Icicaro Co Muri KAzoza C’Umukwe Wo Mw’Ijuru N’Umugeni Wo Kw’Isi.

<< prev

next >>

  Gihe c'iherezo rukurikirane.

Isi n'Ijurunzobigira bishasha.


William Branham.

Musome mu...
Icicaro Co Muri KAzoza C’Umukwe Wo Mw’Ijuru N’Umugeni Wo Kw’Isi.

2 Petero 3:5-7,
5 Kukobiyobagiza ibigirankana yuko kera har' amajuru, n'isi yakuwe mu mazin'ijambo ry'Imana, rikayirema mu mazi.
6 Ivyovyatumye isi ya kera amazi ayirengera, iratikira:
7 arikwamajuru y'ubu, bo n'isi, iryo jambo ryabibikiye kuzosha, kugira ngo birindwegushitsa ku musi w'amateka, wo gutikira kw'abatubaha Imana.

Mbega isezerano, ry'abo bavugishwa n'abanyabwenge bahambaye, abigisha baBibiliya, uhereye mu minsi ya kera, babona uyu Munsi w'ubwiza urikouraza! Ufatiye kuvyo bavuze, woshobora kwibaza, canke ahubwo ukarongorerwakwizera ko umubumbe wose, canke iyi si, izosamburwa, «Isi n'Ijurunzobigira bishasha.» Murabona, murabona kw'amajuru azokurwaho n'isiizokurwaho, «Ijuru n'Isi ndabigize bishasha,» murabona, ko amajuruazokurwaho n'isi izokurwaho, ugukurwaho burundu mu buryo butunganye. Arikobiciye ku cigwa cimbitse, hamwe n'ubufasha bwa Mpwemu Yera, turashobora kubonaUkuri kwa vyo; kandi ni vyo tugomba twinjiremwo.

N'ibirere gusa biyikikije, hamwe n'icaha kiri kw'isi, kizosangangurwa. Murabona? Ubu rero, turabona ko amajuru asigura «ibirere vyohejuru.» Murabona?

Bikora iki? Rero, ibi bitovu, n'ingwara, n'urupfu, na politike,n'abagabo b'abanyavyaha, n'abagore b'abanyavyaha, n'impwemu mbi, vyosebizokurwaho kandi bisangangurwe. Murabona? Bitegerezwa gukorwa mur'ubwoburyo, kuko tuzoba ngaha. Turaza kuvyemeza dukoresheje Bibiliya. Aha nyene nihotuzoba. Ubu rero nimurabe neza, ibitovu, imigera, ingwara zose n'ibintu,bizokurwaho burundu. Ibi vyose, ukubaho kwavyo biri mw'isi muri kano kanya,imikorere yakozwe n'umuntu, politike, icaha, ubwoko bwose bw'impwemu mbivyanduje isi, hamwe n'amajuru yose ari hejuru yacu ngaha, yarandujwe n'impwemumbi. Ubu rero tugomba tuvyinjiremwo mu bwina, kandi tubitebeko, muraboana.

Ibi vyose biri mu majuru canke mu birere, hamwe n'isi ya kino gihe. Iyisi niyo ifashe ivyo bintu, ariko ntiyaremewe iyo ntumbero. Icaha nico cayitumyekuba ukwo. Murabona? Yaremwe n'Imana, Umuremyi. Ariko vyose...

Kandi imibiri yacu yose, iyo tubamwo uno munsi, yashizwe kw'isi igiheImana yayirema, kubera mwavuye mu mukungungu w'isi. Yari irambitse ngaha. IgiheImana Yo ubwayo yayirema, mwari mu vyiyumviro vyayo. Kandi muri Yo, wa UhorahoAhambaye, hariho iciyumviro, ico naco n'ikiyikomokako. Kandi rero icaha nico catumye ibi vyose bishika. Imana na Yo, mur'ikigihe, iriko iregeranya ibikoresho vyayo.

Satani aracari hano. N'ico gituma ibi bintu vyose biba. Aracari hano, kandi n'inguvu ziwe zose z'ububisha ziracari hano. Raba neza, ni co gituma isiicafuye cane. Ni co gituma imicafu n'ibintu bitwengeje biriko biraba ;ugusesa amaraso, intambara, politike, icaha, ubusambanyi, ubwoko bwosebw'imyanda bubandanya, ni kubera ko Satani ari umutware w'iyi si hamwe n'ikikirere.
Muravugamuti: «Ikirer-...?» Ego, mushinganta!

Ivyo bibiri vyose amajuru n'isi, mur'akakanya, vyarandujwe n'amashetani ashobora kutwagiriza imbere y'Imana. Yesu ni Yoari kugira atuvugire. Murabona? Mugihe abagiriza baguma batunga urutoke,bati: «Bakoze iki, bakoze kirya, bakoze kino,» ariko Amarasoaguma atwikiriye. Yaje gucungura abo Batoranijwe yabonye kuva kera. Ni cogituma uno munsi hacafuye cane.

Aha intumwa, hano muri 2 Petero, ikigabane ca2, hamwe n'umurongo wa 5 na... n'uwa 6. Ego, nabitahuye. Yisunga ingero zitatuz'isi. Murabona, ya— yaronse ingero zitatu zayo. Raba neza ukwo yabizanye.
«Isi ya kera yakuwe mu mazi,» rero iyo yari isi y'imbere y'umwuzure.
Rero, iyi iriho, iyi si ya none tubayemwo unomunsi, yayise «isi.»
«Isi ya kera yavuye mu mazi,» Itanguriro 1:1. Rero kandi «isi» isi iriho ubu ya none. Kandi rero, aravuga iyindi, «isiizoza,» Isi nshasha. Isi zitatu; ingero zitatu z'isi.

Kandi rero nimurabe neza ukuntu Imana idutomorera umugambi wayow'icungura. Oo, ibi vyashishimuye umushaha wanje igihe nabibona, ukuntuyadutomoreye neza umugambi wayo w'icungura hano. Ubu rero tugereranye ivyotubona n'amaso yacu bwite. Ivyo Imana yakoze mu gucungura isi yayo, yakoze uwomugambi nyene mu gucungura abantu bayo, kuko Imana idahinduka itigera ihindukamu mugambi wayo n'umwe canke mu kintu na kimwe. Mbega ikintu c'ubwiza!

Es'ukuntu yatuyoboreye kuri We ubwiwe, mu kugira ihema muri twebwe, muntambwe zitatu z'ubuntu; neza na neza nkuko yacishije isi mu ntambwe zitatu, kugira ashike kw'isi. Nk'uko Imana izoza mw'isi inyuma yuko isi izobayacishijwe mu ntambwe zitatu zitandukanye z'uguhumanurwa, ni neza na neza ukwoaza kuri twebwe mu ntambwe zitatu z'ubuntu. Niyumvira ivyo mu ntango; sindigera mpindura, guhera aho. N'Ijambo ry'Imana.

-----
Raba neza, «isi ya kera,» yimbere y'umwuzure; «isi ya none iriho ubu; hamwe n'iyo izoza. Rero, intambwe ya mbere Yatuzanyeko kugira... Murabona, umugambi wayow'icungura ni neza na neza wa wundi nyene ku bintu vyose. Yakoresheje uburyobumwe. Ntiyigera ihindura. Yavuze, muri Malaki 3, iti: «Nd'Imanakandi simpinduka.» Uburyo ibikora rero, namba yarakijije umuntu wa mbereyigeze gukiza, ikoresheje amaraso yasheshwe y'Inzirakarengane, izotegerezwagukiza uwukurikira; kandi buri umwe wese izokiza azoba ari bwa buryonyene.

Namba yarakijije umuntu mu gihe na kimwe kanaka mu r'uru rugendo rw'ubuzima ;naho hoba ari mu minsi ya Yesu, intumwa, abavugishwa, aho ariho hosehoba; igihe vya bisabwa nyene vyashikijwe, izotegerezwa gusubira kubikorakandi. Ukwo n'ukuri. Ntihinduka. Umuntu arahinduka, ibihe birahinduka, imyakairahinduka, ubugabuzi burahinduka, ariko Imana iguma iri Ya yindi nyene. Iratunganye. Mbega icizigiro vyategerezwa guha abagwaye!

Namba yarigeze gukiza umuntu ingwara, itegerezwa kwongera kubikora hamwevya bisabwa nyene vyoshitswa. Yamye iminsi yose ikiza umuntu, itegerezwa kubikora kumwe nyene yabikora ubwa mbere. Namba yarigeze kwuzuza umuntu Mpwemu Yera, itegerezwa ku bikora kumwe nyene yabikora ubwa mbere. Namba yarigezekuzura umuntu mu mva, itegerezwa kubikora ubugira kabiri, hamwe n'ikindi gihecose, kuri rwa rufatiro nyene.

Ntahinduka. Oo, mbega icizigiro bimpa !N'ibiki? Si mu majambo kanaka yakozwe n'umuntu, ikintu kanaka imigwiy'abantu yumvikanyeko; ariko Ijambo ryayo ridahinduka. Muravugamuti: «Mbega ni Ukuri?» Yavuze iti: «Ijambo ryosery'umuntu ni ribe ikinyoma, ariko Iryanje ribe ukuri.» «Kuko ijurun'isi bizokurwaho, ariko Ijambo ryanje ntirizokwigera rinanirwa.» «Ivyanditswe vyose vyarahumetswe, kandi ni vyiza kandi bifise akamaro munyigisho.» Kandi mwibuke ko «Ivyanditswe vyose bizoshitswa,» agace kazo ako ariko kose.

-----
Mw'Isi Nshasha n'Ijuru Rishasha, ntihazokwigera hiraburirana kandi, igihe iyi Si izoza. Satani azobohwa... Satani, ubu aracidegemvya; n'umurezi. Ariko mw'Isi Nshasha, azobohwa atererwe muKiyaga c'Umuriro, mur'uyu Muriro mweranda.

Hanyuma, mur'iyi Si Nshasha, ubu rero rekatubirabe iminota mikeya. Mur'iyi Si Nshasha, ibirere ntibizongerakwiraburirana; oya, ivyo vyavuye ku muvumo, murabona. Ntibizongerakwirabuzwa n'ibicu vyashavuye. Imiyaga ntizongera guhuhuta kuri yo n'uku. Oya. Ntuzokwigera urandura ibiti,kandi ugurura amazu, canke ucuranguza ibintu. Umuravyo n'uburake ntibizongerakududubiza biva kuri Satani bija hariya, bikica umuntu ariko aritambukirakw'ibarabara, canke bigaturira inyubakwa. Murabona? Oya, oyantibizongera. Nta imiyaga izokwongera kubaho ikwira hose, canke ibihuhusi n'ibivumbuzi,bigurura amazu, bikica abana bato, n'ibindi. Egome, ntibizongera kuba. Bigerageza gusambura, ntibizobayo. Satani yakuweho.

-----
Mbere n'ibi bintu, Satani, abanyavyaha, bizokurwaho, kubw'Ibihe Bidashira; ntibizongera kuboneka. Vyose... Murabona, Satani ntashoboye kurema. Iyaba abishobora, yoba ari Imana. Murabona? Arashoboye gusa kwonona icaremwe. Murabona? Kandi ukwononekara kwose, ukwonona kwose kuzokurwaho. Kandi urupfu n'ubuzima bwononekaye; kandi iyoukwononekara kwaheze, aho ntihashobora kuba urupfu kandi. Imyaka y'ubusaza n'ikimenyetsoc'urupfu; kandi iyo imyaka y'ubusaza yakuweho, ubuzima buca bwinjira. Ibimenyetso vyose vy'ukwononekara n'ibindi vyose vyarangiye. Amahwa n'ibitovun'ikimenyetso c'icaha, «isi izovumanwa na vyo,» kandibizorangirana. Ingwara yaje, biciye kuri kwo; izorangirana na kwo. Urupfuruzorangirana na kwo. Uguseswa kw'amaraso kuzorangirana na kwo.

Nta kintu na kimwe kizokwigera gikora kur'iyosi atari ukwera, abacunguwe. Oo, bagenzi! Egome. Oo, koko niyumva neza.Imana, n'ivyaremwe vyayo; n'ibiremwa vyayo vy'iryo remwa vyaracunguwen'Amaraso yiwe bwite. Bityorowe na rwa rukurikirane rwo gutyorora kwayobwite; urukurikirane rwica imigera, rwica icaha!
Ni nka kurya ikintu cose kiba cakuwekoimigera, ugukuraho imigera kwiza cane twoba twarigeze kuronka kwabaye umuriro. Urashobora gufata ikintu ico ari coc ose ukacoza n'isabuni hamwe n'iyi mitiyose bavuga, kiguma kitidegemva. Ari sha nugiturire rimwe gusa!

Kandi igihe Umuriro wera w'Imana ukuyeimigera kw'isi ukoresheje Umuti; Yari yaduganye Umugeni wiwe, uwushoborakwinjirana mw'Ijuru na We, mu gihe ivyo biriko birabandanya. Hanyuma akongerakugaruka kw'isi, Ijuru Rishasha n'Isi Nshasha. Impeshi ikanye ntigashoborakuhababaza. Ici rishushe ntirishobora kuhababaza. Ubugaragwa buzoshurikaamashurwe. Icaha n'abanyavyaha bakuweho.
Imana hamwe n'ibiremwa n'ivyaremwe vyayo, biba hamwe mu kwumvikana gutunganye. Nka kurya amajuru n'isi ari umugabon'umugore, niko Kristo n'Ishengero bari, kandi vyose bihurira mu mugambiw'icungura w'ubwiza buhambaye bigaca vyongera kujanwa mu gikiriza c'Imanakandi. Murabibona?

Kandi, mw'Isi Nshasha, hariho IgisagaraGishasha. Oo, bagenzi ! Uburero nimwumvirize neza. Ibi ntimuvyibagire. KoYesu yavuze, muri Yohana 14, ko yogiye gutegura. «Ntimuhagarike imitimayanyu.» Igihe yariko aragenda, yaravuze ati: «Birakenewe kongenda. Mwarizeye Imana, nanje nimunyizere.» Ntibashobora kubona ko yariImana. Aravuga ati: «Mwarizeye Imana, ubu naho nimunyizere. Kandingiye kubategurira Ikibanza. Mu Nzu kwa Data hari amazu menshi; mu Bwamibwa Data hari ibirimba vyinshi.» Kristo niyo ari, ariko arubaka iyoYerusalemu Nshasha kano kanya. Ubu rero nimwumvirize neza. Ntimunyiganyige. Oya, ntimubihushe. Kristo ari mw'Ijuru, uno munsi, ategura Yerusalemu Nshasha.

Neza na neza nka kurya Imana yaremye isi muminsi itandatu, igakora isi mu minsi itandatu, canke imyaka ibihumbi bitandatu. Nka kumwe yavuga ati: «Ntimube ibitazi,» tusoma mu Vyanditsweko «imyaka igihumbi ari umunsi umwe.»
Kandi Kristo yaragiye ariko arateguraIkibanza, ukwubakwa kwaco kumaze imyaka ibihumbi n'ibihumbi, adutegururiraIkibanza. «Kandi ngiye kubategurira Ikibanza, nzokwongera kugaruka,ndabatore; kugira ngo ahondi hose, namwe abe ariho muba.» Raba nezaUmucunguzi n'Abacunguwe!

Musome mu...
Icicaro Co Muri KAzoza C’Umukwe Wo Mw’Ijuru N’Umugeni Wo Kw’Isi.