Ubutumwa bwo ku kirengazuba.

<< prev

next >>

  Gihe c'Iherezo rukurikirane.

Musozi Sunset.


William Branham.

Musome mu...
Ukwo kwǐshika kuri hiyo ku musozi ni nyabaki?

Nta gihe kinini kihaciye, mu gihe narimpagaze aha havugirwa ubutumwa, Mpwemu Year yaravuze ati: “Igihe kizoza ahobazorandura ibikingi vy'irembo biri imbere y'inzu yawe, ivyo rero uzovyirengagizekandi ntibizogushavuze”. Kandi narabonye irembo ryanje ryaranduwe, rirambitse mumpinga y'umusozi. I ruhande yanje, naciye mbona ko bari bimvye umusozi kandi kohariho imbaho n'ibindi bintu umuntu yari yamenaguye. Ndiko ndaraba nca mbona koari ka Ricky kari karanduye iryo rembo; ni we yari yakoze ivyo. Naravuze nti: “Kubera iki ata na kimwe mwambariye?” Yaciye anshirako isoni bica biba ngombwako ndamukubita. Mu gukora ivyo, naravuze nti: “Sinari bwasubire gukora ivyouhereye igihe naheba urukino rwo gukubitana ingumu, ariko nashaka ko ubimenya”. “Kandi naciye ndamukubita iyindi”. Kandi maze kumutura hasi, naramuteruye mazenongera kumuta hasi. Nka gatatu canke kane kikurikiranya, ndasubira ndamuterurahanyuma nongera kumuta ku musozi. Hanyumanca ndamusangaho maze ndavuga nti: “Si vyiza”. Naciye ndamuvyura mazendamuha ukuboko. Nca ndavuga nti: “Sindagushavuriye, nashaka gusa umenye koudashobora kumbwira nk'uko”. Hanyuma rero nsubiyeyo, Mpwemu Yera yari aho hafiy'irembo maze aravuga ati: “Ubu rero ivyo bireke, igihe ivyo bikingi vy'irembobizoba vyaranduwe, uzoce wimukira i burengerazuba”. Iki gitabo kirimwo ivyonkeneye vyose. Iki gitabo ni co kitwereka uko twigenza mu vyodushikira vyose,ni co kitwereka uko twokwirinda ingorane.

Kandi iki gitabo ni Ijambo kandi iri Jambo ni Imana.Shira imibabaro yanyu ku ruhande, iki gitabokizobabwira ivyo mutegerezwa gukora. Haraciyeimyaka itatu, narabonye umwe mu bagenzi banje akora mu bugenduzi bw'igisagara kandiaba ku ruhande rwo hepfo kw'ibarabara mbako, ariko ararandura igikingic'irembo. Narasohotse maze ndamubwira nti: “Ni ibiki ga Mud?” Ni umuhunguw'umushingantahe King, umwe wo mu bagenzi banje.
Yaravuze ati: “Billy, bagiyekwagura iri barabara.” Muribuka ivyo nari navuze vyose nti: “Birashoboka ko ari igitarurwa”.
Naciye mbwira mwene Data Wood nti: “Mugabe kw'itongo ryanyu. Birashoboka ko icogitarurwa gitegerezwa guca hagati muri ryo”. Inzira yarasibanganijwe, bayirundamwo amatafari n'amabuye iyo iva ikagera. Aho nari naravuze nti: “Mugabe kw'itongo ryanyu.” Rero igihe umushingantahe King yambwira ko biri hafi gukorwa, naratashehanyuma mbwira umugore wanje aho yari yicaye nti: “Mukunzi wanje, harihoikintu canditswe kuri ibi. Hariho ahantu hari UKU NIKO UHORAHO AGIZE.”

Naragiye ndafata igitabu canje ndagiserangura,kandi hari handitswe hati: “Bizoshika ko...” Hari nk'imyaka umunani imbere yukobiba. Maze kuraba ivyo, naravuze nti: “Mukunzi,iki ni co gihe c'uko twimukira i burengerazuba.” Inyuma y'imisi ibiri, umusi umwe mu gitondo hafi isaha zine nari mpagazemu cumba, narinjiye muri Mpwemu w'Imana kandi nca mbona uwo murwi muto w'inumazariko ziraguruka; nitegereza utwo tunyoni. Ivyo muravyibuka. Naciye mbonaabamarayika indwi bakoze ishusho y'ipiramide bihuta baza aho ndi maze baravugabati: “Imukira mu burengerazuba. Genda i Tucson ku birometero mirongo itandatuna bine mu buraruko bushira ubuseruko. Kandi uzokwegeranye urutete rw'igiterwacitwa Nielle canke ikintu kimeze nk'igifashi.”

Mwene Data Fred Sothman ari hariya arikoarandaba muri uno mwanya nyene niho yari ari muri ico gitondo. Narinamwibagiye. Naravuze nti: “Harabaye igihuhusi kimezenka nyamugigima canyiganyije ivyari bikikije aho hantu mu gihugu. Simbonaingene ivyo bintu vyari gusiga umuntu ari muzima”. Nari mfise ubwoba bwinshi.Nari ndi i Phoenix. Mwebwe mwese muriko murumviriza kuri uyu mugoroba murabifiseku makasete. Narigishije ku butumwa buvuga buti: “Mushinganta, mbega iki ni co kimenyetsoc'igihe c'iherezo? Tugeze hehe?” Naciye ngenda ntumbereye i burengerazuba. Benshi muri mwebwe ngaha barafise ayo makasete bifashweko; benshi muri mwebwebaravyumvise umwaka umwe canke urenga imbere y'uko bishika.

Naciye ngenda i burengerazuba, nibazaivyari bigiye gushika. Umusi umwe, naronse umuhamagaro w'Umwami. Naciye mbwiraumugore wanje nti: “Mukunzi, nibaza ko akazi kanje gaheze”. Ntavyo nari nzi.Naravuze nti: “Birashoboka ko Imana yarangije gukorana nanje muri kino gihekandi ko ngiye gutaha i muhira. Uzojane na Billy kandi uzotware abana. Uko birikwose, Imana izobacira inzira. Bandanya kubaho uri umwizigirwa ku Mana.Uzogerageze abana bamenye kw'ishure, ubarere bihuje n'inama z'Imana.”
Yaravuzeati: “Billy, ntavyo uzi neza.”
Nca ndavuga nti: “Oya, ariko ivyo nta muntuvyosiga ari muzima.”
Maze umusi umwe mu gitondo Umwami yaramvyuye kandi aravuga ati: “Dugamuri Sabino Canyon.” Naciye mfata urupapuro na Bibiliya yanje.
Umugore wanjearambwira ati: “Ugiye hehe?”
Ndavuga nti: “Sinzi. Nzobikubwira ninagaruka.”

Naciye nduga i Canyon nduga nerekeje uwomusozi, nerekeye agasongero aho inkukuma zigurukira. Nariko ndaraba impongoyari ihagazeho. Naciye mpfukama kugira ngo nsenge, narataritse ibiganza mazeinkota ica ikorokera mu kiganza. Nararavye hirya no hino maze nca ndibaza nti: “Iki none ni igiki? Naho biri uko, sinataye ubwenge? (bisubiyenumva inkebuzo zanje zose zikora) Raba iyi nkota iri mu kiganza canje, isaneza, ikayangana, ica ibibatsi ku zuba”.
Naravuze nti: “Muri kano kanya, uvuyeaha muri Canyon, haracamwo ibirometero ata muntu mbonye. Ibi none vyova hehe?”
Naciye numva ijwi rivuga riti: “Ni inkota ya wa Mwami”.
Naravuze nti: “Inkota ni yo Umwami yakoresha kugira ngo ahe umuntu ipetezisumba ayandi yose?”
Nyenekuvuga yaragarutse maze aravuga ati: “Si inkota y'Umwami, arikoInkota ya Wa Mwami, Ijambo rya wa Mwami”.
Yaravuze ati: “Ntutinye, ni ugukwegwa kwa gatatu. Ni icemeza igikorwa c'ibango ryawe ry'ubukozi.”

Narinagiye guhiga ndi kumwe n'umugenzi umwe kandi sinari nzi ivyari bigiye gushika.Hari umuntu yaciye anterefona; yari umuntu yari yamye anebagura ku vyerekeyeirya foto y'Umumarayika w'Uhoraho We nyene yari yafotoye. Vyabaye ngombwa konja i Houston ku vyerekeye umuhungu wiwe yari yaciriwe urubanza ategerezwagupfa mu misi mike inyuma y'ivyo. Twaciye duhuriraho kandi aca amfata ku bituguavuga ati: “Ibaze nawe, umwe nyene nanebagura aje gukiza umuhungu wanjew'ikinege!” Ishirahamwe ry'abagiraneza ryarampaye agashimwe gakomeye, (binavanan'uko mukita) kubwo kuba nararokoye ubuzima.

Hanyuma twaravuyeyo, nca nduga guhiga ku musozi. Umusi umwe mu gitondonari kumwe na mwene Data Fred kandi mu gihe nari maze gusohoka no mu gihe narimaze kubona ingurube y'inyeshamba. Naciye ndaba nerekeje aho yariko iraja. Naravuze nti: “Mwene Data Fred, uzoje kuri uriya musozi hakiri kare mu gatondo, mu gaturuturu nanje nzoca nja ku rundi ruhande. Sinzorasa ingurubey'inyeshamba, sinshaka kuyica. Ariko uwundi mukuku niwaca kuri urwo ruhandenzoca ndasa imbere yawo maze uce usubira inyuma.”

Mwene Data Fred yaciye ajayo ariko ntangurube z'inyeshamba zariho. Yaciye anyakura n'ukuboko kandi naciye ndabibona.Naciye manuka muri ivyo bihomoka biri kuri uwo musozi; izuba ryabonekaho gake.Nazunguruka umusozi ntibaza na gato ivyavugishijwe. Naciye nicara maze ndarindiramu kuruhuka. Naribajije nti: “Izo ngurube z'inyeshamba zashikiwe n'iki?”
Nari nicaye nk'abahindi, murabizi, amaguruanyuranije maze amaso yanje aca araba ku kuguru kwanje kwari hejuru y'ukundikwariko igifashi.
Naciye ndagitora ndavuga nti: “Mbega ukuntu ari igitangaza!Nari nko ku birometero mirongo ine na bitatu mu buraruko bushira ubuseruko bw'iTucson. Umuhungu wanje muto Yosefu yari andindiriyeho.” Maze mu gihe nariko ndaraba,naciye mbona hasohoka umukuku w'ingurube z'inyeshamba ziri nko ku kilometrouvuye aho ndi, hejuru ku musozi. Naciye nta hasi ca gifashi. Hanyuma ndavuganti: “Ndaja kuzironka. Ndaja kugenda kurondera mwene Data Fred; ndaca manikaurupapuro ku giti kugira ngo nerekane inzira dutegerezwa kujana, nce njakurondera mwene Data Fred.”
Naciye nduga umusozi niruka cane gose bishoboka amaja hakurya. Kandiubwo nyene, naciye nibaza ko hari umuntu yari yandashe. Sinari bwigere numva narimwe ikintu giturika nk'ico; igihugu cose caciye kinyiganyiga. Kandi igiheivyo vyashika, hariho umurwi w'abamarayika indwi bari bahagaze imbere yanje.

Inyuma yaho gato nahuye na mwene Data Fredhamwe n'abandi bose maze baravuga bati: “Ivyo vyari ibiki?”
Naciye mvuga nti: “Vyari ivyo.”
“Ugiyegukora iki?”
“Ngiye gusubira i muhira. Kuko, NIKO UHORAHO AGIZE, muri bimwe ndwi bimatanije ca Gitabo, Imana Igiye kutwugurura ayo mabangandwi muri ya Mashashara Ndwi.”
Haciye haba umuzingi wazamutse uva kw'isi umeze nk'igicu kikirikokiriremarema kandi wagenda uzunguruka utumbereye neza na neza ku musozi uhereyemu kibanza c'aho wari uvuye mu burengerazuba. Hanyuma yaho ubushakashatsibwerekanye ko wari uri ku burebure bw'amaduga bw'ibirometero mirongo itanukandi ko wari ufise uburebure bw'amakika bw'ibirometero mirongo ine; mubisanzwe wari ufise neza na neza ishusho y'umusonge.

Kandi wa musi, mu gihe nari mpagaze ngaha, nariko ndahindukiza iyoshusho ndayerekeza I buryo kandi hariko Yesu nk'uko yari ari mu bihe ndwivy'ishengero, afise umushatsi [Aha mwene Branham yakoresheje ijambory'igifaranansa perruque risigura umushatsi w'umukoranoabantu bambara ugasa n'umushatsi nyene w'umuntu-U] nk'ikimenyetso c'ubumanabwiwe buhambaye. Ni Alfa na Omega; ni uwambere kandi ni uwanyuma, ni UmucamanzaMukuru wo mu bihe vyose bidashira; Ahagaze harya yemezaubutumwa bw'iki gihe. Kandi hazoba umuco mu gihe c'akagoroba! Vyari ibiki? None uwo yari nde?

Naciye ngenda nerekeye... mu burengerazuba. Mu gihe nari kuri uyo musozinyene ndi kumwe na Banks Wood, naravuze nti: “Tera ibuye.” Narabwiye mweneData Wood nti: “UKU NIKO UHORAHO AGIZE, muraza kubona ubwiza bw'Imana.” Umusi ukurikira, mu gihe nari mpagazeho, agashururu kaciye kururuka mazekumvikanisha ijwi ku musozi. Ibitandara bitema amasonga y'ibiti nko ku meteroimwe hejuru y'umutwe wanje. Habayeho ukwasana gutatu guhambaye kandi bene Databaciye bashika biruka. Hariho nk'abagabo cumi na batanu, abavugabutumwan'abandi. “Vyari ibiki?” “Vyari ibiki?”
Naravuze nti: “Agace k'i burengerazubakariko karaciriweko iteka.”

Haciye hafi imisi ibiri, nyamugigima yahatswe kunyikiza igisagara c'iAlaska. Uwo muco uri hariya hejuru kw'isonga ry'umusozi Sunset mw'ishamba ry'iCoronado muri Arizona ni uyuhe? Ni ikihe kintu kitamenyerewe cariko kibera harya,mu gihe abantu bariko baragenda bava i burasirazuba baja iburengerazuba kandi begeranya amabuye yari yasanzariye hirya no hino y'ahoiyo nyamugigima yari yabereye. Rimwe ryose muri ayomabuye ryari rifise amasonga atatu yari yatewe n'ukwasana. (Batatu bagize umwe). Ayo mabuye ubu ari ku biro mu gihugu cose kandi barayifashisha mu kuyagereka kumpapuro kugira ntiziguruke. Ico kintu kitamenyerewe cashitse ku musozi Sunset mw'ishamba ry'i Koronado ni ikihe?

JuniorJackson ariko aratwumviriza; muribuka indoto yari yarose kandi nkaba nari nazisobanuyezivuga ngo: “Mu kwerekeza i burengerazuba?” Kandi ivyo nivyo vyashitse ku musozi “w'iyo izuba rirengera!” Ni igihe c'akagoroba, igihe c'ikirengazuba. Ubutumwa bwo ku kirengazuba bwaje buciyemw'ishirwa ahabona ry'ivyavugishijwe biriko birashika. Kandi hazobaho umuco mu gihe c'akagorobaku musozi Sunset mw'ishamba ry'i Koronado ku birometero mirongo itandatu nabitanu mu buraruko bw'i Tucson. Murashobora gufata ikarata mukabona ko isongarya Sunset Peak ariho riri. Ni neza na neza muri ico kibanza vyabereyemwo. Sinarindabizi imbere y'uwo musi.

Ivyo ntibizokwigera bipfa. Ivyo vyamabishika. Uhereye ico kintu gishitse gushika kw'ifoto ya Yesu ariko araturaba, n'uwo muco w'ikirengazuba uri neza na neza ku musozi Sunset. Umuco wo ku kagoroba waraje; ni Imana yigaragaza yo nyene ubwayo. Ni ibiki? Ni uko Imana na Kristo ari Umwe. Umushatsi wera. Nibangahe babonye umushatsi wera yari afise nk'uko twabibonye mu VyahishuriweYohana 1? Murabona, ubumana buhambaye, ubutware buhambaye! Nta rindi jwiririho, nta yindi Mana, nta kindi kintu na kimwe. “Muri we niho haba ukunengesera kwose kw'ubumana.” Abamarayika ubwabonyene nibo bari umushatsi wiwe. Amen.

Ni ibiki vyashitse ku musozi Sunset? Imanayariko irashitsa Ijambo ryayo. Ni kubw'ivyo hari hari iyo nduru yose. Murabona ko Imana yongeye gushitsa Ijambo ryayo yasezeranye, ivyomu Vyahishuriwe Yohana 10:1 gushika ku 7. “ariko ku musi w'ijwi ry'ubutumwa bw'umumarayikaw'indwi, ibanga ry'Imana rizoba riherahejwe.” Ibanga ryahishijwe ryo mu VyahishuriweYohana 10:1 gushika ku 7, ubutumwa bwa nyuma kw'ishengero ry'igihe ca nyuma. Nimuri ico gihe hashika neza na neza Luka 17:30: “Umusi Umwana w'umuntu azohishurirwako.”
“Kandihazokwaduka abigira abavugishwa n'Imana benshi n'abiyita Kristo bakora ibimenyetsobikomeye n'ibitangaza kugira ngo bazimize n'abatoranijwe iyaba vyoshobotse.” Abantubama mu gukekeranya imisi yose. Kandi ishengero nk'uko bisanzwe ryama naryonyene ririmu gatengo.

Kandi abashakashatsi bo muri Tucson hose baramaze kwandika inkuruzashizwe mu bimenyeshamakuru. Uhereye hariya kuri ruriya rundi ruhanderw'umusozi Lemmon, ama kamera yabo manini manini ntiyashoboye kubona ukuntuivyo bintu vyavuye aho twari turi vyerekeza mu burengerazuba, vyerekana koigihe gishize. Ko bigeze ku ruhande rw'i burengerazuba, bisigaje urugendo ruto.Urubanza rwakubise irya nzira nyene vyajanye. Vyaduganye neza na neza I Phoenix;bica vyerekeza i Prescott maze bica mu misozi kugira ngo bigende biganauruhande rw'I burengerazuba. Vyaja hehe? Vyagenda neza na neza muri Alaska, bituragara.

Abakoresha ivyuma bigenzura ikirere bo muri Tucson baracibaza ibibazo; abahinga bariko barakora ubushakashatsi kugira ngo bashobore gutora ivyo arivyo. Ku burebure bw'amaduga nk'ubwo, ntibishobora kuba ari ibipfungu, ivyirungucanke ikindi ico ari co cose. “Ni igiki catumye ivyo biba? Ivyo none bigezehehe?” Babuze ico bafata n'ico bareka kubera uwo muco udasanzwe wari hariyahejuru mu kirere nka kurya wari umeze igihe abanyabwenge b'inyenyeri baribashitse inyuma y'aho bakurikiriye inyenyeri maze bakavuga bati: “Umwamiw'Abayuda yavutse ari hehe?” Ivyo vyari ibiki? Imanayariko irashitsa Ijambo ryayo. “Kandi muri Yakobo hazokomoka inyenyeri.”

Kandi Imana yo mw'ijuru yarasezeranye komu gihe c'akagoroba hobayeho umuco w'akagoroba. Haraciye imyakaitatu, iryo banga ryari rikiri ivyavugishijwe gusa. “Mushinganta, iki coba ari co gihe?” Ariko ubu, ni inkuru za kahise. Ivyovyarabaye. Isezerano ryarashitse. Ni igihe ki ga mushinganta, kandi ukwo gukwegwa ni ukuhe? Imanairiko irashitsa Ijambo ryayo! Uko yari ari ejo, ni ko ari n'uyu musi kandi nikoazokwama gushika ibihe bitazoshira.

Musome mu...
Ukwo kwǐshika kuri hiyo ku musozi ni nyabaki?


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Kur’ uwo musi ntihazoba har’ umuco utamanzuye, ntihazoba n’ ikibūnda:

arik’ uzoba umusi umwe rudende uzwi n’Uhoraho, atar’ umurango ntube n’ijoro; ariko hageze mu kagoroba hazoba umuco.

Zekariya 14:6-7


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)
 

Imana Irihisha Yo
Nyene UbwaYo Mu
Bwiyoroshi...
(PDF)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

Ingene Wa Mumarayika
Yangendeye...
(PDF)


 


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.