Ishashara rya Mbere.

<< prev

next >>

  Amashashara Ndwi rukurikirane.

Agendera kw' ifarasi y'igitare.


William Branham.

Musome mu...
Ishashara rya Mbere.

Mu gice ca 6 niho Ibimatanije ca Gitabo vyugururirwa. Turabanza dusomeica mbere kimatanije ca Gitabo. Kugira ngo dushireho urufatiro rwiza, rekadusubiremwo ivyo twavuze ejo ku mugoroba. Yohana yararavye abona ko icoGitabo cari kikiri mu maboko ya Nyene co w'inkomoko, ari we Mana. Mbegamuribuka ukuntu ico cari catakaye ? Cari catawe na Adamu. Yahevye Igitaboc'Ubugingo ahitamwo ubumenyi bwa Satani maze ivyo bica bituma atakazaumugabane wiwe. Yaciye atakaza vyose kandi nta bundi buryo bwari burihobwo gucungurwa. Maze rero, Imana imaze kwiyambika ishusho y'umuntu, Yaciye imanuka ibaUmucunguzi wacu kugira ngo iducungure. Ubu rero turabona ko ivyo bintuvyari vyaragizwe ibanga mu bihe vyarenganye bitegerezwa guhishurwatukabibona muri iyi misi ya nyuma.

Kandi twarabonye yuko Yohana acumva ijwi rimubwira ko Umucunguzi womu muryango wo hafi agiye kwegereza kugira ngo akomoze ivyiwe, ata muntun'umwe yari ashoboye kubikora. Haba mw'Ijuru, haba kw'isi canke i kuzimu,nta n'umwe yari abereye no kuraba ico Gitabo. Ni muvyibazeko! Nta muntun'umwe yabonetse ko abereye no kuraba gusa ico Gitabo. Maze Yohana acaatangura kurira.24. Yaciye atahuye ko ata buryo na bumwe bwo gucungurwa bwari buhari.Vyose vyari bigiye guhona, ariko turabona ko mu kanya amarira yiwe yaciyeahagarara bidatevye kuko umwe muri ba bakuru mirongo ibiri na bane yaciye amubarira ati: «Nta co urira, Yohana, kuko Intambwe yo mu muryango wa Yuda yaranesheje kandi aratsinda».

Yohana ahindukiye, yaciye abona Umwagazi w'Intama wegereza.Utegerezwa kuba wari wuzuyeko amaraso, warashishaguwe ugakomeretswa.Wari warakerewe. Umwagazi w'Intama wari warakerewe kandi ukaba mubisanzwe wari ucuzuyeko amaraso. Ni nk'uko mwoba mwakereye umwagaziw'intama mukawica. Uko ni ko Uwo Mwagazi w'Intama wari umeze :wakererewe ku musaraba, bamucumita icumu mu rubavu, bamutera imisumarimu biganza no ku birenge, batabagurisha amahwa uruhanga rwiwe. Yari ateyeagahinda. Maze uwo Mwagazi w'Intama waciye useruka uca wegera IyariIvyagiye kuri ya Ntebe kandi yari ifise rwa rwandiko rukwiye rwerekanauwufise uburenganzira bwo gucungura; uwo Mwagazi w'Intama uca ujakwabira ico Gitabo ugikura mu kuboko kw'Iyari Ivyagiye kuri ya Ntebe; uracakira, uca umena ibikimatanije ubona kuzingurura ico Gitabo.

Ivyo bishitse, twaratahuye ko hariho ikintu ciza cane kirinda kuba carabayemw'Ijuru kuko ba bakuru mirongo ibiri na bane, vya binyabugingo, n'ibirimw'Ijuru vyose vyaciye bitangura gusemerera biti: «Birakubereye!» Mazehaca haza abamarayika basuka inzavya zuzuye amasengesho y'abera. Aberabari musi y'igicaniro baciye basemerera rero bati: «Birakubereye, Ewe waMwagazi w'Intama, kuko waducunguye, kandi ukaba waratugize abamin'abaherezi none tukazoganza isi.» Oh, bene Data, ico ni co cashitse igihe yariazinguruye ico Gitabo.

Murabona, umugambi w'ico Gitabo washizweho isi itararemwa. Ico Gitabo,ari co Bibiliya, mu vyukuri canditswe isi itarabaho. Kandi Kristo na we,nk'Umwagazi w'Intama, wakerewe isi itararemwa. Kandi n'amazinay'abari mu Mugeni wiwe yanditswe mu Gitabo cUbungingo c'Umwagaziw'Intama isi itarabaho; ariko ico Gitabo cari caramatanishijwe ishashara !Yamara ubu, kiriko kirahishurwa bo n'amazina y'abari baracanditswemwo,n'ibindi vyose bijanye na co. Mbega ukuntu ari ivy'ubwiza! Yohana abonyeivyo yaciye avuga ko ivyari biri mw'Ijuru vyose, ivyari biri i kuzimu vyose,vyaciye bimwumva avuga ati: «Amen! Ishimwe n'icubahiro»! Kuri we kariakanya keza cane, kuko uwo Mwagazi w'Intama yari abibereye!

Ubu, mu gihe dutanguye igice ca 6, kuri uno mugoroba uwo Mwagaziw'Intama ari hano. Afise ico Gitabo mu kuboko kwiwe kandi agiye gutangurakugihishura; ndizigira ko muri aba Mpwemu. Nari kuba nakoze ikosa riteyeubwoba kuri vyo, uno musi nk'isaha zitandatu, iyo Mpwemu Yera ataba yaje mucumba canje ngo akosore ku kintu c'ivyo nariko ndandika vyo mu butumwabwo kuri uno mugoroba.

Nari ndiko ndakura ivyo mvuga mu vyo nari naranditse kera. Nta co narimfise mvuga kuri iki cirwa. Mbere nta kintu na kimwe nzi ku ca kabiri kimatanije ca Gitabo, ariko ndafise ivyo nanditse mu myaka ishize. Narinegeranije ivyo nari nanditse ndabikuye mu gitabo c'umwigisha Smith n'abandibahanga b'incabwenge bakomeye bizera ivyo bintu, ni co catumyendavyandika. Nibwira nti: «Na none, ngira ndavyige mfatiye kuri ibivyiyumviro». Ariko hageze nko kw'isaha ya gatandatu, Mpwemu Yera yaciyeamanuka buhoro buhoro mu cumba anyereka vyose maze ica mbere kimatanijeca Gitabo kiba kiruguruwe.

Nk'uko bigaragara yuko mpagaze hano kuri uno mugoroba, ni ko n'ivyongira ndabereke ari ukuri kw'Ubutumwa Bwiza. Ndabizi! Kuko iyouguhishurirwa kunyuranye n'Ijambo, ntikuba ari uguhishurirwa. Kandi muraziko hariho ibintu bishobora gusa n'ukuri rwose yamara kandi atari ukuri. Birasusa ariko ntibisa.

Ubu rero turabona ko uwo Mwagazi afise Igitabo kandi mu Gice ca 6dusoma duti:

«Mbona Umwagazi w'Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwitumatanije ca Gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivugank'ijwi ry'inkuba, kiti. Mbona ifarasi y'igitare, kand'uyicayeko yariafise umuheto, ahabwa igitsibo, agenda anesha, kandi ngo yameanesha.»

Iki ni co ca mbere kimatanije ca Gitabo, ico tuja kugerageza gusigura kuriuno mugoroba kubw'ubuntu bw'Imana. Turaja kubikora uko dushoboye kwose,ariko ndabonye neza ko umuntu agerageza kubisigura aba ariko agenderaahanyerera iyo atazi ico ariko arakora. Ni co gituma ivyo ni vyanzako bivuye ku guhishurirwa nzobibabwira. Nivyaba bivuye mu vyiyumviro vyanje bwite nzobibabwira mbifoboye imberey'uko ndabivugako. Ariko nk'uko ndi imbere yanyu, kuri uno mugoroba ni koivyo uno musi nabihishuriwe ndabihawe n'Ishobora vyose. Simpora nkundakuvuga ibintu nk'ivyo iyo vyerekeye aha hantu ho mu Vyanditswe. Ndibaza komutahuye ico nshatse kuvuga. Ntimushobora kuvuga ibintu bitegerezwa kuba biri muri co imbere yukobishika. Ntimushobora kubivuga ata kintu kirabishiraho, murabona? Mbegamuriko murasoma? Mbega hari ikintu muriko murumviriza?

Ico Gitabo kizinze kandi kikaba kimatanishijwe udushashara ndwitudomyeko ikimenyetso ubu kiriko kirazingururwa na wa Mwagazi w'Intama.Ivyo ni vyo twegereye kuri uno mugoroba. Imana idufashe! Mu giheIbimatanije ca Gitabo biriko biramenagurwa, ico Gitabo kikazingururwa, amabanga y'ico Gitabo yariko arahishurwa. Murabona ko ico Gitabo cari Igitabokimatanishijwe udushashara. Turavyizera, none si ko biri? Twizera ko ariIgitabo kimatanishijwe udushashara. Ubwa mbere ntavyo twari tuzi, ariko uko ni ko biri. Kimatanishijwe udushashara ndwi tudomyeko ikimenyetso. Ni ukuvugako inyuma haco hamatanishije udushashara indwi tudomyeko ikimenyetso.

Iyo kiba ari Igitabo gisa n'ibitabo vyacu vya none, ni nk'uko twocugazautugozi indwi. Ariko ico Gitabo si mwen'ibi: ni umuzingo. Ubwo reroumuzingo umwe muri iyo mizingo iyo uzinguruwe gica kiba kimwe; imberemuri uwo muzingo haba harimwo ikigira kabiri canditswemwo ibikigize, arikoni ibanga. Twaragerageje cane kugisesangura, ariko ni mwibuke kw'ico Gitabo kimatanishijwe udushashara: Ni Igitabo c'ibanga n'uguhishurirwa. Niuguhishura kwa Yesu Kristo, ni Igitabo co guhishurirwa. Yamara murazi koabantu bagisesanguye ukw'imyaka yose yagiye ikurikirana kandi bakababaragerageje kugitahura. Twarabikoze!

-----
Maze wa Mwagazi w'Intama afashe ca Gitabo akamena iki ca mberekikimatanije, Imana yaciye ivugira ku Ntebe yayo Ihoraho kugira ngoImenyeshe ko ico Kimatanije ca Gitabo cari kigiye guhishurwa. Ariko igiheyacerekwa yasanze kiri mu bigereranyo. Igihe Yohana yakibona, cari kikiriibanga. Kubera iki? No guhishurwa nticahishuwe muri ico gihe.Ntigishobora guhishurwa rya Jambo yavuga aha ngo «mu gihe ca nyuma» ridashitse. Ariko vyaje mu buryo bw'ibigereranyo. Umaze guturagara... Ni mwibuke ko urwamo rw'uguturagara gukomeyenk'ukw'inkuba ari ijwi ry'Imana. Uko niko Bibiliya ivuga: umuturagaro. Baciye bibaza ko ari umuturagaro, yamara yari Imana. Yohana yarawutahuyekuko yari yabihishuriwe. Wari umuturagaro. Ni mumenye ko igihe ica mbere kimatanije ca Gitabo camenwa mu buryobw'ikigereranyo, haciye humvikana umuturagaro. None bizomera gute igihekizoba kimenwe mu buryo bugaragara?

-----
Ni murabe neza ko uhereye ico gihe atawongera kubona Kristo. Ariko arikw'ifarasi y'igitare, gurtyo rero uwo muntu ni yaba agendera kw'ifarasiy'igitare, ni uko ari uwigana Kristo. Ivyo mwabitahuye? Ni murabe yukouwo agendera kw'ifarasi y'igitare we atagira izina na rimwe; yashoboragukoresha amatazirano abiri canke atatu, ariko nta zina na rimwe afise! Yamara Kristo we arafise Izina! Ni irihe? Ni JAMBO W'IMANA! Ngo «Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kand'uwo Jambo yahoranye n'Imana, kand'uwo Jambo yar'Imana». Kandi Jambo yihaye umubiri.

Uwo agendera kw'iyo farasi nta zina afise, ariko Kristo we yitwa Jambo w'Imana. Ni co ari. Uko ni ko yitwa; arafise Izina ata muntun'umwe arizi, ariko yitwa Jambo w'Imana. Uwo muntu we, nta zina narimwe bamwita, yamara agendera kw' ifarasi y'igitare. Uwo ayigenderako nta myampi afise yo gushira mu muheto wiwe ;mwabibonye? Afise umuheto ariko nta kintu na kimwe kivugwa ku vyerekeyeimyampi; ategerezwa rero kuba ari umwiyorobetsi. Ni ivy'ukuri! Kumbure koafise imituragaro myinshi, ariko itagiramwo imiravyo ; ariko murabona koKristo we abifise uko ari bibiri: umuravyo n'umuturagaro, kuko mukanwa kiwe havamwo inkota ikarishe y'ubugi bubiri ari na yo akubitishaamahanga, yamara uwo muntu we nta na kimwe ashobora gukubita; ico akoragusa ni ukwiyorobeka. Agendera kw'ifarasi yera, azanywe no kunesha.

Kristo yari afise inkota ikarishe kandi, ibi ni mubitege amatwi, iyi nkotayava mu kanwa kiwe: Ni Ijambo Rizima! Ni Ijambo ry'Imana ryahishuriweabashumba bayo nk'uko yabibariye Mose ati: «Genda uhagarare harya, ushirehejuru inkoni yawe uce uhamagara ibibugu!». Kandi haciye habaho ibibugu! Nta nkeka. Ico yavuga cose Imana yaca igishitsa kandi caraba. Ni Yo Jamborizima. Imana n'Ijambo ryayo ni kimwe. Imana ni Jambo.

None rero uwo agendera kw'ifarasi w'akabanga w'igihe ca mberec'Ishengero ni nde? Ni muvyiyumvireko. Uwo agendera kw'ifarasi w'akabangamu gihe ca mbere c'Ishengero kandi akaguma abandanya kugeza n'aho yinjiraatumbereye mu guhoraho ari na ho azoba ashitse kw'iherezo ryiwe?

Ica kabiri kimatanije ca Gitabo kiraseruka kigaca kigenda cerekejekw'iherezo. Ica gatatu kimatanije ca Gitabo kiraseruka kigaca kigenda cerekejekw'iherezo. Ni nako biri no ku kigira kane, ku kigira gatanu, ku kigira gatandatuno ku kigira indwi kimatanije ca Gitabo; kimwe cose kigenda kizinguruka kandi uburuhiro kikaja guhereza kw'iherezo. Gurtyo, mu gihe c'iherezo ivyo bitabo birimwo amabanga vyarivyarazinzwe muri ivyo bihe vyose niho bica bizingururwa. Ubu rero ibanga ricarija ahabona kugira ngo tubone ico ari co. Ariko mu bisanzwe ayo mabangayatanguriye mu gihe ca mbere c'Ishengero kuko Igihe ca mbere c'Ishengero cahawe Ubutumwa nk'ubw'iki gihe nyene. Uwugendera kw'ifarasi y'igitare yarasokorotse. Ni nde ? Arin'ububasha mu bushobozi bwiwe bwo kurwana anesha. Ni umuntuakomeye kubwo ubushobozi bwiwe bwo kunesha. Murashaka kondababarira uwo ari we? Ni antikristo. Ukwo ni ko ari koko! Yesu yaravuga ko abo babiri bazoba begeranye cane rwose ku buryoyozimije n'abatoranijwe (Umugeni) iyo biba ari ibishoboka. Ni antikristo!

Musome mu...
Ishashara rya Mbere.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

Mbona igitabo mu kuboko kw’i buryo kw’Īvyagiye kuri ya ntebe, canditse imbere n’ inyuma, kidombagijek’ udushashara ndwi, tukimatanije tudomyemw’ ikimenyetso.

Mbona umumarayika w’inkomezi nyinshi asemereza ijwi rirenga, ati Ni nde bibereye kw azingurura kirya gitabo ngw amene ibikimatanije?

Ntihāgira uwo mw ijuru cank’ uwo kw isi cank’ uw’ i kuzimu ashobora kuzingurura ico gitabo canke kukirāba.

Nanje ndizwa cane n’uko hatabonetse ūbereye kuzingurura ico gitabo canke kukirāba.

Ivyahishuriwe Yohana 5:1-4


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet

(PDFs Icongereza)
 

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

(PDF)

William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)