Gitabo kidombagijeko udushashara ndwi.

<< prev

next >>

  Udushashara ndwi rukurikirane.

Gitabo c'Ubucunguzi.


William Branham.

Musome mu...
Igihengeri kiri hagati y'Ibihe vy'Ishengero n'Amashashara ndwi.

Naragiye rero ku musozi Canyon, hanyuma nca ndawurira hejuru cane uko nshoboye. Kandi ndi aho, narabajije Umwami ico ivyo vyose vyasobanura. Nari nataye umutwe rwose kandi sinari nzi ico nokora. Maze rero ndiko ndasenga, ikintu kidasanzwe gica kiraza. Ngomba kuvugisha ukuri. Birashika ko noba nari nsinziriye. Ndashobora kuba narajanywe muri mpwemu canke nkaba nariko nderekwa. Ahubwo niyumvira yuko kwari ukwerekwa. Nari nataritse amaboko, mvuga nti: «Mwami, uko kwasirana gusobanura iki, kandi abo bamarayika indwi bari batonze bameze nk'uko piramide yubatswe banteruye bankura kw'isi bagaca banjana mu Buseruko, bo ni bande? Ivyo vyose bisobanura iki?»

Nkiriko ndasenga, haciye haza ikintu, hari ikintu caciye kinkorokera mu kuboko (ndazi ko ivyo bishobora kubatangaza, nimwaba mudatahura ibintu vy'impwemu), ariko hari ikintu cankorokeye mu kuboko; nca ndaraba : yari inkota. Ikirindi cayo cari kigizwe n'ubuyeye bwiza cane ntari bwigere mbona. Ipfundo ry'ikirindi (murazi nk'uko ndavyibaza, ni ryo rikingira ibiganza mu ntambara y'abantu babiri) ryari iry'izahabu; kandi inkota ubwayo ntiyari ndende cane, ariko yari ikarishe nk'urwembe; yaraca ibibatsi nk'ifeza ikuweko inkamba. Cari ikintu ciza ntari bwigere mbona. Ndayifashe, naciye mbona ikwiranye n'ikiganza canje nyene.

Nca ndibaza nti: «Mbega si nziza?» Narayitegereje nca ndiyumvira nti: «Jewe namye ntinya inkota kandi ndanezerejwe nuko ntabaye mu gihe bazikoresha kuko ni imbugita ari imbugita ndayitinya. Nca ndibaza nti: «Iyo noyikoresha iki none?» Maze nkiyifashe mu kuboko, ijwi riza riturutse ahantu hamwe rica rimbarira riti: «Ni ya Nkota ya Wa Mwami!» Nuko ivyo nerekwa bica bigarukira aho.

-----
Gurtyo rero, turibaza gusa ingene ivyo bintu bizogenda, kuko kubera ntize, nkoresha ibigereranyo. Ndaraba nkabona ivyabaye mw'Isezerano rya Kera, iryo ni ikigereranyo canke igitutu c'Isezerano Risha; ukwo ni kwo nshobora kugira iciyumviro c'uko Isezerano Risha rimeze. Ni nkuko ukwinjira kwa Nowa mu bwato imbere yuko imibabaro itangura ari ikigereranyo kuri twebwe. Ariko n'imbere yuko Nowa yinjira mu bwato, Enoki we yaradugijwe imbere yuko hagira ikintu na kimwe gishika. Kandi Loti na we yakuwe i Sodomu imbere yuko ivyago bitangura, imbere yuko harimbuka. Ariko Aburahamu we yagumye ari hanze yavyo. Murabona: ni ikigereranyo.

Ubu tugira dusome imirongo mike ya mbere yo ku gice ca 5:

Mbona igitabo mu kuboko kw'i buryo kw'Ivyagiye kuri ya ntebe, canditse imbere n'inyuma, kidombagijeko udushashara ndwi, tukimatanije tudomyemw'ikimenyetso. Mbona umumarayika w'inkomezi nyinshi asemereza ijwi rirenga, ati Ni nde bibereye kw'azingurura kirya gitabo ngw'amene ibikimatanije? Ntihagira uwo mw'ijuru cank'uwo kw'isi cank'uw'i kuzimu ashobora kuzingurura ico gitabo canke kukiraba (Mbega Igitabo!). Nanje ndizwa cane n'uko hatabonetse ubereye kuzingurura ico gitabo canke kukiraba. (Mbega murabona ukuntu ata wubereye! Nta muntu n'umwe, w'ahantu na hamwe, yabonetse ko abereye kukiraba!). Umwe muri ba bakuru arambarira, ati Nta co urira; eh'Intambwe yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngw'azingurure igitabo, amene ibikimatanije ndwi. Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w'intama ahagaze, asa n'uwishwe, afise amahembe ndwi n'amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z'Imana, zatumwe kwama zija mw'isi yose. Araza, agikura mu kuboko kw'i buryo kw'Ivyagiye kuri ya ntebe.

Duhagarike gusoma Ivyahishuriwe Yohana 5:1-7 akanya gato.

Ico Gitabo kimatanishijwe udushashara ndwi gihishurwa mu gihe c'imituragaro indwi yo mu Vyahishuriwe Yohana 10.

-----
Gurtyo rero, ibanga ry'Igitabo kimatanishijwe udushashara incuro indwi, rizohishurwa igihe ijwi ry'umumarayika w'igihe c'indwi c'Ishengero rizokwumvikana. Umumarayika w'indwi atanguye kuvuza inzamba none ehe ubutumwa bwaranditswe buri aho, tubufise mu buryo bw'amabande n'udutabo. Gurtyo, ubutumwa butanguye kuvugwa, ibanga ry'Imana ritegerezwa guca riherahezwa muri ico gihe nyene. Ariko nitumenye ko Igitabo c'Ibanga ry'Imana kidahishurwa imbere yuko ubutumwa bw'umumarayika w'indwi buvugwa. Gurtyo, ivyo bintu bizoba ari nkenerwa mu bimatanije Igitabo, ndabizi neza, kuko vyose, kugeza no ku gahimba gatoya, bitegerezwa gufatanirizwa hamwe. Vyanditswe mu buryo bw'ibanga kuko ata muntu n'umwe abizi, aho yoba ari hose, atari Imana yonyene, Yesu Kristo.

Ni Igitabo, Igitabo c'Ibanga. Ni Igitabo c'Ubucunguzi (turaja kubibona mu kanya). Turazi rero ko ico Gitabo c'Ubucunguzi kitazotahurwa cose, carasesanguwe mu bihe bitandatu vy'Ishengero vyagiye bikurikirana, ariko kw'iherezo, umumarayika w'indwi atanguye kumenyekanisha ibanga ryiwe, aca yegeraniriza hamwe ibintu vyose vyarekewe ku ruhande abo bantu bari barasesanguye n'amabanga amanuka ava ku Mana nk'Ijambo ry'Imana, kandi uwo ahishura uguhishura kw'Imana kwose. Aho rero ingorane ijanye n'ivy'ubumana n'iy'ibindi vyose ica itorerwa umuti. Amabanga yose, uruvyaro rw'inzoka n'ibindi vyose bitegerezwa guhishurwa.

-----
Raba ko udushashara ndwi turi ku Gitabo ari two tukimatanije. Ico Gitabo kiramatanijwe rwose. Murabitahura? Ico Gitabo ni Igitabo kimatanishijwe ishashara rwose kugeza aho Ibikimatanije ndwi bizomenagurirwa. Kimatanishijwe udushashara indwi. Ibi biratandukanye na ya mituragaro ndwi. Hariho ibimatanije indwi biri ku Gitabo kandi ivyo Bimatanije ntibizomatanurwa imbere yuko Ubutumwa bw'Umumarayika w'indwi buvugwa. Ni co gituma dupfa kwibaza ivyo ari vyo, ariko uguhishurwa kw'ukuri kw'Imana kuzotunganywa muri ukwo kuvugwa kw'Ukuri kuzoba kwemejwe. Ico ni co Ijambo rivuga koko. Amabanga azoherahezwa muri ico gihe. Ico gitabo kimatanijwe incuro indwi, muravyibuka, ku 9 gice ca 5 c'Ivyahishuriwe Yohana cari kizinzwe; none ku Gice ca 10 kiruguruye.

Ubu tugira turabe ico Ijambo rivuga ku kuntu cuguruwe. Ibikirimwo ntivyahishuwe imbere yuko wa Mwagazi w'Intama afata ico Gitabo, akamena ibikimatanije agaca acugurura. Umwagazi w'Intama ni We ategerezwa kwakira Igitabo: ni Iciwe. Nimwibuke ko ata muntu n'umwe wo mw'Ijuru, canke wo kw'isi, yaba papa, musenyeri mukuru, karidinari, umugenduzi mukuru canke uwo ari we wese yashoboye kumena ibimatanije ico gitabo, canke ngo agihishure; Umwagazi w'Intama wenyene ni We abishoboye. Kandi twari twaraseranguye, turabivuga uko twiyumvira, twaratsitaye turatangara, ni co gituma turi mu madidane nk'aya mubona. Ariko turafise isezerano riva ku Mana ry'uko Igitabo c'Ubucunguzi kizokwuguruka neza cuguruwe n'Umwagazi kandi ko n'ibikimatanije bizomatanurwa na We mu misi ya nyuma, ari na yo misi turimwo ubu; ntibizomenyekana imbere yuko uwo Mwagazi w'Intama afata Igitabo akamena ibikimatanije. Kuko nimwibuke ko, ico Gitabo cari mu maboko y'Iyari Ivyagiye kuri ya Ntebe. Maze wa Mwagazi aca aregera Iyivyagiye kuri ya Ntebe yakira ico Gitabo agikura mu kuboko kwayo kw'i buryo. YAKIRA ico gitabo.

Oo, mbega ukuntu bikomeye! Tuzogerageza kubisobanura ni twabishobozwa n'imfashanyo ya Mpwemu Yera. Kuko ari We duhanga amaso. Kandi tuzoteba tubone ko ari ivy'igihe c'iherezo, mu gihe ata gihe kigisigaye. Nta dini na rimwe ryemerewe gusobanura ico Gitabo. Nta muntu n'umwe yemerewe kugisobanura. Umwagazi w'Intama ni We avuga Amajambo yaco, kandi Uwo Mwagazi w'Intama atuma Ijambo rimenyekana mu kuryemeza no mu kuriha Ubuzima. Ni ukuri! Murabibona? Uko ni ko bimeze nyene.

-----
Ivyagezwe n'Imana vyasaba ko habaho igisubirizi kitagira icaha, none uwutagira icaha yari nde? Umuntu wese yari yavutse biciye ku gitsina. Uwo ari we wese. Kandi umwe gusa atari yabayeho biciye ku gitsina yari yatakaje uburenganzira yari afise ku Bugingo buhoraho n'ubwo umwana aganza isi. Oh, ese iyo nibajije kuri uyu murongo, ngo: «Kuko waducunguye ngo tube ab'Imana kandi tuzoganza, tuzoba abami n'abaherezi kw'isi»! Mbega Umucunguzi w'igitangaza! Oh, mbega inkuru nziza twoshobora kuvuga! Ivyagezwe vyasaba ko hobaho Umuvyeyi mucunguzi ashobora gucungura ivyari vyaratakaye. Ubuntu bwaciye bukwiza ibisabwa muri Yesu Kristo. Hategerezwa kuvuka Umuvyeyi wa hafi mu bwoko bw'umuntu.

None ivyo vyari gushobora kuba gute, ko umuntu wese yavutse yategerezwa kuvyarwa n'umugore? Uwudashobora kubona ko aho habaye uguhuza ibitsina ni impumyi ikwiye kuko umuntu wese yaje mw'isi yavyawe n'umugore! Kandi Imana na Yo yasaba ko habaho Umuvyeyi wa hafi mu buryo bw'umucunguzi na we akaba yategerezwa kuba umuntu. Oh, bene Data! Mwari kugira gute? Ivyagezwe vyasaba ko habaho Umuvyeyi Mucunguzi.

Ntiyari gufata umumarayika kuko yategerezwa kuba umuntu; twebwe twamuka kuri umwe. Abamarayika bo, ntibigeze bagwa. Ni ibiremwa biremwe ukundi. Bafise imibiri itandukanye n'iyi. Ntibigeze bakora icaha, batandukanye natwe. Ariko icagezwe casaba ko habaho Umuvyeyi Mucunguzi. Yamara umuntu wese ari kw'isi yavyawe biciye mu buryo bwo guhuza ibitsina. Ntimubona aho icaha cavuye? Aho ni ho catanguriye. Murabonye rero aho ivyo biherereye? Aho ni ho uruvyaro rw'inzoka rwatanguriye.

Nimumenye ibi: vyasaba ko habaho Umuvyeyi Mucunguzi; kandi uwo mucunguzi, umuvyeyi Mucunguzi ategerezwa kuvuka ku kiremwa muntu. Aha ni ho duhagarariye! Ariko nimundeke ndabavugirize inzamba: Ukuvuka ku nkumi ni kwo kwatumye habaho ivyari vyarasabwe Amen! Ukuvuka ku nkumi ni kwo kwatumye habaho Umuvyeyi Mucunguzi wacu na we si uwundi atari Imana ishobora vyose yabaye Imanweli. Imanweli yabaye Umuvyeyi Mucunguzi. Murabona ukuntu Imana yubahiriza ivyo isaba n'ukuntu ata kintu na kimwe twoshobora kwikorera twenyene. Ariko ubuntu buca buhaseruka, maze icagezwe kigaca gitwikirwa n'igitutu cabwo bugaca bwama imbuto. Amen!

-----
Igitabo ca Rusi kiratwereka ishusho y'ivyo bintu uko imeze; ukuntu Elimeleki na Nawomi, ivyabo vyari vyarabahezeko. (Mwese ndibaza ko mwanyumvise ndiko ndavyigishako? Aboba baravyumvise ndiko ndavyigisha nibatarike ukuboko; ni uko! Aho rero muratahura). Vyari bikwiye ko Bowazi aba umucunguzi; ni We wenyene yari ashoboye kubikora; yategerezwa kuba umuvyeyi, umuvyeyi wo hafi, kandi acunguye Nawomi yaciye aronka na Rusi. Uko niko Yesu yari ari. Bowazi yari ikigereranyo ca Kristo; igihe Kristo yacungura Isirayeli, yaciye aronka Umugeni wo mu mahanga, murabona? Oh, mbega ukuntu ari vyiza! Ivyo turabifise kw'ikaseti, ndabizi neza, ni mwaba mushaka kwumva ivyo bintu.

-----
Ubuntu bwazanye Yesu Kristo bwite! Imana yarasanzuruye ihema ryayo. Yaje ava ku Mana kugira ngo abe umuntu. Yahinduye inkomoko y'Ubushobozi bwiwe bwose kugira ngo abe umuntu, kugira ngo yambare ishusho y'umuntu, kugira ngo aze ashobore gupfa, kugira ngo acungure umuntu. Nimurindire kugeza aho tuzobibonera, tukabona ko ata wundi muntu n'umwe abereye.

Neza cane. Muri Bibiliya (mu Gitabo ca Rusi, nk'uko mwabisomye) hariho umuntu yitwa umu “goweli”. Umu goweli yari umuntu yaba ashobora gukwiza ibisabwa. Uwo yategerezwa kuba ashoboye kubikora, yategerezwa kwemera kubikora, yategerezwa kuba umuvyeyi, umuvyeyi wa hafi kugira ngo ashobore kubikora. Kandi Imana na Yo, Umuremyi w'impwemu, yabaye Umuvyeyi wacu ca gihe yahinduka umuntu kugira ngo ashobore kwikorera ivyaha vyacu, abirihire ace aducungura kugira ngo adusubize ku Mana. Ni ivyo. Uwo ni We Mucunguzi. Ubu rero Kristo yaraducunguye. Ubu twaracunguwe ariko ntarakomoza itunga ryiwe. Murashobora kuba mutavyemera, ariko nimurindire umunota umwe maze murabe.

Ntararikomoza. Igihe yakira ico Gitabo c'Ubucunguzi, ivyo Adamu yari afise vyose akaba yari yarabitakaje, Kristo yarabigarukanye kuri We kubwo gucungura. Yaramaze kuducungura rero ariko ntaratwegukira. Ntiyobishobora imbere yuko igihe cashinzwe gishika; ni ho hazoca haza izuka; isi izosubira kuba nsha maze azoca ayegukira, azokwegukira itunga yaronse igihe yaducungura. Ariko azobikora mu gihe cashinzwe. Oo, bene Data! Ivyo ni ko bivugwa muri ca Gitabo kidombagijeko udushashara ndwi tukimatanije, ari na co tugira tuvugeko ubu. Vyose biragaragara muri ico Gitabo c'Ubucunguzi. Ivyo Kristo azokora vyose kw'iherezo tuzobihishurirwa muri ino yinga muri ibi ndwi bimatanije ca Gitabo, Imana niyaba igomba kubiduha. Ni uko.

Musome mu...
Igihengeri kiri hagati y'Ibihe vy'Ishengero n'Amashashara ndwi.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’ umuriro.

Yar’ afise mu minwe agatabo kazinguruye, ashinga ikirenge c’i buryo ku kiyaga, ic’i bumoso agishinga i musozi.

Asemerera n'ijwi rirenga, nk'ukw'intambwe yivuga: asemereye, imituragaro ndwi ituragara amajwi yayo.

Kand' imituragaro ndwi imaze kuvuga, nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuyemw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw'ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.

Ivyahishuriwe Yohana 10:1-4


Ico Gitabo
kimatanishijwe
udushashara ndwi
gihishurwa mu gihe
c'imituragaro indwi
yo mu Vyahishuriwe
Yohana 10.


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet

(PDF Icongereza)

Chapter 14
- Sabino Canyon

(PDF Icongereza)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)