Imishaha Iri Mw’Ibohero Ubu.

<< prev

next >>

  Ijambo w'Ubugingo rukurikirane.


William Branham.

Musome mu...
Imishaha Iri Mw’Ibohero Ubu.

Kandi ikindi gihe kimwe nari nagiye guhiga, navyo ni nka kamere yanje yakabiri, gukunda guhiga. Nari najanye guhiga n'umuhungu, Jim Poole, umwanaw'igikundiro. Ndibaza ko umwana wiwe w'umuhungu araza kw'ishengero hano, Jimmuto, kandi n'umuryango w'abantu beza. Ndabazi ba Pooles. Jewe na Jimmytwaryama hamwe kandi twarabanye kuva turi uduhungu duto mw'ishure. Turushanyaamezi atandatu mumyaka. Hanyuma Jimmy yararashe inkoho yiwe, ica indasa mumaguru yose, anyegereye cane, hamwe na n'inkoho y'uruhigi. Narajanywe kubitaro,kandi, aho, ndambitswe ngaho ndiko ndacikana, ata Penisirine canke ikindimurico gihe. Hanyuma rero, banryamitse kuri gitambara kitava, kandi ndazi iryojoro... bari kumbaga bukeye mugitondo. Barafashe kandi baroza gusa igikomere, hamwe n'ibibanyu binini vy'ivyamazatabaguritse, hanyuma barafata umukasi barazikata, kandi nategerezwa kugumyaamaboko y'umugabo. Kandi bategerejwe gufata, barashikura amaboko yanje kugira ndekureibiganza vyiwe igihe bari bahejeje. Naraborozekandi ndarira, kandi nagumije gutya, nabo bariko baraca ico gice co k'ukuguru.Nari mfise imyaka cumi n'ine, agahungu gato.

Kandi iryo joro naragerageje kuja kuryama, hama ba... Nikanguye, ibintuvyadudubiza. Kandi yari amaraso, hafi iritiro zitatu n'igice zirenga, ndibaza,yari yasohotse mu mitsi. Hanyuma ba... baracishije mw'iradiyo, hanyuma baravuzeko urusasu rwari hafi cane ya wa mutsi mukuru, k'uruhande rumwe canke urundi,ugukwabuka gato gusa wari guca ucikamwo kubiri, kandi nariguca ntangura kuva amaraso.
“Neza,” naribajije nti: “Ivyanje birarangiye.” Hanyuma narakojeje ukuboko hasi nk'ukuhama ndagukiriza hejuru, amaraso yantemba mubiganza, yari amaraso yanje nyenenarinryamyemwo. Narahamagaye,mvuza ikengeri. Umuforoma yaraje, hanyumayayakozamwo igitambara gusa, ntakindi bari bashoboye gukora aho.

Hanyuma bukeye mugitondo, muri ukwo kubura imbaraga, ntibanyongerereje amarasokiriya gihe, murabizi, rero barambaze. Hanyuma barampaye ikinya. Kandi igihena... ikinya ca kera, ndibaza ko muvyibuka, ni ikinya ca kera. Hanyuma ndimwoikinya, igihe nikangura, ikinya campezemwo haciye amasaha umunani. Bari bampayevyinshi, bari bibajije ko ntashobora... ko ntari kwikangura. Ntibashoborakunkoma.

-----
Igihe nikangura ikinya giheze, hariho ikintu cambayeko aho. Nama nizerako ryari iyerekwa. Kubera nari mfise integecane, hanyuma na... Biyumviriye ko nariko ndacikana. Muka Roeder yariko ararira.Igihe nugurura amaso, nshobora kuraba, narashobora kumwumva ariko aravuga,hanyuma nca ndasubira gusinzira, hanyuma ndikangura, incuro zibiri cankezitatu. Hanyuma rero naragize iyerekwa ako kanyanya. Hanyuma nari mfise...

Inyuma y'amezi hafi indwi, nategerezwa kugenda ngobakureyo ibisigarira vy'urusasu hamwe n'impuzu zoguhiga zariko amavutam'ukuguru; Umuganga ntiyari yabikuyeyo. Rero naragize uburozi bwo mu maraso,amaguru yose yari yaravyimvye kandi yari yaranyizinzeko, kandi bashaka kuyaciramu matako. Hanyuma gusa na... Naravuze nti: “Oya, muze hejuru cane hanyumamugikurireko aha.” Sinarinshoboye kuvyihanganira, murabona. Kandi imperan'imperuka, Muganga Reeder na Muganga Pirtle, ava Louisville, barashoboyekubaga, hanyua baragicira hano kandi baragikurako; kandi uyu munsi mfiseamaguru meza cane, kubw'ubuntu bw'Imana.

-----
Rero muri uyu mwanya, nk'uko naronse iri yerekwa,hanyuma nibajije ko navuye muri ubu buzima nja m'uguturubikwa. Hanyumahaheze amezi indwi, hano ku Bitaro Clark County Memorial, barambaze ubugirakabiri. Kandi ico gihe, maze kugarukana ubwenge, nibajije ko nari mpagaze m'uburengero.Nagize irindi yerekwa. Kandi aho hari umusaraba munini w'inzahabu mu birere,kandi ubwiza bw'Umwami butemba buva kuri uwo musaraba. Nari mpagaze amabokoyanje ateze gutya, kandi ubwo bwiza bwariko bugwa mu gikiriza canje. Hanyumanda... Iyerekwa rirahera. Data yari yicaye aho anyihweza, igihe iyerekwa ryaza.

Namye igihe cose numva, mwe.... Abantu bose baribanzi iyi myaka yose, barazi ko namye igihe cose nshaka kuja m'uburengero. Murazi uko bimeze. Vyamye ari ibintu vyo m'uburengero. Ariko kubera uwuhingaw'ibigendajuru igihe kimwe yarambariye ikintu nk'ico nyene, ko ntegerezwa kujam'Uburengero... Inyenyeri, igihe zijambutse imizingi yazo hamwe n'ibindi, navutsemunsi y'ico kimenyetso, kandi sinokwigeze ndoranirwa m'Ubuseruko; nategerezwakuja m'Uburengero. Kandi umwaka uheze, naragiye m'Uburengero, gushitsa icariicifuzo ic'ubuzima bwanje, murabona, kubikora.

-----
Inyuma y'uku nagize iyerekwa, kandi nari mfise integenke, kandi nari natakajeayo maraso yose, kandi... Nibajije ko nariko ndibira mu bihe bidashira bitagiraaho biherera. Benshi muri mwebwe muramaze kunyumva mvuga ibi, rero - reroninjira mubihe bidashira bitagira iherezo. Ubwambere nariko ndaca nko mubicu, hanyuma nca mu mwiza, hanyuma nibira manuka, hasi, hasi. Kandi murazi ikintucambere, ninjiye ahantu habazimiye, kandi indani aho naraboroze. Kandi narihweje,na hariya, vyose, ntafatiro vyari bifise. Sinashobora ghagarika kuguma nkoroka. Vyaboneka nk'aho naringiye gukoroka ibihe bidashira. Hariya ntaho guhagarara, ntanahamwe.

Rero mbega ukuntu vyari bitandukanye n'iyerekwa nagize hano, haheze igihe gitohano ryo kuba m'ubwiza n'abantu, [Hirya ya ca gihuzu c’igihe.] ubudasa! Ariko muri rino, uko narikondakoroka, narahevye ndaboroga mpamagara papa. Koko kuba nari umwana, ico niconari ntegerezwa gukora. Narakomye induru ntabaza papa, kandi papa ntiyari aho.Hanyuma naraboroze ntabaza mama, nti: “Hagire uwunsama!” Nta mama yaryo hariya.Naguma gusa ngenda. Hanyuma naraborogeye Imana. Nta Mana yari iriyo hariya.Ntakintu nakimwe cariyo hariya.

Hanyuma inyuma y'akanya gato narumvise ijwi ricura intimba cane ntaribwo nigerenumva, kandi kwari ukwiyumva nabi cane. Nta buryo na bumwe... n'umuriro w'ukuri uturirawari kuba nk'umunezero ugereranije n'ukuntu hari hameze. Kandi ayo mayerekwantiyigeze aba ikinyoma. Kandi kwari kumwe mu kwiyumva nabi cane nigeze kugira,kandi ico nakoze...

Narumvise urwamo, rwumvikana nk'ibintu bimeze nk'impwe mbi. Kandi igihe vyaba, nararavye bariko baraza, bariabagore. Kandi bari bafise ibintu bisa n'icatsi kibisi, nashobora kubonaamasura gusa, kandi bari bafise ibintu bisa n'icatsi kibisi musi y'amaso. Kandiamaso yabo yasa nkayaja inyuma, nk'uku abagore basiga amaso yabo uyu munsi,bibandanya gutya, kandi amaso yabo gusa n'isura. Kandi baguma bagira bati: “Ôo, Ôo, Ôo, Ôo!” Ôh, mugenzi!

Naciye nkomainduru nti: “Ô, Mana, ngirira imbabazi. Ngirira imbabazi, Ô Mana! Uri hehe? Hamwe wondeka gusa nkasubira inyuma kandi nkabaho, ndagusezeraniye, kubaumuhungu mwiza.” Rero ico nico kintu conyene narinshoboye kuvuga. Ubu, Imanairazi, kandi k'umunsi w'urubanza, izoncira urubanza kubw'ivyo navuze. Ivyo nivyonavuze nti: “Mwami Mana, nyemerera nsubire inyuma, kandi nzogusezeranira, nzobaumuhungu mwiza.”

Kandi igihe naraswa,nari nabeshe, nari nakoze hafi vyose vyokorwa, kandi ikintu kimwe gusa mvuga.... Noshoborakubivuga neza mugihe ndi hano kano kanya. Kandi igihe naraba hasi hama nkabonako nari nakaswemwo hafi ibihimba bibiri naravuze nti: “Mana, mbabarira. Urazi kontarigera nsambana.” Ico nico kintu conyene narinshoboye kubwira Imana. Sinaribwo nigere nakira ikigongwe caYo, hamwe n'ibi bintu vyose. Mvuze gusa,narinshoboye kuvuga gusa nti: “sindigera nsambana nsambana.” Hanyuma rero barantwaye hariya hanze. Hanyuma, muriivyo, narasemereye nti: “Mana ngirira imbabazi. Nzoba umuhungu mwiza, hamwewondeka gusa ngasubira inyuma,” kubera nari nzi ko hariho Imana ahantu kanaka. Rero mfasha, ivyo biremwa birushe biri impande zose, nari nabaye nk'umuntuagishika ubwonyene. Ukuntu gushisha, guteye ubwoba, kwanduye muri... Vyaboneka nk'amaso manini cane, ibigohe birebirebigera nk'aha, kandi bishika inyuma nk'akayabu, nk'inyuma gutya; n'ibintu bisan'icatsi kibisi, kandi nk'aho vyaboze canke ibindi kanaka.
Kandi barikobaravuga bati: “Uuuh, uuuh, uuuh!” Ô, mbegaukwiyumva!

Hanyuma haheze umwanya, nari nagarutse m'ubuzima busanzwe kandi. Icokintu cari canteye ibibazo. Naribajije nti: “reka sinze nongere ahantu nk'aho, ntihagire ikiremwa muntu kizokwigerakija ahantu nk'aho.”
Inyuma y'amezi indwi, nagize iyerekwa mpagaze m'Uburengero, kandimbona wa musaraba w'inzahabu uriko uramanuka uza kuri jewe. Kandi nari nzi kohariho ahantu habacirikwo iteka ahantu kanaka.

Ariko sinari navyitayeho cane gushika haheze hafi indwi zine. Umugorewanje... Sinari nigeze ndavyiyumvirako muri ubu buryo. Haheze hafi indwi zine, twen'umugore wanje twaragiye hepfo muri Tucson gusuma. Kandi igihe twari twicaye... Umugorewanje, twarinjiye munzu yo hasi, kandi aho hari akagwi k'abahungub'utugoregore bafise imishatsi isokoje iryamirye inyuma, murazi, nka kumweabagore basokoza, hamwe n'imishatsi isokoje iryamye aha mugahanga, kandibambaye ibi bipantalo biduga cane, bimeze nka, ndibaza nka beatniks, canke ukwomuvyita.

Rero naraduze munzu yo hejuru, hanyuma ndicarahasi. Kandi aho hari ingazi igenda, yari mu mangazini J.C. Penney, kandi iyongazi yadugana abantu hejuru. Noneho ndasesemwa, mbonye abo bagore baduze aho; abakiri bato, abakecuru, abatitayeho, abafise iminkanyari, abakiri bato, kandiuburyo bwose, bambaye utubutura duto; imibiri yabo yanduye, hamwe n'abo bagorebambaye impuzu zerekana imero y'imibiri yabo, bafise ivyo bitwe binini binini nkakurya, rero barashitse. Hanyuma umwe arava ku ngazi, aza nk'uku, aho narinicaye inyuma muntebe, nicaye hariya nunamitse umutwe.

Hanyuma narahindukiye ndaraba. Umwe muribo yarikoaraduga aravuga ati: “Huuh” yavugaururimi rw'iki espanyole abwira uwundi mugore. Yari umugore w'umuzungu avugishaumugore ava muri Espagne. Kandi igihe naraba. Naciye mpinduka Bukwi nabukwi. Aho, ivyo nari narabibonye mbere. Amaso yiwe, murazi uko abagorebabikora ubu, basiga amaragi ku maso, ubushize gato, nk'inyabu, murazi babisigahejuru nk'uku, kandi bambara amarori acapuye nk'amaso y'akayabu hamwe n'ibindi vyose, murabizi, hamwe n'amaso maremaregutya, hamwe na vyabirangi bisa n'icatsi kibisi musi y'amaso yabo. Ico carikakintu nabona igihe nari umwana. Uwo yari wa mugore neza na neza. Hanyumanaciye numva ikinya umubiri wose, kandi ntangura kuraba hirya no hino, kandiaho hari babantu bongorerana, murazi, baguma bavuga ibijanye n'ibiciro n'ibindimuri iyo nyubakwa.

Vyasa nk'uko nari nahindutse kubw'umwanya muto.Hanyuma nararavye, kandi ndiyumvira nti: “Ivyo ni bimwe nabona i kuzimu.” Bariaho, kwa kubora. Nibajije ko ari kubera bari ikuzimu arico cabagize kuriya, ubururu buvanze n'icatsi kibisi musi y'amasoyabo. Kandi aho hari abagore basize ibirangi vy'ubururu bivanze n'icatsikibisi, neza nk'uko rya yerekwa ryavuze haraheze hafi imyaka mirongo ine. Murabe, hafi imyaka mirongo ine, niko vyari bimeze.Mfise iyaka mirongo itanu n'ine; nari mfise imyaka cumi n'ine. Rero hafi imyakamirongo ine iheze, jewe... kandi ivyo i- i... ico ni igitigiri c'urubanza, ukwarikwokwose, murabona.

-----
Naribajije rero, mbonye ayo maso asa nayaboze y'abo bagore. Aho hari, umunyaespanyekazi, umufaransakazi, n'umuhindikazi, hamwe n'umwera, kandi bose hamwe, ariko ivyo bitwe binini, murazi, imishatsi yasokojwe gutyo, hamwe n'ivyobisokozo, kwa kuntu bayisokoza bayiryamika inyuma, binini, hanyuma ikabonekahanze. Murazi, murazi uburyo bisokoza, ivyo bakora, bayifungira inyuma. Amasoyabo umengo ari mu kuntu kwo kubora, n'amaso asizwe amarangi, yari amezenk'amaso y'inyabu. Bariko baraganira, kandi nari ngaho, ku mangazini ya J.CPenney, i kuzimu kandi. Naragize ubwoba. Nariyumviriye nti: “Mwami, koko sinapfuye, ariko nahobiruko wandetse ndaza muri kino kibanza.”
Rero bari aho, bakora... kumpande gutya, muri rya yerekwa gutya, washobora kuvyumvabigoranye n'amatwi yawe, murazi. Vyari ivyongoshwa v'abantu kandi bibandanya, hamwen'abo bagore baduga ingazi bongera bazunguruka hariya, na vyabindi “huuuh, huuh!” Ng'ayo amaso asa n'icatsi kibisi, aboneka nk'ayatangaje, kandi bacuraintimba

Musome mu...
Imishaha Iri Mw’Ibohero Ubu.