Gitabu c'Ivyahishuriwe Yohana.


  Ivyahishuriwe Yohana rukurikirane.

Ivyahishuriwe Yohana.


William Branham.

Musome mu...
Ukwihishura Kwa Yesu Kristo.

Ivyahishuriwe Yohana 1:1-3,
1 Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo Yahawe n'Imana ngo Yereke abagurano biWe ibigira bibeho vuba, Agatuma umumarayika wiWe akabimenyesha umugurano wiWe Yohana,
2 yashingiye intahe ivyo yabonye vyose, ni vyo Jambo ry'Imana, no gushinga intahe kwa Yesu Kristo.
3 Hahirwa usoma, hahirwa n'abumva Amajambo y'uku kuvugishwa n'Imana, bakitondera Ivyanditswe muri yo: kukw'igihe kiri hafi.

Umwanditsi (atari nyene co) wa kino gitabu ni Umweranda Yohana w'Imana. Abanyakahise barahuriza hamwe yuko igice ca nyuma c'ubuzima bwiwe yakibayeho muri Efeso; n'ubwo igihe yandika iki gitabu yari kw'izinga rya Patimo. Si inkuru y'ubuzima bwa Yohana; ariko ni ukwihishura kwa Yesu Kristo mu Bihe vy'Ishengero vya kazoza. Mu murongo wa 3 vyitwa ubuvugishwa kandi ukwo niko biri koko.

Iki gitabu gikunze kwitwa impishuro ya Yohana; ariko iryo ni ikosa. Ni ukwihishura kwa Yesu Kristo yahawe Yohana kubw'Abakristo b'Ibihe vyose. Nico gitabu conyene muri Bibiliya yose canditswe na Yesu Kristo ubwiwe, biciye mu kwiyereka We nyene umwanditsi.

Nico gitabu ca nyuma ca Bibiliya; n'ubwo bir'ukwo kivuga intango n'iherezo vy'ubugabuzi bw'Ubutumwa Bwiza.

Ijambo ry'ikigiriki rivuga impishuro ni “apocalypse” risigura “gushira ahabona”. Ukwo gushira ahabona kwerekanwa neza mu karorero k'umuhinga afukura igikorwa ciwe c'igishushanyo, akagishira ahabona. Ni ugufukura, guhishura icari kinyegejwe imbere y'aho. Ubu rero uku kwifukura si ukwihishura kw'Umuperesona wa Kristo gusa, ariko kandi ni IMPISHURO Y'IBIKORWA VYIWE VYO MURI KAZOZA MU BIHE NDWI VY'ISHENGERO BIGIYE KUZA. Akamaro k'impishuro ya Mpwemu ku wizera nyakuri ntawokwigera aheza kugashimikirako. Impishuro isigura vyinshi kuri mwebwe kumbure kurusha ukwo mubizi. Ubu rero sindiko mvuga kino gitabu c'Ivyahishuwe na mwebwe. Ndiko ndavuga impishuro YOSE. Ni iya nkenerwa cane kw'Ishengero. Muribuka muri Matayo 16 aho Yesu Yabajije abigishwa biWe iki kibazo ngo:

Matayo 16:13-18,
Abantu bagira ng' Umwana w'Umuntu Ndi Nde?
Nabo bati Bamwe bagira ng' Uri Yohana Umubatizi, abandi ng' Uri Eliya, abandi ng'Uri Yeremiya cank' umwe mu bavugishwa n'Imana.
Arababaza, at' Ariko mweho, mugira ngo Ndi Nde?
Simoni Petero aramwishura, at' Uri Kristo, Umwana w'Imana nzima.
Yesu Aramubwira, ati Ur' umuhirwe, Simoni mwene Yona, kukw'ata w'inyama n'amaraso yabiguhishuriye, ariko ni Data Wo mw'Ijuru. Nanje Ndakubwira yuk' uri Petero, kandi kur'urwo rutare Nzokwubakakw'Ishengero ryaNje, kand' amarembo y'i kuzimu ntazorishobora.“

Abakatolika b'i Roma bavuga yuko Ishengero ryubatse kuri Petero. Ivyo ni ivy'umubiri gusa-gusa. Ni gute Imana Yari gushobora kwubaka Ishengero ku muntu adashikamye namba ku buryo yǐhakanye Umwami Yesu, akanavumagura igihe yariko arabikora? Imana ntishobora kwubaka Ishengero ryaYo ku muntu uwo ari we wese yavukiye mu caha. Kandi nticari igitandara kanaka cari kirambitse hariya nk'aho umengo Imana Yari Yejeje ubutaka bw'aho hantu. Kandi si nk'uko Abaporoti babivuga, yuko Ishengero ryubatse kuri Yesu. Kwari UGUHISHURIRWA. Ni mubisome nk'uko vyanditswe: “Inyama n'amaraso sivyo VYAGUHISHURIYE ivyo, ARIKO DATA NI WE YABIGUHISHURIYE, kandi KUR'URWO RUTARE (UGUHISHURIRWA) NZOKWUBAKAKO ISHENGERO RYANJE.” Ishengero ryubatse ku Guhishurirwa, kuri “Niko Uhoraho Agize.”

Ni gute Abeli yamenye ico gukora kugira ngo ashikanire Imana ikimazi kibereye? Biciye ku kwizera yaronse impishuro y'amaraso. Kayini we ntiyaronse impishuro nk'iyo (n'ubwo yari afise icagezwe) kubw'ivyo ntiyari ashoboye gutanga ikimazi kibereye. Ni impishuro ivuye ku Mana ni yo yashizeho itandukaniro maze iha Abeli Ubugingo Budashira. Ubu rero murashobora gufata ico umwungere avuga, canke ico iseminari yigisha, kandi naho mwoshobobora kuba mwaravyigishijwe mu buryo bw'amajambo y'ubwenge, Imana Itabanje kuguhishurira yuko Yesu ari We Kristo, kandi yuko ari amaraso akweza, kandi yuko Imana ari Yo Mukiza wawe, ntuzigera uronka Ubugingo Budashira. Impishuro ya Mpwemu ni yo ibikora.

Rero navuze yuko kino Gitabu c'Ivyahishuriwe Yohana ari impishuro ya Yesu n'ico ariko arakora mu Mashengero kubw'ivyo Bihe Ndwi. Ni impishuro kuko abigishwa, ubwabo, ntibǎri bazi uku kuri kwǎri kwanditswe. Ntikwǎri kwarabanje guhishurwa kuri bo. Muribuka yuko bǎje kuri Yesu mu Gitabu c'Ivyakozwe bakamubaza bati: “Mwami iki gihe niho ugira ugarukane ingoma y'Abisirayeli?” Aca avuga ati: “Si ivyanyu kumenya iminsi canke ibihe.” Abo bagabo bǎri bacibaza ko Yesu ubwami bwiwe ari ubwo kw'isi. Ariko bwari ubwami bwo mu buryo bwa mpwemu yari wgiye kwubaka. Naho atari ashoboye kubabwira ibijanye n'ikibanza ciwe muri bwo, kuko Data atǎri yarabimuhishuriye.

Ariko ubu inyuma y'urupfu n'izuka vyiwe, kandi muri kino gihe c'umwihariko ari mu gikorwa ciwe c'ubuhuza, Arashobora kwerekana hano mur'uku kwihishura kwiwe ubwiWe kuri Yohana ico ubwiza no kubaho vyiWe mw'Ishengero vyosiguye bikongera bigakora.

Mur'ino mpishuro Aratubwira iherezo rya wa murwanizi iryo ari ryo. Aratubwira ingene Azogenza umurwanizi Akamuta muri ca kiyaga caka umuriro. Arahishura iherezo ry'abanyakibi bakurikira Satani. Kandi ivyo Satani avyanka urunuka.

Mbega muramaze kwitegereza ukuntu Satani yanka ibitabu bibiri vya Bibiliya cane kurusha ibindi vyose? Aciye ku banyatewolojiya bigenga n'abiyita abashakashatsi yama na ntaryo ariko ararwanya igihe cose Igitabu c'Itanguriro n'Igitabu c'Ivyahishuriwe Yohana. Mur'ibi bitabu vyompi turasangamwo inkomoko ya Satani, inzira ziwe mbi z'ubuyobe be n'ugukomvomvoka kwiwe. Nico gituma abirwanya. Aranka gushirwa ahabona, kandi mur'ivyo bitabu navyo arashirwa ahagaragara ku co ari neza na neza. Yesu Yavuze kuri Satani Ati: “Muri Jewe ntaco ahafise, naje ntaco mfise muri we.” Umurwanizi yipfuza kwerekana ibinyuranye n'ivyo; ariko ntavyo ashobora, kubw'ivyo akora ukwo ashoboye kwose kugira ngo akureho icizere mw'Ijambo. Ariko iyo Ishengero riretse kwizera Satani maze rikizera impishuro ya Mpwemu y'Ijambo, amarembo y'i kuzimu ntashobora kurinesha.

Reka nshiremwo akajambo kamwe hano kavuye mu gikorwa c'ibango ryanje bwite, nimba ata kibazo bibateye. Mwese murazi yuko iyi ngabire ikora mu buzima bwanje ari indengakamere. Ni ingabire biciye kuri yo Mpwemu Yera ashobora gushira ahabona indwara, n'ivyiyumviro vy'imitima y'abantu, n'ibindi bintu vyihishije ivyo ari Imana Yonyene Yoshobora kumenya maze Igaheza Ikabimpishurira. Ese iyaba mwoshoboye guhagararana nanje maze mukaraba ukuntu mu maso h'abantu hamera iyo Satani amenye yuko agira ashirwe ahabona. Aho, si abantu ndiko ndavuga. Ni uko Satani aba yarifatiye ubuzima bwabo biciye ku caha, ukuba sindabibazwa, n'indwara. Hamwe rero mubonye mu maso habo! Satani aba azi ko agira ashirwe ku mugaragaro, ukaza ubona mu maso h'abantu harahindutse mu buryo butangaje. Satani aba yatekewe n'ubwoba. Aramenya yuko Mpwemu w'Imana ari hafi kwereka abantu ibikorwa vyiwe. Nico gituma yanka urunuka bino bikorane. Iyo amazina avuzwe indwara zigahishurwa, ivyo Satani aravyanka. None ibi ni ibiki? Si ugusoma ivyiyumviro, si ugusomera ivyiyumviro kure, si n'amareba. Ni IMPISHURO ica kuri Mpwemu Yera. Ni bwo buryo bwonyene nshobora kubimenya. Nta nkeka koko yuko ivyiyumviro vy'umubiri bizovyita ico ari co cose havuyemwo Mpwemu Yera.

Hinge ndabereke iyindi mpamvu ituma Satani yanka iki Gitabu c'Ukwihishura kwa Yesu Kristo mw'Ishengero. Arazi yuko Yesu Kristo ari Wa Wundi nyene ejo hahise, uyu munsi, n'Ibihe Vyose, kandi ko Adahinduka. We ivyo arabizi cane rwose kurusha ukwo ibice mirongo icenda kw'ijana vy'abanyatewolojiya babizi. Arazi yuko bivanye n'uko Imana Idahinduka muri kamere kaYo, ko rero Itanahinduka no mu nzira zaYo. Gurtyo Satani arazi ata nkeka yuko rya Shengero ryo ku nkomoko kuri Pentekote rifise ububasha bw'Imana (Mariko 16 mu gikorwa) ari ryo Shengero ry'Ukuri Yesu Yita iryiWe. Ayandi yose n'ay'ikinyoma. Bitegerezwa kuba uko.

Ubu rero ni mwibuke ibi. Kristo mw'Ishengero ry'Ukuri ni ibandanya ry'Igitabu c'Ivyakozwe. Ariko Igitabu c'Ivyahishuriwe Yohana cerekana ingene impwemu ya anti-Kristo yoje mw'Ishengero ikarihumanya, ikarigira akazuyazi, irisanzwe kandi ritagira ubushobozi. Gishira ahabona Satani, mu guhishura ibikorwa vyiwe (vyo kugerageza guhonya abantu b'Imana no gutitura Ijambo ry'Imana) bibandanya gushika igihe azotererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ivyo arabirwanya. Ntashobora kuvyihanganira. Arazi yuko ari hamwe abantu baramutse baronse IMPISHURO NYAKURI y'ISHENGERO NYAKURI n'ico riri, ico rihagarariye kandi yuko RISHOBORA GUKORA IBIKORWA BIHAMBAYE CANE, rizoca riba ingabo zitaneshwa. Hamwe boronka impishuro y'ukuri ya za mpwemu zibiri ziri mu gisata c'Ishengero Rukristo, kandi biciye kuri Mpwemu w'Imana bagatahura bakongera bagahangana n'impwemu ya anti-Kristo, Satani azoca ahinduka goyigoyi imbere yaryo. Azotsindwa bidasubirwamwo muri kino Gihe nk'igihe Kristo yahangana na buri kigoro kiwe ko kugerageza kuMugirako ububasha hariya mu bugaragwa. Egome, Satani aranka impishuro. Ariko twebwe turayikunda. Dúfise impishuro y'ukuri mu buzima bwacu, amarembo y'i kuzimu ntashobora kutunesha, ariko twebwe tuzoyanesha.

Muribuka yuko navuze mu ntango ya buno butumwa yuko kino Gitabu turiko turiga ari impishuro nyezina ya Yesu, ubwiwe, mw'Ishengero be n'igikorwa ciwe mu Bihe bizoza. Hanyuma navuze yuko bisaba ko Mpwemu Yera aduha impishuro atar'ukwo naho duca tunanirwa kuyironka. Mushize hamwe ibi vyiyumviro bibiri muca mubona yuko bidasaba gusa icigwa n'ukurimbura bisanzwe kugira ngo bitume iki Gitabu kiba c'ukuri. Bizosaba igikorwa ca Mpwemu Yera. Ivyo bisobanura yuko kino Gitabu kidashobora guhishurirwa uwo ari we wese kiretse umugwi umwe w'abantu b'umwihariko. Bizosaba umwe afise ubushishozi bw'ubuvugishwa. Bizosaba ubushobozi bwo kwumva ic'Imana Ivuga. Bizosaba inyigisho z'indengakamere, atari gusa umunyeshure agereranya umurongo n'uwundi, n'ubwo ivyo ari vyiza. Ariko ibanga risaba inyigisho ya Mpwemu atar'ukwo ntiryigera ritōmōka. Ese ukuntu dukeneye kwumva ibivuye ku Mana no kwiyugurura no kwishikanira Mpwemu kugira ngo twumve kandi dutahure.

Nk'uko namaze kubivuga, iki Gitabu (Ivyahishuriwe Yohana) ni ishitswa ry'Ivyanditswe. Canashizwe ndetse neza na neza ahantu habereye mu bitabu vyo mu Vyanditswe; ku mpera. Ubu rero murashobora kumenya igituma kivuga yuko uwugisoma wese canke mbere n'uwucumva ahezagiwe. Impishuro y'Imana ni yo izoguha ububasha kuri wa murwanizi. Kandi murashobora kubona igituma abokwongeyeko bose canke bagakurako kuri co bovumwe. Vyotegerejwe kuba ukwo, kuko mbega ninde yoshobora kwongerako canke gukurako ku mpishuro itunganye y'Imama ngo aheze atsinde umwansi? Ni ibintu vyoroshe nk'ivyo. Nta kindi kintu gifise inkomezi zo kunesha nk'izo nk'impishuro y'Ijambo. Murabona, mu murongo wa 3 haravugwa umuhezagiro kur'abo bitondera neza iki Gitabu. Ndibaza yuko ibi vyisunga umugenzo wo mw'Isezerano rya Kera aho abahezi basomera Ijambo ikoraniro mu gatondo. Murabona, abenshi ntibǎri bashoboye gusoma, kubw'ivyo abaherezi bǎtegerezwa kubasomera. Igihe cose ryǎba ari Ijambo, imihezagire yaba ir'aho. Ntaco vyǎba bitwaye nimba ryǎba risomwe canke ryumviswe.

“Igihe kiri hafi.” Ubwa mbere igihe nticǎri hafi. Mu bwenge n'integuro vy'Imana iyi mpishuro ihambaye (n'ubwo yari izwi n'Imana mu buryo bunengesereye) ntiyari gushobora kuza imbere ya kino Gihe. Kubw'ivyo duca dutahura ubwo nyene ingingo ngenderwako imwe-impishuro y'Imana muri buri Gihe ishobora kuza mur'ico Gihe gusa, no ku mwanya washinzwe. Ni murabe kahise ka Isirayeli. Impishuro y'Imana kuri Mose yaje gusa mu gihe kanaka cashinzwe co muri kahise, eka mbere yaje mu buryo bw'umwihariko igihe abantu bǎriko baririra Imana. Yesu, ubwiWe, Yaje mu kunengesera kw'Igihe, We yari Impishuro inengesereye y'Ubumana. Kandi muri kino Gihe (ca Lawodikiya) impishuro y'Imana izoza mu gihe cayo kibereye. Ntizotebagana, canke ngo ize hataragera. Ni muvyibazeko kandi mubifate nkama, kuko turi mu gihe c'iherezo uyu munsi.

Musome mu...
Ukwihishura Kwa Yesu Kristo.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.


Gitabu c'Ivyahishuriwe.
Ibandanya ry'rukurikirane.


  Ko Bibiliya ivuga...

Indimiro zinyoye imvura yaziguyeko kenshi, iyo zimezemw’ ibirimwa bikwiye abazirimiwe, zironka umugisha w’Imana.

Arikw iyo zimezemw’ imikere n’ibitovu, ziba zisivye, ziba zishigaje gatoya zikavumwa, iherezo ryazo n’uguturirwa.

Abaheburayo 6:7-8


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

(PDF)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)