Abanyefeso kijanye n'icaYosuwa.

<< prev

next >>

  Kugirirwa rukurikirane.

Kugirwa Abana Samuragwa #1.


William Branham.

Musome mu...
Kugirwa Abana Samuragwa #1.

Rero, Igitabo c'Abefeso, nk'uko nariko mbivuga, kuciyumviroi anjye, ni kimwe mu Bitabo bikomeye cane vy'Isezerano Risha. Bitugezaahantu Abanyabuntu baviriye ku murongo, n'Abanyamategeko nabo bava ku murongo, ariko Igitabo c'Abanyefeso gihuza vyompi maze kigashira ishengero mu kibanza. Rero, nabigereranije na Yosuwa. Nimba mubibona, Isirayeli yakuwe muri Egiputa, kandi hari intambwe zitatu z'urugendo rwabo. Intambwe ya mbere kwari ukuva muri Egiputa. Intambwe yakurikiye hari mubugaragwa. Hanyuma intambwe yakurikiye kwari ukuja muri Kanani.

Rero, Kanani ntishushanya igihe c'inganji y'imyakaigihumbi. Bishushanya gusa igihe c'abanesheje, igihe co kunesha, kubera ko muriKanani barishe ndetse baraturira kandi bafata ibisagara. Kandi nta rupfu ruzobamu nganji y'imyaka igihumbi.
Ariko ikindi kintu vyakoze, vyazanyegutsindishirizwa biciye mu kwizera, inyuma yuko bizeye biciye muri Mose mazebakava muri Egiputa; kwezwa biciye mu gukurikiraInkingi y'Umuriro no guhongerwa kw'umwagazi w'intama w'ikimazi aho mu bugaragwa.Hanyuma rero no kwinjira mu gihugu cari carasezeranijwe.

None, ni iki igihugu c'isezerano gisigura ku bizerab'Isezerano Risha? Isezerano ni Mpwemu Yera. “Kubera ko hazobaho igihe mu minsiya nyuma,” Yoweli 2:28, “Nzosuka Mpwemu wanje ku bantu bose. Abahungu banyun'abakobwa banyu bazovugishwa. Kandi ku basavyi banje n'abagaragu banjenzobasukako Mpwemu Wanje, maze bazovugishwa. Nzerekana ibimenyetso mw' ijuruhejuru. Kandi mw' isi, Inkingi z'Umuriro, n'umwotsi, n'umwuka.” Nuko Peteroaravuga, ku munsi wa Pantekoti, inyumva yo gufata ijambo maze aravuga ubutumwaati, “Mwihane, umuntu wese muri mwebwe, abatizwe mw' Izina rya Yesu Kristomubone guharirwa ivyaha,” kwihana, kubabarirwa, gutwara kure ibicumuro vyose.

Mwarigeze mubona Yosuwa? Imbere yuko bajabukaYorodani, Yosuwa yaravuze ati, “Genda uje hagati mu nkambi maze mumese impuzu zanyukandi mwiyeze buri wese muri mwebwe, kandi ntihagire umugabo abonana n'umugorewiwe, nko mu minsi itatu muzobona ubwiza bw'Imana.” Murabona? ni inzira yokwitegura kuragwa isezerano. Rero, isezerano ry'Abisirayeli ryari... Imana yahayeAburahamu isezerano ry'igihugu ca Palestina, kandi categerezwa kuba icabo ibihevyose. Kandi bategerezwa kuguma muri iki gihugu.

Rero, baza mu ntambwe zitatu, baza muri iki gihuguc'isezerano. Rero, mwitegereze; ni igishushanyo gitunganyec'Isezerano Risha. Rero, ibi, nk'uko nabivuze, ntemeranyan'ivyiyumviro vya bamwe muri mwebwe. Bamwe mu bantu b'igiciro b'Abanazariyano, Ishengero ry'Imana, n'abandi, ibi ntibibakomeretse, ariko mubirabe neza kandimwitegereze ibigereranyo. Mwitegereze kandi murabe nimba buri hantu hadahura muburyo butunganye.

Hari intambwe zitatu z'urugendo, kandi hariintambwe zitatu z'uru rugendo. Kubera ko turatsindishirizwa kubwo kwizera, tukizera Umwami Yesu Kristo, tukareka igihugu ca Egiputa, tugasohoka, mazenoneho tukezwa biciye mu Maraso Yiwe yatanzwe, tukozwa ivyaha, maze tugahindukaIngenzi n'akavantara, tukavuga ko turiko turondera igihugu, igisagara kizoza, cangwaisezerano. Uko niko Isirayeli yabikoze mu bugaragwa, bariabimukira, nta hantu bari bafise ho kuguma, bagenda amajoro, bakurikiye Inkingiy'Umuriro, ariko amaherezo bagera mu gihugu c'isezerano aho baruhukiye.

Aho niho uwizera agera. Agera ubwa mbere aho amenyako ari umunyavyaha; maze akitandukanya biciye mumazi, kozwa n'amazi, biciye mu Maraso, cangwa kozwa n'amazi biciye mw'Ijambo, cangwa, kwizera Umwami Yesu Kristo. Rero, kubwo gutsindishirizwa kubwo kwizera, ugahinduka umuragwa, maze ukiyunga n'Imana biciye muri Kristo, ukabatizwa mw'Izina rya Yesu Kristo kugira ngo umushire mu rugendo. Muriko muravyumva? Murugendo. Hanyuma agahinduka ingenzi na kavantara. Abari mu rugendo aja he? Kwisezerano Imana yatanze.

Isirayeli ntiyari bwakireisezerano, ariko bari mu rugendo. Kandi badafise, guhaguruka... Ndabinginze munyumve.Aho niho muri, Abanazariyano n'ingenzi z'Ubweranda, n'abandi, mwaraguye. Kuberako Isirayeli, igihe bageze aho babona Kadeshi Baruneya, igihe abatasi bajabukahakurya maze bakavuga bati, “Igihugu ni kinini” Ariko bamwe muri bo baragarukamaze baravuga bati, “Ntitwogifata, kubera ko ibisagara birubakiye n'inzitiro, n'ibindi.” Ariko Yosuwa na Kalebu barahagarara, maze baravuga bati, “Turutaabashoboye kugira ngo tuwufate.” Kubera ko bamaze gusinya impapuro z'ivyobemera, bemera mu bikorwa bibiri arivyo ubuntu, gutsindishirizwa no kwezwa, kandi ntibashobora kuja kure y'aho. Kandi mwumve, ico gihe cose cahoneye mubugaragwa ariko babiri bajabutse baja hakurya mu gihugu c'isezerano mazebagarukana ibishingantahe vyo kwemeza ko cari igihugu ciza, “Kandi turiabarenze abaneshi kugira ngo tugifate, kubera ko ryari isezerano ry'Imana.” Hanyuma aho kugira ngo abantu babandanye, kwakira Mpwemu Yera, bavuga mu ndimi, bakira inkomezi z'Imana, umubatizo wa Mpwemu Yera, ibimenyetso, ibitangaza, biyumvamwo ko bizosambura iyo mihango y'inyigisho zabo. None ni iki cabaye? Bapfira mu gihugu. Uko ni ukuri.

Ariko abizera, Kalebu na Yosuwa baritegura, kukobariko baja mu gihugu c'isezerano, barabandanya ngo baje mu gihugu, kandibafata igihugu, maze bicara mu gihugu nk'icabo. Rero ntabwo tugarukira na gatoku gutsindishirizwa, no kwezwa. Reka tubandanye tugere ku mubatizo wa MpwemuYera. Reka twoye guhararira mu kwizera Umwami Yesu, mu kubatizwa. Reka twoyeguhararira ku kuba twarogejwe ubuzima bw'ivyaha. Ahubwo dukomeze twinjirekugera ku gihagararo, kw' isezerano ry'umubatizo wa Mpwemu Yera. Kubera koPetero yavuze ku munsi wa Pantekote ati, “Isezerano ni iryanyu, n'abana banyu, n'abo bose bari kure, ndetse n'abo bose abo Umwami Imana izohamagara.”

Uko niko Efeso itugira nka Yosuwa, iduhaigihagararo. Mwitegereze, Yosuwa, inyuma yo kwambuka hakurya y'igihugu mazeagafata ico gihugu, hanyuma yagabanganije ico gihugu. “Efurayimu hano, Manase hano, kandi uwundi hano, Gadi hano, Benyamini hano.” Agabanganya igihugu.
Kandi mwitegereze. Ôo, ibi birarurumba mu mitimayacu. Buri wese muri abo bavyeyi b'Abaheburayo yaba ariko aribaruka abo bana, yavuga aho hantu muri ivyo bise vyiwe vyo kuramukwa, aho yategerezwa kuzoba mugihugu c'isezerano. Ôo, ni inyigisho ikomeye. Turamutse dushoboye kuyinjiramwomu buryo buramvuye, ivyo bishobora gufata amasaha n'amasaha... Igihe kimwe nitwamaragutunganya urusengero rwacu, nifuza kuzoza ngafata ukwezi kwose cangwa abiri, nkavyinjiramwo. Mwitegereze igihe bo, buri wese muri abo bavyeyi, igiheyamwita, “Efurayimu,” igihe yari ku bise, mu buryo bw'aho agomba kuba yashizeibirenge aho hari amavuta. Mu buryo bufadika kuri buri wese muri bo igihe bariaho...
Kandi Yosuwa, atari azi ibi, ariko biciye mu guhumekerwa, ayobowe na Mpwemu Yera, inyuma yo kugera mu gihugu c'isezerano, yahaye burimuntu isezerano ryiwe, neza na neza ico Mpwemu Yera yasezeranye biciye mukuvuka aho kera.

Mbega ukuntu Imana yashizebamwe mu rusengero, biciye mu bise vyo kuramukwa... Ôo, rimwe na rimwe babaabakomeye cane. Igihe ishengero ryaniha kubwo kurenganywa n'isi yo hanze, bizeye Umwami Yesu, ko isezerano rya Mpwemu Yera ko ari iry'ukuri kuri twebwenk'uko ryari riri ku Bapantekoti, mbega uko baniha ndetse batakishwa n'ibise vyokuramukwa. Ariko igihe bamaze kuvuka, bavukira mu gihagararo aho mu Bwamibw'Imana, maze, mpwemu Yera yashize mw'ishengero, bamwe kuba intumwa, abandiabavugishwa, abandi abigisha, abandi abungere, abandi abavugabutumwa. Maze Yashizemwoaho, kuvuga mu ndimi, gusobanura indimi, kumenya, ubwenge, impano zo gukizaindwara, ubwoko bwose bw'ibitangaza.

Aho ishengero riri... Rero, iyi niyo mpamvu yanje yo gukora ibi. Ishengero igihe cose rigerageza gufataimfuruka y'uwundi muntu. Ariko ntimugakore ivyo. Ntabwo worima ibigori mumurima wa Efurayimu, nimba uri uwo mu Bamanase. Utegerezwa gufata ikibanza cawemuri Kristo, ugafata igihagararo cawe. Ôo, biriko biraba ivy'ubwina kandibirimwo ubutunzi mu gihe tugeze hano, Ni gute Imana yashize mw'ishengero umwe avugamu ndimi, n'uwundi... Maze, twigishijwe incuro nyinshi, ko twese dutegerezwakuvuga mu ndimi. Ivyo si vyo. Bakavuga bati “Twese tubwirizwa kubikora.” Oya, ntitubwirizwa kubikora. Bose ntibokora ikintu kimwe, buri wese muri bo yari....

Buri wese, Igihugu baribaragihawe kandi bakigabangana biciye mu guhumekerwa. Kandi buri wese... Nshoboragufata Ivyanditswe maze nkabereka neza neza, ko yabashize ahantu bategerezwakuba, mu buryo bwo kuba, uburyo iyo miryango ibiri n'igice yategerezwa kubahakuno y'uruzi, n'uburyo ba nyina babivuze bakoma induru mu kubavyara, kandi n'uburyoburi hantu hategerezwa kuba.
Kandi rero inyuma yuko mumaze kwinjira, ivyontibisigura ko wagiye kure y'intambara. Uba ugifise kurwana urwanira buri gacek'igihugu uzobamwo. Uko niko mubona ko, Kanani itashushanya ijuru rikomeye, kubera ko hariyo intambara n'ibibazo no kwicana no kurwana, n'ibindi. Arikovyashushanya ibi; kugira ngo bibe ari intambweitunganye.

Kandi aho niho ishengerorigwira uyu munsi; kuri iyo ntambwe. Mbegamurabizi ko n'uburyo wifashe bishobora gutuma umuntu wundi ananirwa gukiraindwara? Ukwifata nabi kwawe kubw'icaha utatuye kuri mwebwe bizera, bishoboragutera iri shengero gutsindwa ku buryo bukomeye. Kandi ku munsi w'urubanzauzokwagirizwa buri cose cabaye muri uko gutsindwa. Ôo, uravuga uti, “Rero, rindira gato, Mwene Data Branham.” Uko ni ukuri. Muvyibazeko.

Yosuwa, inyuma yo kwambukaaja mu gihugu, Imana yamuhaye isezerano ko... Noneho mwiyumvire, kurwanaintambara utagize umuntu n'umwe utakaza, habe no gushishuka, bitagusaba kugiraumuforoma, cangwa ubufasha bw'ibanze cangwa mudafise ibande. Imana iravuga iti, “Igihugu ni icanyu; mugende murwane.” Ibazekurwana intambara yose, kandi nta Croix Rouge iraho hafi habe n'umwe; nta muntu yategerezwa kugira ico aba.

Nuko bica Abamorin'Abahiti, ariko nta numwe yigeze akomereka hagati muri bo kugeza ubwo icaha cajemu nkambi. Kandi igihe Akani yakoze kuri iyo kanzu y'Abanyababuloni no kuri uwomushumi w'izahabu, maze abihisha munsi y'ihema ryiwe, maze ku munsi ukurikirabatakaza abantu cumi na batandatu. Yosuwa aravuga ati, “Muhagarare. Muhagarare.Murindire umwanya muto; hari ikintu kitagenda. Hariikintu kitameze neza. Tugiye guhamagaza iminsi indwi yo kwisonzesha. Imanayaduhaye isezerano. Ko ata kintu kizodukomeretsa. Umwansi wacu azogwa kubirenge vyacu. None hari ikintu kitagenda hano. Hari ikintu gipfuye ahantukanaka, kubera ko dufise cumi na batandatu bapfuye baryamye hano. Ni bene Datab'Abisirayeli, kandi bapfuye.”

Ni ukubera iki bapfuye, abantu b'ababagororotsi? Kubera ko umuntu umwe yavuye kumurongo. Murabona impamvu ibi bikwiriye kwigishwa? Ishengero rigashirwa kumurongo, rikaringanizwa n'Ijambo ry'Imana, rikaringanizwa n'Imana mazerikaringanizwa umwe ku wundi, rikagenda rikura mu buryo butunganye, rikangutse, imbere y'abantu bose, ritinya Imana. Kubera ko umuntu umwe yivye ikanzu kandiakora ikintu atari akwiriye gukora, bitwara ubuzima bw'abantu cumi na batandatu. Ndibaza ko bari cumi na batandatu, kumbure barenga. Ndibwirako bari abantu cumi na batandatu bapfuye. Yosuwa arahamagara, aravuga ati, “Hari ikintukitagenda neza. Imana yatanze isezerano, kandi hari ikintu kitagenda.”
Igihe tuzanye abarwayi imbere yacu maze bakananirwagukira, dukwiriye gutumizako ukwisonzesha, tugahamagara urusengero. Haba hariikintu kitagenda ahantu kanaka. Imana yatanze isezerano. Imana ibwirizwa gukomezairyo sezerano, kandi Izobikora.

-----
Paulo nagizwe intumwa yaKristo Yesu n'uko Imana yabigomvye, ndabandikiye abera (abejejwe) bari muri Efesob'abizigirwa bo muri Kristo Yesu:
(Igitabo c'Abefeso 1:1)

Mwitegereze uburyo abwira aba. Ibi ntivyariivy'abatizera. Ibi ni ivy'ishengero. Vyagenewe abahamagariwe gusohoka, abejejwekandi bahamagawe muri Kristo Yesu.

Rero, nimba mushaka kumenyauburyo tugera muri Kristo Yesu, nimuzingurure mu b'I 1Korinto 12, haravugahati, “Kubwa Mpwemu umwe twese twarabatijwe mu Mubiri umwe.” Gute? Twabatijwen'iki? Mpwemu Yera. Atari umubatizo w'amazi, mwebwe bantu bo mw'Ishengerory'Imana, ariko inyuguti imwe ni inyuguti nkuru M-p-w-e-m-u, biciye kuri Mpwemuumwe. Atari kubwo gukorana mu minwe kumwe, biciye ku rwandiko rumwe, atarigutonyangirizwako amazi rimwe, ahubwo biciye kuri Mpwemu umwe twese twabatijwemu mubiri umwe, itunga ryacu, igihugu Imana yaduhaye kugira ngo tukibemwo, Mpwemu Yera. Co kimwe n'uko yahaye Kanani Abayahudi, Yaduhaye Mpwemu Yera. Biciye kuri Mpwemu umwe twese twarabatijwe mu Mubiri umwe. Murabitahura?

Rero, ariko avugana n'Abanyakanani ba mpwemu, Isirayeli, Isirayeli yampwemu, abo bene igihugu, Oh, mbega ntimunezerewe ko mwavuye muri tungurusumuza Egiputa? Mbega ntimunezerewe ko mwavuye mu bugaragwa? Kandi mwibuke, bategerezwa kurya manu, ivyo kurya vy'Abamarayika bivuye mw' ijuru, kugeza ubwobimutse bakinjira mu gihugu. Kandi igihe binjiye mu gihugu, manu yaciye ireka kugwa.Bari bakuze ico gihe, maze barya ibigori vyeze byo mu gihugu. Hanyuma, ubu ntimukiriimpinja ukundi, ubu ntimukeneye amata adafunguye y'Ubutumwa Bwiza, kugira ngobabakuyakuye, kandi babakubitekubite ku bitugu, ndetse babemeze ko mukwiriyekuza ku rusengero, ubu muri Abakristo bakuze vyuzuye, mwiteguye kurya inyamazikomeye ubu. Mwiteguye kwinjira mu kintu kanaka; yaravuze. Mwiteguye gutahura ikintu c'ubwina n'itunga. Ôo, tugiye gucatwinjira muri vyo aka kanya. Kandi, oh, vyarahishijwe guhere ku matanguriro y'isi.Yaravuze ati, “Ubu rero, mwaje hano, nimwe ndiko ndabwira ibi,” atari kuribabandi basigaye muri Egiputa, atari babandi bakiri mu rugendo, ahubwo kuri abobari mu gihugu c'isezerano, abo bakiriye isezerano.

Musome mu...
Kugirwa Abana Samuragwa #1.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Shikama, ushire amanga, kukw ari wewe uzoshikiriza abo bantu igihugu narahiye ba sekuruza ko nzokibaha.

Mugabo shikama, ushire amanga cane, kugira ngo witondere ivy’ ivyagezwe vyose bivuga, ubishitse, ivyo Mose umusavyi wanje yakugeze; ntuz’ utambamire i buryo cank’ i bumoso, kugira ng’ ugire ukuboko kwiza ah’ uja hose.

Yosuwa 1:6-7


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

Chapter 14
- Sabino Canyon

(PDF Icongereza)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.
(PDF Icongereza)



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.