Ca Kimenyetso.

<< prev

next >>

  Abakristo Ubugingo rukurikirane.

Ca Kimenyetso.


William Branham.

Musome mu... Ca Kimenyetso.

Kuvayo 12:12.
12 Kuko mur'iryo joro nyene Nzoca mu gihugu ca Egiputa nkicaabana bose b'imfura bo mu gihugu ca Egiputa uhereye ku muntu no ku gitungano; kandi imana z'abanyegiputa zose, amatekanziciriyeko yose nzoyashitsa: Nd'Uhoraho.
13 Ayo maraso azobabera Ikimenyetso ku mazu muzoba murimwonaNje aho Nzobona ayo maraso Nzoharengana, nta cago kizobazako ngo kibarandureigihe Nzotera igihugu ca Egiputa.

Ubu naho, mu gutangura, mbega ikimenyetso ni iki? [Mu congereza “token”] Ni ijambo twebwe abavúga icongereza dukunda gukoresha cane cane aha muri Amerika. Ikimenyetso [Mu congereza “ token”] ni…Mu vy'ukuri kazinduzi ivuga ko ikimenyetso [mu congereza “token”] ari icemeza [mu congereza “ sign”]. Ivyo vyemeza ko ikiguzi c'urugendo cārishwé, murabona ko u-urugendo, nakwo ikiguzi, ikiguzi gisabwa cāmazé kurihwa. Nk' ikiguzi c'ikibanza muri gariyamoshi canke mu modokari.

Urinjira hanyuma ukariha i-itike yawe, hanyuma bakaguha agatike, kandi ako gatike nta kindi ushobora kugakoresha atari kuri iyo nzira y'igariyamoshi. Ni ikimenyetso kw'ishirahamwe riraba ivy'amagariyamoshi, ko warishé ikiguzi c'urugendo rwawe. Ni ikimenyetso, kandi nta kindi kintu ushobora kugikoresha. Ntigikora ku yindi nzira. Gikora gusa kuri iyo nzira yonyene. Kandi ni… ni ikimenyetso.

Ivyo turiko tuvugako, ngaha dutanguriye, ni Imana Ibwira Isirayeli Iti: “Amaraso y'umwagazi w'Intama, ni co kimenyetso canyu.” Umwagazi w'Intama wa Isirayeli, wakeréwe, cǎri co kimenyetso cǎsabwa na Yehova. Yabwîrizwa kuba amaraso. Imana yagíze ikimenyetso igiha Isirayeli; nta kindi kimenyetso cǎri gukora, murabona, nticǎri kwemerwa.

Kw'isi ni ubupfu. Ariko ku Mana ni yo nzira yonyene. Ikintu conyene Isaba ni Ikimenyetso. Kibwirizwa kuba kiri aho. Kandi ntushobora kuronka ikimenyetso ikiguzi kitārishwe, aho rero uca wegukira ico Kimenyetso kiguha u-uburenganzira bwo kurengana mu mwidegemvyo. “Ninabona amaraso, nzobarengana.” Ese igihe, cose, ese amahirwe, kumenya ko mufise muri mwebwe Murekarengane. “Ninabona amaraso, Nzobarengana” Ni co kintu conyene Azokwemera. Nta kindi gishobora gufata ikibanza caCo nta kigisubirira, nta dini na rimwe, nta kindi na kimwe. Hasabwa iCo. Imana yavúze iti: “Ni Co conyene Nzôrâba” Ntaco bivuze uko bäba ari abagororotsi, uko bäba bámeze neza, uko bäba barize vyinshi, uko bäba bambaye, ikimenyetso cǎri co kintu conyene. “Ninabona ikimenyetso, Nzobarengana”. Amaraso cǎri ikimenyetso c'uko i-ivyǎsabwa na Yehova vyāshikijwe, ko vyākozwe. Amaraso yabâye ikimenyetso. Amaraso yarí Ikimenyetso. Murabitahura?

Ubugingo bwa... Imana Yarí Yávuze Iti: “Umusi muzoryako, muzoca mupfa.” Rero hariho ubugingo busubirira bwǎkuweho mu kibanza c'ubuzima bw'uwizera. Imana kubw'imbabazi, Yarêmeye igisubirira ubugingo bw'umuntu yāndúye. Igihe umwana waYo yarí yîyanduje n'icaha co kutizera Ijambo, Imana Yo mutunzi w'imbabazi, yacîye ishiraho igisubirira ; ivyo vyǎr'uko ikintu kanaka cǎbwirizwa gupfa mu kibanza ciwe. Nta kindi kintu cǎshobora gukora.

Ni co gituma ya mapome n'amapeshe, n'ibindi vya kayini, ataco vyǎkoze. Bwǎtegerezwa kuba ubuzima bufise amaraso muri bwo, kandi ubwo buzima bwǎri bwâvuye mu kimazi, hanyuma amaraso ni yo yarí ikimenyetso yuko itegeko ry'Imana ryākuríkijwe. None, Imana Yasába iki? Ubugingo; kandi amaraso yěrekana yuko hariho ubugingo bwatanzwe. Kubw'ivyo amaraso cǎri ikimenyetso c'uko ubugingo bwātānzwe, yuko hari ikintu cāpfūyé; ivy'Imana Isaba; yuko hari ubugingo bwatanzwe kandi ko amaraso yasheshwe. Kandi amaraso yabâye ikimenyetso ko ubugingo bwāgiye. Ubuzima bw'igikoko Imana Yarí Yávuze yuko bubwirizwa gukurwaho, yarí amaraso yabâye ikimenyetso. Murabona?

Umusenzi yizera yashúshānywa n'ikimazi ciwe kubw'ikimenyetso. Sinipfuza kumara umwanya munini kuri iyi mirongo mike, ariko igikorane cose cohera turi kuri umwe muri yo, ariko nshaka guhagarara ngaha akanya kugira nsigure ibi. U-u-uwizera yabwirizwa kuba ashushanijwe n'ikimazi ciwe. Murabitahura? Nimba ari ikimazi gusa catangiwe ahantu kanaka, yatanze, yategerezwa kuba ushushanijwe muri co. Mu vy'ukuri, yabwirizwa gushira ibiganza vyiwe ku kimazi ciwe mbere na mbere kugira yishushanye na co. Hanyuma naho amaraso yashirwa ahantu aho yahagarara musi y'amaraso. Amaraso yabwirizwa kuba hejuru yiwe. Kandi ico cǎri ikimenyetso c'uko yarí yîshushānijwe ubwiwe, nk'uwǎgīrwa, kandi yērékanye ko igisubirizi kitagira icaha cāgiye mu kibanza ciwe.

Mbega igicapo ciza! Ôo, uwacunguwe! Murabibona, urubanza rwǎri rwâbâye kandi ivyǎsabwa n'urubanza rwera rw'Imana vyǎri vyâkozwe. Imana yarí yávuze Iti: “ Nsaba ubugingo bwawe .” Kandi rero u-u-ubugingo bwǎri bwacumuye. Ni uko igisubiriza kitǎkoze icaha cǎgiye mu kibanza cabwo. Yǎri amaraso y'igikoko; ntivyǎri amapome canke amapeshe. Ivyo vyātegerezwa gutuma uruvyaro rw'inzoka rugaragara neza kuri buri wese, ko yarí amaraso. Kandi ayo maraso, atǎshobora kuva mu vyamwa yavûye mu gisubirira kitagira icaha. Kandi n'ubu - n'ubugingo bwǎri bwavuyemwo... mu kibanza ciwe, kandi amaraso cari ikimenyesto c'uko igikoko capfuye kandi ko amaraso yasesetse.

Kandi uwusenga, ashize amaraso hejuru yiwe, yĕrekana ko yīshúshānije mu gucungurwa, kubera ko yabá yîshúshānije ubwiwe ni... ku kimazi, yifatanije ubwiwe n'ikimazi, hanyuma amaraso akaba nk'ikimenyetso. Ese-ese ingene ari vyiza cane! Mbega ikigereranyo! N'ikigereranyo gitunganye ca Kristo, neza neza.

Uwizera muri kino gihe yibereye musi y' Amaraso yasheshwe yishushanya n'Ikimazi. Neza neza bitunganye u-uko bishoboka! Kandi kuko Kristo ata-atari igikoko... Murabibona, igi... igikoko cǎrapfûye, ariko vyǎ... Nibaza ko ikintu kitagira agasembwa gusumba ibindi dufise coba, i- igikoko, u- umwagazi w'intama. Igihe Imana Yashaka kudondora Yesu Kristo, Yamudondoye nk'umwagazi w'intama. Kandi igihe naYo Yashâka kwidondora, Yidondoye nk'inyoni, Inuma. Kandi Inuma ni yo nyoni itunganye kandi itāndúye kurusha izindi nyoni zibáho, u-umwagazi w'intama ni wo utunganye kandi utanduye mu bindi bikoko vyose bibaho. Murabona rero ko igihe i...

Yesu Yabátijwe na Yohani, kandi Bibiliya ivuga Iti: “Hanyuma-hanyuma abona Mpwemu w'Imana amanuka kuri We nk'inuma”. N'uko, iyo iza kuba imfyisi, canke iyo kiba ikindi gikoko, kamere k'inuma ntivyǎri guhuza na kamere y'imfyisi canke ngo bihuze na kamere y'ikindi gikoko ico ari co cose kiretse umwagazi w'intama. Izo kamere zibiri zihuriye hamwe, zǎca zihuza.

Mbega kano kanya, murabona kwa gutoranywa kwo kuva kera? Warí umwagazi igihe waza aho. Muratahura? Muratahura? U... Warí umwagazi w 'intama igihe wa-igihe wazánwa. Warí umwagazi w'intama. Wavûtse ari umwagazi w'intama. Wakúze ari umwagazi w'intama. Murabona? Rero, uwo ni We Mpwemu w 'ukuri Wenyene Ashobora kwakira Ijambo, Ashobora kwakira Kristo. Abasigaye bazogerageza, bǎragerageje kuMuronka, gushira Mpwemu w'Imana ku mfyisi, muratahura, w'ishavu, w'ikibi, uw'ikunda. Ntazohaguma. Mpwemu Yera aca yigira ubwo nyene. Ivyo ntazobikora.

Vyǎri kugenda gute iyo iyo numa imanúka hanyuma aho kubá Umwagazi w'Intama, kikaba ikindi gikoko, yarí guca yîgurukira buno nyene ikisubirira inyuma. Murabona? Ariko igihe yasânga ari kamere Ishobora kwinjiramwo, Vyǎciye bicika Umwe. Hanyuma I-I-Inuma yarongoye Umwagazi w'intama, kandi mitegereze, Yarongoye Umwagazi w'Intama kw'ibagiro. Umwagazi w'intama warumvira Inuma. Murabona? Aho Yawújāna hose wajáyo ubikunze.

Ndibaza, uno munsi, igihe Imana Iturongora mu buzima bwo kuiYiyegurira rwose no kuyikorera, ndibaza nimba impwemu zacu zitagarariza rimwe na rimwe, vyoba vyerekana yuko, ndibaza nimba twoba turi imyagazi y'intama? Murabona? Umwagazi w'intama urumvira. Umwagazi w'Intama witangako ikimazi. Ntu-ntuburanira ivyawo. Murashobora kuwuryamika ngaho mukanawumwa ubwoya. Ni co kintu conyene ufise. Nta-ntaco wigera ubivugako; utanga ivyo ufise vyose. Uwo niwo mwagazi w'intama. Uhereza vyose... utanga vyose; wo nyene ubwawo n'ico uri cose. Kandi uko niko Umukristo w'ukuri aba ari, iyo bari... bitanga bonyene ubwabo, ntibitaho ivy'iyi si ariko batanga ivyo bafise vyose ku Imana. Murabona.

Uwo ni wo Mwagazi w'Intama utunganye, Kristo Yarí. Kandi biciye muri ayo maraso yasesetse y'uwo mwagazi, umwagazi w'intama usanzwe muri Egiputa amaraso yaráshizwehó, kandi amaze gushirwaho, yabaye nk'ikimenyetso! None Amaraso y'Uwo mwagazi w'Intama yokwerekanye iki? Murabona? Ikimenyetso c'uko twǎpfuye kuri twebwe ubwacu hanyuma tukadondoranwa n'Ikimazi cacu. Murabona? Rero Umwagazi ama-ama-amaraso n'uyo muntu bihinduka ibidondoranirijwe hamwe, Ikimazi be n'uwizera. Murabona, uba udondowe mu buzima bwawe n'Ikimazi cawe. Ivyo bikugira ico uri.

Rero amaraso cǎri ikimenyetso canke umwidondoro. Amaraso yadondora yuko umusenzi yaba yakereye umwagazi w'intama, akemera umwagazi w'intama hanyuma akishirako ikimenyetso, ko bitamutera isoni. Ababibona, we ntaco vyǎri bímutwaye. Yashâka ko bose babibona kandi yashírwa ahantu ku buryo abahita bose bǎshobora kubona ico kimenyetso. Murabona, abantu benshi bashaka kuba Abakristo, ba-ba-bagashaka kubigira mw'ibanga ngo ntihagire n'umwe a-amenya ko ari Abakristo. Nk'abo bagendana, bamwe muri bo biyumvira bati: “Ehe raba, nsha-nsha-nshaka kuba Umukristo ariko sinshaka ko kanaka na kanaka babimenya.” Murabona? Ivyo si ivya Gikristo. Ivya Gikristo bitegerezwa kugaragaza Ikimenyetso cavyo, ku mugaragaro, mu buzima, hagati mu bandi, mu biro, mw'ibarabara, iyo hari ingorane, ico ari co cose, mu rusengero, aho ari ho hose. Amaraso ni co Kimenyetso, kandi Ikimenyetso kibwirizwa gushirwaho, murabona, canke (atar'ukwo) n'indagano ntibikigira akamaro.

Amaraso cǎri ikimenyetso, canke, umwidondoro, udondora yuko uyo muntu yacûnguwe. Ehe, itegereze neza, bǎri bafise, bǎri bâcunguwe imbere y'uko hagira ikintu na kimwe gishika. Kubw'ukwizera bǎshizeko amaraso. Murabona, imbere y'uko bishika vy'ukuri, amaraso yarí yáshizweko mu kwizera, bǐzera ko vyǎgira bishike. Murabona? Imbere y'uko uburake bw'Imana buca mu gihugu, amaraso yatégerezwa kubanza gushirwaho ubwa mbere. Uburake bumaze guseseka igihe cǎri cârênze. Ubu naho, dufise icirwa dushobora vy'ukuri, kumbure, vyotuma mwiyumvira akanya gato. Itegereze imbere yuko bishika, kuko hagiye kuza igihe aho bitazoshoboka ko mushirako Amaraso.

Umwagazi w'intama wǐcwa mu gihe c'akagoroba, umaze iminsi cumi n'ine uragiwe. Hanyuma, umwagazi w'intama warîcwa amaraso agashirwaho ku gihe c'akagoroba. Murabitahura? Ikimenyetso nticǐgeze kibaho imbere y'igihe c'akagoroba. Kandi kino gihe turimwo ni ca gihe c'akagoroba. Iki n'igihe c'akagoroba kw'I- kw'Ishengero. N'igihe c'akagoroba kuri jewe. Iki n'igihe c'akagoroba c'Ubutumwa bwanje. Ndiko ndapfa. Ndiko ndagenda, ndiko ndavaho, mu gihe c'akagoroba c'Ubutumwa Bwiza.

Twǎciye mu gutsindanishirizwa, n'ibindi, ariko iki ni igihe aho Ikimenyetso gitegerezwa gushirwaho. Nabábwiye ku w'Iyinga uheze ko mfise ico nshaka kuvugako; ni ibi nyene. Ni igihe aho udashobora gupfa kuBikinisha. Bitegerezwa gukorwa. Nimba koko ari ibizokorwa, bitegerezwa gukorwa ubu nyene. Kubera turashobora kubona ko uburake bugiye guca mu gihugu, kandi ico cose kitari munsi y'Ikimenyetso kizorimbuka. Amaraso; ni yo yabadondoye.

Musome mu... Ca Kimenyetso.