Intambwe yo mu muryango wa Yuda.

<< prev

next >>

  Ijambo w'Ubugingo rukurikirane.

Ni nde bibereye kw azingurura kirya gitabo...?


William Branham.

Musome mu...
Igihengeri kiri hagati y'ibihe vy'Ishengero n'Amashashara ndwi.

Ivyahishuriwe Yohana 5:2-4,
2 Mbona umumarayika w’inkomezi nyinshi asemereza ijwi rirenga, ati Ni nde bibereye kw azingurura kirya gitabo ngw amene ibikimatanije?
3 Ntihāgira uwo mw ijuru cank’ uwo kw isi cank’ uw’ i kuzimu ashobora kuzingurura ico gitabo canke kukirāba.
4 Nanje ndizwa cane n’uko hatabonetse ūbereye kuzingurura ico gitabo canke kukirāba.

Ku murongo wa 2, umumarayika w’inkomezi yasemereye n’ijwi rirenga ati: “Ni nde abereye?” Abereye iki? Ngo “Ni nde abereye kwakira ico Gitabo?’’ Ico Gitabo ubu kiri he? Kiri mu maboko ya Nyene Co w’inkomoko kuko umwana, umwana wa mbere w’Imana wo mu bwoko bw’umuntu, yari yatakaje uburenganzira ku mugabane wiwe. Kandi igihe yatakaza uwo mugabane biturutse ku kwumviriza Satani, yaciye aheba... Yokoze iki? Yemeye ubwenge bwa Satani aho kwemera Ijambo ry’Imana.

-----
Umuhamagaro w’uwo mumarayika wari wateguriwe kugaragaza Umuvyeyi Mucunguzi. Imana yaravuze iti: «Narashizeho icagezwe c’uko Umuvyeyi Mucunguzi ashobora kuba igisubirizi.» Uwo Muvyeyi Mucunguzi ari he? Ni nde ashoboye kwakira ico Gitabo? Nta n’umwe yabonetse uhereye kuri Adamu kugeza ku ntumwa no ku bavugishwa n’Imana, canke uwo ari we wese. Ivyo bisobanura iki? Ivyo bisobanura ko ata muntu n’umwe kw’isi, ata n’umwe yabonetse mu babayeho. Eliya ni ho yari ahagaze, nk’uko Mose n’intumwa zose ari ho zari ziri. Abari barapfuye bose, abera bose, Yobu n’abanyabwenge. Bose ni ho bari bari, ni ho bari bahagaze, yamara nta n’umwe yabonetse abereye no kuraba ico Gitabo, kugira ngo abe yocakira amene Ibikimatanije. None rero papa n’abamufasha bose bari hehe? Ba Musenyeri bakuru bari hehe? Ico twokwirata kiri hehe? Turi ubusa gusa! Uko ni kwo kuri!

-----
Ariko Yohana yararize. Kandi ndibaza ko yarijijwe n’uko namba ata muntu n’umwe yari abereye kandi ashobora kuzingurura ico Gitabo c’Ubucunguzi, ivyaremwe vyose vyabayeho vyari ivyo guhona. Ico ni icagezwe bwite c’Imana kandi ntishobora kurenga icagezwe yishingiye ubwayo. Imana yasaba ko habaho Umuvyeyi Mucunguzi abereye ashoboye kubikora, afise ubushobozi bwo kubikora. Uwo mumarayika yaravuze ati: «Uwo Muvyeyi Mucunguzi rero niyegere!» Yohana yaritegereje, ararondera kw’isi, i kuzimu; nta muntu n’umwe yari ariyo. Ivyaremwe be n’ibintu vyose vyari ivyo kurimbuka. Birumvikana ko Yohana yategerezwa kurira : kuko vyose vyari ivyo kurimbuka! Amarira yiwe yamaze akanya gato kuko umwe muri ba bakuru yaciye ahaguruka aravuga ati: «Nta co urira, Yohana». Oh, bene Data, amarira yiwe yamaze akanya gato! Yohana yaciye yibaza ati: «Uwo muntu ari he? Ehe abavugishwa n’Imana bose bavutse nk’uko navutse; hariho n’abanyabwenge; oh, nta wundi yoba ahari none?»

-----
Intambwe yo mu muryango wa Yuda yaranesheje. Wa mukuru yavuze ati: «Nta co urira, Yohana, kuko Intambwe yo mu muryango wa Yuda, Igishitsi ca Dawidi, yaranesheje; yaramaze gutsinda, Yarabikoze, vyararangiye,Yohana!» Oh, bene Data! Yazanye umuti uzimanganya amarabaga usubiza icaha mu minwe yanduye y’umwe yanduza umuntu akoresheje ubwenge bwiwe. Ego!

Ariko igihe Yohana yahindukira ngo arabe, yaciye abona Umwagazi w’Intama. Mbega itandukaniro riri hagati y’Umwagazi w’Intama n’Intambwe! Yari yavuze ati: «Intambwe yaranesheje». Murabona, aha noshobora kuvuga ko Imana yari yihishije mu kwicisha bugufi. Yari yavuze iti: «Uwo ni intambwe» (ni umwami w’ibikoko). Intambwe yaranesheje. Intambwe ni co kintu kiriho gikomeye kurusha ibindi vyose. Narigeze kurara mu kibira co muri Afrika ndumva ijwi rirengera ry’imisumbaremba n’ukuroha kw’inzovu yasatuye kandi ikomeye izungagiza umutonzi wayo. Narumvise ibikoko vyo mu bugaragwa biroha ku buryo vyabahagarika amaraso, kandi n’udukoko tw’amababa... Jewe na Billy Paul twari turi mu karuri gasakajwe ivyatsi. Ni ho twaja twumva intambwe iroha: ibintu vyose vyaciye bija mu gacerere, na twa dukoko tw’amababa twaciye duceceka. Umwami yari avuze. Oh, bene Data! Ndabibabariye, aho ni ho rero amadini bo n’ugukekeranya bizokwikubita hasi. Iyo umwami avuze vyose bica biceceka. Kandi na We ni Umwami. Ni Ijambo ryayo.

-----
Yavuze ati: «Intambwe yo mu muryango wa Yuda». Kubera iki ari uwa Yuda. Ngo: «Icumu ry’ubugabe ntirizova kuri Yuda, Inkoni yo kuganza ntizova hagati y’ibirenge vyiwe, nyene vyo ataraza.» (Itanguriro 49:10); azoza aciye muri Yuda. Kandi Intambwe, ikimenyetso c’umuryango wa Yuda, yaranesheje. Yaratsinze. Kandi mu gihe yari ahindukiye ngo arabe aho iyo ntambwe yari iri, yaciye abona Umwagazi w’Intama. Yari ariko ararondera intambwe aca abona Umwagazi w’intama. Biratangaje! Wa mukuru yari yamwise Intambwe ariko Yohana we aravye aca abona ari Umwagazi w’Intama; Umwagazi w’intama ameze nk’uwishwe uhereye isi ikiremwa. Umwagazi w’intama yari yarishwe. Ivyo vyari ibiki? Uwo Mwagazi w’Intama yari iki none? Yariko aravirirana amaraso, yakomerekejwe, yari Umwagazi yarongeye kubaho kandi yaguma avirirana amaraso. Oo, bene Data! Bagenzi bahire, mushobora gute kubibona mukaguma muri abanyavyaha?

Uwo mukuru yari yavuze ati: «Hari Intambwe yanesheje. Ni ya Ntambwe yo mu muryango wa Yuda.» Yohana yaciye araramura amaso kugira ngo arabe iyo ntambwe, aca abona haserutse Umwagazi w’Intama ahinda agashitsi, yuzuyeko amaraso, akomeretse; yari yaranesheje. Umuntu yarashobora kubona ko yigeze mu ntambara. Yari yarakerewe, ariko yari yarongeye kubaho.

Ubwa mbere Yohana ntiyari yabonye uwo Mwagazi w’intama, ku ntango ntiwari wavuzwe. Nta hantu na hamwe wari wavuzwe. Naho Yohana yari yamurondeye hose mw’ijuru, ntiyari yamubonye. Ariko aca abona aregereje. Nimurabe aho yaje ava. Yaje ava hehe? Yaje ava ku Ntebe y’Ubwami bwa Data yari yicayeko uhereye igihe yakererwa hanyuma akazuka. Yari yarazutse aca yicara i buryo bw’Imana, aguma aho ibihe vyose kugira yame ariko aratuvugira. Amen! Yari yaradugijwe aja hariya ico gihe aba uwutuvugira kubwo amaraso yiwe bwite kugira ngo aburanire ubutamenya bw’abantu. Uwo ni We nzigako vyose. Yari acuzuyeko wa muti ukura amarabaga y’ivyaha mu kubiharira.

-----
Ibi bintu nimubitege yompi. Ni ikintu mutegerezwa kuronka. Yari yarakoze igikorwa c’umuhuza mu kuvugira uwizera. Mu myaka ibihumbi bibiri yari hariya inyuma nk’Umwagazi w’Intama. Ubu rero aregereje, aje ava mu Guhoraho kugira ngo yakire Igitabo kirimwo urwandiko rwemeza nyen’itunga uw’ari we kugira ngo amene Ibikimatanije ace ahishura amabanga. Ivyo bishika ryari? Mu gihe c’iherezo. Murabitahuye? Ni vyiza cane. Turashobora kubandanya rero. Aca amena Ibikimatanije maze amabanga ari muri vyo akayaha umumarayika w’indwi; uwo nawe ubutumwa bwiwe bukaba ari ubwo guhishura amabanga yose y’Imana. Amabanga y’Imana ari muri ivyo ndwi bimatanije ca Gitabo. Murabibona? Ni vyo avuga ngaha. Amabanga yose ari muri ivyo ndwi bimatanijwe ca Gitabo.

None ubu rero uwo Mwagazi w’Intama avuye aho yahora ari umuhuza w’abantu n’Imana; ahindutse Intambwe, yaciye afata ico Gitabo; ni we abifitiye uburenganzira. Imana yari ikigumije iryo banga ariko ubu Umwagazi w’Intama aciye aza. Nta muntu n’umwe yari ashoboye kwakira ico Gitabo. Caguma kiri mu maboko y’Imana. Nta mupapa n’umwe, canke umupatiri canke uwo ari we wese yoba yari ashoboye kwakira ico Gitabo. Ivyo Bimatanije Igitabo ntivyari bwahishurwe. Murabibona? Ariko igihe Umuhuza yari aheraheje igikorwa ciwe yaciye yegereza maze wa mukuru nawe avuga ati: «Ni Intambwe». Nimwihweze. Oh, bene Data!

Aregereza kugira ngo yakire ico Gitabo! (ubu, nimutege yompi!) kugira ngo ahishure amabanga y’Imana, ayo abandi bagerageje gukekereza muri ibi bihe vyose vy’amadini. Murabona rero, namba ico Gitabo c’amabanga ari Ijambo ry’Imana, umumarayika w’indwi ategerezwa kuba uwuvugishwa n’Imana kuko uwo ari we Ijambo ry’Imana rizako. Yaba papa, yaba umupatiri canke uwundi muntu, nta n’umwe yoshobora kuryakira. Ijambo ntiriza ku bantu nk’abo. Ijambo ry’Imana riza ku wuvugishwa na Yo gusa; nta bundi buryo bubaho.

Muri Malaki, ku gice ca 4, ni ho yasezeranywe. Atanguye rero, aca afata amabanga y’Imana maze agahera aho ishengero ryagwiriye mu madidane y’aya madini yose, agaca asubiza ukwizera kw’abana ku kwa ba se; hanyuma y’ivyo urubanza ruzoca ruba maze isi iturirwe; hanyuma abagororotsi bazosiribanga abanyakibi kuko bazoba umunyota musi y’ibirenge vyabo mu gihe ca ya myaka igihumbi. Ivyo bintu murabitahuye noneho? Ni ivyo.

Mu bihe vy’amadini, abandi bari baragerageje gukekereza, ariko murabona, ayo mabanga y’Imana yari yahawe uwo mugabo, umumarayika w’indwi wo mu Vyahishuriwe Yohana 10:1-4 kandi uwo ni we aheraheza amabanga yose yari yasigaye atamenyekanye mu bihe vyose vy’amadini nk’uko vyagiye bikurikirana.

Gurtyo rero murashobora kubona igituma ntarwanya bene Data b’abanyamadini, ariko ndwanya uburyo amadini akora. Kugerageza kumenya ayo mabanga nta na kimwe vyari kubamarira kuko ntiyari gushobora guhishurwa. Ndabivuze mpuje inama n’Ijambo. Barabivuga uko bavyiyumvira, bibaza ko vyari vyo, kandi mu kwizera biba ari vyo bagenderamwo. Ariko ubu ibimenyamenya bigaragara vyaratanzwe. Amen! Oo, bagenzi, mbega Icanditswe.

-----
Imana ni Yo yari igifise. Icagezwe c’Imana casaba ko habaho Umuvyeyi mucunguzi maze uwo Mwagazi w’Intama yaciye asokoroka afise ubushizi bw’amanga, avuga ati: «Ndi Umuvyeyi wabo wo hafi! Ndi Umucunguzi wabo! Narabavugiye none ubu naho nje kugira ngo nkomoze ivyo bafitiye uburenganzira! (Amen! Amen!). Naje ngo nkomoze ivyo bafitiye uburenganzira. Kubw’ivyo rero barafise uburenganzira ku vyo bari baratakaje vyose bitewe no kugwa none ni jewe narishe umwenda wavyo». Oh bene Data, mbega ivyo ntibituma mwuzura uguhimbaza. Si kubw’ibikorwa vyiza twoba twarakoze ariko ni kubw’imbabazi zayo. Nimurindire akanya gato! Ba bakuru n’abandi bose baciye batangura kurambika hasi ibitsibo vyabo bongera gupfukama bikubita hasi.

Nta muntu n’umwe, oya, nta n’umwe yari gushobora kubikora. Ariko uyo We yaciye agenda ubwo nyene atumbereye i buryo bw’Imana, yakira ico Gitabo agikura mu kuboko kwayo aca atangura kumenyesha abiwe abo ari bo, ati: «Narabapfiriye. Ni jewe ndi Umuvyeyi wabo nkaba n’Umucunguzi wabo. Ndi Umuhuza. Amaraso yanje yarasesetse. Nigize umuntu kandi nabikoze kugira ngo nsubize ishengero aharyo, rimwe nari narashizeho isi itararemwa. Ico nashaka kwari ukugira ngo rihabe kandi naravuze kugira ngo ribeho. Ariko nta muntu n’umwe yari ashoboye kwakira ico Gitabo. Ni co gituma nimanukiye maze nkaciyakirira jewe nyene : ndi umuvyeyi wabo wa hafi. Nahindutse Umuvyeyi wabo wo hafi. Nahindutse Umuvyeyi wabo wo hafi.» Maze yaciye afata ico Gitabo. Amen! Ni nde andindiririye hariya kuri uno mugoroba? Uwo ni nde ga Shengero, ni nde arindiririye hariya? Ni nde wundi yoshobora kukurindirira hariya? Ni uwo Muvyeyi mucunguzi! Oh, bene Data! Mbega igikorwa kiruta ibindi vyose!

Ubu rero arafise urwandiko rwo gucungura rwerekana ko ari We mucunguzi. Arufise mu kuboko kwiwe; ubu rero ivyo kuduhuza biba vyabaye. Urwo rwandiko arufise mu kuboko kwiwe. Nimwibuke ko mu bihe vyose vyabayeho, rwamye ruri mu kuboko kw’Imana, ariko ubu ruri mu maboko ya wa Mwagazi. Ubu rero nimutege yompi. Urwandiko rwerekana ko ari We mucunguzi w’ivyaremwe vyose ruri mu minwe yiwe kandi aje kurukoresha mu kurwishuriza ikiremwa-muntu. Nta rwishuriza abamarayika, arwishuriza abantu yahawe ngo bongere babe abahungu n’abakobwa b’Imana; Asubiza mw’Itongo rya Edeni ivyo bari baratakaje vyose : ivyaremwe vyose uko bingana, vyaba ibiti, ubugingo bw’ibikoko n’ibindi vyose. Oh, bene Data, mbega ivyo ntibibasubizamwo intege?

Musome mu...
Igihengeri kiri hagati y'ibihe vy'Ishengero n'Amashashara ndwi.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Umumarayika nabonye ahagaze ku kiyaga n’i musozi, amanika ukuboko kw’i buryo, agutunga mw ijuru,

arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yaremye ijuru n’ibirimwo, n’isi n’ibirimwo, n’ikiyaga n’ibirimwo, ati Ntibigitevye:

ariko mu misi y’ijwi ry’umumarayika w’indwi, ah’ azoba agira avuze inzamba, ni ho ibanga ry’Imana rizoba riheraherejwe, nk’uko yabariye abasavyi bayo ubutumwa bgiza, ni bo bavugishwa na yo.

Ivyahishuriwe Yohana 10:5-7


Ico Gitabo
kimatanishijwe
udushashara ndwi
gihishurwa mu gihe
c’imituragaro indwi
yo mu Vyahishuriwe
Yohana 10.


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

Chapter 14
- Sabino Canyon

(PDF Icongereza)
Where sword appeared.

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)

Imbere...

Inyuma...


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.