Guhitamwo Umugeni.

<< prev

next >>

  Abakristo Ubugingo rukurikirane.

Guhitamwo ni ikintu gihambaye.


William Branham.

Musome mu...
Guhitamwo Umugeni.

Ubu rero, mu murongo ugira 9 w'Ikigabane ca 21 c'Ivyahishuriwe Yohana.
Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi, bari bafise za nzavya ndwi zuzuye ivyago ndwi vy'iherezo, avugana nanje, arambwira ati: Ngwino nkereke Umugeni, Umugore wa Wa mwagazi.

Mu bintu vyinshi vy'ubuzima turahabwa uguhitamwo. Uburyo bwo kubaho, ubwabwo ni uguhitamwo. Turafise uburenganzira bwo kujana inzira yacu bwite, guhitamwo ukwo twebwe ubwacu dushaka kubaho. Kwiga ni uguhitamwo. Turashobora guhitamwo nimba tuzokwiga, canke nimba tutazokwiga. Ukwo ni uguhitamwo dufise.

Iciza n'ikibi ni uguhitamwo. Umugabo wese, umugore wese, umusore n'inkumi, bategerezwa guhitamwo nimba bagiye kugerageza kubaho bagororotse canke kubaho batagororotse. Ni uguhitamwo. Guhitamwo ni ikintu gihambaye. Ishikiro ryanyu Rihoraho ni uguhitamwo. Kandi kumbure, uno mugoroba, bamwe muri mwebwe muraza kugira ukwo - ukwo guhitamwo, kw'aho muzoba Ibihe Bidashira, imbere yuko kino gikorane gihera kur'uno mugoroba. Hazobaho igihe kimwe, aho, nimba warateye umugongo Imana kenshi, hazobaho igihe kimwe uzoYitera umugongo irya nyuma. Hariho umurongo hagati y'imbabazi n'urubanza. Kandi ni ikintu c'irinde ku mugabo canke umugore, umusore canke inkumi, kujabuka uwo murongo, kubera nta kugaruka guhari igihe ujabutse uwo murongo ntarengwa. Rero, uno mugoroba, gishobora kuba ari co gihe benshi baza gufata ingingo yabo, aho bazoba Ibihe Bidashira ubuziraherezo.

Hariho ukundi guhitamwo dufise mu buzima, ukwo nakwo ni, umukunzi wo mu buzima. Umusore canke inkumi, ariko aratangura ubuzima, ya - yahâwe uburenganzira bwo guhitamwo. Umusore arahitamwo. Inkumi irafise uburenganzira bwo kwemera canke kuvyanka. Ariko kuguma ari uguhitamwo, ku mpande zompi. Bompi umugabo n'umugore, barafise uburenganzira bwo guhitamwo.

Na none, murafise uguhitamwo, nk'Umukristo. Murafise uguhitamwo ishengero, hano muri Amerika, iryo ushobora kujamwo. Ubwo ni uburenganzira bwanyu bwite Abanyamerika, guhitamwo ishengero mushaka kujamwo. Ukwo ni uguhitamwo. Ntutegerezwa kuja no muri rimwe ryo muri yo, nimba utagomba. Ariko nimba ushaka guhindura uve mu Bametodiste uje mu Babatiste, canke uve mu Bakatolika uje mu Baporoti, canke n'ibindi, nta n'umwe ashobora kukubwira canke agutume uja mw'ishengero kanaka. Uwo ni - uwo ni umwidegemvyo wacu. Ico nico demokarasi yacu iri. Umuntu wese arashobora kwihitiramwo. Umwidegemvyo w'ivy'ugusenga, kandi ico ni - ni ikintu gahambaye. Imana idufashe kukigumana igihe kirekire ukwo dushoboye.

Murafise na none uguhitamwo. Nimba... Mu gihe uhisemwo rino shengero, ushobora guhitamwo nimba wewe, muri iri shengero, nimba uzohitamwo ishengero rizokuganisha kw'ishikiro ryawe ry'Ibihe Bidashira. Ushobora guhitamwo ishengero rifise nemera kanaka, kumbure mwiyumvira yuko iyo nemera iri ico ukeneye gusa. Canke irindi shengero rifise nemera. Hanyuma rero ng'aho hariho n'Ijambo ry'Imana, ushobora kurihitamwo. Utegerezwa guhitamwo. Hariho itegeko ritanditse hagati yacu, ry'uguhitamwo.

Ndibaza yari Eliya, igihe kimwe, ku Musozi Karumeli, inyuma y'igipimo kidasanzwe, mw'isaha idasanzwe y'irinde iyo natwe turiko turegereza vuba. Kumbure, bishobora kuba kuri wewe canke jewe, uno mugoroba, yuko tugira uguhitamwo, nk'ivyabereye ku Musozi Karumeli. Vy'ukuri, ndibaza birabandanya, kw'isi yose, kano kanya. Ariko vuba kigiye kuba igihe aho muzotegerezwa kugira uguhitamwo.

Kandi namwe bagabo muri hano, ku mashengero yanyu y'ikidini, ibi gusa muvyizere, yuko igihe kibashitseko, aho mugiye kugira uguhitamwo. Mwo kimwe mugiye kuja mu Nama Nkuru y'Isi, canke ntimugiye kwongera kuba idini ukundi. Mugiye gutegerezwa gukora ivyo, kandi ukwo guhitamwo kuraje vuba. Kandi ni ikintu c'irinde kurindira gushitsa kw'iyo saha ya nyuma, nayo, kubera mushobora kuba mwaronse ikintu kanaka mutazigera mwikurako. Murazi, hariho igihe ushobora kuburirwa, maze, iyo ujabutse uwo murongo w'imburi, ubwo nyene uba wamaze kudomwako ikimenyetso ku ruhande rwo hakurya, washizweko icapa.

Nimwibuke, igihe umwaka wa yubile waba ugeze, maze umuherezi yarasohoka akavuza inzamba, y'uko umucakara wese ashobora kwigira yidegemvya. Ariko mu gihe baba banse kwemera umwidegemvyo wabo, yaca ategerezwa kujanwa mu rusengero, ku gicaniro, bagaca bamutobora ugutwi bakoresheje urushinge, aho rero yaca akorera sebuja imyaka yose. Vyashirwa ku gutwi nk'ikigereranyo c'ukwumva. “Ukwizera kuva ku kwumva.” Yaba yumvise inzamba, ariko ntashake kuyumviriza. Kandi kenshi, abagabo n'abagore barumva Ukuri kw'Imana, bakanaKubona kwemejwe kandi kugaragajwe, Ukuri, yamara ntibashake kuKwumva. Hariho iyindi mpamvu. Hariho ukundi guhitamwo kanaka bafise, aho kwemangira Ukuri n'ibiguherekeza kubw'ivyo amatwi yabo arashobora kuzibwa ntabe acumva Ubutumwa Bwiza. Ntibazokwigera baBwumva kandi. Reka ndabahe impanuro, iyo Imana ivuganye n'imitima yanyu, nimuce mu bishira mungiro ikibiriraho.

Eliya yabahaye uguhitamwo bǎtegerezwa gukora. “Nimwihitiremwo uyu munsi uwo mugiye gukorera. Nimba Imana ari Imana, nimuYikoerere. Ariko nimba Bayali ari Imana, n'abe ari we mukorera.”

Ubu rero, nk'uko tubona yuko ibintu vyose vya kamere ari igitutu c'ibintu vya mpwemu, nk'uko twabivuzeko mu cigwa cacu kano gatongo, nk'izuba na kamere karyo. Iyo niyo yabaye Bibiliya yanje ya mbere. Imbere yuko ndanasoma n'urupapuro rumwe muri Bibiliya, nari nzi Imana. Kubera, Bibiliya iranditse hose mu vyaremwe, kandi birahuye neza na neza n'Ijambo ry'Imana: ukuntu haba ugupfa, uguhambwa, ukuzuka kw'ivyaremwe; kandi izuba riraseruka, rikagenda, rikarenga, rigapfa, rikongera rigaseruka. Hariho ibintu vyinshi cane twoshobora kugereranya, Imana mu vyaremwe, ibidutegerezwa kubisimba, kubwa buno Butumwa.

Ubu naho, nimba ivya mpwemu canke... Ivya kamere ni igitutu c'ivya mpwemu. Rero, guhitamwo umugeni, mu buryo busanzwe, ni igitutu co guhitamwo Umugeni, Umugeni, mu vya mpwemu. Ubu rero, ni ikintu atari ico gufyinisha igihe tugiye guhitamwo umugore, umugabo, kubera izo ndagano ni gushika urupfu rudutandukanije.

Ukwo nikwo twategerezwa kubigumana. Kandi muraganira iyo ndagano imbere y'Imana, aho urupfu rwonyene nirwo ruzobatandukanya. Rero ndibaza twategerezwa... Umuntu afise ubwenge bukora neza, ariko ategura kazoza, yategerezwa guhitamwo uwo mugore mu bwitonzi ntangere. Ugabe ku vyo uba uriko urakora. Rero umugore mu guhitamwo umugabo, canke mu kwemera uguhitamwo kw'umugabo, yategerezwa gufata nkama ivyo aba ariko arakora, na cane-cane muri ino minsi. Umugabo yategerezwa kwiyumvira akongera agasenga imbere yuko ahitamwo umugore.

Ndiyumvira, uyu munsi, igitera ukwahukana kwinshi cane ubu, n'uko kw'isi tuza imbere muri Amerika, mu bijanye n'ukwahukana. Tuza imbere y'abandi basigaye kw'isi. Hariho ukwahukana kwinshi cane hano kuruta ahandi hose, rino hanga, kandi ryafatwa yuko riri, ryiyumvirwa nk'ihanga ry'Abakristo. Mbega igitetereza, imanza zacu z'ukwahukana! Nibaza yuko, ikibituma, ari kubera abagabo bǎgīye kure y'Imana, n'abagore bǎgīye kure y'Imana. Kandi turabona ko, iyaba umugabo yasenga n'umugore agasengera ico kintu; atari kuraba gusa ubwiza bw'amaso, canke ibitugu binini bikomeye, canke ibintu nk'ivyo, canke ibindi bigumbagumba kanaka vy'isi; ariko yategerezwa guhanga amaso Imana ubwa mbere, maze akavuga ati: “Mana, uyu ni umugambi waWe?”

-----
Ese iyaba twasuzuma ico tuba turiko turakora igihe tuba tugiye kwubaka izacu, igihe duhitamwo abagore bacu, abagabo bacu, iyaba twavyigako mu bwitonzi! Umugabo yategerezwa gusengana umwete, kuko yoshobora guta mu kaga ubuzima bwiwe bwose. Mwibuke, izo ndagano ni “gushika urupfu rudutandukanije,” rero yoshobora guta mu kaga ubuzima bwiwe mu kugira uguhitamwo kubi. Ariko iyaba ivyo abizi, akagira uguhitamwo kubi maze akābīra umugore atabereye kuba umugore wiwe, kandi akabikora ukwo biri kwose, aho rero ni ikosa ryiwe. Iyo umugore ahisemwo umugabo kandi ukaba uzi yuko atabereye kukubera umugabo, nawe iryo ni ikosa ryawe bwite, umaze kumenya ikiri iciza n'ikibi. Rero, ntiwategerezwa kubikora gushika umaze gusengana ubwira, mu buryo bwimbitse.

Ivyo nyene birakora muguhitamwo ishengero. Ubu rero, mutegerezwa gusengera ishengero mugiriramwo isangira. Nimwibuke, amashengero arafise impwemu. Rero ubu, singomba kunegura. Ariko ndatahura yuko ndi umutama, kandi ntegerezwa kuva ng'aha, umwe wo muri iyi minsi. Nzotegerezwa kwishura ku Munsi w'Urubanza ku vyo ndiko ndavuga kur'uno mugoroba canke ikindi gihe cose. Kubw'ivyo jewe, ntegerezwa kuba imvugakuri koko kandi nemejwe vy'ukuri.

Ariko, ugiye mw'ishengero, kandi niwihweza inyifato y'iryo shengero, uzoce uraba umwungere gato, muri rusangi uzosanga ishengero ryîtwāra nk'umwungere. Rimwe na rimwe, ndibaza nimba tutaronka impwemu y'umwe n'uwundi mu gishingo ca Mpwemu Yera. Ushitse ahantu umwungere ashimitse cane n'ibishika, uzosanga n'ikoraniro rimeze ukwo.

Nzobajana kw'ishengero aho nabonye umwungere azunguza umutwe awujana inyuma n'ibindi. Muravye ikoraniro, bakora ivyo nyene. Fata umwungere, amiragura buri kintu, muri rusangi ishengero rizoca rikora ivyo nyene. Rero, iyaba nariko ndahitamwo ishengero, nohisemwo ishengero nyaryo, rishimikiye ku Vyanditswe, ry'Ubutumwa Bwiza bwuzuye, rya Bibiliya, iyaba nariko ndahitamwo iryo kujanamwo umuryango wanje. Guhitamwo.

-----
Kandi rero, ubwoko bw'umugore umugabo azohitamwo, nibwo buzokwerekana intego n'ingeso vy'uwo mugabo. Nimba umugabo ahisemwo umugore atabereye, vyerekana ingeso yiwe. Ico yibohanya naco ubwiwe, kirerekana vy'ukuri ikiri muri we. Umugore yerekana ikiri mu mugabo iyo amuhisemwo ngo amubere umugore. Vyerekana ikiri ibwina muri we. Ntaco bitwaye ivyo avuga hanze, nimwihweze uwoyǎbīriye. Ngiye mu biro vy'umugabo, kandi avuga yuko ari Umukristo; ifoto zikaba zimanitse ku mpome zose, umuziki nawo wa kera wo mw'isi ukaba ari wo utera uja imbere. Sinitayeho ivyo avuga. Sinizera intahe yiwe, kubera impwemu yiwe iriko igaburirwa ivyo bintu vyo mw'isi. Iki, tuvuge, hamwe yokwábīra umwigeme aririmba ivyo mw'isi, canke vyoba ari ibiki hamwe yokwábīra umwamikazi w'ivy'urushirasoni, canke akagoregore keza ka none? Birafise ico vyerekana. Vyerekana ibiri mu vyiyumviro vyiwe, ico urugo rwiwe rwo muri kazoza rugiye kuba, kubera yamutwaye kugira azomurerere abana. Kandi ico uwo mugore ari co cose, ukwo niko azorera abo bana. Rero, vyerekana ikiri mu mugabo. Umugabo atwara umugore nk'uyo, vyerekana ico yiyumvira kuri kazoza. Mwoshobora kwiyumvira Umukristo ariko akora ikintu nk'ico? Oya, mushingantahe. Sinibaza. Umukristo w'ukuri ntazorondera abo bamikazi b'ubwiza nk'ubwo, n'abo bigeme baririmba ivyo mw'isi, n'abamikazi b'ivy'urushirasoni. Azoronderai ngeso Rukristo.

Ubu, rero, tugaruke akanya gato, ku ruhande rwa mpwemu. Rero iyo ubonye ishengero riri mw'isi, rikora nk'isi, ryipfuza ivyo mw'isi, risabikanya n'isi, rifata yuko Ivyagezwe vy'Imana Itigeze Ivyandika, niho uca - uca ushobora kwiyumvira yuko Kristo atagiye gutwara Umugeni ameze nk'uwo. Mwoshobora kwiyumvira gufata ishengero rya none ry'uyu munsi nk'Umugeni? Atari Umwami wanje. Si... Ivyo noshobora kubibona bigoranye. Oyaye. Nimwibuke, ubu, umugabo n'umugore wiwe bari umwe. Wokwimatanya wewe ubwawe n'umuntu nk'uyo? Nimba wobikora, vy'ukuri vyotangaza ukwizera ndagufiseko.

None rero, ni gute Imana ubwaYo Yokwifatanya n'ikintu nk'ico, imaraya nyayo y'ikidini? Mwibaza ngo Yobikora, “Bafise ishusho yo kwubaha Imana, ariko bahakana ubushobozi bwakwo”? NtiYokwigera ibikora. Ritegerezwa kuba rifise ingeso yaYo muri ryo. Ishengero nyaryo, ry'ukuri, ryavutse ubwa kabiri ritegerezwa kugira ya - ya ngeso yari muri Kristo, kuko umugabo n'umugore bari umwe. Kandi nimba Yesu Yakoze gusa ivyahimbara Imana, akagumya Ijambo ryaYo kandi Akagaragaza Ijambo ryaYo, Umugeni waYo nawe azotegerezwa kuba uw'ingeso nk'iyo nyene. Ntiyoshobora kuba idini, ukwo vyomera kwose. Kubera, muri ico gihe, ntaco bitwaye kangahe ugomba kuvuga “oya,” rigenzurwa n'inama iri ahantu kanaka, iribwira ivyo rikwiye gukora n'ivyo ridashobora gukora, kandi, kenshi, biba biri ku mamayili umuliyoni [ku bilometero umuliyoni] uvuye ahari Ijambo ry'Ukuri.

Ni bibi cane kubona twaramaze kuva kuri wa Murōngōzi nyakuri Imana Yadusigiye kugira arongôre Ishengero. Ntiyigeze Irungika abagenduzi bakuru. Ntiyigeze Irungika abasenyeri, abakaridinari, abapatiri, abapāpa. Yarungikiye Mpwemu Yera Ishengero, kugira Arirongore. “Mpwemu Yera niyaza, azobarongorera ku Kuri kwose, abahishurire bino bintu Nabábwiye, abibibutse, azobereka ibigiye kuza.” Mpwemu Yera yari UWo gukora ivyo. Ubu rero, ishengero rya none riranka Ivyo. NtibaBikunda, ni gute yamara ryoshobora kuba Umugeni wa Kristo? Abantu b'uyu munsi bariko bahitamwo idini rigezweho. Ico bikoze, vyerekana ugutahura Ijambo nabi kwabo. Singomba kubababaza, ariko nshaka ko vyinjira neza gushika muvyihweje.

Musome mu... Guhitamwo Umugeni.