Izamurwa.
<< ivyahise
igikurikira >>
Ijambo ry'Uhoraho riza ku muvugishwa.
William Branham.Musome mu... Izamurwa.
Zaburi 27:4-5,
4 Ico nsaba Uhoraho nikimwe, ni co nzohora nitwaririka: N'ukuba mu ngoro y'Uhoraho imisi yose y'ubugingo bwanje, Nkaraba ubwiza bw'Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.
5 Kuko ku musiw'amagorwa azonzigama akampisha mw ihema ryiwe, Mu bwigobeko bwo mw ihema ryiwe ni ho azompisha; Azonshira hejuru, ampagarike ku gitandara.Rero, Imana Irafiseukwo Ikora ibintu. Kandi ntiYigera Ihindura ingingo ngenderwako zaYo. NtiYigeraIhindura ingi... N'Imana Idahinduka. Muri Amos 3:7, Yavuze ko ataco Izokora kw'isi Itabanje kugihishurira abakozi baYo abavugishwa. Kandi nk'ukoYabisezeranye, ata nkeka Izobikora.
Ubu rero, twabonyeibihe vy'ishengero. Ariko twasezeraniwe mu misi y'iherezo, twisunze Malaki 4, ko hobayeho ukugaruka ubugira kandi, umuvugishwa mu gihugu. Nivyo. Mwihwezekamere yiwe, uko yobaye ameze. Yama ari... Imana Ikoreshaiyo mpwemu incuro zitanu: rimwe muri Eliya; muri Elisa; muri Yohana umubatizi;mu guhamagarira Ishengero gusohoka; no kumasigarira y'Abayuda. Incuro zitanu,“ubuntu,” Y-e- [J-e-s-u-s], u-k-w-i-z-e-r-a [Mu congereza f-a-i-t-h -Umus.], kandi n'igitigiri c'ubuntu. Murabona? Neza cane.
N'uko, mwibuke, Ubutumwa bwarasezeranywe. Kandi igihe aya mabanga yose yobaye yarasobanganijwen'akagwi k'abarongozi b'amadini, bizosaba u -umuvugishwa avuye ku Mana bukwi nabukwi abihishura. Kandi ivyo nivyo Yasezeranye gukora neza na neza. Murabona? Rero, mwibuke, “Ijambo ry'Uhoraho riza ku muvugishwa,” ntiriza kumunyatewolojiya. Umumvugishwa, n' ikiyo kigaragaza Ijambo ry'Imana. Ntaco ashobora kuvuga;ntashobora kuvuga ivyiyumviro vyiwe bwite. Ashobora kuvuga ivyo Imana Ihishuyegusa. Wanashaka no ku muvugishwa Balamu igihe yagerageza kugurwa, kugurishauburenganzira bwiwe, yagize ati “Vyogenda gute ngo umuvugishwa uwo ari we weseavuge ikindi atari ico Imana Ishize mukanwa kiwe?” N'ikintu Imana Ikora,kuburyo atakindi ushobora kuvuga. Kandi uba ariko wavutse. Ni nk'ukoutoshobora...
Iyaba washoborakuvuga uti “sinshobora kwugurura amaso,” kandi uriko urakanura. Murabona? Ntivyokunda. Ngo ntushobora kugorora ukuboko kwae kandi ubishobora. Murabona?Ntushobora kuba imbwa mugihe uri umuntu. Murabona? Niko waremwe, ntabindi. Kandi ImanaYamye naYone, mu bihe bitandukanye, biciye kuri Yesaya, Yeremiya n'abandi bose,Eliya, mubihe vyarenganye. Igihe umugwi w'abarongozi b'amadini bababadabanganije vyose, Yaca Irungika umuvugishwa, Ikamuhagurutsa atawari amuzi. Akaba ategukira uruhande na rumwe muvyo baba barimwo, maze akavuga IjamboryaYo. Agaca areka kwongera kugaragara, akaba yigiriye, baba ari abagabobumutse bahagarara ku Kuri k'Imana. Kandi igihe cose nico caberekana. Yagizeati “Nihaba muri mwebwe umuntu wa mpwemu canke umuvugishwa...”
N'uko, abavugishwa... Harabaho“ingabire y'ukuvugishwa n'Imana” mw' Ishengero; yamara umuvugishwa abayarategekanijwe mbere kandi yaramaze gushingwaa imbere y'igihe kubw'iyo saha. Murabona? Ego cane. Rero, nimba ubuvugishwa busohotse, hategerezwa kuba babiricanke batatu bicara bakabusuzuma ko ari bwo canke atari bwo, imbere y'ukoishengero ribwakira. Yamara ntamuntuyicara imbere y'umuvugishwa, kuko yaba - yaba ari Ijambo ry'Imana ata nkeka. Yaba ari Ijambo mu gihe ciwe. Umubonye wabona Imana Imugaragariramwo. Rero, Imana Yarasezeranye kumuturungikira ubugira kandi mumisi y'iherezo, ngo akureUmugeni muri ako kajagari k'amadini, mu buryo bumwe bwonyene bushoboka.
Ntibizigerabikorwa; ishengero ntirishobora kwakira Kristo. Twebwe, abapentekoti,ntidushobora kubandanya dutwara ubu Butumwa mu kuntu ishengero rimeze uyu musi.Ni gute tuzoshobora igihe c'inherezo bameze uko bameze uyu musi, mugihe umwewese arwanya mugenziwe, n'ibindi vyose nk'ivyo, kandi bikabera mubarongozib'amadini? Yoo, bireteye akagongwe! N'urudubi. Vyaramaze gucika ivy'amadinigusa. Kandi igihe cose... Ndasavye uwize ivya kahise wese ku -kumpinyuza. Igihecose haje ubutumwa mw'isi, kandi igihe baba babugize idini, bwaca bupfa ubwonyene. Kandi na Pentekoti yakoze kimwe nivyo abandi bose bakoze, abo pentekotiyari yasohotse ivamwo.
Mwebwe, abomw'idini ry'amakoraniro y'Imana, igihe b aba so banyu na ba nyoko basohoka bavamuri ayo madini kera, muri ya nama nkuru ya bose ya kera, barasemerera bagahimbaza Imana, maze bakavuga barwanya ivyo bintu. None muhindukira, “nk'imbwaisubiye ku vy' idashwe, n'ingurube isubiye kwivurunga mu vyondo,” kandi mwakozevyabindi nyene nabo bakoze. Ubu naho muri abanyedini, kurugero rwaho muzibiran'umutima wimbabazi. Utegerezwa kuba ufise ikarata y' umunywanyi kugiraushobore gukorana namwe, nahone bigoranye.
Mwebwe, abanyabumwe, Imana Yarabahaye ubutumwa nk'ubwo, hanyuma aho mwobandanije, maze mukigumiramuciye bugufi mukabandanya muja imbere, vyabaye ngombwa ko mudehukirwamugatunganya umugwi wanyu. None mugeze he mwese? Muri mugatebo kamwe mwese. Ukwon'ukuri.
Mpwemu w'Imana We, Aguma Aja imbere. “Jewe UhorahoNararuteye. Nzoruvomera, ijoro n'umurango. Ngo ntihagire uwu...” Yarashinze koibi bintu vyobayeho, kandi Itegerezwa kurungika Kino.
Ica mbere kiza, igihe Atanguye kuanuka Ava mw'Ijuru, habaho akamo. N'igiki? N'Ubutumwa, bwokwegeraniriza abantu hamwe. Ubutumwa bubanza kuza, ubwambere. Rero, igihe cogutegura amatara, “Ni muvyuke mutegure amatara yanyu.” Hari kumuteramyiwakangahe? Uw'indwi, atari uwa gatandatu. Uw'indwi, “Nguyu Umukwe Araje, nimuvyuke mutegure amatara yanyu.” Baca baravyuka. Bamwe muri bo basangantamavuta na makeyi bafise mumatara yabo. Murabona? Ariko n'igihe co guteguraamatara. N'igihe ca Malaki 4. N'iki Yasez-... Ni Luka 17. Ni -ni Yesa-... Kugira ubwobuvugishwa bwose buje murutonde kubwa kino gihe, muvyanditswe, turabubonabubayeho aho nyene. Nta...
Murabona ibi bintubishika, mweneData nkunda, mushikanje. Igihe, Imana Yo mw' Ijuru Irazi konoshobora gupfira aha kugicaniro ubu nyene. Wa -wari ukwiye gutembera gatoyingaho.Ni... birarenze urugero, iyo ubonye Imana Imanuka Iva mw'Ijuru, Igahagararaimbere y'imigwi y'abantu, Igahagarara aho, Ikidondora nk'uko Yamye Ibigira.Kandi ukwo n'ukuri, n'iyi Bibiliya yuguruye. Murabona? Nivyo. Turi hano. Kandi umukorerew'ikidini warapfuye. Karabaye. Ntuzigera wongera kuvyuka. Uzoturirwa. Nikomugira umuguruka mu murima. Ni muwuhunge. Mwinjire muri Kristo. Ntimuvuge, ngo “Ndi umumetodisiti. Ndi umubatisiti. Ndi umupentekote.” Injira muri Kristo.
Niba uri muri Kristo, nta jambo na rimwe ryanditswe Hanontuheze ngo uryizera. Ntaco bitwaye ico uwundi wese yoba yaravuze. Aho reroImana Ica Igaragaza ico kintu. Kuko, wewe, iyo Isutse Mpwemu kw' Ijambo, hacahaba iki? Ni nko gushira amazi kurundi rubuto rwose. Ruca rumera, kandi rukazokwamank'ukw ubwoko bwarwo buri.
Wovuga uti “Ndafiseumubatizo, Mpwemu Yera.” Ivyo ntibisigura ko wakijijwe, haba na mba. Itegereze hano. Uriikiremwa nyabutatu. Niko uri. Imbere muri uyu muntu muto hano hariyo umushaha, igikurikira n'impwemu, hanyuma n'umubiri. Rero, ufise inzira nyumviro zitanumuri uyu mubiri, kubw'ukugira imigenderanire n'aho ubaye ho kw'isi. Izo nzirantahandi zishika. Ufise inzira nyumviro zitanu z' impwemu ngaha: gukundan'agatima mpembero, n'ibindi, vy'ukwo. Ariko imbere hano niho uba. Ico nicouri.
Yesu ntiYavuze ngo“Imvura irwira ababi n'abeza”? Shira igifashi aho hanze, ushire n'urugano haryahanze, maze ubisukekw amazi, ubishire mw'ifunbire n'ibindi nk'ivyo, mbegantibizobeshwaho n'amazi amwe vyompi? Ata nkeka. None, n'ibiki? Kimwe muri ivyokizama ibifashi, kuko atakindi kiri. Igifashi kizoduza ibiganza gisemerere nezana neza nk' uko urugano rugira.
Mbega Bibiliyantivuga ngo “Mumisi y'iherezo hazoza aba Kristo b'ikinyoma”? Kandi rero, si “baYesu b'ikinyoma”. “Ba Kristo b'ikinyoma,” abasizwe, basizwe vy'ikinyomakubijanye n'Ijambo; basizwe vy'ikidini, si bijanye n'Ijambo.
Kuko, Ijambo RiZishingira intahe. Ntakindi Rikeneye. RiZishingira intahe.
“Kandi hazoza abasizwe b'ikinyoma.” Murafise ibandeyanje kuri ivyo. Kandi uwo wasi-...
Ese igihe wohamagara umwe muri bo,ukavuga uti “yewe, wewe, uri Yesu?”
“yoo, ntana gato.” Ntibovyihanganira.
Arikoiyo ari ukuvuga ngo “yoo, Imana Ihabwe Icubahiro! Ndafise isigwa!” Kandi ribaari isigwa nyaryo. Mwibuke, Kayafa yari arifise, nawene, kandi yaravugishijwe. Nk'uko na Balamu yari arifise, kandi yavugishijwe.Yamara ivyo ntaco bipfana na hano, imbere mumuntu. Kiretse niba urworwari urubutwo rw' Imana, akagera kaYo katoranijwe, kuva muntango, ivyawe bibabiheze. Ntaco bitwaye ukwo wosemerera, ukwo wovuga mu ndimi, ukwo wokwiruka,ukwo wosemerera. Ivyo ntaco bipfana.
Igifashi kirashobora kugira agacironeza na neza nk' abindi bose. Narigeze kubona abapagani bahaguruka, bagasemerera, bakavuga mu ndimi, ba -bagaca banywera amaraso mugahangak'umuntu, hanyuma bakambaza umurwanizi. Murabona? Rero, ntimu... Ivyo vy'ibishikashikan'bindi, ni muvyibagire. N'umutima wawe muri iryo Jambo, kandi niryo Kristo. Ni murishireyo, mazemwirabire ingene Ryimenyekanisha, igihe Riba Ryiyuguruye nk' urundi rubutorwose, maze Rikigaragaza kubw igihe Ririko rirabamwo.Luteri ntakindi yari gushobora kuzana atariakaronge. Abo bandi nabo bari bashoboye kuzana ivyo bindi. Ubu turi mu gihec'urugano. Abo kwa Luteri, b'abaLuteri nyabo bategerezwa kuzana Luteri nyawe. Aba Pentekoti nyabo bategerezwa kuzana Pentekoti nyayo. Ntakindi. Yamara twaramaze kurenga ico gihe, kandi turabandanya.
Ubwo Murazi, koishengero rya Katorika, ryatanguye ari irya Pentekoti? Kandi iyaba ishengerorya Pentekoti ryomaze imyaka ibihumbi bibiri, ryozoba rimeze nabi gusumvya ukoishengero rya Katorika rimeze ubu. Ukwo n'ukuri. Ivyo ndabibwiye beneData nabashikanje, abo nkunda. N'Imana Irabizi. Yamara mwibuke, bagenzi, ko ntegerezw a kuzohurira namwe hakurya ku rubanza. Kandihashobora kutaba kera cane. Ntegerezwa gushingira intahe ivy' ukuri.
Igihe najana namwemu bikorane, ngasengera abarwayi, vyari vyiza. Ariko rero, igihe naza nzanyeUbutumwa! Niba Ubutumwa ubwaribo bwose butanzwe, bukaba ari Ubutumwa bw' ukuri... Niba ari ibitangaza vy'ukuri, nyavyo vy'Imana, mazebikigumira muri iryo dini, mumenye ko bitazoba vyavuye ku Mana, kuko ico kintucaramaze gutangazwa.
Yesu Yaraje Akiza abarwaye, kugira Akwegere amaso yabo, Akwegere abantu, haca hakurikira Ubutumwa bwiWe. Nivyo. Hategerezwa kuba hari ikintu Imana Igira Izane. Igira... Ugukiza kwa kimana, Ibatangaza vyaYo nk'ivyo, birakwegera amaso y'abantu. Ica Nyamukuru cavyo buba ari Ubutumwa. Ni co kiba gihari, ikivuye hano imbere. Iba Iriko Irarondera kwemererwan'abantu, ngo bicare baYumvirize, murabona, kuko harimwo bamwe muri bobateguriwe Ubugingo. Zimwe mu ntete, z'ingano, zaguye kw'isi ryumye, inyonizirazinobagura. Maze izindi zigwa mumahwa. Hama izindi zari, zagiye mw'ivu ryateguwe, ivu ryateguwe imbere y'igihe, maze zirama.
Rero, nico kintu cambere, n'ukuvuza inzamba. Ikintu cambere n'inzamba hamwe n'... nako ijwi... Akamo; hanyuma ijwi; hanyuma inzamba.
Akamo: intwarabutumwa itegura abantu.
Ica kabiri n'ijwi ry' izuka: ryajwi nyene, ryo, ijwirysemereye muri Yohana mweranda 11:38-44, ryahamagaye Lazaro ari mu mva.
Kwegeranya umugeni; hanyuma izuka ry'abapfuye, murabona; ngobateruranwe naRyo. Rero mwihweze ivyo bintu bitatu biba. Igikurikira n'igiki?Yari inzamba. Ijwi... Akamo; ijwi; inzamba.Rero, ica gatatun'inzamba, ikaba, igihe cose, ku Musi mukuru w'Inzamba, yahamarira abantu kuzakumusi mukuru. Uwo nawo azoba ari Amazimano y'Umugeni, Amazimano y'Umwagazi Arikumwe n'Umugeni, mw'irere. Murabona?
Ikintu cambere kizan'Ubutumwa bwiWe, buhamagara bwegeraniriza Umugeni hamwe. Igikurikira n'izukary' Umugeni asinziriye; abapfuye, mubihe bindi vyarenganye, bafatirwa hamwe. Hanyuma inzamba, Umusi mukuru mu majuru, mw' ijuru. Yemwe, ico nico kiba, bagenzi.
Aho nyene nihoturi, twiteguye ubu. Ikintu kimwe gusa, Ishengero ryasohotse, ritegerezwa kwanikirwaimbere y'Umwana [ijabo ry'icongereza 'son' risigura umwa w'umuhungu, rivurwakumwe na 'sun' risigura izuba -Umus.], ngo ryere neza. Ca kimashini gisarura kizoza, mugihe kiri imbere. Uruganoruzoturirwa, ibitumbatumba, yamara intete zizegeranirizwa mukigega wiWe.Musome mu... Izamurwa.