Inyota.

<< ivyahise

igikurikira >>

  Ijambo ry'Ubugingo uruhererekane.


William Branham.

Musome mu... Inyota.

Rero ijambo nshakakwifashisha ku butumwa bwanje bw'uyu mugoroba, ni ijambo rimwe gusa, ryakuwemuri Bibiliya, kandi riri ku murongo wa 2 “inyota”; ijambo Inyota. Narondeye muri kazinduzi, igihe narondera insobanuro y'iryojambo. Nariko nibaza ku butumwa, igihe kanaka, navuzeku Kugira inyota y'Ubugingo. Kandi ibi ndetse, nari nabikuye muri Zaburi, igihe Dawidi yavuga ati “amabwirizwa Yawe”, ndibaza, “afise agaciro cane kuri jewekurusha ubuzima.”
Ku bw'ivyo, nafata kandi nkibaza iri jambo“inyota”, maze igihe narondera muri kazinduzi kugira ngo mbone ico risobanura. None raba ico kazinduzi yitwa Webster ivuga “Ni icifuza giteye kibabaza”, birababaza, iyo wifuje cane ikintu ku buryo bihinduka ikintu kibabaza kuri wewe. Nyamara, si ikintu kidasanzwe, kugira inyota. Inyota ni ikintu gisanzwe. Ni ikintu gusa Imana yaduhaye, kugira ngodushobore, kugira ngo bitange muri twebwe iki - icifuzo ku bw'ikintu kanaka. Rimwe na rimwe, Imana ifise kandi, Yabahaye umunara ucunga, ikintu kiriimbere muri mwebwe, gicunga ivyo vyifuzo bitandukanye. Kandi iyo nyota, uwo munara ucunga uri mu mutima w'umuntu, ni ikintu Imana yamuhaye kugira ngo― kugirango kimwereke ivyifuzo bihishura ikintu akeneye kuri we.

Yamara, hari ubwoko buburi bw'inyota. Hari inyotay'umubiri. Kandi hari inyota ya mpwemu. Ndashaka gusoma ibi, ico Imana yavuze, kandi. Umutimawanje unyotewe Imana, Imana nzima...
Si ikintu c'akahise, cangwa ikintu coba carabayehashize imyaka myinshi, cangwa - cangwa inkuru y'imigani umuntu yoba yaravuze, ahubwo “y'Imana nzima”, Imana ihora ihari. Kandi ni iyo Mana umutima wiwe wari ukeneye, si ikintuc'akahise.

Ni ukuvuga ko, tubona ko Imana ibaha uwo munara ucunga, kugira ngo mubone ku bw'ivyo ibintu mukeneye. Nyamara, umunara ucunga uri murimwebwe, ni wo ubayobora. Kandi iyo nyota ica muri uwo munara ucu-... umunaraucunga, kandi uyu ubasobanurira ico mukeneye, turavuga mu buryo bwa mpwemu. Umunaraucunga w'umubiri n'uw'umutima ndetse. Hari umunara ucunga mu mubiri, ubasobanurira ico umubiri wanyu ukeneye, igikenewe, kandi mwagihishuriwen'inyota. Hari kandi umunara ucunga mu mutima wanyu, ubasobanurira ibintu vyampwemu mukeneye, ikintu kanaka mu mpwemu yanyu, kandi - kandi ni ku bw'ibimushobora kumenya ubwoko bw'ubuzima bubayobora.

Igihe― igihe mushobora kubona ubwoko bw'ivyifuzomufise, ni gutyo, noneho, mushobora kumenya ubwoko bw'ikintu kiri muri mwebwe,kirema ico cifuzo mufise. Murabona, hari ikintu kanaka mukeneye, kandi ni― kandini ku bwa yo mushobora kumenya icifuzo kiri mu mutima wanyu, ku bw'ubwokobw'inyota mufise. Nishimiye ko mushobora kubitahura.

Hari umunara ucunga umutima, kandi hari n'uw'umubiri; buri munara ugira akamaro ko kuburira kugira ngo werekane ibikenewe vy'uwundi. Buri umwe usobanura ico uwuhamagara akeneye, urungikaikimenyetso kiburira. Nk'akarorero, umubiri ufise inyota yo guhazaivyifuzo vy'umubiri, na mpwemu yifuza ibintu biri mu mutima, icifuzo kiri aho, kandi incuro nyinshi bihangana hagati yavyo. Turabona ahari ikibazo gikomeyeuyu munsi, ni uko abantu benshi bagerageza kubaho hagati y'ivyo vyifuzo bibiri. Mu vy'ukuri, kimwe cifuza ibintu vyo kw' isi, mu gihe ikindi cifuza ibintu vy'Ijuru.

Nk'uko Paulo yabivuze, yabisobanuye, mu Baroma 7.21 “Iyo nshatse gukora iciza, ikibi kikaza imbere.” Iyo mugerageje, muramazekubibona, Bakristo? Ni uko, iyo mugerageje gukora ikintu gifise agaciro, mukihatira gukora iciza, rero muzobona wa mubi ari aho, ahantu hose, kugira ngoabateshe umutwe mu bintu vyose mu... Kandi ni ikimenyetso ciza, ibi. Ndashakakuvuga ibi, kugira ngo Abakristo babimenye, kandi igihe cose haba hariimbogamizi, kugira ngo zibateshe umutwe, muce mubikora. Ni wa mubi, aho, ariko agerageza kubabuza gukora iciza.

Rero, incuro nyinshi, mpura n'abantu bashaka gushuhamu mutwe. Iyo babonye ko bagerageza gukora ikintu kanaka maze inzitizi zikazanana impande zose, baca bavugabati “Kumbure ntivyari ubugombe bw'Umwami.” Murabona? Nyamara, ntimuzatume wamubi ababesha gutyo. Mbere nambere, ni ngombwa kubona nimba ari ubushake bw'Imana cangwa atari bwo. Reroubwo, nimba mushaka kumenya nimba ari ubugombe bw'Imana, murabe muri Bibiliya. Ngicoiki― ikizobashira ku murongo neza, ni Ijambo ry'Imana. Rero aho, nimwabona komukora ivyo bijanye n'Ijambo ry'Imana...

Ni nko kurondera umubatizo wa Mpwemu Yera. Incuro nyinshinahuye n'abantu bavuga bati “Neza, nararondeye Mpwemu Yera, kandi sina shoboyeku muronka. Sinizera ko ari ku bwanje. Igihe cose ntanguye ivyo kumurondera, ncandwara. Iyo ntanguye gusenga, nimba nisonzesheje, ndarwara. Iyo ngeragejekumara ijoro ryose, cangwa kuguma ndi maso, ngira itiro ryinshi cane. Sinshoborakwigira imbere.” Mwibuke, ibi, ni wa mubi. Mu vy'ukuri, ni intego y'Imana kouronka Mpwemu Yera. Ni ku muntu wese ashaka.

Incuro nyinshi, muzobona, igihe, mw'ikoraniro, mwakiriyeisengesho ku bwo gukizwa indwara n'Imana, rero, bukeye bwaho, muzobona, atankeka ko wa mubi azakora ibishoboka vyose kugira ngo bibe bibi cane incuro zibirikurusha ejo hashize. Murabona? Mwibuke, ibi, ni Satani muri make agerageza kubajana kurey'umugisha w'Imana ibabikira. Murabona? Ntimuzumvirize uwo muvugwa. Murabona? Mubandanye igihe cose kwiruka mugana ku ntego.

-----
Rero tugiye gufata zimwemuri zo, mu bisanzwe. Mbere na mbere, hari inyota. Dufate, nk'akarorero, inyotay'amazi. Nk'uko Dawidi yabivuze, aha, inyota, “amazi”. Iyo dufise inyota, niuko umubiri ukeneye amazi. Kandi utamaze iyo nyota, urapfa. Uragwa umwumwa, kandi nti― ntubandanya kubaho. Nimba udashobora kuronka amazi ngo wice iyonyota, kugira ngo wice iyo nyota y'umubiri usanzwe, ntutebagana guhwera. Ntuguma uriho igihe kirekire. Urashobora kubaho igihe kirekire ata vyo kurya,kurusha uko wobishobora ata mazi. Mu vy'ukuri, ushobora kwisonzesha iminsimirongo ine (Yesu yarabikoze), ndibaza, ata vyo kurya, ariko ntiwoshoborakumara igihe kirekire ata mazi. Wogira umwumwa, muri make, kandi woca uhwera. Utegerezwa kugira amazi. Kandi ni uko kumva inyota mwumva, maze, ni ukuvuga koumubiri ukeneye ikintu kanaka, kugira ngo kiwufashe kuguma uriho. Umubiri muburyo ntabanduka utegerezwa kugira amazi, kugira ngo ugume uriho. Mugizwe namirongo umunani n'ibindi kw' ijana vy'amazi na peteroli, mu buryo bwose; mutegerezwa kumira ivyo bintu, kugira ngo mugume muriho. Nk'uko nabivuze,nimwafata minenerwe kubikora, murapfa.

Inyota, na yo ni inzogera ikangura. Ni inzogera, uko kumva inyota. Umutima ukoma imbarutsoy'inzogera, ikimenyetso gito kiburira imbere muri mwebwe, kibamenyesha kourupfu ruriko rurazunguruka rufise umugambi mubi, ko nimutaronka amazi vubacane, mutegerezwa gupfa. Kandi ijwi riragenda rigira inkomezi cane, kugeza ahomu nyuma, nimwaguma mwigizayo ico kintu cane, muruhira gupfa, kubera koari inzogera.

-----
Rero, hari icigwa gikomeye twokura kuri ivyo,murabona, Dawidi yavuga aha ati “Nk'uko impongo ihuzagizwa yifuza amazi, ni koumutima wanje uhuzagizwa no kukwifuza Mana.”
Rero, iyo Mpongo, iba izi ko itaronse amazi, ibaipfuye. Muri make ntishobora kuhava ari nzima. Incuro nyinshi vyarambayeko konkurikira inzira zazo, inyuma yuko zimaze gukomereka. Iyo ibonye umugezi, irawujabuka maze ikawunywako amazi, mu nyuma ikaduga ku musozi; ikongera ikagaruka, ikajabuka, ikanywa amazi make, ikongera ikaduga. Ntuzigera uyifata, igihe cose izokurikira uwo mugezi. Ariko igihe ivuye kuriuwo mugezi, aho rero, nitashobora kuronka uwundi mugezi ahantu kanaka, ntimuzoteba kuyifata. Kandi impongo, irabizi, ibi, ni yo mpamvuitegerezwakuguma hafi y'amazi, kugira ngo ishobore kujayo yihuta. Murashoborakwibaza impongo yorarika izuru mu kirere, iri ahantu kanaka hatari amazi?

Aravuga ati “Nk'uko impongoigira inyota, cangwa ihuzagizwa (ari vyo nyota) ishaka amazi, umutima wanjeukugirira inyota, Ô Mana. Nintakubona, Mwami, nzopfa. Sinzo shobora ku bandanya, nintakubona!” Kandi, igihe umugabo cangwa umugore, umuhungu cangwaumukobwa, yumvise ubu bwoko bw'inyota aho ku Mana, azobona ikintu kanaka. Murabona? Ariko,iyo tubandanije gato kugeza muri kimwe ca kabiri “Neza, nzopfukama maze ndabe icoUmwami azokora.” Murabona, mu vy'ukuri nturagira inyota. Ni ngombwa ko bibainyota, ikibazo c'urupfu cangwa Ubugingo, kandi aho hazoba ikintu kanaka.

Impongo, aho, ndetse, iza... Turabona ko ndetse ifise iyindi nyumviro, yo kumoterwa, ishiraho imbarutsoy'imburi muri yo mu gihe umwansi wayo yegereje. Ico gikoko gito, gifise muri coinyumviro iyifasha kwirinda. Kandi ifise imburi ntoya ikangura muri yo, ikintugito, ikoresha izuru igihe umwansi yegereje. Iyo muri mu muyaga ugereranijen'umwansi, iramenya ko muri aho, aho rero ica ihava yihuta. Rimwe na rimwe, kuntera n'iy'imetero majana umunani, irakumoterwa, wewe, cangwa ibingira, cangwaikintu ico ari co cose kibi, maze ikarokoka. Ifise ubushobozi bwo kuvyumva,kubera ko ari ko iremwe. Ni impongo, muri kamere. Kandi iyo nyumviro ifise muriyo, muri make ni imwe mu myumviro Imana yayihaye, kugira ngo iyifashe kugumairiho.

Rero naribajije, narikongereranya impongo n'umuntu afise inyota y'Imana. Imbere yuko umwansi ahagera; hari ikintu mu mwana w'Imana, iyo mwavyawe na Mpwemu w'Imana, mwakiriyeumubatizo wa Mpwemu Yera, hari ikintu kanaka mu muntu gishobora kumva koumwansi ahari. Mufate, nk'akarorero, umuntu, igihe afashe Ivyanditswe, agasomaIvyanditswe, kandi akagerageza kwinjiza kuri uwo murongo w'Ivyanditswe ikintugitandukanye n'Ivyanditswe, umuntu yuzuye Mpwemu Yera ashobora kuvyumva uwo mwanya. Hari ikintu kigabisha. Iyoageze ahantu kanaka, maze, iyo nyumviro nto yihariye cane mufise muri mwebwe,itabara kugira ngo irinde ubuzima bwanyu. Ntimutegerezwa, ntimutegerezwa narimwe kwemera ikintu cose, nimba atari neza cane Ijambo ry'Imana. Mutegerezwaguhagarara mu buryo bushikamye cane kuri iryo Jambo. Kandi, rero, turindwan'iyo nyumviro, igihe turi muri Mpwemu Yera.

-----
Hariho iyindi kamere, ikintu gisanzwe, inyota murimake isanzwe, ni iyo nyota y'umutima. Mwovuga muti “Mwene Data Branham, iyonyota y'umutima, mbega ni ikintu gisanzwe?” Ego, ni ikintu gisanzwe, mu mutima,kugira inyota. Kandi ni Imana, mu vy'ukuri yabikoze gutyo. Ntiyari itegetswekubakora gutyo, ariko ni co Yakoze. Kandi iyo Itaza kubakora gutyo, ku buryomugira inyota, mwogize ivyitwazo muri Sentare y'Urubanza, mukavuga muti “Sinigezena rimwe ngira inyota y'Imana.” Ariko, nta rwitwazo na rumwe mufise, iyo nyotairi muri mwebwe. Muzoyimarira ku kintu kanaka; muzoyimarira kumbure ku mugorewanyu, muzoyimarira kumbure ku muduga wanyu, muzoyimarira kumbure ku kindikintu, muzoja kumbure ku rusengero kugira ngo mugerageze kuyica. Sindwanya kujaku rusengero, ariko gushira inyota ntibiri hariya. Ni ukuronka Imana, Imananzima, Imana yo mw' Ijuru, imbere mu mutima wanyu, kugira ngo muhaze ico cifuzogikomeye n'iyo nyota, ico mwifuza.

Yamara, mu vy'ukuri, Yabaremye mu buryo muyigirirainyota, kuba mw'isangira na Yo. Nyamara, hariho inyota y'umwimerere yogusangira. Rero, turakunda guhura. Ni co dukora uyu mugoroba. Duhurira aha uyumugoroba, kubera ko dukunda gusangira bamwe ku bandi. Kubera iki tubikora?Kubera ko hari ikintu muri twebwe, gituma dushaka guhura. Muri make birasanzwe.Kandi, ubu, dufise ikintu duhuriyeko kidutera inkomezi zo guhurira aha, ni ukotwese dufise inyota y'Imana. Murabona? Kandi rero, duhurira aha mu buryobuhoraho, kubera ico kintu duhuriyeko, kugira ngo dusangire. Muri iri shengero,uyu mugoroba, vyoshoboka ko habaho ivyiyumviro vyinshi vy'idini bitandukanye,n'ibindi vyose; ariko, kuko dufise iyo nyota, dushobora guhura hamwe n'ikintuduhuriyeko hagati yacu, iki kintu: twese dufise inyota. Bamwe bashobora kwizerako ari ngombwa gusukwako utuzi, uwundi ko ari ngombwa kubatizwa (kwibizwa), uwundiko ari ngombwa gusuka amazi, cangwa n'ubundi; ariko ku bijanye n'inyotay'Imana, tuza dufise ikintu duhuriyeko hagati yacu. Kandi Imana yadukoze kuburyo tubigira, ku buryo tugira inyota Yayo kandi tukaba mw'isangira hamwe naYo.

Musome mu... Inyota.


Urubuga rw’amakuru
y’icongereza.

Ivyahishuriwe Yohana.

Imana na Siyansi.
Index. Ivy’ubucukuzi.

Eliya Umuhanuzi.

Inkuru nziza.
Yesu yapfiriye ivyaha
vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 
 

Bicu vyo kw injuru.

Inkingi z’Umuriro.

Izuka uruhererekane.

Rihambaye
ry'Ubutatu.

Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza).

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Ijambo Ry'Ubugingo
uruhererekane.

Noheri
uruhererekane.

Gihe c'iherezo
uruhererekane

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Imana n’Kahise.
uruhererekane.

Abakristo kugenda
uruhererekane.

Ubwato bwa Nowa.

Ivy’ubucukuzi.
Sodomu na Gomora.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Ubutumwa mu Ikirundi.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

   Bibiliya ivuga...

Nk’ukw impongo ihuzagizwa yifuza imigezi, Ni k’umutima wanje uhuzagizwa ukwifuza, Mana.

Umutima wanje ugirira Imana inyota, Imana nzima: Nzoza ryari ngo nseruke mu nyonga z’Imana?

Zaburi 42:1-2



 

Fyonda ku ishusho kugira ngo ubone ishusho yuzuye canke PDF.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

Ukwabirana
n’Ukwahukana

(PDF)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

Ingene Wa
Mumarayika
Yangendeye...
(PDF)


Ubutumwa hub... Hitamwo ururimi rwawe maze gukurura ubutumwa ku buntu buvuye ku muvukanyi Branham.