Akayungiro k’Umuntu yiyumvira.

<< prev

next >>

  Abakristo Ubugingo rukurikirane.

Akayungiro k'isi y'ikidini.


William Branham.

Musome mu...
Akayungiro k’Umuntu yiyumvira.

Guharura 19:9,
Umuntu adahumanye ayoreumunyota w'iyo nka, awubike inyuma y'aho mushagaje, ahantu hadahumanye, ubikirwe ishengero ry'Abisirayeli, ngo baze bawutobe mu mazi, abe ayoguhumanura: ivyo bizoba ivyo gukura ivyaha.

Umutwe w'amajambo ngiye gukoreshakur'uno mugoroba ni: Akayungiro k'Umuntu Yiyumvira. Vyumvikana nk'umutwe w'amajambo ukase, ku muvugabutumwa nkanjearwanya cane ivyo kunywa itabi, ko mfata igisomwa nk'ico ngo, Akayungiro k'Umuntu Yiyumvira. Ni ikintucashitse ejo bundi mu gitondo igihe nari nagiye guhiga imihare.

Ese iyaba mwebwe muri hanze mwumviririza ku - hanze mwumviririza ku ma radiyo, muriko mwumviriza ku buhinga ngurukanamajwi, cankeku ma terefone, mwari kuraba mu maso h'abantu bari mw'iri koraniro mazegutangaza icigwa canje, vyari kubatwenza mugakumbagara. Akayungiro k'Umuntu Yiyumvira.

Neza, Vyose vyabereye hariya ruguru aho Abamarayikab'Umwami banyiyerekeye igitondo kimwe, nay a mihare ikaremwa n'Ijambo rivuzwe. Mwese muribuka igihe ivyo vyaba. Kandi, vyongeye, neza na neza ku gatwe k'agasozi aho nari mpagaze,niho... imbere gato yuko nigisha kuri vya Bihe Ndwi vy'Ishengero, ngiye guhigaigitondo kimwe imbere yuko butamanzura. Hari hahagaze... Nibajije ko izuba ryarikoriraseruka, hafi sa kumi z'ubuca. Ibitamenyerewe; nabonye uwo Muco, maze ncandahindukira, nca mbona hahagaze vya Biterekwako Amatara Indwi vy'Izahabubihagaze hejuru kuri nya gasozi, bigasa n'uko igisa n'umunywamazi caduga gicamu miheha gikakwiragira hose.

Ubwo nyene inyuma y'ivyo, Umwami Yesu YaciyeAtwiyereka. Ubwo nyene nca numva Ijwi ryavuze riti: “Yehova wo mw'Isezeranorya Kera ni We Yesu Wo muri Rishasha.” Kandi ng'Uwo niho Yari, inyuma y'akanyagato Yahishuwe inyuma y'ivyo Biterekwako Amatara Ndwi vy'Izahabu. Hanyumanimwihweze ivyo. Ni bangahe bibuka ico cigwa? Nari nacanditse inyuma ku - kugakarato kavamwo a -amasasu nari mfise mu mufuko. “Yehova wo mw'Isezerano ryaKera ni We Yesu Wo muri Rishashsa.” Imana Yo mw'Ijuru Irazi ko ivyo ari ukuri.

----
Nari narasomye mu Gitabu ca... ca Daniyeli, aho yaje “Ku WaMbere na mbere, Uwo imishatsi yiWe yera nk'ubwoya bw'intama y'umweru.” Nihonaca mbona uwo Wa Mbere na mbere. NiWe Yari uwo Mukurambere w'Imisi, wa wundinyene ejo hahise, uyu musi, n'ibihe vyose. Murabona, cari ikimenyetso, icogihe. Kubera iki ubwoya bw'umweru? Niho rero na... Mpwemu YeraYasa n'uwuriko arambwira kuvyerekeye igicapo nigeze kubona igihe kimwe, c'umucamanza wa kera. Niho naca nja muri kahise; nca nsubira inyuma muri kahiseka Bibiliya n'ibindi, kugira ngo mbone ivyo ari vyo. Hanyuma abacamanza bakera, co kimwe n'umuherezi mukuru muri Isirayeli, yategerezwa kuba afise uwomushatsi n'ubwanwa vyera, vy'imvi zisa n'ubwoya bw'intama, kuko ukwo kwera kuriwe kwerekana yuko yaba afise ububasha kibirengeye bw'abacamanza muri Isirayeli.

Ndetse n'uyu musi, kumanuka mu myaka mike amajanaiheze, kumbure imyaka kanaka ijana ishize, canke kumbure atari nk'uko, inyumayahoo. Abacamanza bose b'Abongereza, uko baba bakiri bato kwose canke uko bababakuze kwose, igihe baba binjiye guca urubanza, Bambara inkofero yera; mukwerekana ko ata bundi bubasha buhari, mur'ubwo bwami, hejuru y'iryo bavuze.Ijambo ryabo ni ntavuguruzwa mur'ubwo bwami. Ico bavuze, nta ryongerwako. Ubu naho, rero, naciye ndabibona. Ng'uwo YariAhagaze aho, Akiri umusore, ariko yambaye inkofero yera. Yari Ububasha bwuzuye, kibirengeye. Yari Jambo. Kandi Yari Afise, Yambaye inkofero yera.

Hanyuma, mu nyuma tumaze guheza, hanyuma u -ubutumwa, hanyuma tukaja mu burengero, maze igihe Abamarayika b'Umwami baseruka hariya kubwa Ya Mashashara Ndwi, maze bakaduga mu kirere (ivyo dufise ifoto yavyo ngaha, na hose mu gihugu), Yari Ahagaze hariya, Acambaye iyo nkofero y'ububashakibirengeye. Ni We Mutwe w'Ishengero. Ni We Mutwe w'Umubiri. Nta na kimwecogereranywa na We, ahantu na hamwe. “Vyose Yabiremye kubwiWe. Vyose Yabiremeyekuba ivyiWe, kandi nta kintu na kimwe kitaremwe na We.” “ Yari Afise ububashabwose mu Majuru no kw'isi,” kandi vyose ni ivyiWe. “Kandi muri We hariukunengesera kw'Ubumana mu buryo bw'umubiri.” “Kandi Jambo yari Imana, yambayeumubiri abana natwe.” Kandi ni We Yahishuye ibanga ryose ry'umugambi wosew'agakiza, iryo abavugishwa bose n'abanyabwenge bavuzeko. Ni We wenyene YariUwo Yari Yambaye iyo nkofero n'Ububasha kibirengeye.

Rero, narahagaze, hejuru kw'ako gasozi ejo bundi mugitondo, vyasa n'uko hari imihare yari yahaciye. Nca ntangura kwicara. Narindahamaze akanya gato, igihe, ibisaka vyahungabana iruhande yanje, urugaborumwe rw'ikigatanya rwari rufise inkoho y'iminwa ibiri rwariko ruraza ruca mur'ivyo bisaka ngaho, rwaranteye ubwobavyo gupfa. Nca ndagenda aho, nca ndunama n'ingoga; naratinya no kunyiganga, ntinyako yohava andasa. Ibisaka biriko biranyiganga, kubw'ivyo nca ndacerezandatekereza.

Umuhare uca utangura kuduga umusozi, uwo mugabo acaatangura kuwumija amasasu akoresheje ya minwa ibiri yompi. Aca arawuhusha, nukowa muhare uca umanuka ku musozi. Nca ndibaza nti, “Ubu rero ngira ndahavengende; urwo rwamo rwose ruriko rurasirana. Inkoho yiwe yahezemwo amasasu.”

Nca ntangura kumanuka umusozi, hanyuma uwo mugabo acaarasa neza na neza imbere yanje. Bica birampindukiza nk'uku. Nca ntangura kuja mw'uru ruhande, ngo manukire ahandi, hanyumaiyo nkoho ya 22 ica iratangura, amasasu anyuragirana hejuru yanje. Nca mvuganti, “ Ehee, ndi mu kibanza kibi cane.”

Niho naca mpindukira nca manukira hafi y'uruzi. Ncandibaza nti, “Ngoma manuke hano maze ninyegeze gushika bahejeje, mbonekuvayo.” Rero nkiriko ndamanuka, nca ngera aho nkwega... Nca nkwegerwa kuraba hirya i buryobwanje. Maze kuraba, hariho ipaki ivamwo itabi igaragara aho umwe muri bo yariyayitaye hasi, mur'ukwo kwiruka kwose kwa... igihe imihare yariko iraca mubisaka.

Narayiravye. Sinayitoye, kuko ntakunda akamotok'ivyo bintu, ubwa mbere hoho. Nca ndayiraba, kandi ni u -uruganda kanakarukora itabi urwo nibaza ko ntovuga izina, ariko muza kumenya. Kur'iyo pakihavuga ngo, “Akayungiro k'umuntu yiyumvira n'akanovera k'umuntu anywa itabi.” Nararavye ico kintu, nca ndibaza nti, “Akayungirok'umuntu yiyumvira?” Nca ndibaza nti, “Iyaba uwo muntu ashoboye kwiyumvira na gato,ntiyonyoye itabi na mba. Ni gutekoba 'akayungiro k'umuntu yiyumvira'? Umuntu yiyumvira ntiyategerezwa kunywaitabi na mba.” Neza.

----
Narayiravye, nca ndibaza nti, “Ni ikintu kimeze nka-nk'amadini y'uyu musi, amashengero dufise.” Iryo ari ryo ryose muri yoryifitiye akayungiro karyo bwite; barifitiye ubwoko bwabo bwite bw'akayungiro. Barareka hakinjira gusa ivyo bashaka ko vyinjira koko, ariko ico batagombantibakireka ngo cinjire; ivyo bayungurura ngo vyinjire n'ivyo bayungurura ngontivyinjire, bakoresheje ubwoko bwabo bwite bw'akayungiro. Barereka ivy'isivyinshi cane bikinjira kugira ngo bihaze abatizera bari muri yo. Barabakira muriyo n'aho boba bameze gute, nimba ari ba rurangiranwa. Ariko hariho ikintu kimwe kuri vyo, ntushoborakwinjira mw'Ishengero ry'Imana nk'uko; sindiko mvuga idini, nshatse kuvuga Ishengero ry'Imana nyaryo ry'ukuri.

----
Abo bantu, barazi ico bakeneye. Kubw'ivyo reronimba babwirizwa kuronka ico bakeneye, aho rero bazotegerezwa kugira ubwokokanaka bw'akayungiro, biciye muri ko isi yumvikane neza, ngo bihaze akanoverakabo k'ivy'isi.“ ”Akayungiro k'umuntu yiyumvira, akanovera k'umunywi w'itabi.“Akayungiro k'isi y'ikidini, n'akanovera k'umuntu w'isi.

Bashaka kuba abanyedini. Biyumvira yuko bategerezwakuba abanyedini, kuko bafise umushaha. Igihe twaza muri kino gihugu ubwa mbere, mwasanzeAbahindi basenga izuba n'ibindi, kubera (iki?) we ni ikiremwa muntu. Turaja hariya kure mu mashamba yo muriAfrika, tugasanga abasangwabutaka baho basenga ikintu kanaka. Kuki? Ni ibiremwamuntu, kandi barashaka, bategerezwa gusenga. Ku bw'ivyo ikiremwa muntu, ntaco bitwaye ukuntuyaguye kwose, aguma azi yuko hariho ikintu kanaka ahantu kanaka. Ariko afiseakanovera cane k'ivy'isi, ku buryo adashobora gufata akayungiro nyako. Ategerezwa kwironkera akayungiro yihinguriye ubwiwe. Bamwe bose bihinguriraubwoko bwabo bwite bw'akayungiro.

----
Nimurabe mu Guharura 19, ngomba yuko muhasoma nimwatahamuhira, mufise akanya gakwiye. Nimurabe, igihe Isirayeli yaba yakoze icaha, ubwa mbere bafata ishashi y'inka y'akagajo itigeze gushirwako ingogo kw'izosi. Ivyo bisobanura ko itaba yarigeze iboherwako ingogo n'ikintu na kimwe. Kandi yabwirizwa kuba ari iy'akagajo. Ibararitukura ni i - ibara ry'impongano. Murazi, ubushakashatsi burazi ko iyo ufasheigitukura hanyuma ukaraba igitukura urabiye mu gitukura nyene, bica vyera. Uravye ucishije mw'ibara ritukura, ukaraba igitukura, bica vyera. IrabaIcishije mu Maraso atukura y'Umwami Yesu, hanyuma ivyaha vyacu bitukuratukutuku bigaca vyera nka shelegi; igitukura ucishije mu gitukura. Hanyuma iyo shashiyaca yicwa mu gihe c'umugoroba, n'ikoraniro ryose rya Isirayeli. Hanyuma hacahashirwaho imirongo indwi y'amaraso yayo kw'irembo ry'aho ikoraniro ryoseryabwirizwa kwinjirira; igitutu ca vya Bihe Ndwi vy'Ishengero, biciye ku Maraso.

Hanyuma rero igihe baba bacumuye, hanyumabakemanga ko bakoze nabi, ico gihe rero baca bacucagirwa umunyota w'iyo shashiy'inka, kuri bo. Ayo niyo yari amazi yo yo guhumanura, ugutyororwa icaha.

Nimurabe. Ng'ibi! Igihe Ab'Isirayeli, imbere yukobashobora kuza mw'isangira mu gusenga, bategerezwa ubwa mbere kubanza guca mumazi yo guhumanura. “Ugutsindanishirizwa biciye ku kwizera; kuva ku kwumva, kwumva Ijambo.” Hanyuma rero bagaca binjira mw'ikoraniro musi y'iyomirongo indwi, amaraso, kugira vyerekane yuko hari ikintu capfuye kikabitangiraimbere, kubw'ivyaha vyabo.

Bahumanurwan'ukwumva Ijambo, amazi yo guhumanura, bagaca babona kwinjira rero mw'isangira. Ahantu honyene Imana Yahurira n'umuntu hari musiy'urwo rutonde. Nta handi hantu na hamwe Yashobora guhurira na we. Yategerezwakuza mur'urwo rutonde. Imana Yahurira na Isirayeli ahantu hamwe honyene. Kandi Imana Ihurira namwe uyu musi ahantu hamwe gusa, aho naho ni muri Yesu Kristo; uwo na We Akaba Ari Jambo, ya mazi yo guhumanura. Kandi AmarasoyiWe yasheshwe ku bwa vya Bihe Indwi vy'Ishengero vyose. Hanyuma rero, biciyekuri Mpwemu Yera, tuca twinjira mur'iryo sangria, rihabwa Ishengero gusa. Oh,ese ukuntu Ahambaye!

Ubu, kandi, dushaka kuraba mu Banyefeso 5:26, havuzehati, “Ni ukuryogesha amazibiciye kw'Ijambo,” amazi yo guhumanura. Akora iki? Hanyuma, Akayungiro k'Imana ni Ijambo. Amazi yo guhumanura, “Ukwozwa n'amazi, yo guhumanura, biciye kw'Ijambo,” Akayungiro K'Imana. Rero, ntimushobora kuza muri Kristo muciye mukayungiro k'ishengero. Ntimushobora kuza muciye mu kayungiro k'ikidini cankeakayungiro ka ndemera. Hari Akayungiro kamwe rudende, ako mushobora kwinjiraaho hantu hera muciyemwo, bica “mu kwozwa n'amazi biciye mw'Ijambo.” Ijambory'Imana niko Kayungiro k'umuntu yiyumvira.

Ishengero rizogucira urubanza hano ko uri umunywanyimwiza, canke utari we. Bazokugirira amaziko meza, baduze amabendera kugerahagati ku rupfu rwawe, barungike ingori nyinshi z'amashurwe kandi - kandi bagukorere ivyo ari vyo vyose. Ariko ku bijanye n'umushaha wawe ubwirizwaguhura n'Imana, utegerezwa kuba ufise Ubugingo Budashira. Kandi nimba ariUbugingo Budashira, ni igice c'Ijambo. Kandi nk'uko ijambo ryanje bwiteridashobora guhakana...

Ikiganza canje bwite nticoshobora guhakana ikiganzacanje. Amaso yanje bwite ntiyoshobora guhakana ikiganza canje, canke ikirengecanje, canke ino ryanje, canke ikindi gihimba na kimwe canje. Ntibishoborakubihakana. Nk'uko nyene n'umugabo canke umugore ari igice c'Ijambo ry'Imanantashobora guhakana igice na kimwe c'Ijambo ry'Imana. Rero, bagore, mugihemwibaza ko mushobora kumwa umushatsi hanyuma mukaza mu Nyonga z'Imana, murihenda. Murabibona? Murihenda; ntimushobora guca mu Kayungiro k'Imana ahomwozwa n'amazi y'Ijambo. Niho rero muca mwinjira mw'isangira. Mwibaza yukomwogejwe, ariko ntimushobora kwozwa kugeza muje muciye mw'Ijambo, na buri gacekose, buri Jambo rito ryose ry'Imana. “Umuntu ntazobeshwaho n'umutsima gusa,ariko na buri Jambo ryose.” Bitegerezwa guca mur'uko kuyungurura, guca ngaho. Kandi ivyo bitanga akanovera k'umuntu agororotse, kuko ico kiba arico arikoararondera, arondera ikintu kanaka co kumweza.

Ijambo, Ijambo ry'Imana niko Kayungiro k'umuntuyiyumvira, kandi Ritanga akanovera k'umuntu agororotse. Turazi yuko ari ukuri; rirayungurura icaha cose c'ukutizera rikagita hanze. Nta kutizera kuba kukihariiyo muciye mur'ako Kayungiro, kuko ari akanovera k'uwizera nyakuri. Uwizera nyakuri agomba kugororoka, uko vyomera kwose. Ntgomba kuvuga gusa ngo, “Neza, jewe ndi uwo ku rwego rwo hejuru mu kibano. Ndi mw'ishengero, ishengero rinini kuruta ayandi mu gisagara.” Jewe sinezwenimba ari misiyoni kanaka iri ku mfuruka y'ibarabara, nimba ari igikorane co hanze, ahantu kanaka, umuntuyiyumvira arazi yuko azotegerezwa guhura n'Imana. Kandi naho ishengero ryovugaiki, canke naho uwundi muntu wese yovuga iki, ategerezwa kuza yujuje ibisabwa n'Imana. Ibisabwa n'Imana navyo ni Ijambo ry'Imana.

“Neza,” bavuga bati, “Ijambo ry'Imana”

Koko, bose barizera ko Ari Ijambo ry'Imana, ariko nonembega murashobora kuyungururwa na Ryo? Ni gute wocisha umugore amoye umushatsimuri Ryo ngo arengane? Ivyo mwobikora mute? Ni gute mwoRicishamwo umugaboadashobora gushigikira iyi Nyigisho? Murabona? Ako si akanovera k'umuntu yiyumvira. Oya. Umuntuyiyumvira azokwiyumvira, umuntu yiyumvira azobanza kwiyumvira kabiri imbereyuko atarukira mu kintu nk'ico.

Nimurabe, iryo Jambo ntishobora kwihakana ubwaRyo. Hanyumabirahazwa, canke ni icipfuzo. Ni icipfuzo c'iki? Ni igiki gituma Ivyouvyipfuza, ubwa mbere hoho? Ni uko hariya imbere mu mushaha hariyoakabuto katoranijwe ako kakaba kari Ubugingo Budashira, kamye karyamye ngaho,kamye kari aho. “Abo DataYaMpaye bose bazoza kuri Jewe. Nta n'umwe muri bo azotakara.”

Akanovera k'umuntuyiyumvira, iyo umuntu yiyumvirayumvise Ijambo ry'Imana, “Intama zanJe zumva Ijwi ryanJe, uwo zitazintizimukurikira,” kuko hariya mu bwina hariyo Ubugingo, kandi Ubugingo bufatanan'Ubugingo. Icaha gifatana n'icaha, kandi icaha ni ikiryarya canekugeza n'aho cibaza ko cakijijwe candi kitarakizwa. Kiri mu bwina bw'imbererwose bw'uburyarya.

Musome mu... Akayungiro k’Umuntu yiyumvira.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Bagabo, mukunde abagore banyu, nk’uko Kristo na we yakunze ishengero, akaryigura,

ngw aryeze, aryogesheje amazi n’ijambo,

ngw aryīshīre, ar’ ishengero rifise ubgiza, ridafise amarabaga cank’ injebejebe cank’ ikintu cose gisa girtyo, ariko ngo ribe iryera ridafise agasembga.

Abanyefeso 5:25-27


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

Chapter 11
- The Cloud

(PDF Icongereza)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)

Imbere...

Inyuma...



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.