Uyu Muvuga Ngo Ni Nde?

<< prev


  Noheli rukurikirane.

Uvugishwa n'Imana.


William Branham.

Musome mu...
Uyu Muvuga Ngo Ni Nde?

Matayo 21:10-11,
10 Ashitse i Yerusalemu, igisagara cose kirashwabaduka, barabaza bat' Uyo ni nde?
11 Abo mw'ishengero barabishura bat' Uyo ni Uvugishwa n'Imana, Yesu w'i Nazareti i Galilaya.

Ubu rero turazi ko iki ari co gihe, kandi benshi muri mwebwe muramenyereye ivyanditswe vy' iki kigabane. Ni ku... mu vyukuri umunsi Kristo yinjiye i Yerusalemu, agendera kur'iyi nyana y'indogoba ntoya. Rero tu.... Hariho inkuru imwe ivuga ko, “yari indogoba yera.” Noshobora kuvyiyumvira, mu kigereranyo ca kwa Kuza kwiwe kwa kabiri ari kw'ifarasi y'intambara. Ico gihe, umuvugishwa yavuze ngo: “Yokwuriye... Umwami wawe akugendeye ari ku nyana y'indogoba, aciye bugufi kandi yoroheje.” Ukwo ni ko yaje kandi... ku ndogoba ntoya, ku gitwazi gitoya c'imitwaro. Ariko ubutaha agarutse avuye mu bwiza (mu kigabane ca 19 c'Ivyahishuriwe Yohana), Aza nk'Umuneshi ahambaye. Imyambaro yiwe yajobetswe mu maraso, yicaye kw' ifarasi yera, maze ingabo zose zo mw'Ijuru ziramukurikira ziri ku mafarasi yera. Kandi iyo nkuru (ntisangwa mu vyanditswe canke muri kahise)... Ariko iyo nkuru ivuga yuko yari yicaye ku ndogoba yera igihe yinjira i Yerusalemu.

Noneho ko nahisemwo ibi... biracari... ni kubera yuko turi mu gitutu ca... mu minsi ya Noheli, be n'Umwaka Mushasha; impera y'umwaka wa kera, no kwinjira muri mushasha. Iminsi mike uhereye none, abantu benshi bazozingurura impapuro nshasha, bakore ibintu bishasha bongere baragane indagano gushasha; aho rero ni intango y'umwaka mushasha. Gusa kuri jewe ntivyigera bisa cane nka Noheli. Sinzi impamvu, buri gihe nkunda kuvyita “Umunsi wa data Noheli.” Murabona? Kubera yuko nta kintu gihambaye vy'ukuri...

Ntiwoshobora kuba wari wo munsi w'ukuvuka kwa Kristo. Mu vy'ukuri ntivyari gushoboka na gatoya. Yategerezwa kuvuka muri Ntwarante canke muri Ndamukiza, kubera ko yari Umwagazi w'Intama. Kandi Yari impfizi y'intama, kandi yavukiye munsi y'ikimenyetso c'impfizi y'intama, ikimenyetso c'impfizi y'intama. Vyategerezwa kugenda ukwo, murabona. Kandi intama ntizivuka muri Kigarama n'ubwo vyomera gute. Intama zivuka mu rushana. Hanyuma ikindi na co, imisozi y'i Yudaya mw'ico gihe iba iriko ibibarafu kugera ku burebure bw'imetero zitandatu. Ni gute abungere bari kuba bari hariya hanze?

Rero mu vyukuri bizanana mu migani y'Abaroma, uwo ukaba wari umunsi w'ukuvuka kw'imana-zuba. Uko izuba ryagenda rirengana, imirango yagenda iba myinshi, amajoro akaba magufi. Hanyuma hagati y'igenekerezo rya 20 na 25 Kigarama yaba ari isabukuru y'iyo mana-izuba, mu migani y'Abaroma. Hanyuma rero imana zabo... Hanyuma rero baca bahimbaza isabukuru y'imana-izuba. Konstantino na we mu gushiraho ibwirizwashingiro ry'Ishengero hamwe na Reta n'ibindi, yavuze ati: “Tuzobihindura (atazi ico uwo munsi wari) maze kur'iyo sabukuru y'imana-zuba tuhashire, tubigire: Isabukuru y'Umwana w'Imana,” murabona. Ivyo na vyo... ariko ntituzi umunsi nyawo uwo ari wo.

Ariko ubu, ivya Kristo vyinshi vyarakuwemwo, kugeza aho vyose... bamwe bongeye kugaruka ku migani y'icaremwe runaka cabayeho, bagiha izina ry'Umweranda Nikola canke Kriss Kringle, imigani imwe y'Abadagi. Kandi vyose ni imigani gusa, kandi ivyo Kristo ntavyo arimwo habe na gato. Hanyuma abantu bahindukiriye kugura za wisiki, no gukina urusimbi, n'imideri. Kandi umuntu...

umudandaza ashoboye kugurisha ibicuruzwa vyiwe mu gihe ca Noheli ashobora hafi kubaho umwaka wose, murabona. Ni iminsi idasanzwe y'uburuhuko yo kudandarizamwo. Hanyuma abana bato b'abakene ukaza ubabona mu mabarabara; abavyeyi babo batashoboye kubazanira amakado nk'aho yoba yavuye kuri data Noheli, ukaza ubabona mu mabarabara, n'amaboko acafuye, amaso na yo yarunguriye. Ivyo bintu ndanka kubibona mw'ibarabara bintumbereye. Wategerezwa kuba umunsi wihariye wo gusenga Imana, aho kuba uwo kubabaza umutima no kumeneka umutwe hamwe n'ivyo bindi bintu bikorwa. Nta kintu na kimwe kijanye Kristo kiri mur'ivyo. Ariko turi neza na neza hagati y'ibi vyose na none.

Twisanga na twebwe nyene turi mu vyi bindi nyene barimwo kiriya gihe. Murabona, ubu hoho biriko vyerekeza kuba ibirori biteye ubwoba. Yesu yari aje ku munsi mukuru wa Pasika. Rero yari yinjiye i Yerusalemu... nako yariko arinjira i Yerusalemu. Kandi ubuvugishwa bw'ibintu vyose yakoze bwategerezwa gushika. Ikintu cose kiri muri Bibiliya kirafise ico gisobanura. Izina ryose rirafise ico risobanura. Nta kintu na kimwe canditswe mu Vyanditswe kidafise insobanuro yimbitse.

Umugoroba umwe navugiye i Tucson, kuri Kubera iki Bategerezwa Kuba Abungere Aho kuba Abanyatewolojiya? Yavukiye neza na neza aharabana n'ishengero. Hanyuma Mpwemu Yera aca aragenda mu bugaragwa ahitana, atari abanyatewolojiya, ariko abungere. Vyategerezwa kumera gurtyo. Abanyatewolojiya ntibari kwizera ubutumwa mwen'ubwo. Rero bo... bategerezwa kuba ari abungere.

Narigishije ubutumwa hano, mu myaka mike ishize (hashize imyaka ibiri), “Kuki yari, yategerezwa kuba Betelehemu ntoya?” Umwami abishatse, Noheli itaha, nshaka ko tuzokwigisha kuri, “Kuki Bategerezwa kuba ari ba banyabwenge?” Izi “Kuki” - zirafise inyishu zazo, kandi ziri hano nyene muri Bibiliya. Kandi turi mu gihe ciza cane, igihe gihambaye mu bihe vyose. Tubaye mu gihe c'aho, umwanya uwo ari wo wose igihe gishobora guhagarara, hanyuma Ibihe Bidashira bikarumana na co neza hanyuma bigaca bibandanya. Ibihe abavugishwa n'abanyabwenge bose bari barindiranye igishika cinshi... Buri saha twategerezwa kuba turi magabo, tureretse Ukuza kwiwe.

Twisanga twebwe nyene, kuri iyi Noheli, twakoze nk'uko na bo bakoze kuri Noheli ya mbere. Isi iri hafi gushwanyagurika. Nk'uko nigishije igihe kimwe, ahantu hamwe, ku butumwa bwa Noheli, Isi Iriko Irashwanyagurika. Kandi isi yongeye kwegereza kuba hafi ubunywenywe. Nimurabe za nyamugigima hiyo hakurya muri California. Ndabivuze bitaraba, imbere yuko Umwami Yesu agaruka, yuko Imana izorohamisha harya hantu. Nizera yuko Hollywood [Uruganda rw'amareresi n'imideri] na Los Angeles, hamwe na birya bibanza biriyo vyanduye, yuko Imana Mushobora vyose izobirohamisha. Bizokwibira bije mu nda y'ikiyaga. Kandi murabona ivyaha vyabaye umurengera, ni akarimbi.

Iterambere ryafashe urugendo hamwe n'izuba, kuva mu... ryatanguriye i burasirazuba, rigenda ryerekeza i burengerazuba. Noneho ubu rigeze ku Nkengera y'uburengerazuba. Niryagera kure, rizosubira i burasirazuba. Rero ako ni akarimbi. Kandi n'icaha na co nyene cafashe urugendo hamwe n'iterambere, kandi ubu hoho cahindutse igikabije mu bihe vyose. Ibintu bakora nta biremwa-muntu vyari kwiyumvira gukora ibisa na vyo mu kindi gihe na kimwe. Abagore baritaye mu mwanda uri hano, ku buryo ata mugore n'umwe wo mu gihe na kimwe yoba yarigeze kwiyumvira ku kintu nk'iki nk'uko tubikora uyu munsi. Kandi rero ga bakaguma biyita Abakristokazi. Mbega umuvumo!

-----
Imana yaratanze... irishura amasengesho yanyu. Mwarasavye, kandi muzoronka. Kandi ivyo... Aha noshobora kuhahagarara amasaha, ku bagabo n'abagore, mbere b'Abakristu, baba bariko barasengera ibintu kanaka; hanyuma Imana ikishura yamara ntibigere banabica n'ikanda.
Rero aho, Imana yarabishuye. Bashaka Mesiya. Bari bazi yuko bari bararonse ba Kayisari, bakagira ba Dawidi, bakagira ba Salomo (abantu b'abanyabwenge), bakagira ba Dawidi (abarwanyi b'abahizi bahambaye), bari bararonse ibintu vy'ubwoko bwose, ariko bari bazi yuko bategerezwa kuronka ubufasha buvuye mw'Ijuru kandi ba... Imana yari yarabasezeraniye Mesiya. Hanyuma iramubarungikira uwo Mesiya, nk'inyishu y' amasengesho yabo, ariko bo ntibamushaka.

Ndibaza, uyu munsi, nimba amasengesho yacu... Urabumva bavuga ngo: “Sengera umuvyuro udasanzwe. Sengera ibi. Sengera icukumburwa. Sengera ukunywana.” Ndibaza, hamwe Imana irungitse integuro nk'iyo nimba twoyemera. Gusa ndibaza nimba twokwemera ivyo iturungikiye. Murabona, Yo... Impamvu dusengera ibi bintu... ni kubera tuzi yuko bikenewe. Ariko iyo Imana ibirungitse mu buryo Yoyo ishaka gusa bukaba budahuye n'uko twebwe tubishaka, kubw'ivyo ntituba tukivyakiriye. Kandi uko ni ko vyari bimeze kirya gihe. Nimba atari ahuje n'uko imyizerere yabo yari imeze, n'intuze zabo... N'uyu munsi ntibomwakiriye. Ni yo mpamvu babajije iki kibazo, ngo: “Uyu ni nde? Uyo muntu aje ni nde?” Murabona, cari igihe kidasanzwe. Oo, abantu bose bari mu ruhagarara. Hariho ikintu cari cimirije gushika.

Na none nimurabe isi uyu munsi, mbega uruhagarara isi yose ibayemwo. Umanukanye ibarabara... ntiwohava unyonga imodoka utekanye. Nta mutekano uhari kuri ya mabarabara ane abangabanganywe. Abantu bose bari mu ruhagarara, bari magabo... Hari ingorane nyabaki? Nimutekane. Mugiye hehe? Ivyo ni vyo bituma ibigo vy'abasazi vyuzura. Ivyo ni vyo bituma ishengero rihungabana. Ni intagondwa amazosi ku kintu kanaka. Ntibazohagarara ngo bafate nkama Ijambo ry'Imana, be n'igihe tubayemwo; vyose biri mu muruho, uruhagarara.

Noneho, turabizi. Turabizi. Isi iramaze guca mur'imwe mu mibabaro yo kuramukwa idasanzwe. Kandi n'Ishengero ririko riraca mu mibabaro kanaka yo kuramukwa. Ryategerezwa guca mu mibabaro kuramukwa imbere yuko ritanga... Umwe wese mu bavugishwa, igihe baba baje kw'isi, waba ari umubabaro wo kuramukwa kw'ishengero. Isi yaraciye mu Ntambara ya Mbere y'Isi Yose, Intambara ya Kabiri y'Isi Yose, none ubu yiteguriye Intambara ya Gatatu y'Isi Yose. Kandi uwo ni uwundi mubabaro wo kuramukwa. Ariko hari ikintu kimwe gusa gishobora kuzana amahoro, ico na co ni Kristo.

Integuro zacu zose, n'ivyiyumviro vyacu, hamwe n'inyubako zacu zo gusengeramwo twubatse, na za politiki zacu zose, hamwe n'ubushakashatsi bwacu bwose n'ibindi vyose, vyagaragaye yuko ari ubupfu. Hanyuma dusenze Imana tuyisaba ngo ize idufashe, kugira ihaseruke, tuvuga ngo: “Ngwino ugire ico udukoreye.” Maze iyo ibikoze, ndibaza gusa nimba twobasha no kubitahura; nimba twobasha no kuvyakira; buryo twonabishirako umutima?

Rero burya ivyo nyene ni vyo vyakozwe kera muri birya bihe vyabo. Barasenga, bakagira abayobozi bahambaye b'ubwoko bwose, bararonka ubutegetsi bwaja ku ngoma, bararongorwa n'ibintu vyinshi, abacamanza. Ariko bari bazi yuko hari ikintu kimwe conyene gishobora kubakiza, ukwo kwari ukuza kwa Mesiya. Kandi Mesiya bisobanura “uwasizwe amavuta.” Ikiremwa-muntu gisizwe amavuta. Noneho ikiremwa-muntu casizwe amavuta n'Ijambo. Ijambo ryahindutse umubiri hagati yacu. Rero amaze kuza, ntiyari ameze neza na neza nk'uko bo bamushaka; ntikwari ukwo bo bari bashaka... ingene Yategerezwa kuza. Nuko rero baca batangura gusemerera babazanya bati: “Mbega uyu na We ni nde? Urwo rwamo ni urw'iki?” Umugwi w'abanyagihugu bari epfo kw'irembo, baca bahanyagura amashami y'ibigazi...
Umuntu umwe aca avuga ati: “Hemwe, nimubacecekeshe. Bariko baradutera uruhagarara, ukwo kuntu bavuza induru, kandi bakaguma batera urwamo.”
Na We abishura ati: “Hamwe bacecetse, ubu nyene ayo mabuye aca akoma induru.”

Oo, mbega cari igihe nyabaki! Ubuvugishwa bwariko burashika. Ntibitangaje! “Intare irivuze.” Yavuze ati: “Ni nde atotinya? Kandi Imana yavuze, none ni nde atovugishwa?” “Oya, nimba atari ameze ukwo twebwe tubishaka... Nimba atari ameze ukwo twebwe tumushaka, ukwo twebwe twiyumvira yuko Yategerezwa kuza, ntitwomwakira.” Kandi rero imyizerere yabo ni yo yabakuye kw' Ijambo ryanditse. Bari kure cane, barananiwe kumumenya uwo barasengeye ngo aze. Amashengero yabo yari yarabashikanye kure cane, gushika n'aho ikintu nyene bari barasengeye cari kumwe na bo neza na neza, gusa nticari gihuye n'uko bo bashaka, kubw'ivyo ntibari bashoboye kucizera. Vyabaye ngombwa ahubwo ko bacegerwa kure. Baciye bacirukana. Hariho ikintu kimwe gusa ushobora gukora iyo uhuye na Kristo. Ico na co n'uko mwo kimwe umwakira canke ukamutera akagere. Ntushobora na mba kuba ntaho mpagaze. Ivyo ntavyo ushobora. Si ahawe kubikora. N'uko nyene bimeze.

Gusa nimurabe neza ukuntu ari bake bamenye yuko Yari We Jambo risizwe amavuta ry'uwo munsi. Murabona Imana mu ntango, mu kuba itagira iherezo, Yari izi ibintu vyose uhereye mu ntango... Kandi ikintu conyene ivyo bintu biri ni ukugaragaza kw'ivyari biyigize. Ikigize ikintu...Murafise ibibagize. Ni ivyiyumviro vyanyu. Wiyumviriye ikintu, hanyuma ukakivuga, hanyuma ukagifata. Iyo ni Imana. Yo, mu ntango... Nimba muri... Nimba warigeze kuba wahozeho, canke ukaba uzoba mw'Ijuru, nuko uhereye ubwa mbere wahozeyo. Uri agace k'Imana. Wari iciyumviro cayo. Yari izi izina ryawe. Yari izi uwo wari we imbere yuko hanabaho n'akavunguka k'ikintu na kimwe, imbere yuko umuco ubaho. Imbere yuko habaho ikintu na kimwe, yarakumenye imenya n'izina ryawe, hanyuma irishira muri ca Gitabu c'Ubugingo ca wa Mwagazi w'Intama imbere yuko isi ibaho. Murabona, mwari iciyumviro cayo. Hanyuma mu nyuma muhinduka ijambo. Kandi ijambo na ryo ni iciyumviro gishizwe ahabona. Aho rero muba mugaragajwe.

Ukwo ni ko Yari imeze. Mu ntango Yari yonyene. Imana yari ibayeho iri yonyene hamwe n'ivyiyumviro vyayo. Ivyo ntizosubira kubikora kubera ko ivyiyumviro vyayo biriko biragaragazwa. Ni co gituma rero turi hano uyu munsi... ni Imana iriko iragiriranira isangira n'ivyiyumviro vyayo biriko biragaragazwa. Murabona? Ni ho twibereye. Rero mwebwe, ntimwoshobozwa n'amaganya kwisumvya ukwo mwareha n'ukuboko kumwe. Ntimushoboye gukora ibi, birya, canke biriya. Ni Imana igaragaza imbabazi. Ni Imana. “Abo Data yampaye bose bazoza kuri Jewe, kandi nta muntu ashobora kuza keretse Data amukweze.” Ivyo birangiza ikibazo.

Musome mu...
Uyu Muvuga Ngo Ni Nde?