebikurikirana kuva kuri Yesaya ukageza no kuri Malaki; imbere y'imyaka 712, abavugishwa n'Imana bari barabonye ko azoza. Bose baribamurindiriye. Ukuntu yaje, ukuntu yavuga ubutumwa, ukuntu yashikijeigikorwa ciwe, n'intumwa ari intumwa ntizabitahuye. Kuko zabajije Yesuziti: «Umwana w''Umuntu agiye i Yerusalemu kandi ivyo bintu bikababitegerezwa gushika; none rero ni kuki Ivyanditswe bivuga ko Eliya akwiyekubanza kuza?» Yesu arishura ati: «Yaramaze kuza ariko ntimwamumenye. Yakoze neza na neza ivyo Ivyanditswe vyavuga ko azokora, kandi bamugize nk'ukonyene bigombera». Ivyo ntibashobora kubitahura. Ariko Yesu aca aravugaati: «Yari Yohana».

Hanyuma, oh, murabona ukuntu baguma babihanze amaso! No mu gihec'isozerwa ry'igikorwa ciwe nta na kimwe babonye, amaze gukora ivyovyose kandi amaze no kubereka ibimenyetso; yari yaranabahamagayearababarira ati: «Ni nde muri mwebwe yonyagiriza icaha nakoze (ukutizera)? Ni ntaba narakoze nk'ivyo Ivyanditswe nyene vyavuga koigikorwa canje kizorangura nje kw'isi, aho rero nimunyereke aho nacumuye! Aho rero ngira ndabereke ico mwibaza ko muri co maze turabe ko mucizeracanke mutacizera.» Aca arongera aravuga ati: «Mwategerezwa kunyizeranje.» Ntibabikoze. Ahubwo aho kwizera bagerageza kuraba ko hari ikosabomubonako. Ariko yaciye ababarira ati: «Ni nde muri mwebweyonyagiriza ukutizera? Mbega sinakoze neza ico nabwirizwa gukora?»

-----
Gurtyo ubwa mbere yabanje kwitwa antikristo. Mu ntambwe igirakabiri yaciye yitwa umuvugishwa w'ibinyoma, kuko iyo mpwemuyamanutse ija mu bantu ari naho yaciye yambarira umubiri. Muribuka koumwe agendera kw'ifarasi y'igitare ata gitsibo yari afise igihe yariahagurutse; ariko hanyuma yaciye ahabwa igitsibo. Kubera iki? Kuko ubwambere yari impwemu y'Ikinikolayiti. Hanyuma ica yambara umubiriw'umugabo umwe, ironka intebe y'ubwami ica ibona kwambikwa igitsibo. Imaze igihe kirekire ikora muri ubwo buryo, nk'uko tuzobibona mukumena Ibimatanije ca Gitabo kandi tubona ko haciye igihe kirekire Sataniazoca yirukanwa akava mw'Ijuru. Dukurikije uko Ivyanditswe bivugaaramanuka kw'isi ari na ho we nyene aca yicara ku ntebe y'ubwami ubwiwe nyene. Nimwibaze kubona aca yicara ku ntebe we nyene ubwiwe mukwinjira muri uwo mugabo maze rero agaca abona kuba igikoko. Arafise ubushobozi, ubushobozi kanaka buhambaye, ubwo akoresha ibitangazavyose n'ibindi, yica, akarwana intambara zisesa amaraso n'ibindi vyose uburoma bushoboye gukora.

-----
Ehe rero ukuntu nabihishuriwe: N'ubu nyene ni Satani! N'ubunyene ni wa murwanizi yiyambitse iyindi shusho. Turazi ko inzambazijanye n'intambara ziri hagati ya bene gihugu canke hagati y'amahanga. Ariko ngaha murabona ko uwo mugabo afise inkota; aho rero niintambara ya politike y'ishengero. Murashobora kutavyizera, arikonimurindire umunota umwe gusa, mu mwanya muto gusa. Nimurabe ayo mafarasi uwo mugabo nyene agenderako ukuntuamabara yayo agenda ahindagurika. Amafarasi ni yo agendaahindagura ibara. Burya ifarasi ni igikoko, kandi muri Bibiliya igikokoni ikimenyetso cerekana ubushobozi. Bwa buryo bwo gukora, bugendera ku bushobozi kanaka bufise irindi bara, ubushobozibutangurira kw'ibara ryera ata co worigayako bugashika ku ritukurank'amaraso. Nimwihweze ukuntu aza!

Mu ntango yari inyigisho ntoya gusa yitwa “inyigishoy'Abanikolayiti”. Vyukuri koko nta muntu n'umwe yari kwica! (Nambamushaka kuvyandika, biri mu Vyahishuriwe Yohana 2:6). Nta n'umuntun'umwe yari kwica. Yari ikiri inyigisho gusa. Yari impwemu iri mu bantugusa. Ivyo ntivyari gutuma hagira umuntu n'umwe apfa.

Oh, mu gihe yari iri kuri iyo farasi y'igitare nta kibi yagirizwa! Bati: “Murazi, twoshobora kuryita Ishengero rinini rikwiye mw'isi yose. Twoshobora kuryita Ishengero ryo mw'isi yose”. Ico ni na co bama bavuga. Oh, Ego me! Bati: “Twoshobora kuronka... Oh, mu vyukuri nta kabikarimwo! Nta kibi kirimwo! Ni umugwi w'abantu gusa. Twese tuzedufatanirize hamwe nk'abavukana”. Murabona, nta kabi biriko namba, birera nka ya farasi, nk'uko ya farasi yera.

-----
Ubu rero uwo ari we wese ari hano aratahuye ko Satani ari we afiseububasha bwose bwa politike y'ino si mu minwe yiwe (Matayo 4:8). Ubwami bwose ni ubwiwe. Ng'ico igituma barwana, bakaja mu ntambaramaze bakicana. Mbega ntibitangaje kubona barahawe inkota ngo bicane? Oh, bene Data! Nimurabe ko atari bwaronke ububasha bwa Ekleziya igihe yatangurakubikora. Ariko yatanguranye n'idayimoni y'inyigisho y'ikinyoma, hanyuma iyo nyigisho ica ihinduka inyigisho ngenderwako. Hanyumaiyo nyigisho ngenderwako ica yinjira mu muvugishwa w'ibinyomayambara umubiri, hanyuma aca aragenda aca aja mu kibanza abereye (ntiyari yagiye muri Isirayeli ariko yagiye i Roma), i Nikaya, i Roma.

Habayeho Inama nkuru baca batora umusenyeri mukuru. Bakoze ukobaciye bafatanya ishengero na Leta. Aho rero ni ho yaciye ashira umuhetowiwe hasi, ava kw'ifarasi yiwe y'igitare arururuka aca yurira kw'ifarasiyiwe y'akagajo aca abona kwica umuntu wese atamwemera. Ng'ico kimwemu bimatanije ca Gitabo! Ni wa wundi nyene! Nimurabe n'ukuntuabandanya akageza no mu gihe c'Uguhoraho. Ahuriza hamwe ubwobubasha uko ari bubiri. Mu vy'ukuri ivyo ni vyo bariko baragerageza gukorauno musi! Ni co kimwe!

-----
Nimwibuke ko afise inkota. Aguma yegereza afise inkota mu minweari kw'ifarasi y'akagajo, agenda aca mu maraso y'abantu bose batemeraivyiwe. Ivyo murabitahuye none? Ni bangahe none batahura iki kimatanijeca Gitabo ico ari co? Ni uko! Yesu yavuze ngw'iki? Ati: “Abafata inkotabazokwicishwa inkota”. Si vyo none?

Uyu agendera kuri iyo farasi n'abayoboke biwe bose bo mu bwamibwiwe bagenda bica uko ibihe vyagenda bikurikirana, basheshe amarasoy'abahowe Ijambo ry'Imana n'ay'abera; bazokwicwa n'inkota ya YesuKristo igihe azozira. Ngo: “Abafata inkota bazokwicishwa inkota”. Bafasheinkota y'imitegekere bo n'iya antikriso maze baca barakurahoamamilioni y'abasenzi nyakuri uko ibihe vyagiye bikurikirana nonerero igihe Kristo azozira afise inkota ari ryo Jambo ryiwe riva mukanwa kiwe, azokwica abansi biwe bose. Ivyo muravyizera?

Musome mu...
Ishashara Rya Kabiri.


  Ko Bibiliya ivuga...

Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.

Ivyahishuriwe Yohana 2:10