Imana ya kino gihe kibi.

<< prev

next >>

  Gihe c'Iherezo rukurikirane.

Ahamagara Umugeni wa Kristo.


William Branham.

Musome mu...
Imana ya kino gihe kibi.

Ubu rero, icigwa canje muri kano gatondo, ni: Imana ya Kino Gihe Kibi. Nk'uko twasomye mu Vyanditswe, “imana y'iyi si, kino gihe kibi.” Ubu rero, ubu Butumwa bushira ku mugaragaro ibibi vya kino gihe kibi, kandi navyo bikaba bihuye neza n'ubuvugishwa bw'iki gihe kibi.

Kandi nizera yuko buri... yuko Bibiliya ifise buri nyishu kubwa buri gihe, iza yanditse muri Bibiliya, kubw'uwizera wo mur'ico gihe. Ndizera yuko buri kintu dukeneye canditse neza na neza Hano, gikeneye gusa gusobanurwa na Mpwemu Yera. Sinizera yuko hari umuntu n'umwe kw'isi afise uburenganzira bwo gushira insiguro yiwe bwite kw'Ijambo. Imana nta muntu n'umwe ikeneye ko asobanura Ijambo RyaYo. Ni Yo yisobanura UbwaYo. Yaravuze ko yobikoze, kandi Irabikora.

Nk'uko namye mvuga kenshi. Yavúze Iti, “Inkumi izosama inda,” ivyo Yabivugiye mu kanwa k'umuvugishwa, kandi yarasamye. Nta n'umwe ategerezwa kubisobanura. Mu ntângo, Yavuze Iti: “Ni habeho umuco,” maze umuco ubaho. Nta n'umwe ategerezwa kubisobanura. Yavuze Iti: “Mu minsi y'iherezo, yosutse Mpwemu WaYo ku bari n'umubiri bose,” kandi yarabikoze. Ntibikeneye n'umwe abisobanura. Yavuze Iti: “Mu minsi y'iherezo, bino bintu” (ibi turiko turabona bishika ubu) ko “vyobayeho.” Ntibikeneye insobanuro n'imwe. Biza vyamaze gusobanurwa. Murabibona?

Ubu rero, mwihweze neza mu gihe turiko turiga Ijambo. Imana Ya Kino Gihe Kibi, kino tubayemwo ubu. Bisa nk'ibitangaje, ikintu gitangaje cane, mur'iki gihe c'ubuntu, aho “Imana iriko iratoranya ihanga kubw'Izina ryaYo,” ari ryo Mugeni waYo, muri kino gihe kibi categerezwa kwitwa igihe c'ikibi. Nico gihe nyene “Imana iriko irahamagara ihanga kubw'Izina ryaYo,” kubw'ubuntu, basohoke, kandi citwa igihe kibi. Ubu rero turaza kuvyerekana dukoresheje Bibiliya yuko iki ari co gihe Yariko Iravuka. Biratangaje cane kwibaza ko, mu gihe kibi nk'iki, ari ho Imana yobaye iriko irahamagara Umugeni waYo.

Nimwihweze, Yavuze iti “ihanga,” atari “ishengero.” Kuber'iki? N'ubwo bir'ukwo, ryitwa Ishengero, ariko Yohamagaye “ihanga.” Ubu rero, ishengero ni ikoraniro ry'abantu benshi b'ubwoko butandukanye. Ariko Imana iriko ihamagara umwe ng'aha... Ntiyavuze ngo: “Nzohamagara Umumetodiste, Umubatiste, Umupentekote.” Yavuze yuko yohamagaye ihanga. Ku mvo nyabaki? Izina ryaYo. Murabona, ihanga; umwe avuye muri Metodiste, umwe avuye mu Babatiste, umwe mu Baluteriyano, umwe avuye muri Katolika. Murabona?

Yamara Iriko irahamagara, atari umugwi w'ishengero, ariko “ihanga kubw'Izina ryaYo,” ryakira Izina ryaYo, ryarehejwe mw'Izina ryaYo, ririko rigana mu bukwe kwabīrwa naYo, kugira ngo ribe igice caYo, murabona, biciye ku gutoranywa kwo kuva kera. Ni nk'uko umugabo ahitamwo umugore mwiza mu buzima, aba yari yagenewe kuba igice c'umubiri wiwe. Kubw'ivyo, ni kuvuga, Umugeni wa Kristo azoba, kandi ubu ari, uhereye kera yagenewe n'Imana kuba igice c'uwo Mubiri. Murabona? Ôo, Ivyanditswe biratunze cane, vyuzuyemwo ubuki!

Nimwihweze, si ico umuntu kanaka yavuze, ico umuntu kanaka yahamagaye; ariko ni ico Imana yahisemwo imbere y'amatanguriro y'isi, kandi iriko irahamagara abo bantu mur'ino minsi ya nyuma; atari idini. “Ihanga kubw'Izina ryaYo.” Kandi muri kino gihe kibi niho Iriko irakora ivyo, kino gihe nyene c'uruhendo.

Mu ndwi iheze, muri Matayo 24, nico cari igihe c'uruhendo cane mu bihe vyose. Mu bihe vyose vy'uruhendo, uhereye mw'itongo rya Edeni, ukabandanya, ntihigeze habaho igihe c'uruhendo nka kino gihe. “Hazokwaduka abavugishwa b'ibinyoma berekane ibitangaza n'utwumiza, bazimize n'Abatoranijwe iyaba vyoshobotse.” Ubu, ni amashengero akonje gusa, asanzwe, akomantaye n'ibindi, ya za tewolojiya zakozwe n'umuntu, ivyo ntivyoshobora; Abatoranijwe ntibokwigeze banavyitaho. Ubu, ni amashengero akonje gusa, asanzwe, akomantaye n'ibindi, ya za tewolojiya zakozwe n'umuntu, ivyo ntivyoshobora; Abatoranijwe ntibokwigeze banavyitaho. Ariko biri ng'aho bisa na ca kintu nyakuri. Kureka Ijambo rimwe ryonyene birakwiye. Ivyasezeraniwe kino gihe; igihe gihambaye cane! Bakristo, aho muri hose, mwiyubare kuri kino gihe tubayemwo! Mwandike, musome kandi mwumvirize mwitonze.

Ni igiki cotumye Imana ihamagarira ihanga gusohoka muri kino gihe kibi, kubw'Izina ryaYo? Impamvu ni iyo, kuMugerageza, Umugeni waYo. Ni ku... Mu gihe amaze kwerekanwa, akageragezwa, akemezwa, akemezwa kuri Satani. Nk'uko vyabaye mu ntango, niko bizomera no kw'iherezo.

Ni nk'uko urubuto rutangurira mw'ivu, rugakura ruciye mu biringo bitandukanye, ubuzima bwarwo, ariko rugaherahereza kuba rwa rubuto nyene kumwe rwari rumeze igihe rwaja mw'ivu. Kandi nka kumwe rwa rubuto rw'uruhendo rwaguye mw'ivu, muri Edeni, n'uko nyene ruheza mu minsi y'iherezo. Neza na neza nka kumwe Ubutumwa Bwiza bwari bumeze igihe bwagwa mw'idini i Nikeya, i Roma, bihereza mw'idini ridasanzwe. Neza na neza nka kumwe rwa Rubuto rwa rya Shengero rwarwa hariya, n'ibimenyetso, utwumiza, kandi na Kristo Muzima hagati yabo, bihereza mu minsi ya nyuma mu gikorwa c'ibango ca Malaki 4, bikagarukana kandi kwa Kwizera kwo ku nkomoko kwatanzwe rimwe rizima.

Turabona yuko, kino gihe kibi ari ico kwemeza, Satani, ko Uwo Mugeni adasa na Eva, ko atari umugore nka ben'uwo. Azogeragezwa biciye kw'Ijambo ryaYo, uwo Mugeni, nk'uko umugeni wa Adamu yageragejwe biciye kw'Ijambo. Kandi Umugeni wa Adamu yarizera buri gace k'Ijambo, ryose, ariko yagize urwijiji kw 'isezerano rimwe, yuko, “Ari We Wa Wundi Nyene, ejo hahise, uyu munsi n'Ibihe vyose,” uyu munsi, murabona; ariko yananiriwe kw'isezerano rimwe, igihe yageragezwa n'umwansi, amaso mu yandi. Ubu naho, iryo hanga ryahamagawe kubw'Izina ryaYo, ata nkeka, ni Umugeni waYo. Ategerezwa kwongera guhura n'ico kintu nyene, atari gusa ukuri kw'ikidini canke ikintu kanaka, ariko buri Jambo!

Kuko, mw'itanguriro rya Bibiliya, umuntu yari yahawe Ijambo ry'Imana kugira rimubesheho. Ijambo rimwe, risobanuwe nabi n'u - umuntu yitwa Satani, mu mubiri w'igikoko citwa inzoka. Satani, mur'uwo mubiri, yar'ashoboye kuvugana na Eva, aca amusobanurira Ijambo nabi, maze aba aratakaye. Murabona, ritegerezwa kuba buri Jambo.

Hagati muri Bibiliya, Yesu yaraje maze aravuga ati: “Umuntu ntazobeshwaho n'umutsima gusa, ariko na buri Jambo,” igihe yageragezwa na Satani. Ubu rero, Imana iriko iratubwira hano mu minsi ya nyuma, yuko “imana y'iyi si izohaguruka mu minsi y'iherezo.” “Kandi uwuzokwongeraKo ijambo na rimwe, canke agakuraKo Ijambo na rimwe, umugabane wiwe uzoca ukugwa muri ca Gitabo c'Ubugingo.” Imana itugirire ikigongwe! Reka twoye kugenda nk'abanyabwibone, twashize ibikiriza imbere, turaritse amazosi, ba ndazi vyose, kuko natwe igihe kimwe twahoze mu kutumvira. Reka kubw'ubuntu, n'imbabazi, hamwe n'igishika dufise mu mitima yacu ku Mana, tuze mu buryo buciye bugufi kuri ya Ntebe y'Ubwami y'ubuntu.

Igitangaje rero, inyuma y'imyaka hafi igihumbi n'amajana icenda y'ivugabutumwa ry'Ubutumwa Bwiza, ubu naho iyo, ni kuvuga imikorere y'isi, ni mibi cane kurusha mu minsi igihe yari, igihe Yari hano. Imikorere y'isi ni mibi birushirije. Isi iriko iragana ku musozo wayo. Ivyo murabizi. Umwami ariko arashitsa Ijambo ryiWe mu mpande zose.

Ivyahishuriwe Yohana 18:4-5,
4 Numva ijwi rindi rivuye mw'ijuru, rivuga, riti Bantu banje, ni muve i we, kugira ngo mwoye gufatanya n'ivyaha vyiwe, mwoye guhabwa ku vyago vyiwe.
5 Kukw'ivyaha vyiwe vyarundanijwe bigashika kw'ijuru, kand' Imana yibutse ukugabitanya kwiwe.

----
Mbega imbūri! Ibi biterera ishengero neza na neza hariya inyuma mu Vyahishuriwe Yohana 3:14, ku Gihe ca Lawodikiya, ukugarariza; abanyedini koko, ariko b'abagarariji. “Wewe, kuko uvuga ngo, 'Turatunze, ntaco dukeneye,' ntumenye yuko ugenda amenya, umworo, impumyi, kandi ntavyo uzi.” Birahuye mu buryo butunganye n'Ivyanditswe vya kino gihe, atari Ivyanditswe vy'igihe ca Daniyeli, atari bimwe vyo mw'izina rya... igihe ca Nowa, ariko muri kino gihe c'iherezo, kibi.

Nimwihweze hano: “Ugenda amenya.” Mureke bino vyinjire neza ibwina. Ndazi kumbure ko ntaza guhuza cane na benshi kuri kino ciyumviro, ariko vyageze y'aho bishobora kuba ibigoye ku Mukristo kuva mu nzu yiwe hanyuma ntace yisanga imbere ya kino gihe kibi, biciye ku bagore batikwiza mu kwambara.

Bagore, ngomba mvuge ibi, kandi nshaka yuko mwumviriza. Kandi bagabo namwe bagore, murashobora ibi kutavyemera, ariko numva ndongowe kubivuga. Mwari muzi yuko, mugore wese yiyambura impuzu ben'uko aba adakwije neza mu mutwe? Murazi ko, aba ari, avyemera canke atavyemera, canke atavyibaza, ari maraya? N'ubwo uwo mugore yoshobora guhagarara adugije ikiganza ciwe imbere y'Imana akarahira yuko atarigera akorwako n'uwundi umugabo n'umwe kiretse umugabo wiwe, kandi ivyo birashobora kuba ari ukuri kw'imvamutima, ariko n'ubwo bir'ukwo aguma ari maraya. Yesu yavuze ati: “Uwitegereza wese umugore akamwipfuza aba yamaze gusambana na we.” Kandi uwo mugore ashobora kuba....

Murabona, ari “amenya”, Bibiliya ivuga iti: “kandi ntavyo azi.” Impwemu imusīga kugira akore ibintu nk'ivyo ni impwemu mbi, y'ubumaraya. Ukwo ari inyuma, umubiri wiwe ugaragara, umubiri wiwe, arashobora kuba atanduye. Ashobora kudakora ubusambanyi na bumwe, kandi yonarahira imbere y'Imana kandi kukaba ari ukuri, yuko atarigera abukora, ariko impwemu yiwe ni impwemu y'ikimaraya. Yarahumishijwe cane n'imana y'ino si y'imideri; gushik'aho yiyambika impuzu z'urushirasoni kandi agasohoka hanze.

----
Umuntu wo hanze ni umubiri uboneka ugenzurwa n'inziranyumviro zitandatu... canke, inziranyumviro zitanu, nakwo. Umuntu w'imbere ni umuntu wa mpwemu agenzurwa n'inziranyumviro zitanu; agatimanama, n'urukundo, n'ibindi. Umuntu wo hanze; kubona, guhonja, gukabakaba, kumoterwa, kwumva. Ariko imbere muri iyo mpwemu hari umushaha, kandi uwo nawo ugenzurwa n'ikintu kimwe, ukwihitiramwo kwawe. Ushobora kwemera ivyo umurwanizi avuga canke ukemera ivyo Imana ivuga. Kandi ico nico gica cerekana ni impwemu ki irimwo. Nimba ari Mpwemu w'Imana, azofungura ibintu vy'Imana, ntazorya ku kintu na kimwe c'isi. Yesu yavuze ati: “Nimwakunda isi n'ivyayo, ni kubera urukundo rw'Imana rutaraninjira muri iki gice c'imbere.” Satani yarabahenze. “Kandi umuntu ntazotungwa n'umutsima gusa, ariko na buri Jambo ryose riva mu kanwa k'Imana.”

Nimwihweze ubu rero, turabona yuko ari “amenya” acafuye kandi ari gusa. 30 Kandi isi isa n'iyiri mu gihe kibi cane kitari bwigere kibaho. Nta gihe na kimwe abagore bîgeze bakora nk'ukwo, nta na rimwe ariko uretse gusa imbere yo guhonywa kwa ya si y'imbere y'umwuzure. Kandi Yesu yarabivuzeko. Turaza kubishikira mu kanya.

Mbega Imana yaratakaje ubugenduzi, canke yaretse ng'uwundi muntu abe ari we agenzure? Ndibaza ikibazo. Inyishu nyayo y'ico kibazo ni, ukwo je ndabibona, hariho impwemu zibiri zirwanyana mw'isi uyu munsi, ziri mu gikorwa. Ubu rero, ntihashobora kubaho izirenga zibiri, abayobozi babiri. Kandi Imwe muri zo ni Mpwemu Yera mu gikorwa; iyindi nayo ni impwemu ya wa mubi, kandi, muri ino minsi yanyuma, iri mu ruhendo.

Izo mpwemu zibiri. Imwe muri zo, ni Mpwemu Yera w'Imana; iyindi nayo, ni impwemu ya wa mubi, iriko ikorera mu ruhendo. Abantu bo kw'isi ubu bariko baragira uguhitamwo kwabo. Mpwemu Yera ari hano ahamagara Umugeni wa Kristo ngw'asohoke. Ariko arabikora mu kwemeza Ijambo ryiWe ryasezeranywe kuri We, kubwa kino gihe, yerekana ko Ari ari Kristo. Nimba urutoke vyitezwe ko runyiganga muri kino gihe, ruzonyiganga. Nimba vyitezwe ko ikirenge kinyiganga muri kino gihe, kizonyiganga. Nimba ijisho ritegerezwa kubona muri kino gihe, rizobona. Murabona?

Mpwemu w'Imana, yakuze gushika ku rugero runengesereye rw'Imana, muri kino gihe tubayemwo ca none. Mpwemu Yera ari hano yemeza Ubutumwa bw'Igihe. Kandi ivyo Mpwemu Yera ariko arabikora, kugira abantu bizeye Imana bazohamagarwe bave mur'urwo rudubi. Impwemu ya wa mubi yanduye nayo iri hano ihamagara ishengero ryayo biciye ku buzimire, nk'uko vyama, biciye mu kugoreka Ijambo ry'Imana kumwe yabígēnza mu ntango. Murabona yuko biriko biragaruka kuri ca gihe c'urutete kandi, uhereye muri Edeni? Ng'ivyo ubugira kandi.

Musome mu... Imana ya kino gihe kibi.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Hanyuma y’ivyo mbona umumarayika wundi, amanuka avuye mw ijuru, afise ubutware buhambaye, isi ibonesherezwa n’ubgiza bgiwe.

Asemerera n’ijwi rirenga, ati Kirakomvomvotse, kirakomvomvotse, Babuloni ca gisagara gihambaye, gicitse ikibanza c’abadayimoni, aharindirwa impwemu zihumanya zose, aharindirwa ibisīga bihumanya vyankwa vyose.

Ivyahishuriwe Yohana 18:1-2



 

Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)
 

Imana Irihisha Yo
Nyene UbwaYo
mu Bwiyoroshi...

(PDF)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

Ingene Wa
Mumarayika
Yangendeye...
(PDF)


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.