Imbúto y’Ûmwâryāná.

<< prev

next >>

  Gihe c'Iherezo rukurikirane.

Imvura igwa ku babi n'abeza.


William Branham.

Musome mu...
Imbúto y’Ûmwâryāná.

Naríko nsengera mw'isēnga aho nahóra nja gusengera. Muri iryo sēnga hǎri umukungugu, máze umuhingamo umwe ndasohoka, ndambika Bibiliya yanje ku kigiga, hanyuma umuyaga uraYizingurura mu Baheburayo, ikigabane ca 6. Kivugá, yuko mu minsi y'iherezo, ukuntu vyōbāyé hamwe twōgwá tukava ku Kuri no kwongera kugirwa basha n'ubwo twokwihana, nta kimazi c'ivyaha kiba kikiriho, n'ukuntu ya mahwa n'ibitovu, vyǎri vyegereje gutabwa, iherezo ryâvyo ni uguturirwa; ariko imvura iza kw'isi, kenshi, kuyivomera, kuyambika; ariko amahwa n'ibitovu vyotâwe, ariko ingano zigakoranywa. Nca ndiyumvira nti: “Neza, ni umuyaga vyāshitsé gusa urahazingurura.” Erega, nca nongera ndambika nya Bibiliya hasi. Nca ndiyumvira nti, “Neza, ubu ngira gusa...” Ng'uwo wa muyaga uraje uca uraYizingurura. Ivyo vyǎbāye incuro zitatu. Nca ndiyumvira nti: “Erega, yamara, ibi biratangaje.”

Hanyuma rero igihe naríko ndahaguruka, naciye niyumvira nti: “Mwami, ni kubera iki Wanzǐngururiye iyi Bibiliya ngo nsome ivyo, jewe... igihe nashiká hepfo kuri ivyo, aho 'amahwa n'ibitovu, birí hafi gutabwa, iherezo ryavyo ari uguturirwa?” Ndiyumvira nti: “Kuki, Wanzǐngururiye ivyo ngaho?” Hanyuma igihe naríko ndâba hanze...

Rero, uku kwerekwa nyakuri kūza utabanje gushiramwo inguvu. Ni Imana gusa. Murabona? Narárāvye maze mbona isi iríko irazunguruka imbere yanje, kandi mbona ko yarí irímye yose. Hǎrihó umuntu yambaye izera, yagîye abíba ingano. Hanyuma amáze kugenda arêngēra ku mu zûnguruko w'isi; haca hāza umuntu, asa n'ubuyobe, yarí yambaye izirabura, kandi yaríko amijagira imbuto z'urwamfu hose kuri yo. Zompi zimerera hamwe. Zímaze kumera, zompi zǎri zinyotewe, kuko zari zikeneye imvura. Kandi rumwe rwose rwǎsa n'uko ruríko rurasenga, rwûnamitse agatwe karwo gato, ruvuga ruti: “Mwami, rungika imvura, rungika imvura.” Maze vyâ bicu binini bica biraza, hanyuma imvura ica iragwa kuri zó zompi. Imáze kugwa, rwa rugano ruto rurasimba rutangura kuvuga ruti: “Umwami nAshimwe! Umwami nAshimwe!” Hanyuma rwa rwamfu ruto rurasimba neza na neza ku ruhande rumwe nyene, ruvuga ruti: “Umwami nAshimwe! Umwami nAshimwe!”

Ni ho rero iryo yerekwa ryǎsobānurwa. Imvura igwa ku babi n'abeza. Umwe Mpwemu nyene Arashobora kumanuka mu gikorane, kandi umwe wese akabinezerererwa: indyarya, Abakristo, bose hamwe. Neza vy'ukuri. Ariko ni iki? Bamenyekanira ku vyamwa vyabo. Murabona? Ni bwo buryo bwonyene bishobora kumenyekana.

Rero ubu ivyo murabibona, kuko sayiri y'inyeshamba, canke urugano rw'urunyeshamba n'urutete rimwe na rimwe rwigana urutete nyakuri, rw'ururimano, bigasa cane ku buryo vyōzimíje n'Abatoranijwe. Ndibaza ko tubayeho mu gihe gikwīyé, aho ibi bintu bitegerezwa kwigishwako no kuvugwako.

Nimurabe ku murongo wa 41, izo nyene zibiri zirasa cane, zirasa cane mu misi y'iherezo ku buryo Atǎkoze... NtiYokwishimikije ishengero kanaka mu kuzitandukanya, tuvuge nka Metodiste canke Batiste, canke Abapentekote, ngo Azitandukanye. Yavúze yuko “Azotuma abamarayika biWe kuzitandukanya.” Umumarayika aza kugira azane itandukana, ivangura hagati y'ikibi n'iciza. Kandi nta wundi Ashoboye gukora ivyo atari wâ Mumarayika w'Uhoraho. Ni We agiye kuzovuga iciza ico ari co n'ikibi ico ari co. Imana Yavúzeko Izorungika abamarayika baYo mu bihe vya nyuma. Si abamarayika bícīye ngaha, ariko abamarayika mu gihe ca nyuma, kandi bazotororokaniriza hamwe. Turazi rero ko ico ari ca gihe c'iyimbura kiriko kiraza. Rero, ‘umumarayika’ mu vy'ukuri risigura “intwarabutumwa.” Tukaba tubona yuko hariho abamarayika ndwi ba ya mashengero ndwi, ubu rero... Oya, bícīye muri vya Bihe Ndwi vy'Ishengero.

Nimurabe abo Yavúze ko bǎri ababivyi abo ari bo, hanyuma kandi n'izo mbuto izo zari zo. Umwe, umubivyi yarí We, Umwana w'Imana, yagîye abíba Imbuto. Hanyuma umwansi aca aza inyuma yiWe, uwo nawe akaba yári wa Murwanizi, abiba imbuto y'ûmwâryāná, inyuma y'ibibwa ry'Imbuto nziza. Rero, bagenzi, ivyo vyǎmye biba muri buri gihe kuva isi ibaho. Vy'ukuri. Hose hose kuva mu ntângo, hǎtānguye ico kintu nyene.

----
Turabona yuko umubivyi wa mbere w'iyo mbuto y' ûmwâryāná yǐswe “wa murwanizi,” kandi turazi ko hǎri, mw'Itanguriro 1. Rero turabona, no ng'aha mu Gitabu ca Matayo, ikigabane ca 13, ko Yesu acītá umwâryāná wose kw'Ijambo ryiwe ko ari “wa murwanizi.” No muri uwu mwaka w'1965, ikintu cose kibiba umwâryāná, kinyuranye n'Ijambo ryāndítswe ry'Imana, canke kikaRiha insobanuro yaco bwite, ni imbuto y' ûmwâryāná. Imana ntIzogisonera. NtIshobora. Ntibizovangana. Vy'ukuri ntibizovangana. Ni nk'agatete ka sinapi; ntikavangana n'ikindi kintu na kimwe, ntushobora kukavanga, gategerezwa kuba ikintu nyakuri. Imbuto y' ûmwâryāná!

Rero turabona, igihe Imana Yabíba Imbuto yaYo mw'itongo rya Edeni, turabona yuko yavûyémwo Abeli. Ariko igihe Satani yabiba imbuto yiwe y'ûmwâryāná, yavûyémwo Kayini. Imwe yavûyémwo umugororotsi; iyindi yavûyémwo umunyakibi. Kubera Eva yǔmvirije ijambo ry' ûmwâryāná, rinyuranye n'Ijambo ry'Imana, bica bitanguza umuzunguruko w'umubumbe w'icaha aho nyene, wacîye uguma uzunguruka uhereye ubwo. Kandi ntituzigera tuwusohora hanze wose gushitsa abamarayika bâje bakavângūra ico kintu, Imana Igatwara abana baYo muri bwa Bwami, urwamfu na rwo rugaturirwa. Nimurabe iyo mizabibu ibiri.

Nimurabe, imbuto zabo zǎkuriye hamwe nk'uko neza na neza Imana Yanábivuze no ngaha mu kigabane ca 13, c'igisomwa cacu kuri uno mugoroba, ca Matayo, “Nimureke bikurane.” Rero, Kayini yacîye aja mu gihugu c'i Nodi, yironkera umugore, aramwabira; Abeli na we yarí yïshwe, hanyuma Imana Ihagurutsa Seti mu gishingo ciwe. Maze urunganwe rutangura gukûrwa n'urundi, hagati y'ikibi n'iciza. Rero, turabona ko bǎgīye hamwe, umw'umwe wese muri bo, igihe inyuma y'ikindi, kandi Imana Yatégerezwa ku... Rwǎragéze aho rumogorera ikibi cane gushika n'aho Imana Yatégerejwe kururandura.

Ariko zǎhavūye zîza kugera n'aho izo mbuto zompi, imbuto y' ûmwâryāná n'Imbuto y'Imana, zǎseruye imitwe yazo nyakuri, bikaba vyänēngesērereye neza muri Yuda Isikaryota no muri Yesu Kristo. Kuko, Yarí Urubuto rw'Imana, Yarí We ntango y'ivyaremwe n'Imana, nta kindi Yarí Ari atari Imana. Yuda Isikaryota na we yarí yavutse ari wa mwana wo kuranduka, yazánanye i kuzimu, asubira i kuzimu. Yesu Kristo Yarí Umwana w'Imana, Ijambo ry'Imana Ryāgarágajwe. Yuda Isikaryota, mu mwâryāná wiwe, yarí urubuto rw'umurwanizi, yáje mw'isi, ku bw'uruhendo; nk'uko nyene yǎmye mu ntango, Kayini, se wiwe wa mbere.

Yuda yǐgānye ishengero gusa. Ntiyarí imvugakuri namba, vy'ukuri nta kwizera yarí afise (ntiyarí kwigera ahemukira Yesu). Ariko, murabona, yabívye iyo mbuto y'ûmwâryāná. Yǐyumvīra ko yarí gushobora gucudika n'isi, itunga, ngo yongere agire ubucuti na Yesu, ariko igihe cǎri camaze kurenga cane kuri we kugira ngo agire ico abikorako. Igihe ya saha ya nyuma yashíka, ahó akoreye ico kintu kibi, yajábutse umurongo utandukanya hagati yo kugenda imbere no gusubira inyuma. Yatégerejwe kubandanya inzira yarí yajanye, nk'umubeshi. Yabívye imbuto y' ûmwâryāná, yagérageje kubonwa neza n'ayo madini ahambaye y'ico gihe, n'Abafarisayo be n'Abasadukayo. Hanyuma yīyumvīra ko yarí kwironkera urufaranga, maze akaba rurangiranwa mu bantu. Nimba ivyo bidatuma abantu benshi binjira muri uwo mwâryāná, bágerageza kubonwa neza n'abantu! Reka tubonwe neza n'Imana, atari abantu. Ariko ico ni co Yuda yakóze aho iyo myâryāná yiseruriye muri we.

Kandi turazi ko Yesu yarí Ijambo, Yohana Mweranda 1 hǎvuze hati: “Ubwa mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n'Imana, kand'uwo Jambo yar'Imana. Kand'uwo Jambo yihaye umubiri, abana na twe.” Rero, Ijambo ni Urubuto, maze urwo Rubuto rwihaye umubiri rubana natwe.

Nimba Yuda yari urubuto rwa wa mwansi n'ûmwâryāná, na rwo nyene rwǎrabâye umubiri ruba hagati yacu muri uwo muntu yitwa Yuda Isikaryota. Ntiyǐgeze agira ukwizera nyakwo, kw'ukuri. Yarí afise ico yǐyumvīra ko ari ukwizera. Harihó ikintu nk'ico co kugira ukwizera; n'ukwizera ko kwigira uwizera. Kandi ukwizera nyakuri kw'Imana kwīzēra Imana, Imana naYo ni Ijambo, ntikwīgéra kwongerako na kimwe kuri Ryo. Bibiliya itubwira yuko nitwongerako n'ijambo na rimwe, canke tugakuraKo n'Ijambo na rimwe, umugabane wacu uzokurwa muri ca Gitabu c'Ubugingo, Ivyahishuriwe Yohana 22:18, ikigabane ca nyuma gihereza.

Ubwa mbere mw'Itanguriro, Igitabu ca mbere ca Bibiliya, Imana yabábwīye kutarenga kw'Ijambo na rimwe ry'Ico, “buri Jambo Ritegerezwa kuzigamwa,” bǎtegerezwa kubeshwaho n'iryo Jambo. Yesu, hagati mu Gitabu, Araza Arabivuga mu gihe ciWe, Avuga Ati: “Umuntu ntatungwa n'umutsima gusa, arikw' atungwa n'Ijambo ryose ri-riva mu kanwa k'Imana.” None mu gihe giheraheza c'Ivyahishuriwe Yohana, twǎrabwîwe imbere y'igihe, yuko “Uwuzokurako n'Ijambo na rimwe muri ico Gitabu, canke akongeraKo n'ijambo na rimwe kuri Co, umugabane wiwe uzokurwa muri ca Gitabu c'Ubugingo.”

Ku bw'ivyo nta rwijiji rushobora kuhaba, ni Ijambo gusa ry'Imana nyakuri ritagoretswe! Abo ni abana b'Imana, abakobwa b'Imana, batǎvyāwe ku bw'ubugombe bw'umuntu, canke ku bwo gukorana mu minwe, canke uburyo kanaka bw'umubatizo; ariko bǎvūkiye muri Mpwemu w'Imana, bícīye kuri Mpwemu Yera, n'Ijambo Ryigaragaza bícīye muri bo. Urwo ni rwo Rubuto nyakuri rw'Imana!

Wâ mwansi ariyunga n'ishengero agacika umwizigirwa cane muri za nemera canke ikindi. Ariko ico si... Ico ni umwâryāná, ikintu cose cīvânga n'ubwo bwoko bw'Ukuri nyakuri kw'Ijambo ry'Imana. None tubimenya dute? Tuvuga ngo, “Neza, bó, mbega murafise uburenganzira bwo kuRisobanura?” Oya, mushingantahe! Nta muntu n'umwe afise uburenganzira bwo gusobanura Ijambo ry'Imana. Ni Yó Yīsóbānura ubwaYo. Irabisezerana, hanyuma Ikabikora, iyo ni yo nsobanuro yavyo. Iyo YaRísēzeranye, IRarishitsa, iyo ni yo iba ari insobanuro yaRyo. Ikintu cose kinyuranye n'Ijambo ry'Imana ni umwâryāná! Nta nkeka!

Rero, nk'uko nabivúze, Yuda ntâ kwizera nyakuri yarí afise. Yarí afise ukwizera ko kwigira uwizera. Yarí afise u-ukwizera kwo kwibaza ko uwo yarí Umwana w'Imana, ariko ntíyarí azi ko yarí Umwana w'Imana. Ntiyarí gushobora kuba yarabikoze. Umuntu na we azokekeranya kuri rino Jambo ry'Imana ko ari Ukuri, afise ukwizera ko kwigira uwizera. Umukozi nyakuri w'Imana azokwumira kuri rino Jambo.

Musome mu... Imbúto y’Ûmwâryāná.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.