Ishashara Ry'Indwi.

<< prev

next >>

  Amashashara Ndwi rukurikirane.

Agacerere mw'Ijuru.


William Branham.

Musome mu...
Ishashara Ry'Indwi.

Mu nyuma hari ikintu twabonye. Umwami yatumye dufata Ivyanditswe, Ivyanditswe Vyera kandi twarabonye ivyo Yesu avuga ko bitegerezwa gushika. Mbega ivyo twabibonye gute? Ariko raba ingene aza agahishura ivyo bintu nezana neza mu butumwa bwiwe yavuze yishura kandi yerekana neza bimwebitandatu vya mbere bimatanije ca Gitabo, ariko hatarimwo ikigira indwi. Nimubirabe neza, igihe bimwe bimatanije ca Gitabo vyugururwa, Imana ntiyahishuye n'akamenyetso na gatoya kajanye n'ic'indwikimatanije ca Gitabo. Ni ibanga ry'Imana koko. Ivyo tubisanga mu gicec'umunani.

Ivyahishuriwe Yohana 8:1,
Kand'amennye ikigira indwi kimatanije ico gitabo, haba agacerere mw'Ijuru nk'igihimba c'isaha.

(Ivyo vyonyene ni vyo tuzi kuri ico kintu)

Nta n'umwe muri twebwe abizi. Ariko ngira ndabahe uguhishurirwakwanje kuri ico kintu. Murazi yuko ata ntumbero mfise yo gupfa gukurikira. Nivyaba ari uko, ndabigira ntabizi. Sinzi intandaro y'inyifato ziwe no kwirukainyuma y'ibintu bitabaho. Naravuze ibintu abatari bake batatahuye, ariko igihe Imana ibiherekeje ikavyemeza ivuga ko ari ukuri, ico gihe riba ari Ijambory'Imana! Ariko ivyo birashobora gusa n'ibitamenyerewe.

Nk'uko ari ukuri ko mpagaze aha havugirwa ubutumwa kuri unomugoroba, naronse uko guhishurirwa kandi kuri mu mice itatu. Mfashijwen'Imana, ngira ndababwire umwe muri iyo mice. Hanyuma... ariko duhere kuriivyo. Ng'uku uguhishurirwa. Ngira ndababwire ivyo ari vyo. Ibica bishika, niuko iyo mituragaro indwi Yohana yumvise ituragara kandi akabuzwakwandika n'ivyago, inyuma y'iyo mituragaro ndwi yavuze umwe inyumay'uwundi ni ho hari iryo banga.

Kubera iki? Reka ndabibereke. Ni ibanga ata n'umwe azi. Yohana yarabujijwe kugira ico yanditse kuri ico kintu. Ntiyashoboye kwandikan'ikimenyetso na gitoya. Kubera iki none? Ng'iki igituma. Muri uwo mwanyanta casubiye gukorwa mw'Ijuru, kuko atari uko, ibanga ryari gushoboragushirwa ahabona. Ubu rero murabibona? Nicaba ari ikintu ca ngombwa canegitegerezwa kuzobamwo kuko ivyo bizoshika ariko igihe imituragaro indwi...

Mumenye yuko igihe ba bamarayika indwi baje kugira bavuze inzamba, haca humvikana umuturagaro. Iyo Abisirayeli baba bagira begeranirizwehamwe, haravuga inzamba. Igihe ata gihe kizoba kigisigaye ni ho hazumvikanainzamba ya nyuma. Umuturagaro umwe gusa... Ariko ubu dufise imituragaroindwi ivuga yungikanya. Rimwe, kabiri, gatatu, kane, gatanu, gatandatu, indwi! Kubera iki rero? Iyo Satani aza kumenya ivyo yokwononye ibintu vyinshi. Ariko hari ikintu kimwe atazi. Ashobora gusobanura uko agomba ivyoashaka vyose kandi akigana impano iyo ari yo yose! Ndibaza ko hari icomuriko muratahura! Ariko ivyo ntashobora kubimenya. Ntivyanditse nomw'Ijambo! Ni ibanga koko! Abamarayika, n'ibindi vyose vyaracecetse. Iyobija kunyiganga na gato, ivyo hari ico vyari gushira ahabona, ni co gitumavyaciye bicereza kandi bigahagarika no kuvuza inanga. Vyose vyaciyebihagarara.

Indwi ni igitigiri gitunganye c'Imana. Indwi, indwi umwe inyuma y'uwundi. Imituragaroindwi yaciye yumvikanisha amajwi yayo yose hamwe nk'uko hari ikintu yobaivuze. Mumenye ko ico gihe Yohana yari yiteguriye kwandika, arikoakamubwira ati: «Ntiwandike!» Yesu ntiyigeze abivugako. Yohana ntiyashoboye kuvyandika. Abamarayika nta co babimenyeko. Ni igiki? Ni ikintu Yesu yavuze ko n'Abamalayika bo mw'Ijuru atacobabiziko. Na We nyene ntiyari akizi. Yavuze ko Imana yonyene ari Yo ibizi, ariko ko igihe tuzotangurira kubona ivyo bimenyetso bigaragaye...

(Mwatanguye kubibona neza? Ni uko.) Murabe ko dutanguye kubona ivyobimenyetso bishika. Iyo Satani aja kubimenya... Nimwaba mushaka ko hagira ikiba... Mwizere Ijambo ryanje, iyo nteguyegukora ikintu, ndaburirwa bikwiye kutagira ico mbwira n'umuntu n'umwe. Siukubera ko hogira uwubivuga ariko Satani yovyumva murabona. Ntashoborakwinjira mu mutima wanje mu gihe Imana yavyugaraniye mu mutima wanjeikoresheje Mpwemu Yera. Muri ico gihe ni ikintu kindaba jewe n'Imana. Satani nta co aba aramenya gushika igihe ubivuze; rero yovyumva.

Ndamutse mbwiye abantu ko ngomba gukora iki canke kiriya, nca mbona wa murwanizi akora ivyo ashoboye vyose kugira ashireho intambamyi. Arikonshoboye kuronka uguhishurirwa kw'Imana hanyuma simvuge na kimwe, ahorero biratandukanye. Mwibuke ko Satani azogerageza kwigana. Azogerageza kwigana ivyo vyose Ishengero rizokora. Yaragerageje kubikora. Twarabibonye biciye muri anti-Kristo. Yamara kino ni co kintu kimwe rudende adashobora kwigana. Nta kwigana kubaho kuri co, murabona, kubera ntaco azi! Nta buryo na bumwe afise bwo kukimenya. Ni wa Mukwego wa Gatatu. Emwe nta na kimwe awuziko, murabona. Ntawo atahura...

Ariko haba harimwo ibanga. Icubahiro kibe ku Mana ahasumba ijuru! Mu misinsigaje kubaho sinzokwigera nsubira kugira ivyiyumviro nk'ivyo nagize kuvambonye... Ubu ndazi intambwe ikurikira, ariko sinzi ingene nobisigura. Ivyontibizomara igihe. Iyo muba mwashobora kubibona, navyanditse igihe vyashikango: «Hagarika! Nturenge aho! Si ndi umuntu akavya ndiko ndababwira ukuri gusa. Ariko mwibuke igihenagerageza kubasigurira ivyerekeye ka karato, ukuntu ubugingo buri hafi yavyoariko agatimanama, n'ivyo bintu vyose vyatanguje urukurikirane rw'ukwiganakwaje inyuma yavyo. Vyasaba ko mfata ukuboko kw'umuntu nkakugumyamaze ngatangura kudegedwa. Aho rero umwe wese yaca yumva atanguyekudegedwa mu kiganza ciwe! Ariko nimwibuke igihe yantwara hariya hejurumaze akambwira ati: «Ng'uku ugukwegwa kwa gatatu. Nta n'umweazokumenya.» Ivyo muravyibuka? Ukwerekwa ntikwigera kwihenda! Ni ukw'ukuri koko.

Muribuka n'ivyo neretswe kuri wa mugwi w'inyenyeri? Charlie,turabigezeko! Hari ikintu kiriko kiraba, narabikubwiye muri iyi ndwi... Ivyovyari vyagutwikiriye, ariko sinzi ko wabibonye. Muribuka wa mugwi w'inyenyeri muri kwa kwerekwa kw'abamarayika igihe nava ngaha nja muri Arizona? Muribuka Ubutumwa navuze, ngo: Bashingantahe, ni gihe ki? Muravyibuka?

Raba ko humvikanye umuturagaro ukomeye umwe gusa! Hanyuma abamarayika indwi baca baraseruka. Si vyo none? Umuturagaro ukomeyeumwe gusa maze abamarayika indwi baca baraseruka. «Mbona Umwagaziw'Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwi tumatanije ca Gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk'ijwi ry'inkuba, kitiNgwino.» Murabona, umuturagaro umwe gusa. Ubutumwa indwibwamatanishijwe ishashara kandi budashobora guhishurwa imbere y'umunsiw'iherezo, muri iki gihe. Muratahura ivyo nshaka kuvuga?

Mwarabonye ikintu gitangaje muri iyi ndwi? Ng'ibi ivyo ari vyo. Ni koivyo vyagenze. Ivyo ntibiva ku kiremwa muntu. Bari abamarayika b'Umwami. Mumenye ko hari ivyabona bitatu vyicaye ngaha. Haciye indwi irenga, nari mumisozi i ruhande ya Mexique ndi kumwe na bene Data babiri bari ngaho muriuyu mwanya; narunamye kugira nkureko utubuto twari twafashe kw'ipantaloyanje igihe haba ukwasana gukomeye kwari gushobora no gusitura imisozi. Niivy'ukuri. Sinigeze ndabibwira bene Data, ariko barabonye itandukaniro. Umwami yaciye ambarira ati: «Ubu mwitegurire kuja mu buseruko!» Ng'iyo insiguro y'ukwo kwerekwa. Birakenewe kandi ko ndababwira komwene Data Sothmann atashoboye gufata igikoko yariko arahiga. Twarikoturagerageza kukimurondeza. Niho rero Umwami yambarira ati: «Nk'ikimenyetso ndaguhaye kuri uno mugoroba. Ntaco aja kubona. Ubuutegerezwa kwitegurira ukugendererwa kw'abo bamarayika.» Nca niyumvank'uko umenga si jewe. Muravyibuka. Nari mu burengero. Abamarayika bazabava i buseruko. Igihe bariko baraza naciye nduga ndi kumwe na bo. Ivyomuravyibuka? Baza bazananye mu buseruko.

-----
Kandi nk'uko nabivuze mwarabonye ko umwe muri ba bamarayika, yariumumarayika adasanzwe? Yaguma andaba kurusha abandi. Ivyo muravyibuka? Bari hamwe, batatu batatu ku ruhande n'umwe hejuru. Kandi uwari anyegereyecane, uharuye uva i bubamfu uja i buryo, yari kuba umumarayika agira indwi.Yarakayangana cane kandi kuri jewe yari afise insiguro ikomeye kurushaabandi. Muravyibuka, navuze ko yari afise igikiriza kinini kandi akagurukayerekeye i buseruko. Ivyo muravyibuka? Nari naravuze nti: «Ivyo vyaramfashemaze biranzamura!» Muravyibuka?

Ni ivyo! Ni uwari afise ikigira indwi kimatanije ca Gitabo ari na co kintucanzazaniye mu buzima bwanje bwose! Amen! Ego ni vyo ko ibindi bimatanijeca Gitabo bifise insiguro ihambaye kuri jewe, ariko oh! Ntimuzi ico ico casiguyekuri jewe. Ni co gihe kuva nabaho nasenze kandi ngatakambira Imana. Hariinyuma ya ca gikorane c'i Phoenix nk'uko abari ngaha bose babizi. Nari narayekuri uwo musozi. Mu gitondo niho navyuka maze nja kuri Sabino Canyon,umusozi muremure uhanamye. Ndaduga hejuru nca mu kayira gatoyi mazendaduga gushika ku musozi witwa Lemmon nk'urugendo rw'ibirometero nka48. Hejuru hariyo urubura rwagera ku metero cumi.

Niho rero nava kuri uwo musozi imbere y'uko umutwenzi utambikanjanye ako kayira gatoyi, ngenda ntembagaza amabuye; numvise ndongowekugenda ntumbereye aho. Hanyuma ndakikama maze ntangura kuduga nca mubitandara bisataguritse vyari bifise uburebure bw'amatambwe amajanan'amajana nca ndapfukama muri ivyo bitandara, nshira hasi iyi Bibiliya n'akagakaye gatoyi. Ndavuga nti: «Mwami Mana, ukwo kwerekwa gusigura iki? Ivyo bisigura ko ngiye gupfa?» Muribuka ko nari nababwiye ko nibaza ko ivyovyasigura ko ngiye gupfa kuko nari nabonye ikintu giturika ku buryo congiraubunywenywe. Muravyibuka, Ni bangahe bumvise ivyo ndabivuga? Ego nimwebwe mwese! Nibaza ko ivyo vyasigura ko ngiye gupfa. Mu nyuma ndi mucumba canje, naravuze nti: «Vyari ibiki, ga Mwami? Ivyo vyose bisigura iki? Ivyo bisigura ko ngiye gupfa? Ni vyaba ari vyo, ni vyiza cane; sinzobibwiraumuryango. Namba igikorwa canje carangiye undeke gusa nitahire.» Vyariibiki? Ariko yaciye andungikira igishingantahe (muribuka ko nabibabwiye). Ntivyari vyerekeye urupfu rwanje ariko vyari vyerekeye ukuntu igikorwa canjecari kigiye kubandanya.

Oh, ivyo murabitahura? Nari nicaye hariya kuri Sabino Canyon Data womw'Ijuru arabizi. Nk'uko ari ivy'ukuri ko mwabonye ivyo bishika, abobamarayika baramanutse maze baremeza ubu butumwa bwose muca mumenyako ivyo biva ku Mana canke bitava kuri Yo; Ivyo mwabiburiwe biciye mukwerekwa. Nta na kimwe nari gushobora kuvuga ibikorane bitararangira kukonari nabujijwe kubivuga. Muri ico gitondo nari nicaye kuri Sabino Canyon maze mu gihe naduzaamaboko, umuyaga waciye ukororera hasi ya nkofero yanje ya kera yirabura. Niho nahagarara aho, nduza amaboko ndasenga. Nca mvuga nti: «Mwami Mana ivyo bisigura iki? Sinshobora kubitahura Mwami. Nokora iki? Ni caba ariigihe co kwinjira mu Nzu yawe, ndeka nduge hariya aho batazosubira kumbona. Namba ntegerezwa kugenda, sinipfuza ko hari uwongandarira. Nshaka gusa koumuryango wanje wibaza ko nagiye gutembera hanyuma ntibazosubirekumbona. Unyegeze ahantu! Namba ntegerezwa kwitahira, undeke gusanitahire. Kumbure ko umusi umwe Yosefu azotora Bibiliya yanje ngaha. Umuhegushobora kuyikoresha. Namba ntegerezwa kwitahira, ndeka nitahire Mwami!»

Ibiganza vyanje vyari bitaritse ubwo nyene ikintu kimwe gica kinkora kukiganza. Sinamenye ico ari co, sinshobora kubivuga. Mbega nari nsinziriye? Sinzi. Ubwenge bwari bwazimiye? Sinzi. Kwari ukwerekwa? Sinoshoborakubibabwira. Ico nobabwira, ni uko vyari bimeze nk'Abamarayika. Ico kintucakoze ku kiganza canje. Ndavye: yari inkota ifise ikirindi gisharijwen'imaragarita. Yari nziza vy'ukuri. Yari ifise urwubati rw'inzahabu kandi ubugibwasa n'ubutare bita «Chrome» canke ifeza ariko ikayangana cane. Kandi yariikarishe nk'urwembe, Oh Bene Data! Naribajije nti: «Hoba hariho ikintu cizakuruta iki?» Yari ikwiranye neza n'ikiganza canje! Naribajije nti: «Ni nzizavy'ukuri!» Ariko ndavuga nti: «Ee, hariya! Jewe namye ntinya ivyo bintu!» Inkota! Kandi ndibaza nti: «Nzoyikoresha iki?»

Ariko rero haca humvikana Ijwi ryanyiganyije ibitandara, ngo: «Ni inkotaya wa Mwami!» Ni ho rero ubwenge bwaca bugaruka. Inkota ya wa Mwami! Yamara iryo jwi ntiryavuze ngo: «Ni inkota y'Umwami», ariko ryavuzengo: «Ni Inkota ya wa Mwami», kandi nta wundi «Mwami» atari umwewenyene, ni We Mana. Kandi hari Inkota imwe gusa, ari ryo Jambo ryiwe. Kandi ni ryo rimbeshejeho. Oh, Mana yanje! Mfasha nambare umwambarowiwe wera kandi nitwaze iyo Nkota yera kw'itako! Ni yo Jambo. Amen!

Oh, mbega imisi turimwo! Mbega ikintu ciza cane! Murabona ibangan'ikinyegezwa? Niho nari mpagaze igihe ivyo vyarangira. Ni ho rero ikintucanzako kirambarira giti: «Ntutinye!» Ariko sinumvise ijwi, ni nk'uko ariikintu cavugiye muri jewe. Ndababwira gusa ukuri, kandi ndabibabwiye nk'ukovyabaye. Hari icankozeko maze kiravuga giti: «Ntutinye» Ibi ni ugukwegwa kwa gatatu.

Ni ugukwegwa kwa gatatu. Muravyibuka? Arambarira ati: «Hari benshibakwiganye kubera ivyo wagerageje gusigura. Ibi ntugerageze kubisigura.» Muravyibuka? Ni bangahe bibuka ukwo kwerekwa? Kuravugwa ku ma bande n'ahandi hose. Haheze imyaka itandatu canke indwi ivyo bibaye. Arambarira ati: «Ntugerageze kubisigura! Ni ugukwegwa kwa gatatu kandi aho ni hotuzobonanira.» Si vyo? Arambarira ati: «Ntugerageze...»

Nari mpagaze aho mfise akarato k'umwana mu minwe igihe yavuganananje ambwira ati: «ubu rero shitsa igikorwa c'ugukwegwa kwawe kwa mbere. Niwamara kubikora, ifi izokwirukanga ikurikira icambo.» Hanyuma wiyubareku gukwegwa kwawe kwa kabiri kuko tuzoba ari udufi duto duto gusa. Ubwanyuma hazoba ugukwegwa kwa gatatu. Ni kwo kuzoyifata.» Ni ho rero abo bavugabutumwa bose baca bankikiza, bavuga bati: «Mwene Data Branham, turazi ko ushobora kubikora! Haleluya, mwene DataBranham!» Uko ni ko abavugabutumwa benshi bama bankwegera mu bintu. Ndakunda abantu, ariko bama bakunda ko ubasigurira ibi n'ibi, ko ubasiguriravyose.

Ndavuga nti: «Rero, sinzi. Ndazi kuroba. Raba ingene bagira mugutangura: mubonye izo fi zose hirya no hino mutegerezwa kuzungagizabuhoro buhoro icambo.» Ni yo mayeri meza yo kuroba. Kandi ndababwira nti: « Zungagiza icambo!» Ariko, murabona, igihe nazungagiza icambo ubwambere, ifi zaciye zegera ariko twari dutoduto cane. Kamwe muri twokarasemura ku cambo. Nca ndavuga nti: «Ndagufashe!» Maze ncandagaterera i musozi. Nari nironkeye ifi, ariko kari gatoyi ku buryo wovuze koari agasato gatoyi kari ku cambo. Kandi ngihagaze aho, hari icambariye giti: «Nari nakubujije, nti: ivyo ntubikore!» Nca ntangura kurira.

Bose bari bankikuje nk'uku. Nari mpagaze aho, ndira nunamye. Ncandavuga nti: «Oh, Mana yanje, mbabarira! Ndi umuntu w'imburabwenge! Mwami mparira!» Bose bari bankikuje ariko raba ko ico gihe nari mfise akaratogatoyi k'uruyoya mu minwe kagomba kureha nk'uku, ariko umugozi wakowagomba gusumba urutoke rwanje, nka santimetero 2. Kandi intoboro icamwoumugozi w'ako karato ntiyarenza imirimetero n'igice. Kandi narageragejegufunga ako karato nkoresheje uwo mugozi munini w'isantimetero 2! Ijwirirambarira rero riti: «Ntushobora kwigisha ibintu bidasanzwe izo nzoya aribobapentekote! Bahe amahoro!»

Uwo mwanya nyene aranzamura kandi anshira ahantu hari ikoraniro; ahohari hameze nk'ihema canke nk'ikatedrale. Ndavye nca mbona ku rundi ruhandehari ahantu hatoyi hagomba gusa n'isandugu. Rero mbona yuko uwo Mucowariko uravugana n'umuntu hejuru yanje, uwo Muco mubona hariya kw'ifoto. Uca uja kure yanje mu gashururu nk'uku maze uca uja hejuru y'iryo hema ahowambariye uti: «Aho ni ho tuzobonanira.» Kuzoba ari ugukwegwa kwa gatatukandi nta co uzobwira umuntu n'umwe. Muri Sabino Canyon yambariye ati: «Uku ni ugukwegwa kwa gatatu.» Kandi hari ibintu bitatu bihambaye bijanye na kwo; kimwe carashizwe ahabonaejo, ikindi cashizwe ahabona uno musi, ariko hari ikintu ntashobora gusigurakuko cari mu rurimi rutamenyekana. Igihe nari mpagazeho kandi ndikondaraba ico kintu ndagihanze amaso naciye mbona ko kwari Ugukwegwakwa gatatu kwariko kurashika. Kandi Mpwemu Yera w'Imana... oh, bene Data! Ni co catumye mw'Ijuru hose haba agacerere.

Musome mu...
Ishashara Ry'Indwi.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’ umuriro.

Yar’ afise mu minwe agatabo kazinguruye, ashinga ikirenge c’i buryo ku kiyaga, ic’i bumoso agishinga i musozi.

Asemerera n’ijwi rirenga, nk’ukw intambge yivuga: asemereye, imituragaro ndwi ituragara amajwi yayo.

Kand' imituragaro ndwi imaze kuvuga, nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuyemw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw'ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.

Ivyahishuriwe Yohana 10:1-4


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)

Sirs, is this the time?

(PDF Icongereza)
Musozi Sunset.
Where cloud appeared.

Chapter 11
The Cloud

(PDF Icongereza)

Chapter 14
- Sabino Canyon

(PDF Icongereza)

Chapter 9
- The Third Pull

(PDF Icongereza)

Inyuma y'iyo
mituragaro ndwi
yavuze umwe
inyumay'uwundi
ni ho hari
iryo banga.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.