Ibiba vyǎ none bishirwa ahagaragara n’Úbuvugîshwa.

<< prev

next >>

  Gihe c'Iherezo rukurikirane.

Ijambo ry'Uhoraho riza ku bavugishwa.


William Branham.

Musome mu...
Ibiba vyǎ none bishirwa ahagaragara n’Úbuvugîshwa.

Barabibabwiye mwebwe Bapentekote, imyaka mirongo ine n'itanu, mirongo itanu iheze, ba nyoko banyu na ba so, igihe bari Abapentekote nyakuri, barasohotse bava mw'idini baravuma ico kintu barakivamwo. Hanyuma, kumwe imbwa isubira kuvyo yadashwe, muca mwisubirira ubutarariye muri vyo nyene. Muca mukora nka ca kintu nyene cica iryo shengero, mwica iryanyu mukoresheje ca kintu nyene. Ntaco ndwanyako abantu bayarimwo, nta na kimwe ndabirwanyako, ariko ni imikorereko yavyo niyo ibituma.

Nimurabe, rero, barahushije kubona ukugaragazwa kw'ubuvugishwa bw'Ijambo ry'Imana buriko burashika. Iyo abo baherezi... Bari bipangiye neza na neza ukuntu Mesiya Yar'Agiye kuzoza; bari bazi ivyari bigiye gushika. Abafarisayo bari bafise iciyumviro cabo, Abasadukayo, abaherode, n'abandi bose, bari bafise ivyiyumviro vyabo. Ariko ntiyaje... Yaje mu buryo bunyuranye n'umw'umwe wese muri bo, ariko mu buryo buhuye n'Ijambo neza na neza. Yesu yavuze yuko ico kintu nyene ari co gihari no ng'aha: “Iyo muza kuba mwaraMenye, mwari kumenya n'umunsi waNje. Iyo muza kuba mwaraMenye, mwari...” Muvuga muti: “Neza, Mose! Dufise Mose.” Aca avuga ati: “Erega, iyaba mwizeye Mose, mwociye muNyizera, kuko yanditse kuri Jewe.”

Ariko, murabona, igihe Imana yariko iremeza neza na neza ivyo yasezeranye, bari barihaye iciyumviro cabo c'uburyo kanaka bw'iteka Yesu yategerezwa kuzamwo, ni... nshaka kuvuga Mesiya. Vyasaba yuko Mesiya aza atumbereye umugwi wabo atar'ukwo ntiyari kuba ari Mesiya. Neza, ukwo niko bimeze, ni hafi nk'ukwo, uyu munsi, “Utaravye ucishije mu mirore yanje, nturiko uraraba namba.” Murabona, kandi ukwo nikwo bimeze. Tu... Ukwo ni ukuri. Turanka kuvyibaza, ariko ni ukuri kutagabanije.

Mu Baheburayo 1:1, Imana kera, yanditse Bibiliya biciye mu buryo yo nyene yatoranije, Ntiyayanditse namba ikoresheje abanyatewolojiya, canke ngo Isobanure ikoresheje abanyatewolojiya. Nta gihe cigeze kibaho aho abanyatewolojiya bigeze baronka insobanuro y'Ijambo ry'Imana. Insobanuro yama iza gusa ku muvugishwa. Kandi uburyo bumwe bwonyene tuzova muri uru rudubi n'uko Imana iturungikira uwo muvugishwa neza na neza vy'ukuri, nibwo buryo bwonyene bigiye gukorwamwo. Vyarizewe, birarindirwa, n'u - n'ugushitswa.

Murabona, ntivyanditswe n'umuntu, ariko vyanditswe n'Imana. Si Igitabu c'umuntu, si Igitabu c'umunyatewolijiya. Ni Igitabu c'Imana kikaba ari Igitabu c'ubuvugishwa canditswe n'abavugishwa kigasobanurwa n'abavugishwa. Bibiliya yavuze iti: “Ijambo ry'Uhoraho riza ku bavugishwa.” Ata nkeka!

Ese ukuntu ivyo vyerekanywe neza, canke, vyagaragajwe igihe Yesu yaza kw'isi, Yohana nawe akaba ari we yari umuvugishwa w'ico gihe, kandi akaba yariko aravugishwa. Bavuze bati: “Oo, ushaka kuvuga yuko Imana igiye guhonya amashirahamwe yacu ahambaye hano n'ibi bintu vyose? Kandi ko hagiye kuba igihe, insengero zacu zitazoba zigisengerwamwo ukundi?”

Yavuga yuko hoje igihe y'aho Imana yogize ikimazi kivuye mu Mwagazi w'Intama w'Imana, mu muntu Kandi yavuze yuko - yuko yoMumenye igihe Azozira. yongera avuga ati... Ntiyakekeranya namba ku Butumwa bwiwe ku buryo yavuze ati: “Aza ari hagati yanyu mw'aka kanya, ariko ntavyo muzi.” Ari ng'aho hagati yanyu, ariko ntavyo muzi.

Umunsi umwe, igihe Yesu yegereza, Yohana yarunamuye amaso abona ico kimenyetso hejuru yiWe; aca avuga ati: “Ng'Uyu Umwagazi w'Intama w'Imana, ukuraho icaha c'abari mw'isi.” Ako kanya nyene Yesu yaciye amenya ko yemejwe imbere y'abantu. NaWe yari Ijambo, mbega ivyo twobikekeranya? Bibiliya ivuga yuko yari Ijambo: “Ubwa mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n'Imana, kandi UWo Jambo yari Imana. Kandi UWo Jambo yambaye umubiri, abana natwe.” Ng'UYo rero, i... Ng'UYo Jambo kw'isi. (Rabe! Biratunganye!), Aje atumbere umuvugishwa, mu mazi.

Ni ukuri, Ijambo ryama riza iminsi yose ku muvugishwa waryo. Kubw'ivyo ntidushobora kwitega yuko riza ku banyatewolojiya. Ntidushobora kwitega yuko riza ku madini. Ritegerezwa kuzanana mu muhora w'Imana, uwo yatumenyesheje kuva kera, kandi ni muri ubwo buryo bumwe bwonyene rizoma rizamwo. Rizokwankwa, risuzugurwe, rishiburwe. Ni ryaza vy'ukuri, rizokwankwa, n'ibindi, ariko Imana izobikora ukwo biri kwose. Ryaranswe muri Yesu Kristo, ryaranswe muri Yohana, ryaranswe muri Yeremiye, ryaranswe hamwe na Mose. Ukwo nikwo vyamye bimeze. BAriko Imana ibandanya itera intambwe, biciye mu buryo yasezeranye kugira ngo ibikore. Egome mushingantahe, ntiyihera ihengeshanya kubikora ikoresheje ubwo buryo nyene.

-----
Ni murabe muri Bibiliya, murabona aho, ni igihe ikihe tubayemwo none, igihe ubonye ibi bintu bihambaye biriko biriko biragaragazwa. Igihe Imana yasezeranye kubikora, yama ibikora. Ku mpera ya buri gihe iyo ishengero rishitse mu masanganzira rica rihindukizwa rigakurwa kw'Ijambo rigasubira mu vyaha n'ivy'isi... Ivy'isi ni icaha. Bibiliya yavuze ngo: “Nimwakunda isi n'ivyayo, Urukundo rw'Imana ntiruba ruri no muri mwebwe.”

Igihe nariko ndavuga ejo n'ijoro, nariko ndavuga ku kimazi catanzwe, wa Mwagazi w'Intama. Hǎtegerezwa kuba iminsi indwi, yerekana vya Bihe Ndwi vy'Ishengero. Ntihategerezwa kuba umwambiro uboneka mu bantu, ntihategerezwa kuba umwambiro mu kiringo c'iminsi indwi. Ivyo bisobanura yuko ata na kimwe rivangangwa, ntiryambiye igihe cose. Nta za nemera rero dukeneye, imyambiro n'ibindi tuvanganya. Ntidushaka kwivanga n'isi. Utegerezwa kuba umutsima utambiwe w'Imana, Ijambo ry'Imana, Ijambo ry'Imana ritanduye, iryo, “umuntu azobeshwaho n'Ijambo ryose riva mu kanwa k'Imana.”

Imikorere y'amadini yacu, n'ibidutandukanya n'ibindi, vyadushizemwo umwambiro, n'ibi na biriya, n'isi n'imideri, kandi, ôo, vyashitse y'aho ari Hollywood ahantu hose. Mu mperuka bizoshika y'aho biba nka hariya mu Bwongereza, umuhamagaro wo ku gicaniro uzogirirwa isoni. Bagenzi! Nk'uko mwene Data yabivuze: “Woshikana ifi gute mu bwato?” Ukwo ni ukuri.

Bidusaba kuvuga Ubutumwa mu kunengesera kwabwo, n'inkomezi z'Imana ngo zivyemeze bijanye n'isezerano ry'ico gihe no kugaragaza ko vy'ukuri ivyo ari ubugombe bw'Imana. Hanze y'ico, uba uri umunywanyi w'ishengero gusa, ntaco bivuze uko ugerageza kwose, ugerageza gukorera Imana igikorwa. Urashobora kuja mu misi mikuru y'ukwinezereza, urashobora kuba uri umwizigirwa cane kw'ishengero; ariko kiretse nimba ka kagera k'Ubugingo Budashira karatoranijwe muri wewe, kuba umuhungu canke umukobwa w'Imana, uzokura uri ikintu c'ikiburirane, ariko utigera uba umuhungu canke umukobwa w'Imana nyawe, w'ukuri.

-----
Ni murabe, turabona uno musi yuko abantu... Hariho abantu benshi badashobora kuvyizera, ndetse n'abantu buzuye Mpwemu. Ngomba ndabahe ikintu kiza kubagora kumira. Umubatizo wa Mpwemu Yera ntusigura yuko muzokwinjira, haba na mba, si kubw'ico, ivyo ntaco bisana n'umushaha wanyu. Ni umubatizo, murabona. Ng'uyu umushaha w'imbere, hano imbere, utegerezwa kuzanana ku Mana. Ariko rero ku ruhande rwo hanze, hari inzira nyumviro zitanu, na zitanu zisoho... imiryango yinjira mu ntuze yawe... kugira ngo ugiriranire imigenderanire n'urusago rwawe rwo kw'isi. Imbere, murafise impwemu, kandi aho muri yo harimwo imiryango itanu isohoka: Agatimanama kanyu, n'urukundo, n'ibindi, imiryango isohoka itanu kur'iyo mpwemu. Ni mwibuke, mur'iyo Mpwemu murashobora kubatizwa n'umubatizo nyakuri wa Mpwemu w'Imana ariko n'ubwo biri uko ukazotakara. Umushaha niwo ari muzima, ni wo watoranijwe n'Imana.

Mbega Yesu ntiyavuze ati: “Benshi bazoza kuri jeWe kuri wa musi, bavuga bati, 'sinirukanye abadayimoni, ngakora ibihambaye, ibikorwa vy'ubushobozi, nkavugishwa, ingabire zihambaye z'Imana?”' Yavuze ati: “Ni mumvireho, mwa bakora ibizira mwe, sinigeze ndanabamenya.' Benshi bazoza kuri wa munsi.”

Mbega Kayafa we ntiyavugishijwe? Yari idayimoni. Ng'aho turabona... Na ba baherezi bose, ba bantu bahambaye, bafatwa nk'indongozi zihambaye mur'iyo misi, n'ukwicisha bugufi n'ibindi, ariko barananiwe kubona Ijambo ry'Imana ubwaRyo ryariko ririgaragaza imbere yabo.

Twari gushobora gufata umugwi wose wabo, nabanditse hano. Bimeze bite kuri Balamu? Yari u... Muravuga muti: “Imana Irahindura iciyumviro caYo.” Ntabwo Ihindura iciyumviro caYo! Igihe Balamu yasohoka nk'umuvugishwa akamanuka hariya, umwepisikopi, umuvugabutumwa, ico ushaka kumwita cose, yari umuntu ahambaye. Ariko igihe yasiguza Imana ku bijanye no kumanuka ngo aje hariya, avume Isirayeli, ubwa mbere hoho ntiyanabakunda. Rero yasaba ko yogenda, Imana Yavuze Iti: “Ntujeyo!”

Niho barungika umumenyekana, umugwi, bamwe kumbure mu bepisikopi canke abakurambere, canke ikintu nk'ico, hariya, bize birushirije, kugira ngo bamugondoze. Aca yongera kugenda asubira kubaza Imana. Ntimutegerezwa kwongera kubaza Imana ubugira kabiri! Iyo Imana Ibivuze ubwa mbere, ni ivyo nyene! Nta kindi utegerezwa kurindira.

Rebeka ntiyarindiriye ngo aronke itegeko rigira kabiri. Bamubajije, bavuga bati: “Uragenda?” “Mureke yivugire.”

Aca avuga ati: “Ndagenda!” Yari ahumekewe cane n'Imana. Yahindutse umwe mu bamikazi ba Bibiliya kukuba yarakoze mu gusunikwa na Mpwemu w'Imana yagendagenda kuri we ngo yakire icari ukuri ntabanduka, kandi yarakwizeye.

Ubu rero turabona, Balamu, vy'ukuri, ntiyashobora kubona. Yarasohotse araba abo bantu, bavuga bati: “Ubu rero, hinge gato! Twebwe turi ihanga rikomeye, rinini hano, mwebwe muri akagwiu k'abantu basabagiye gusa.” Murabona? Kandi twese twizeye Imana Imwe.

Ukwo ni ukuri. Bose bizeye Imana Imwe. Bose basenga Yehova. Ni murabe ikimazi ca Balamu: Ibicaniro indwi, igitigiri c'Imana gitunganye; ya mashengero ndwi, murabona; amasuguru ndwi y'intama, yerekana ukuza kw'Umwami. Ku bijanye n'umushinge w'Ivyanditswe yari uwuri ku mushinge neza nk'uko Mose nawe yari ari; ariko, murabona, nta kwemezwa n'Imana kwari kuriho. Hariya, bompi bari abavugishwa.

Ariko musi y'igikorwa ca Mose, hariho Inkingi y'Umuriro y'indengakamere, Umuco wari hejuru y'aho bashagaje. Hariho ugikiza indwara kw'Imana, hariho akamo k'Umwami aho bashagaje, ibimenyetso bihambaye, ugukizwa indwara n'Imana, n'utwumiza n'ibindi vyakorerwa hagati yabo. Cari ikimenyetso c'Imana Nzima hagati mu bantu baYo.

Mu buryo bw'umushinge, bose bari mu kuri. Niho Balamu yagerageza kwemeza abantu, aca arabaroga abibinjizamwo. Ryari? Neza na neza imbere gato yuko bashika mu gihugu c'isezerano. Mu wundi munsi canke ibiri, bari kuba bashitse mu gihugu c'isezerano.

Musome mu...
Ibiba vyǎ none bishirwa ahagaragara n’Úbuvugîshwa.