Kubera iki Mpwemu Yera yatanzwe?

<< prev

next >>

  Kugirirwa rukurikirane.

Intumbero y'Imana.


William Branham.

Musome mu...
Kubera iki Mpwemu Yera yatanzwe?.

Yohana 14:26,
arik' Umwitsa, ari We Mpwemu Yera, Uwo Data Azorungika mw'Izina ryaNje, ni We Azobigisha vyose, kand' Azobibutsa ivyo Nababariye vyose.

Ejo hahise n'imugoroba twariko tuvuga “ico Yari Ari.” Mpwemu Yera Yari Ari Iki? Kandi twarabonye ko Ari hafi buri kintu cose ImanaYadusezeraniye. Uh-Uh. Muri We twasanzemwo ico Ishengero ry'Imana ryokeneyecose. Twasanze ari ikidodo, Umwitsa, uburuhukiro, n'umunezero, n'amahoro, n'izuka. Ivyo Imana Yasezeraniye Ishengero vyose, biri muri Mpwemu Yera.

-----
Rero, ejo ku mugoroba... Kw'uyu mugoroba tugiye kwigisha kuri: Ni Iyihe Mpamvu Yatumye Imana IrungikaMpwemu Yera? Kugira Akore iki? Ni ikintu gihambaye cane, ariko none kuberaiki Imana YaMurungitse? Gurtyo ejo naho ku mugoroba dushaka kuzovuga kuri: Ni Kubwawe? Na Ni gute uMuronka? Na UmenyaGute Ko Wamuronse?

-----
Ubu rero, impamvu, ni iyihe yatumye Imana IrungikaMpwemu Yera? Rero, nokwerekana muri Yohana 14, uhereye ku murongo wa 14, ugasoma ico kigabane cose, nk'urufatiro. Intumbero y'Imana, hano turabona, komu kurungika Mpwemu Yera, yari intumbero imwe, kwari kugira Imana ubwaYoIshobore kugerera mw'Ishengero ryaYo gurtyo Ikabandanya imigambi yaYo biciyemw'Ishengero.

N'uko, Imana Yari muri Kristo, Ibandanya ibikorwavyaYo biciye muri Kristo; bivuye muri Kristo, vyinjire mw'Ishengero, Ibandanyeibikorwa vyaYo biciye mw'Ishengero. Ubu turazi ico Mpwemu Yera Ari. Twarabibonye, ejo hahise n'i mugoroba, yuko We Ari Imana. Rero, iyo twiyumviriye ku Mana, Uyu Data, nk'uko YesuYabivuze hano, Se wiWe; Imana, Umwana, nka Yesu; Imana, Mpwemu Yera, nk'uko tuMwitauyu munsi, rero ubu, ivyo ntibisigura yuko hariho abaperesona batatu, Imanazitatu zitandukanye. Bisobanura yuko hariho Imana Imwe mu vyubahiro bitatu.

Reka tubivuge gurtya: ivyo Imana Yari vyose, Yabisutsemuri Kristo, kubera Yaricukumbuye Yose ubwaYo maze Yisuka muri Kristo. “Kristo Yariukunengesera kw'Ubumana mu buryo bw'umubiri.” Ivyo Yehova Yari vyose, Yabisutsemuri Kristo.

Hanyuma Kristo na We ivyo Yari vyose Yabisutsemw'Ishengero; atari mu muntu umwe, ariko mu Mubiri wose. Aho rero, iyodukoraniye hamwe mu bumwe, tugira Ubushobozi. Ivyo Imana Yari vyose, vyari muriKristo; kandi ivyo Kristo Yari vyose, biri muri mwebwe. “Kuko Imana Yambaye umubiri, Ibana natwe.” 1 Timoteyo3:16, nimba muriko muravyandika: “Nta gukekeranya, ibanga ryo kwubaha Imanarirahambaye cane: Imana Yaragaragaye mu mubiri, mbere twaraYikozeko. Imana, Yehova, Yarambaye umubiri, Iragendagenda kw'isi, kandi twaraYibonye n'amasoyacu.” [Bibiliya y'Umwami Yakobo. -Umw.]

Murazi muri iki kigabane nyene, ca Yohana 14, Filipoyavuze ati: “Mwami, twereko, bizoba biduhagije.” Yesu Yaciye Amwishura Ati: “Aho nabaniye namwe, nturagaheba uMenya ga Filipo? Umbonye, uba ubonye Data. None uvuga ute ngoTwereke So?” Imana Yarambaye umubiri.

Ubu rero ng'ibi. Data Yari Imana hejuru yanyu, nikotuvuga. Twariho kuva kuri adamu. Imana, Data, Yari hejuru ya Mose n'abanab'Isirayeli, mu Nkingi y'Umuriro. Hanyuma, Imana kumwe natwe, muri Kristo; Igendananatwe, Ivugana natwe, Isangira natwe, Irarana natwe. Imana hejuru yacu; Imanakumwe natwe; ubu naho rero Imana muri twebwe. Ivyo Imana Yari vyose, vyinjiyemuri Kristo; ivyo Kristo Yari vyose, vyinjiye mw'Ishengero.

Niiki? Imana ikorera muri wewe. Aho ari ho hose kw'isi Yoshaka kuguhamagarirakuja, uba mwahageze, Igakorera muri wewe mu gushitsa ubugombe bwaYo. Ese ukuntutwategerezwa gushima Imana kubw'ivyo! Imana, Mpwemu Yera, Yarungitswe kubw'intumberoy'Imana yo kuba mw'Ishengero ryaYo, Igendagenda muri buri gihe, Ikora nk'ukoubugombe bwaYo bwa Kimana buri.

-----
Kandi ukwo niko Imana Yabigenje, Yakurikije amategekoyaYo bwite. Imana ntishobora gukurikiza, ntishobora kuguha ibwirizwa rimwehanyuma naYo ngo Ikurikize irinsi. Na Yo nyene Irakurikiza amabwirizwa yaYobwite. Gurtyo nyene, Imana, mu gucungura rya shengero ryazimiye, isi yatakaye, ivyaremwevyatakaye; Imana, Imwe Itagira iherezo muri Mpwemu, mu gucungura ubwokomuntubwatakaye, Imana ubwaYo niYo Yahindutse umuvyeyi wo hafi, Umuntu, UmwanaYaremeye mu gitereko ca Mariya. Ica Itanga ikimenyetso, nakwo intahe; hanzey'amarembo ya Yerusalemu, Yaramanitswe hagati y'amajuru n'isi, Arapfa, gurtyo Acunguraibintu vyose. Maze mu kumeneka kw'Amaraso yiWe, Yarejeje Ishengero kugiraAshobore kuribamwo, Agiranire isangira naryo, kagace k'isangira kaburamw'itongo rya Edeni igihe Imana Yahora Iza buri kagoroba, igihe c'ishengero. Mbega mwabonye? Imana Yahora Imanuka mu kayaga kamanikera, izuba ririko rirarenga. Hariho ikintu kanaka igihe buba butanguyekwira, abantu baca biyumvira kw'ishengero be n'Imana; Abakristo. Ubonye izubarirenze, uca umenya nawe ko izuba ryawe ririko rirarenga.

Mu kayaga ko ku kagoroba Yarashobora kumanuka mazeIkagiranira isangira nabo. N'uko iryo sangira Yararitakaje, kubera icaha nticarikuYemerera kurigira. N'uko rero Yarambaye umubiri Ibana natwe, kugira Irabeko Yoshobora kugaruka ku muntu, maze Ibe muri we, kandi Igarukane umuntu mugihe c'isangira hamwe naYo kandi, Yongere Imuhe uburenganzira Imana YariYaramuhaye. Ico nico Yakoze.

Iyo niyo ntumbero ya Mpwemu Yera. Ni Data, kandi, ImanaData Igerera muri mwebwe, Ishitsa imigambi yaYo, kugira Iheraheze umugambo waYow'incungu; Igakora biciye muri wewe, Ikakugira umukozi akorana naYo; Ikaguhaikibanza, Ikaguha umugabane kubwa mwene Data canke mushiki wacu yaguye, yatakaye; Ikaguha Mpwemu waYo n'urukundo rwaYo, kugira uje kurondera abazimiye, nka kumweYabikora mw'itongo rya Edeni. “Adamu, Adamu, uri hehe?” Ico nico Mpwemu YeraAkora ku mugabo canke ku mugore. Iyo Yinjiye mu mitima yabo agatsimbatazayoicicaro ciWe, haca habayo inyota n'inzara kubw'imishaha yatakaye. Iyo niyo ngoraney'ibikorane iki gihe. Nta gukorwako na Mpwemu guhagije kuba kurimwo, kugirahaje kuronderwa imishaha yatakaye iriko irapfa. Birahagije kugira izina, cankeishengero, canke inyubakwa, canke idini, aho kugira umugambi wo kurokoraimishaha. Mbega ukuntu biteye akagongwe! Twoshobora kubimarako umwanya.

-----
Ubu naho muri iki gihe tubayemwo, kino gihe, birengeyePentekote. Pentekote yaciye igira idini, itangura guhindukirizaivyiyumviro vyose ku madini ivuga iti: “Turi ibi, turi na biriya.” Nikamere gusa. Ntaco muri bubikoreko. Ni kamere. Ivyo bazobikora. Niwo mugambiw'uko ivyo babikora. Ariko Ishengero ryoryo ryabandanije ritera rijaimbere. Ryarinjiye mu bushobozi buhambaye cane. Ni ukugarukanwa kw'ingabire.

Yamara abantu benshi b'Abapentekote ntibizera ugukizaindwara kw'Imana, igikorwa c'Abamarayika, n'ubushobozi bw'Imana. Aya mayerekwampora mbona Abapentekote benshi bayita “ay'umurwanizi.” Amadini menshi ntazoshakakugira na kimwe abikorako, muri Pentekote. Murabona, twaraduze hejuru y'ivyo. Nkakumwe nyene Abametodiste bise ivy'Igipentekote “ubupfu” kubwo kuvuga mu ndimi. Niko Abaluteri bise “ubupfu” Abametodiste kubwo kuvuza akamo. Murabona? Ariko ivyo vyose ni Mpwemu Yera Aza, gushik'aho ryaShengero rihambaye ryuzuzwa, rikuzuzwa mu buryo bunengesereye, haleluya ubushobozi buhambaye bw'ImanaMushobora vyose. Gushika, bigeze y'aho vya bikorwa nyene Yesu Yakora birikobirigaragariza mw'Ishengero kino gihe. Turi hafi, bagenzi.

Hinge hano ndahahagarare gato gusa, tubone impamvuImana Yashize Mpwemu Yera mw'Ishengero, ndabahe ikindi kigereranyo kugiramubibone. Hariya mw'Isezerano rya Kera, igihe umwana... Umugabo yarashinga urwiwe. Yararonka umugore wiwe, iconico ca mbere. Agaca aba umuntu ahambaye, nk'idini. Ivyo vyaba arivyiza. Ikintu gikurikira cǎba, n'uko mw'urwo rugo havuka umwana. Aho ni igiheMpwemu Yera, murabona, iyindi mpwemu yaba ije, uwo nawe akaba yaba ari umwanaw'umuhungu. Uyo mwana w'umuhungu, ntayaba ashoboye kuzezwa inshingano, cankengo aragwe atabanje gushikana imyaka kanaka. Kandi rero yabanza gupimwa. Egome. Rero bo bari bafise icagezwe co kugirwa samuragwa. Kurimwebwe abakozi b'Imana, “ugushirwa mu kibanza kw'umwana w'umuhungu” nikwo ndikondavugako kano kanya, murabona, aho yaba ageze aho agirwa samuragwa....

-----
Igihe cose utararonka Mpwemu Yera nturahindukiriraImana. Ukwo ni ukuri. Wizera kugira “gushika.” Mpwemu Yera aba yavuganyenawe, nawe ugaca umwatura ku mugaragaro. Ivyo nyene umurwanizi arabifise. “Ndizerako Ari We Mwana w'Imana.” Emwe n'umurwanizi nawe ivyo aravyizera. Ariko ubauriko ugenda uMugana. Igihe, Petero yari yarahamagawe yongeraaratsindanishirizwa, biciye mu kwizera Umwami Yesu Kristo; kandi muri Yohana17:17, Yesu Yarabejeje biciye mw'Ijambo, kubera Ijambo niryo ryari Ukuri. Kandini We Yari Ijambo. Yohana 1 havuga hati: “Ubwa mbere na mbere Jambo Yariho,kandi Jambo Yari kumwe n'Imana, kandi Uwo Jambo Yari Imana. Kandi Uwo JamboYigize umubiri, Abana natwe.” Yari Ijambo, rero Yarabejeje. Yavuze Ati: “Data,”Ariko Abwira Mpwemu Ari muri We, “Ndabejeje biciye mw'Ijambo,” We nyene ubwiWe, Abarambitseko ibiganza vyiWe. “Ijambo ryaWe ni Ukuri.” Yo Yaravuze mu buryobwiyoroheje na We aca arabaho, mu gitereko c'umugore; ôo, ntibishoboka na gatoko Aba ikindi kintu kiretse rino Jambo ry'Imana, kugira riYigaraze. “Ndabejeje.”

-----
Ubu rero, “Ibikorwa Jewe Nkora.” Imana Irimw'Ishengero ryaYo, kugira Ibandanye ibikorwa vyaYo. Ico nico gituma Yarungitse Mpwemu Yera. Rero, ivyo Yar'Ibizi. Yo, Yaramenye yuko atari ukwo vyobaye, kobitoshoboye kuba mur'ubwo buryo, rero kubw'ivyo, Yategerejwe kurungika. Data Yarungitse Umwana, Ashira vyose ibiri muri... Umwana muri mwebwe. Kandi ibikorwaYakora, vya bikorwa nyene Yesu Yakora, namwe muzobikora, Shengero. Mwoba mwipfuza gukora ibikorwa vy'Imana? Yesu YavuzeAti: “Nimba mugomba gukora ibikorwa vy'Imana, nimunyizere.” Mumwizera gute“ Ntimushoborakubikora gushika muronse Mpwemu Yera. Kuko nta muntu n'umwe ashobora kuvuga yuko AriUmwana w'Imana; muba muriko muvuga ivyo uwundi muntu yavuze. “Bibiliyairabivuga yuko Ari Umwana w'Imana; nanje Bibiliya ndayizeye.” Vyiza cane.

“Bibiliya ivuga yuko Ari Umwana w'Imana; nanje Bibiliya ndayizeye. Umwungere avuga yukoAri Umwana w'Imana; umwungere nanje ndamwizeye. Mawe avuga yuko Ari Umwanaw'Imana; nanje mawe ndamwizeye. Umugenzi wanje avuga yuko Ari Umwana w'Imana; nanjeuwo mugenzi wanje ndamwizeye.” Ariko uburyo bumwe nshobora kuvuga yuko Ari Umwanaw'Imana, ni igihe Mpwemu Yera yinjiye maze akishingira intahe ubwiWe, aho rero nihomba nzi yuko Ari Umwana w'Imana. “Nta muntu ashobora kwita Yesu 'Kristo,' shitiabivugishijwe na Mpwemu Yera.”

Huh! Nta muntu avuga yuko Yesu ari ikivumeabivugishijwe na Mpwemu w'Imana, canke ngo avuge yuko Yari iki urya munsihanyuma ace avuga ikindi uyu munsi. Ivyo biMugira umunyantege nke kandiahindagurika. Oya, mushingantahe. Ni Wa Wundi nyene ejo hahise, uyu munsi n'Ibihe Vyose. Impwemu yose y'ukuri izoshingira intahe ivyo. Neza cane.

-----
Mpwemu Yera aza kubaha Ubushobozi. Ndafise ibindiVyanditswe hano, gato gusa. Mpwemu Yera aza kubaha Ubushobozi. Jewe - jewe si... Ibimurashobora kubibona; gusa ndi kure cane, kur'uyu mugoroba. Abaha Ubushobozi, Ubushobozi mu masengesho! Nimufate nk'umuntu yabayeho ubuzima bwiza, arikobakaba bamye bananirwa. “Ôo, ndababwire...” Umuntu mwiza, “Ôo, nta nkeka, ndakunaUmwami mwene Data Branham.” Bama na ntaryo baneshwa, ntibarigera bagiraisengesho ryishurwa.

Uwo mugore muto mwuzuze Mpwemu Yera rimwe gusa, ucewirabira ibica biba. Iyo agiye imbere y'Imana, ntananirwa. Atumbera Intebey'Ubwami y'Imana afise ugushira amanga yizeye. Afise uburenganzira kubera niumukobwa w'Imana, kubw'Ivuka. Nimufate uyo mugabo muto, w'umunyabwoba cane, shebuja agumaajuragiza irya n'ino. Avuga ati: “Ubu rero hinge gato.” Hariho ikintucahindutse, murabona, yaronse Mpwemu Yera. Aguha Ubushobozi. Ubuzima bwawe bubabwuzuyemwo Ubushobozi.

-----
Ôo, bagenzi! Nariko ndavuga ku Bushobozi bw'amasengesho, Ubushobozibwo kuvuga, Ubushobozi bw'ubuzima bweranda. Amen. Ivyo nivyo Mpwemu Yeraazokora. Mwebwe bantu mugenda muvuga ngo: “Emwe, jewesinshoboye kureka kunywa inzoga. Sinshoboye kureka iki.” Mpwemu Yera aza kuba muri wewe, akirukana kure yaweivyo vya sinshoboye. Ukwo ni ukuri. Atumaabagore bahagarika kumwa imishatsi, abatuma bahagarika kwambara amabuturan'amapantaro. Aho nta vyireguzo. Abatuma bahagarika gusakuza. Ôo, egome, ivyonivyo Akora, abaha kubaho ubuzima bweranda. Azokurikiza amategeko ya Bibiliyaigihe cose.

Umugore avuga ati: “Gusa harashushe; rero ningombwa nambare izi. Bituma meneka umutwe iyo ndetse imishatsi yanje ikure.” Ariko vyireguzo kuri Mpwemu Yera. Ari ng'aho kugiraivyo abishire mu ngiro. Azokurikiza Ijambo urudome ku rundi. Ivyo nivyo MpwemuYera azokora. Azogutuma wewe mugabo uhagarika guhindukira urabaabagore bambaye impenereza, agutume ureka kubipfuza, hamwe n'abanywanyi b'ishengero.Ivyo nivyo azokora.

Musome mu...
Kubera iki Mpwemu Yera yatanzwe?.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Yesu aramwishura, ati Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we.

Ūtankunda ntiyitondera amajambo yanje, kand’ ijambo mwumva s’iryanje, ariko n’irya Data yantumye.

Yohana 14:23-24


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet

(PDFs Icongereza)
 

Chapter 11
- The Cloud

(PDF Icongereza)

Chapter 14
- Sabino Canyon

(PDF)

Sirs, is this the time?

(PDF Icongereza)
-Musozi Sunset.
Where cloud appeared.

Imana Irimw'Ishengero
ryaYo, kugira
Ibandanye ibikorwa
vyaYo. Ico
nico gituma
Yarungitse
Mpwemu Yera.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.