Ishashara Rya Gatandatu.

<< prev

next >>

  Amashashara Ndwi rukurikirane.

Ikimatanije c'urubanza.


William Branham.

Musome mu...
Ishashara Rya Gatandatu.

Ivyahishuriwe Yohana 6:12-14,
12 Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico gitabo,isi iratigita cane: izuba ririrabura nk'igunira ry'ubwoya; ukwezi kwose guhinduka nk'amaraso:
13 inyenyeri zo kw'ijuru zikorokera hasi, nk'ukoumusukoni uzungagizwa n'igihuhuta, ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza:
14 Ijuru ririzinga nk'umuzingo w'igitabo kizinzwe: imisozi yose n'ibizinga vyo mu kiyaga vyose bikurwa ahantu havyo.

Ubu rero nagomba ko mufata Bibiliya zanyu nk'uku: muzigumizezuguruye muri Matayo 24 no mu Vyahishuriwe Yohana 6 kuko hari ivyotugiye guhuza muri ivyo bice bibiri. Ubwo rero mukurikire neza hanyumamuraja kubona ivyo ari vyo. Murabe ivyo wa Mwagazi w'intama yerekananeza ngaha mu buryo bw'ibigereranyo, ivyo avuga mw'Ijambo, ivyo avuganeza na neza. Ivyo ni vyo vyemeza ko ari ukuri. Vyose bifatiye ngaho! Ahahariho ahantu We avuga, aha na ho turabona aho ivyo bishika. Ni icemezogusa gitunganye! Dusome muri Matayo 24 maze tuhahuze n'Ivyahishuriwe Yohana 6. Turazi twese ko ari igice abanyabwenge bose, abantu bose bishimikizabavuga igihe ca vya Vyago bihambaye. Ico gihe tugisanga muri Matayo 24.

Turazi rero ko ica gatandatu kimatanije ca Gitabo ari ikimatanije c'urubanza. Ni ikimatanije c'urubanza. Neza na neza ni ko kiri. Ubu rerondibaza ko twabonye Antikristo agendera kw'ifarasi hanyuma tukabona Ishengero rizamurwa, ubu biba bimaze kurangira. Hanyuma duca tubona baBayuda bishwe bari munsi y'igicaniro. Ubu rero raba ko urubanza rucarusomerwa bwa bwoko buvuye mu rubanza rwa vya Vyago bihambaye. Ahoni ho havamwo ba Bayuda 144.000 bacunguwe. Ndabereka ko ari Abayudaatari abanyamahanga. Abo nta ho basa basana n'Umugeni, haba na mba. Twabonye ko Umugeni aba amaze kugenda. Uwo nta handi mwoshobora kumuronkera ikibanza, we asubira kuboneka mu gice ca 19 c'Ivyahishuriwe Yohana.

Raba rero ko ica gatandatu kimatanije ca Gitabo ari ikimatanije kirimwo urubanza rw'Ijambo. Ariko tubanze dusome Matayo 24. Hari iconashaka gusa ko turonderera hamwe. Ni uko, turatangura dusome kumurongo wa mbere gushika ku wa gatatu.
Yesu arasohoka ava mu rusengero; akigenda abigishwa biwebaramwegera ngo bamwereke inyubako y'urusengero. Arababwira ati Ntimubona ivyo vyose? Ndababgire ukuri: Aha ntihazosigazwa ibuyerigeretse ku rindi, ridasamburiwe hasi. Yicaye ku musozi wa Elayono, abigishwa biwe baramwegera bihereranye, baramubaza, bati Tubwire, ivyobizobaho ryari, kandi ikimenyetso kizoba iki c'ukuza kwawe n'ic'umuherow'isi?

-----
Tugira tubisome: «Yesu, arabishura,...» Agira atangure kubishurakandi tugomba tubihuze n'ivyo bimatanije ca Gitabo. Ukumenwa kw'ica mbere kimatanije ca Gitabo kuvugwa mu Vyahishuriwe Yohana 6:1-2, ahotugira dusome.
Mbona Umwagazi w'Intama amena kamwe muri twadushashara ndwi tumatanije ca Gitabo: numva kimwe muri vyabinyabugingo bine kivuga nk'ijwi ry'inkuba, kiti ngwino. Mbona ifarasiy'igitare kandi uwuyicayeko yari afise umuheto, ahabwa igitsibo, agendaanesha kandi ngo yame anesha.
Mbega twasanze uyo ari nde? Antikristo. Ubu rero turabe Matayo 24:4-5,
Yesu arabishura ati mwirinde, ntihagire ubazimiza. Kuko benshibazoza mw'Izina ryanje, bati ni jewe Kristo, kandi bazozimiza benshi.

Murabibona? Antikristo! Iki ni co ca mbere dufise kimatanije ca Gitabo. Aha yaramudondeye kandi aha iki kimatanije ca Gitabo kiruguruwe. Biratunganye gusa. Ubu rero, ica kabiri kimatanije ca Gitabo: Matayo 24: 6n'Ivyahishuriwe Yohana 6:3-4. Turabe ico muri Matayo 24:6 havuga,
Muzokwumva intambara n'impuha z'intambara: Mwirinde, ntimuhagarikeimitima; kuko bitazobura kubaho, ariko umuhero uzoba utaraza.

Ni uko! Dufate ica kabiri kimatanije ca Gitabo (Ivyahishuriwe Yohana 6:3-4) maze twihweze uko havuga,
Kandi amenye ica kabiri kimatanijeca Gitabo, numva ikigira kabiri mu binyabugingo, kiti ngwino. Haza iyindifarasi y'akagajo, uyicayeko ahabwa gukura amahoro mw'isi, ngo bicane: kandi ahabwa inkota ndende.

Ni ivyo nyene, birahuye neza! Oh, ndakunda ko ikibazo co muVyanditswe cishurwa n'Ivyanditswe! Mweho? Mpwemu Yera ni Weyanditse ivyo vyose kandi ashoboye no kubihishura. Ubu rero reka turabe icagatatu kimatanije ca Gitabo. Aha havugwa amapfa. Dusome Matayo 24:7-8,
Kukw'ihanga rizotera irindi hanga, n'ubwami buzotera ubundi bwami; amapfa no kunyiganyiga kw'isi bizobaho henshi, ariko ivyo vyose niitanguriro ryo kuramukwa.
Aha ni ho ivyo vyose bishika. Ivyahishuriwe Yohana 6. Ubu rero tugiratwugurureica gatatu kimatanije ca Gitabo, mu Vyahishuriwe Yohana 6:5-6,

Kandi amenye ikigira gatatu kimatanije ca Gitabo numva ikigira gatatu mubinyabugingo, kiti ngwino. Mbona ifarasi y'agapfiri : kandi uyicayeko yariafise umunzane mu minwe. Numva hagati y'ivyo binyabugingo bine nk'ijwirivuga rit'Ingero imwe y'ingano n'idenariyo, idenariyo, n'ingero zitatu zaSayiri n'idenariyo, idenariyo: ariko amavuta na vino ntugire ico ubikoreko.
Amapfa, murabibona? Neza na neza ni ico nyene kimatanije ca Gitabo! Ni bimwenyene Yesu yavuga. Ni uko, ica gatatu kimatanije ca Gitabo. Ni ikizan'urupfu. Mwitegereze Matayo 24, aho turasoma imirongo y'indwin'umunani, ndibaza ko aha ari ica kane kimatanije ca Gitabo. Ni uko! Oh, mbegansomye ibiki? Mbega hari ico nasomye kitari co? Ego, yamara narinavyanditse! Ego! Ubu rero turahashikiriye. Dusome!

Dusome umurongo w'indwi uvuga ku vy'ico ca kane kimatanije ca Gitabo, hamwen'imirongo ya 6,7 na 8 mu Vyahishuriwe Yohana. Turabe... Ego! Matayo 24:7-8,
Kukw'ihanga rizotera irindi hanga, n'ubwami buzotera ubundi bwami, amapfa no kunyiganyiga kw'isi bizobaho henshi, ariko ivyo vyose niitanguriro ryo kuramukwa.
Ubu rero ica kane kimatanije ca Gitabo. Dusome Ivyahishuriwe Yohana 6:7-8,
Kandi amenye ica kane kimatanije ca Gitabo, numva ijwi ry'ikigira kanemu binyabugingo, kiti ngwino. Mbona ifarasi ibenjutse...

Murindire gato, nibaza ko nihenze. Turabe... Umurongo w'7 n'uwa 8, Matayo 24, umurongo w'indwi n'uwa 8. Ni ukwugururwa kw'ikigiragatatu, si ko? Matayo 24:7-8. Nimumbabarire! Aha ni itangurirory'amapfa. Hanyuma habaho ibiza n'urupfu... Ego, turahashitse; imirongo ya 7 na 8, ego, ni ica kane kimatanije ca Gitabo. Turabe aho ico ca kane kimatanijeca Gitabo kiri.
«...Kandi amenye ica kane kimatanije ico Gitabo...» Ego, ni uwugendera kw'ifarasi ibenjutse, ari we Rupfu, murabibona? Mbona ifarasi ibenjutse, kandi uyicayeko yitwa Rupfu, Kuzimu nawe aramukurikira, bahabwa ububasha ku kigira kane c'isi, ngo babicishe inkota, n'inzaran'urupfu n'ibikoko vyo kw'isi.
Murabona, ubu rero yari Rupfu!

Ubu rero ica kane kimatanije ca Gitabo muri Matayo 24:9-13. Turabe ko ntasubiye kwihenda. Ni uko!
Ni hobazobatanga ngo muzigirizwe, bazobica (twahashitse!) kandi muzokwankwan'amahanga yose, abahora Izina ryanje. Ni ho benshi bizobatsitaza, bazoryarukana, bazokwankana. Kandi hazokwaduka abigira abavugishwan'Imana benshi, bazimize benshi. Maze kuko ubugarariji buzogwiraurukundo rw'abenshi ruzotimba. Ariko uwihangana, agashitsa kw'iherezo niwe azokira.
Ubu rero tugeze ku ca gatanu kimatanije ca Gitabo, twabonye ejo kumugoroba. Murabibona? Bazobatanga ngo muzigirizwe... bazoryarukanan'ibindi n'ibindi.

Turonse ico ca gatanu kimatanije ca Gitabo. IvyahishuriweYohana 6:9-11,
Kand'amenye ica gatanu kimatanije ico Gitabo, mbonamusi y'igicaniro impwemu z'abishwe babahora Ijambo ry'Imana nogushinga intahe bari bafise. Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja weraw'ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahora abari mw'isi amarasoyacu? Umuntu wese muri bo ahabwa imvune yera, babarirwa kumara iyindimisi baruhuka, gushitsa aho igitigiri c'abagurano bagenzi babo na bene Se, bagira bicwe nka bo, kizoshikira.

Murabona ko muri iki ca gatanu kimatanije ca Gitabo tubona abishwe. Kandi muri Matayo 24:9-13 «Niho bazobatanga ngo muzigirizwe, kandi bazobica...», n'ibindi n'ibindi, ni ico kimatanije ca Gitabo. Nyenecuguruwe. Ubu rero tugiye twashika ku ca gatandatu kimatanije ca Gitabo. Turaja kubona n'Ivyahishuriwe Yohana 6:12-17. Ivyo ni vyo nyene tuja gusoma. Ubu rero twumvirize ibi. Ni vyo Yesu avuga muri Matayo 24 imirongoya 29 na 30,
Hanyuma y'ayo marushwa y'ico gihe (murabona ko ayomarushwa ari amarushwa asanzwe baciyemwo), uwo mwanya izuba rizocuraumwiza, n'ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n'inyenyerizizokoragurika zive kw'ijuru, n'ivy'inkomezi vyo mu majurubizonyiganyizwa. Bun'ikimenyetso c'Umwana w'umuntu kizoboneka kw'ijuruni ho amoko yose yo mw'isi azoboroga, bazobona Umwana w'umuntu aje mubicu vyo kw'ijuru ari n'ububasha n'ubwiza bwinshi.

Ubu rero dusome mu Vyahishuriwe Yohana 6:12-17, ica gatandatu kimatanije ca Gitabo, ico kimatanije ni co tuja kwigako uyu musi.
Kandi mbona amena ica gatandatu kimatanije ico Gitabo, isi iratigita cane: izubaririrabura nk'igunira ry'ubwoya; ukwezi kwose guhinduka nk'amaraso: inyenyeri zo kw'ijuru zikorokera hasi nk'uk'umusukoni uzungagizwan'igihuhuta ugahungurura insukoni zawo zitararunguriza: ijuru ririzinga, nk'umuzingo w'igitabo kizinzwe: imisozi yose n'ibizinga vyo mu kiyayavyose bikurwa ahantu havyo. Abami bo mw'isi n'abaganwa n'abakurub'abagabisha b'abasoda n'abatunzi n'abanyenkomezi n'abagurano bosen'abidegemvya bose binyegeza mu masenga no mu bitandara vyo ku misozi; babarira imisozi n'ibitandara bati: ni mutugweko, muduhishe inyongaz'Ivyagiye kur'irya ntebe n'uburake bw'Umwagazi w'Intama; kuk'umusiuhambaye w'uburake bgabo ushitse, kandi ni nde ashobora guhagarara?

Ni ivyo nyene.Ariko dusubire inyuma turabe ivyo Yesu avuga muri Matayo 24:29-31. Nimwumve! (Mwiyumvire ku vyerekeye Eichmann, n'abandi),
Hanyuma y'ayo marushwa y'ico gihe, uwo mwanya izubarizocura umwiza, n'ukwezi ntikuzoba kucaka umuco wakwo, n'inyenyerizizokoragurika zive kw'ijuru, n'ivy'inkomezi vyo mu majurubizonyiganyizwa. Buno ikimenyetso c'Umwana w'Umuntu kizobonekakw'Ijuru, ni ho amoko yose yo mw'isi azoboroga, bazobona Umwanaw'Umuntu aje mu bicu vyo kw'ijuru ari n'ububasha n'ubwiza bwinshi. Azotuma abamalayika biwe n'ijwi rirenga ry'inzamba, bakoranyeabatoranijwe biwe, bave mu birere bine, guhera iyo ijuru ritangurira kugezaiyo riherera.

Duhuze neza ivyo Yesu avuga muri Matayo 24 n'ivyo Yohana avugamu ca gatandatu kimatanije ca Gitabo. Yesu avuga ivy'igihe ca vya vyagobihambaye. Murabitahura? Baciye batangura kumubaza igihe ivyo bintu bizoshikira, igiheurusengero ruzokurirwaho. Yarabishuye. Hanyuma babaza igihe hazoshikiraca gihe c'abishwe. Barabajije igihe bizobera, igihe Antikristo azohagurukira, n'igihe Antikristo azokuriraho rwa Rusengero.

-----
Ariko murabe neza ibi (tuzobibona ejo ku mugoroba). Yesu ntiyashizemwo inyigisho y'ic'indwi kimatanije ca Gitabo. Nta yirimwo. Murabe ingene mu kubandanya aca avugira mu migani ubwo nyene inyumay'ivyo. Yohana ntiyashizemwo ic'indwi kimatanije ca Gitabo, ari co canyuma. Kizoba ari ikintu ciza cane. Nta n'icanditswe kuri co. Bompintibashizemwo ico c'indwi kimatanije ca Gitabo. Yohana yavuze ikintukimwe gusa: «...haba agacerere mw'ijuru...» Yesu nta n'akajamboyabivuzeko.

Dusubire kuri wa murongo wacu wa 12. Kuri uwo murongo wa 12 niho dutangura kubona iki kimatanije ca Gitabo cugururwa. Nk'uko biri mu cagatanu kimatanije ca Gitabo, na hano nta kinyabugingo kihavugwa. Kuberaiki none? Ivyo bintu biba igihe c'ukuvuga Ubutumwa Bwiza carenganye, mugihe ca vya vyago bikomeye.

Musome mu...
Ishashara Rya Gatandatu.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’ amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.

Avuga n’ijwi rirenga, ati Mwubahe Imana, muyihimbaze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ ikiyaga n’amasōko y’amazi.

Ivyahishuriwe Yohana 14:6-7


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)

Inkingi z’Umuriro.
- Houston 1950.

Chapter 1
-The Forerunners.

(PDF Icongereza)

Chapter 13
- God is Light.

(PDF Icongereza)

Chapter 9
- The Third Pull

(PDF Icongereza)

Ivyo vyategerezwa
gusunikira
umukristo wese
kukwisuzuma,
akerekeza
amaboko ku
Mana.