Ubushobozi bw’Imana bwo Guhindura.
<< ivyahise
igikurikira >>
William Branham.Musome mu...
Ubushobozi bw’Imana bwo Guhindura.Kano kanyamu Gitabu c'Abaroma, igice ca 12, hanyuma umurongo wa 1 n'uwa 2, twifuza gusoma iki Canditswe.
Nuko Bene Data Ndabahanurakubw'imbabazi z'Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimaze bizima vyera, bihimbara Imana, ni ho kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.
Ntimushushanywe n'ivy'iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy'Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.Ubu rero, Umwami abishatse, nshaka gufata umutwe w'icigwa kubwa kino gitondo uvuga ngo: Ubushobozi Bw'Imana Bwo Guhindura.
Ntimushushanywe n'ivy'iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy'Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.Igisomwaca kera kimenyerewe na benshi mu bungere banyu, ico bakunze gukoresha mu mwanyawanyu. Carakoreshejwe kuva candikwa. Ariko yamara, ikintu kimwe kijanyen'Ijambo ry'Imana, ntirisaza, kuko ni Imana. Ntiryigera risaza. Ryaciye hafi murunganwe rwose uko rwagiye rukurikirana, hafi imyaka ibihumbi bibiri n'amajanaumunani, canke iyirenze iyo, iri Jambo ry'Imana ryarasomwe n'abantu, abaherezi, n'abandi benshi, yamara ntiryigera risaza. Nararisomye, jewe ubwanje, kumara myakaigera kuri mirongo itatu n'itanu. Kandi igihe cose iyo ndarisomye, nsangamwoikintu gishasha mba ntabonye hamwe ubwa mbere. Kubera, ryarahumetswe, ni Imana mumero y'inyuguti. Murabona, ni ibiranga Imana bivuga, hanyuma bigashirwa ku mpapuro.
Kenshi,umuntu avuga ngo: “Erega, umuntu ni we yanditse iyi Bibiliya.” Oya. Bibiliyaivuga, ubwayo, yuko Imana ari yo yanditse Bibiliya. Ni Ijambo ry'Imana. Kandi ntirishobora kunanirwa na mba. Yesu yavuze ati: “Ijuru n'isi bizoshira, bizovaho, ariko Amajambo yanje ntazokwigeraananirwa.” Rero ntirishobora kunanirwa, hanyuma ngo ribe Imana, kuko Ryoni iriyigize. Hanyuma nawe kubera uri umuhungu wayo n'umukobwa wayo, uri uwugize iryo Jambo, kandi ivyobikugira igice cayo. Ni na co gituma tuza kugiranira isangira hamwe dukikuje y'Ijambory'Imana.
Rero irijambo guhindura, nararavye muri kazinduzi, ejo hahise. Mu gihe nahatswe kunanirwa kumenya umwanya nategerezwakuba nashitse hano, mu gihe nariko ndarondera igisomwa, nca ndaronka iri jambo, ahubwo iki gisomwa, nako, iki Canditswe. Rero muri kazinduzi havuga ko ari “ikintu cahinduwe.” Gitegerezwa “guhindurwa.” Guhinduka, “kigirwa igitandukanye n'uko cahoze kimeze, cabaye... uko cari kimeze ben'ivyaco vyose biba vyarahinduwe muri co,” guhindura.
Kandi muriiki gitondo ndiko niyumvira mw'Itangiriro 1. Iyi si yari itagira ishusho, kandiyari ubweranyange, kandi umwijima wari kuri yo; nta kindi cari gihari kiretse urudubirunengesereye. Kandi igihe iyi si yari imeze uko, Mpwemu w’Imana yatambatambahejuru y'amazi, maze ishusho yose irahinduka; kuva mu rudubi runengesereye, gushitsa kw'itongo rya Edeni. Ubwo bushobozi bw'Imana buhindura, ubwo burashoboragufata ikintu ata co kimaze hanyuma bukagihinguramwo ikintu c'akaroruhore murico. Ubushobozi bw'Imana buhindura!
Dusomye Ivyanditswe, dutahura yuko Imana yamaze imyaka ibihumbi bitandatu iriko iragutegura iyiEdeni. Aho rero, Ishobora kuba itamaze ico gihe cose; ariko ndakeka gusa, kandindabikura mu Canditswe ahavuga ngo “umunsi umwe ku Mana, ni imyakaigihumbi kw'isi,” ni kuvuga, hamwe bibaye ngombwa kw'Imana iharura igihe. Vuga ko hari imyaka ibihumbi bitandatu yari afite muguhindura isi, kandi yariyarateye isi imbuto nziza zose. Hariho ibintu byose byari bitunganye.
Nibaza ko kenshi, iyo n'abanegura batanguye gusoma Igitabu c'Itanguriro, baca batangura kukinegura, kuko bisa nk'aho kiguma cisubiramwo ubudahengeshanya, canke kikagumakikujuragiza aha na hariya. Ariko hamwetwitegereje gato, imbere yuko twinjira mu gisomwa cacu, nuko Mose yabonyeiyerekwa. Kandi Imana yaravuganye na we. Imana yavuganye na Mose imbonankubone, umunwa ku gutwi. Ubu rero, ntiyigeze avugana n'uwundi muntu mw'ubwo buryo, nk'ukoYabigira kuri Mose. Rero, Mose yari umuntu ahambaye, umwe mu bavugishwa bahambayebose. Yari ikigereranyo ca Kristo. Rero Imana irashobora kuvuga, Irafise ijwi. Ryarumviswe. Imana irashobora kuvuga.
Kandi Imana irashobora kwandika. Imana ni yo yiyandikiye vya vyagezwe cumi n'iminwe yayo. Igihe kimwe Yaranditse ku nkuta z'i Babuloni, Ikoresheje iminwe yayo. Igihekimwe Yarunamye Yandika ku musenyi, n'iminwe yiwe. Imana irashobora kuvuga. Imana irashobora gusoma. Imana irashobora kwandika. Imana ni yoSoko y'ubuntu bwose n'Ubushobozi bwose, n'ubwenge bwose bwa Kimana, buri muMana. Kubw'ivyo rero, turazi ko ari yo Muremyi rudende abaho. Nta wundi muremyiabaho atari Imana. Satani ntashobora kurema na gato, agoreka gusa ivyamazekuremwa. Ariko Imana ni yo Muremyi rudende.
Kubw'ivyo, Yaremye ikoresheje Ijambo ryayo. Yarungitse Ijambo ryayo. Rero imbuto zose yariyarashize kw'isi, Yaremye izo mbuto kw'Ijambo ryayo bwite, kuko nta kindi kintucari gihari co gukuramwo imbuto. Yari yarazishizeho, kandi zari musi y'amazi.Yabaye buvuge gusa ngo: “Nihabeho iki, nihabeho kiriya.”
Rerokenshi dusanga umengo Bibiliya irivuguruza canke ikavuga ikintu kanaka gisank'aho atari co yashatse kuvuga. Nk'akarorero, mw'Itanguriro 1 dusanga ko, “Imana yaremye umuntu mw'ishusho yayo, mw'ishusho y'Imana ni ho yamuremye; ibarema ari umugabo n'umugore.” Hanyuma irabandanya, ibintu vyinshi birashikakw'isi. Hanyuma tugacatuza gusanga ata muntu wo kurima isi yar'ahari. “Hanyuma Imana irema umuntu mumukungugu w'isi.” Uwo yari umuntu atandukanye. “Imuhumekeramwo impwemuw'ubuzima, ahinduka umushaha muzima.”
Umuntu wambere yari mw'ishusho y'Imana, na yo Ikaba ari Impwemu. Yohana 4, havuga hati: “Imana ni Impwemu, kandi abayisenga babwirizwa kuyisengera mu Mpwemu no muKuri.” Ariko Imana ni Impwemu. Kandi urya muntu wa mbere yaremye, yari umuntu-mpwemu, kandi yari mw'ishusho kandi asa n'Imana. Hanyuma ishirauyu muntu mu mubiri, uwo muntu aca aragwa. Niho rero Imana yamanuka ihindukaishusho y'umuntu, kugira ngo icungure uwo muntu yaguye. Iyo ni yo nkuru yanyayo y'Ubutumwa Bwiza, ukwe jewe ndabibona.
Rero, Imana, mu myaka ibihumbi bitandatu, yari yarabivye izo mbuto nziza zose, nakoyari yavuze Ijambo ryayo. “Bizoba bityo. Iki giti kizoba gurtya. Ivyo bizobagurtya.” Ibintu vyose vyari bitunganye. Vyari vyiza gusa. Kandi Yategetse buri imwemuri izo mbuto zobayeho, zigahindura igiterwa c'ubwoko bw'ubuzima Ijambory'Imana ryari ryaravugiye muri zo uko zotegerejwe kumera. Nimba cari igiti c'amufe, categerezwa kwama amufe. Nimba cari ikigazi, categerezwa kuvamwo ikigazi. Kuberagusa uwo Muremyi ahambaye yari amaze kurungika Ijambo ryiwe, kandi urubuto rw'Ijamborwari aho imbere yuko imbuto nyayo inabaho. Hanyuma Ijambo rirema izo mbuto. Murabona, “Yaremye isi mu bitaboneka.” Murabona, Yaremye isi kw'Ijambo ryayo. Imana yaravuzevyose birabaho.
Kandi kuberaari Imana, Umuremyi, yaravuze maze vyose birabaho, igomba kuba yari isiitunganye. Hari ahantu heza h'akaroruhore. Yari iparadizo nyayo hano kwisi.
Ubu reronk'uko bisanzwe bimeze, ahantu hose hategerezwa kugira umurwa mukuru ahantu kanaka. Iki gikorane kirafise umurwa mukuru, kandi iri shami rirafise icicaro gikuru, kandin'ishengero rirafise umurwa mukuru. Kandi Imana irafise umurwa mukuru. Kandirero aha hantu heza, ikihambaye yari ifise umurwa mukuru, kandi uwo murwamukuru wari hamwe mw'itongo rya Edeni, canke muri Edeni, mu buseruko bw'iryotongo. Nuko Imana ishiraho abo, kugira ngo baganze ibiremwa vyayo vyose bihambaye hano kw'isi, umuhungu wayo n'umugeni wiwe, Adamu na Eva.
Imana yariSe wa Adamu. “Adamu yari... umwana w'Imana,” ni ko Ivyanditswe bivuga. Yari umwanaw'Imana. Imana yaramubumbiye umufasha, imukuye mu mubiri wiwe; kumbure urubavu uvuye ku mutima wiwe, kugira ngoabe uwumwegereye, nuko imubumbira umufasha. Mu vy'ukuri ntabwo yari umugore wiwekugeza ubwo, nk'uko na we atari umugabo; Yari imaze kubivuga gusa. Kandi aho niho ingorane zadukanye, Satani yamushikiriye imbere yuko Adamu amutwara. Rero, ryariIjambo ryayo gusa yari yavuze.
-----
Kandi twese turacari mw'ishushoy'Imana. Ariko bamwe barononekaye cane, nk'abana b'Imana, ku buryo bagendabanyuranya n'Ijambo ryayo be n'inzira Yaduhaye kandi Yadutegekanirije kugenderamwo. Barashiraho ikintu kanaka, isi iradukura mu nzira, ikatwegereza hafi yayo, mazeikatujana kure y'iyo nzira igororotse, ifunganye Yaduteyemwo yo kuba abahungu n'abakobwab'Imana. Icaha ni co cakoreye iki kintu c'ubuyobe abahungu n'abakobwa b'Imana.-----
Kanokanya kuri mwebwe muriko mudukurikiranira ku murongo, aho muri hose, ndashakako mwikirira Kristo hiyo nyene, nk'Umukiza wanyu, maze mwuzure Mpwemu wiwe. Amajambo yavuzwe kano gatondo, reka ashike mu mitima yanyu. Kandi reka ahomwakire Yesu. Hanyuma mwitegereze ubuzima bwanyu, murabe ni ubuzima bwoko kimuzobaho inyuma y'aho. Hanyuma na none mufate kano Kayunguruzo k'umuntuyiyumvira. Ubonye uriko ukora ikintu kinyuranye n'iri Jambo, c'ukija kure ubwonyene vyihuta. Murabona? Kubera ko hariho Akayunguruzo gatuma urupfu rugumakure yawe, na ko ni Ijambo ry'Imana. Amajambo yayo ni Ubugingo, kandiazokurinda urupfu.Musome mu...
Ubushobozi bw’Imana bwo Guhindura.
Isi yar’ ikir’ i buziba, yarik’ ubusa gusa, kand’ umwiza war’ upfutse idamba: kandi Mpwemu w’Imana yatambatamba hejuru y’amazi.
Itanguriro 1:2
Ubutumwa hub... Hitamwo ururimi rwawe maze gukurura ubutumwa ku buntu buvuye ku muvukanyi Branham.