Mpwemu Yera ni iki?

<< prev

next >>

  Kugirirwa rukurikirane.

Ni ikidodo cawe.


William Branham.

Musome mu...
Mpwemu Yera ni iki?.

Rero, narabajije iri hema... Ubu rero, ibi ntituriko tuvyinjiramwo kugira turonke ibikoranevy'ikanguro gusa. Ngomba ntangure bino, kandi nipfuza ko namwe, narabasavye guturiraibiraro vyose biri inyuma yanyu, no gutunganya buri caha, kugira ibituvyinjiremwo tubishizemwo imitima yacu yose n'ubuzima bwacu bwose. Dutegerezwakuza hano mu ntumbero yo gutegurira imishaha yacu Ukugaruka kw'Umwami, atayindi ntumbero ituzanye. Kandi nk'uko nabivuzeko, nkongera nkabitangaza, birashoborakunshikira umwanya runaka nkigisha canke nkavuga ikintu kanaka coshobora kubagitandukanye gato n'ic'uwundi, ukwo bobo bavyizera. Si - sina - naje kugiramvyure ibizazane, murabona, nazanywe... Turi hano kubwo gutegura Ukuzakw'Umwami Kandi ndibaza uyu mugwi muto...

-----
Twisunze hano hantu, twipfuza kuvuga ku mutwew'amajambo, uwo nibaza ko ari wo mutwe w'amajambo uza kuranga uyu munsi, akabaari... Mpwemu Yera Ni Iki? Ni iki? Kandiubu rero, igituma nahisemwo gukurikiranya iyi mitwe y'amajambo gurtya, n'ukoudashobora kuza ngo uronke Mpwemu Yera utazi ico Ari co. Kandi nimba uzi icoAri, ntushobora kuMuronka utizera yuko Yatanzwe kubwawe, kandi ko ari weweYagenewe. Ikindi naco, ntushobora kumenya nimba uMufise canke utaMufise, utaziingaruka Azana. Rero nimwamenya ico Ari co, n'uwo Yagenewe uwo ari we,n'ibikorwa Akora ivyo ari vyo iyo Aje, aho rero muzoca mumenya ico muzobamwaronse nimwamuronka. Murabona?

Ubu rero, hariho itandukaniro rinini hagati y'Umukristoasanzwe be n'Umukristo yuzuye Mpwemu Yera. Rero ibi tugira tubirabe muVyanditswe, tubibone vy'ukuri aho biri mu Vyanditswe. Ubwa mbere, harihoUmukristo yatura ko ari Umukristo. Ariko nimba uwo Mukristo ataruzura Mpwemu Yera,aracari gusa mu rukurikirane rwo kuba Umukristo. Murabona? Yatura ko avyizera; arikoatera abigana, ariko Imana ntiramuha Mpwemu, Mpwemu Yera. Ntarashika kuri iyontumbero hamwe n'Imana, yuko Imana Yavyemeye.

-----
Ugukebwa niigitutu ca Mpwemu Yera. Rero Imana Yahaye Aburahamu i - ikimenyetso co gukebwa amazekwemera Imana kw'isezerano ryaYo maze agasohoka akaja mu gihugu c'amahanga. Murabona? Cari ikimenyetso. Rero abana biwe bose, uruvyaro rwiwe inyuma yiwe, bǎtegerezwakugira ico kimenyetso ku mibiri yabo, kubera ari co cerekana itandukaniro. Cariico kubatandukanya n'abandi bantu bose, kino kimenyetso co gukebwa. Kandi ico nico Imana Ikoresha uyu munsi. Niikimenyetso co gukebwa kw'umutima, Mpwemu Yera, ni co gituma Ishengero ry'Imanariba Ishengero ritandukanye n'izindi nemera zose, imyizerere n'amadini. Bari mubwoko bwose bw'amadini, ariko bo ni abantu batandukanye.

-----
Muba abatandukanyecane iyo Mpwemu Yera abajeko, gushika aho n'impwemu y'iyi si iba itakibakunda, bacababarwanya, nta na kimwe bashaka ko muhurirako na gato.Uba wavukiye mu yindiSi. Uba uri ingenzi cane, ingenzi cane incuro cumi kuruta ukwo woba wagiye hiyokure muri ya mashamba yo muri Afrika. Uhinduka uwutandukanye iyo Mpwemu YeraAkujeko, kandi ni ikimenyetso. Ni ikidodo hagati y'abantu. Ubu rero muravugamuti: “Yamara, mwene Data Branham, ico kimenyetso co gukebwa cari cahaweAburahamu?” Ukwo ni ukuri. “N'Uruvyaro rwiwe?” Egome.

-----
Kano kanya rero, Abanyefeso 4:30 tuhasoma bino: Kandi ntimukababaze MpwemuYera w'Imana, UWo mwashizweko nk'ikidodo, gushitsa ku musi wo gucungurwa. [Bibiliya y'Umwami Yakobo. -Umw.] Ngiye gutegerezwa gushikira igice kigumye gato c'ibi kanokanya, mu mwanya uza ugiye kuza. Rero mwebwe bene Data b'abanyamategeko, nimutekanegato. Murabona? Mbega mwabonye umwanya ico kidodo kimara? Si gushikakw'ikanguro rikurikira, gushika igihe gikurikira aho hazoba hari ikitagendaneza. “Gushika ku munsi wo gucungurwa,” ico nico gihe mumara mudomweko ikidodo.“Gushika ku munsi wo gucungurwa kwanyu,” igihe muzoba mucunguwe mukaduganwakubana n'Imana, ico nico gihe Mpwemu Yera Amara Abadomyeko ikidodo. Atariikanguro gushika ku rindi kanguro; ariko ni kuva mu Bihe Bidashira gushitsa muBihe Bidashira, muba mudomweko ikidodo na Mpwemu Yera.

Ico nico Mpwemu Yera Ari, ni ikidodo c'Imana, cerekanayuko Yaronse... yuko wagiriwe ubuntu mu nyonga zaYo, yuko Igukunda, kandi koIkwizeye, n'uko Igaca Igushirako ikidodo caYo. Ikidodo ni iki? Buri wese... Erega,ikidodo cerekanaka canke gisigura “igikorwa caherehejwe.” Amen. Imana IbaYakurokoye, Ikakweza, Ikagutyorora, Ikakugirira ubuntu, maze Igaca Ikudomakoikidodo. Iba Irangije. Uba uri ubutunzi bwaYo gushika ku munsi wo gucungurwa kwawe. Ikidodo ni “ikintu caherahejwe.” Mpwemu Yera ni iki? Ni ikimenyetso. Ivyo tuzobishikakoikindi gihe, mu bundi Butumwa, ca kimenyetso Paulo yavuga. Indimi cariikimenyetso ku bizera, nakwo, ku batizera.

Ubu rero, mwitegereze, ariko, muri ibi, Mpwemu Yera niikimenyetso. Nshaka kuvuga... Kandi Mpwemu Yera ni ikidodo. Ni ikimenyetso Imana Yahayeabana baYo Yahisemwo. Kucanka, ni gucibwa mu bantu; kucemera, ni kurangizan'isi be n'ivyayo vyose, hanyuma ukaba ubutunzi Imana Yadomyeko ikidodo co kuvyemeza.

Narigeze gukora mw'ibarabara ry'indarayi aho hiyohamwe na Harry Waterberry, rero twarashobora kumanuka gupakira amabehewa. Mwenewacu, Doc, uriya ahagaze hariya inyuma, yafasha mu gupakira amabehewa. Igihe imodokaiba iriko irapakirwa, barayisuzuma, umugenduzi, asanze hari ahantu hasamaye, aho hari icohakorokera kikameneka, canke icokwononekara; iyo modokantizoyidomako ikidodo gushika ipakiwe neza, gushika ipakiwe neza mu rutondekuva hasi, ku buryo ukunyuganga mu nzira ata kintu na kimwe kuza kwonona mu biri imbere.

Iyo niyo ngorane ituma tutadomwako ikidodo kenshi; turarangaracane mu bintu. Iyo Umugenduzi aje, kugira asuzume ubuzima bwanyu, kugira arabeko utari sindabibazwa mu bintu, sindabibazwa gato mu buzima bwawe bw'amasengesho, sindabibazwa muri rya shavu, sindabibazwa kuri rwa rurimi, mu kuvuga abandi, iyomodoka ntazokwigera ayidomako ikidodo.

Ariko iyo asanze ikintu cose kiri mu kibanza caco, uwoMugenduzi, ubwo nyene aca ayidomako ikidodo. Ntihagire umuntu n'umwe yubahukakwugurura ico kidodo gushika iyo modoka ishitse kw'ishikiro aho yameweko ikidodo! Ni ivyo rero. “Ntimugakore ku basizwe amavuta baNje; ntihagire ikintukibi mukorera abavugishwa baNje. Kubera Nababwiye yuko vyokubera vyiza kuboherwakourusyo kw'izosi maze ugatererwa ibwina mu kiyaga, hako wogerageza gutsitazacanke kubuza amahoro, na buhorobuhoro, umuto muri abo badomweko ikidodo.” Murabona ico bisigura?

Ico nico Mpwemu YeraAri. Ni ugushira amanga kwawe. Ni inkinzo yawe. Ni icabona cawe. Ni ikidodocawe. Ni ikimenyetso cawe, bisigura ngo: “Ndi mu nzira ngana mw'Ijuru. Sinitayehoivyo umurwanizi avuga! Ndiko ngana mw'Ijuru. Kuber'iki? Yarandomyeko ikidodo. YaraMumpaye. Yarandomyeko ikidodo mu Bwami bwaYo, none ndi mu nzira ngana muBwiza! Ibihuhusi nibishake bihuhute, Satani n'akore ivyo ashaka gukora vyose. ImanaYaramaze kundomako ikidodo gushika mu munsi wo gucungurwa kwanje.” Amen! Iconico Mpwemu Yera Ari. Ôo,mwategerezwa kuMushaka. Sinoshobora kubandanya ntaMufise. Vyinshi vyoshoborakuvugwa hano, ariko ndazi neza murazi ico ndiko ndavugako.

Uba naho, kandi, rekatuzingurure muri Yohana 14, akanya gato. Gusa ndakunda Ijambo! Ryo ni Ukuri. Rero, Mpwemu w'Imana, Mpwemu Yera, ni iki Mpwemu Yera? Ni Mpwemu wa Kristo muri mwebwe. Kano kanya, imbere yuko dusoma, nari nipfuza kugira amajambo makeya mvuga hano. Mpwemu Yera niiki? Ni ikidodo. Mpwemu Yera ni iki? Ni isezerano. Mpwemu Yera ni iki? Niikimenyetso. Mpwemu Yera ni iki koko? Ni... Mpwemu wa Yesu Kristo muri wewe. Murabona? “Hasigaye igihe gito,” ni ko Yesu Yavuze, “ab'isi ntibabe bakiMbona, arikomweho muzoMbona; kuko Nzoba Ndi kumwe namwe, no muri mwebwe, gushitsa ku muherow'isi.”

Mpwemu w'Imanamw'Ishengero! Ivyo rero nikubera iki? Ivyo Yabikoreye iki? Aka gace gato ni kubw'umutwe w'amajambo w'ejo n'imugoroba.Ariko none Yabikoze kubera iki? Kubera iki Yo, kubera iki Mpwemu Yera Yagize... N'iki,Yaje gukora iki? Yaje muri mwebwe gukora iki, Yaje muri jewe gukora iki? Kwarikugira Abandanye ibikorwa vy'Imana.

“Namye Nkoraibihimbara Data. Kuko Ntakuwe mw'Ijuru no gukora ivyo Nigombera, ariko Nazanyweno gukora ivyo Data Yantumye Agomba. Kandi Uwo Data Yantumye Ari kumwe naNje; reronk'uko Data Yandungitse, namwe Ndabarungitse.” Ôo, bagenzi! Uwo Data Yamurungitse, Yaciye Yinjira muri We. Data YarungitseYesu Yinjiye muri We, akorera muri We.

Yesu na We Abarungitse, Aca Ajana namwe kandi ari murimwebwe. Rero hamwe Umwe Mpwemu Yaba muri Kristo Kristo, Yamutuma akora akongeraakitwara kurya Yabikora, muca muronka iciyumviro c'ukwo Azokora niyashika murimwebwe, kubera ubwo Bugingo ntibushobora guhinduka. Buzohanahanwa buva mur'umwebuja mu wundi, ariko ntibushobora guhindura kamere yabwo, kubera bwo ni Imana.

-----
Tugomba tubaze kanokanya... Twaramusezeraniwe muminsi y'iherezo! Uyu Muvugizi, ikidodo, isezerano, ikintu cose twamuvuzekokw'uyu mugoroba, hamwe n'incuro zirenga ibihumbi cumi, Yagizwe isezerano kuritwebwe mu gihe c'iherezo. Ntibari baMufise kiriya gihe. Bari bafise ikidodo kumibiri yabo, nk'ikimenyetso kivyerekana, bizera yuko Yar'Agiye kuzoza, n'ukobobo bagendera mu gitutu c'ivyagezwe. Muri vyo, bari barakebwe mu mubiri. Uyu munsi, ntitugendera mu gitutu c'ivyagezwe. Tugenderamu bushobozi bw'izuka. Tugendera mu bushobozi bwa Mpwemu, Uwo Akaba ari Wekidodo cacu c'ukuri, Umuvugizi wacu w'ukuri, Umwitsa wacu w'ukuri, Ikimenyetsocacu c'ukuri cerekana yuko twavukiye hiyo Hakurya; abantu b'umwihariko, b'ingenzi,bafise inyifato itangaje, bafatira Imana kw'Ijambo ryaYo, ibindi vyose bavyitaibinyoma. Ijambo ry'Imana niryo kuri. Ivyo ni... Ôo, bagenzi! Ico ni co Mpwemu Yera ari.

-----
Ubu rero, tugiye kubona, inyuma y'aho bujurijwe, baribadomweko ikidodo gushika ryari? [Ikoraniro rivuze riti: “Gushika ku munsi wogucungurwa.” -Umw.] Ni bangahe hano muri iri koraniro bafise Mpwemu Yera? Turabeibiganza vyanyu. Hariho benshi bafise Mpwemu Yera kuruta abataMufise. Tugombako muba umwe muri twebwe, mwene Data, mushikanje. Iyo utahuye ico Ari, ni... NiMpwemu w'Imana Akugereramwo, kugira Akore ibikorwa vy'Imana. Igihe cose Imana Yigera Irungika Mpwemu waYo muri nabamwe mu basavyi baYo, na bamwe mu bavugishwa naYo, na bamwe mu bigisha ivyaYo,na bamwe mu ntumwa zaYo, bǎmye na ntaryo bashiburwa n'isi. Bǎfatwa nk'abasazi, mu gihe cose n'ukwo vyǎmye biri. Na ca gihe Paulo yahagarara imbere yaAgiripa, yavuze ati: “Muri ya nzira bita akadumbidumbi...” Akadumbidumbi ni iki? “Umusazi.” “Muri ya nzira bita iy'abasazi,umurwi w'abarwayi bo mu mutwe, ukwo nikwo nsenga ya Mana ya ba sogokuru.” Ndanezerejwe cane n'ukonshobora kuvuga yuko nd'umwe muri bo. Egome mushingantahe. Ukwo ni ukuri. Ndanezerewecane n'uko nshoboye kuvuga yuko nd'umwe muri bo.

Rero, uyu Mpwemu Yera amaze kumanuka kuri bo, Yarabatumyebakundana cane ku buryo vyose babisangira. Mbega ukwo ni ukuri? Bagenzi, bagenzi, mbega isangira! Duhora turirimba ka karirimbo ngo: “Ôo, dufatanije! Isangira rihezagiwe rya Kimana!” Ni iryo rero. Ntacovyaba bibatwaye, ntaco vyaba bibatwaye i - izuba ryaka ryareka. Ndibigezebakenera igitanda c'amashurwe co kwiraramirako.

“Rero, nzokwakira Mpwemu Yera,” niko abantu bahorabambwira, “Mushingantahe Branham, niwanyemeza yuko nzoba umunyamamiliyoni, niwanyemeza yuko nzoronka amariba y'ibitoro, yuko nzoronka uburere bwokwimbamwo inzahabu, rero nzo - nzo...” Murabona, ivyo abantu baravyigisha, kandibaba bariko bigisha ibinyoma. Imana ntiyasezeranye ivyo bintu.

Umuntu yaronse Mpwemu Yera nimba ari busege umukatecanke atari buwusege. Ivyo ntaco bihindura kuri we. Ni icaremwe kiri mu rugendokigana mw'Ijuru. Ntiyi... Nta ngoyi n'imwe imubohera hano afise. Ukwo ni ukuri. Ntacobimubwiye. Vyaza vyareka, birabisha. Nibashake bamucokore, bamutwenge. Watakazaicubahiro cawe, bigutwaye iki? Wibereye mu rugendo rwawe ugana mu Bununahazwa! Haleluya! Amaso yawe ahanze Kristo, kandi uri mu rugendo rwawe. Ntiwitaho ivy'ab'isibavuga.

Ico nico Mpwemu Yera ari. Ni Ubushobozi, ni ikidodo, niUmwitsa, ni Umuvugizi, ni ikimenyetso. Ôo, bagenzi! Niikimenyamenya c'uko Imana Yakwakiriye. Natwaye umwanya unganagute? Nsigaranye iminota umunani. Vyiza. Reka ngire... Ndifise Ivyanditswe hano. Sinibazayuko nshobora kuvyinjizamwo, ariko turaza - turaza kugerageza ukwo dushoboye.

Rero, umuntu amazekwuzura Mpwemu Yera, birashoboka ko imibabaro n'ibindi bintu vyoshoborakumutuma asubira inyuma hanyuma... yamara ntazotakara, aguma ari umwana w'Imana,azokwama na ntaryo ari we, kubera mudomweko ikidodo igihe kingana gute? [Ikoranirorivuze riti: “Gushika ku munsi wo gucungurwa.” -Umw.] Ukwo ni ukuri. Ivyo nivyoBibiliya yavuze.

Musome mu... Mpwemu Yera ni iki?.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngw az’ abane namwe ibihe bidashira,

ni we Mpwemu w’ukuri, uwo ab’ isi badashobora kwākīra, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kukw abana namwe kand’ azoba muri mwebge.

Sinzobasiga nk’impfuvyi, nzoza kuri mwebge.

Yohana 14:16-18


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet

(PDFs Icongereza)
 

Chapter 11
- The Cloud

(PDF Icongereza)

Inkingi z’Umuriro.

Bicu vyo kw injuru.

Dutegerezwakuza
hano mu ntumbero
yo gutegurira
imishaha yacu
Ukugaruka
kw'Umwami,
atayindi ntumbero
ituzanye.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.