Ishashara Rya Gatanu.

<< prev

next >>

  Amashashara Ndwi rukurikirane.

Impwemu z'abishwe bari munsiy'igicaniro.


William Branham.

Musome mu...
Ishashara Rya Gatanu.

Ivyahishuriwe Yohana 6:9-11,
9 Kand'amenye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbona musi y'igicaniroimpwemu z'abishwe babahora Ijambo ry'Imana no gushinga intahe bari bafise.
10 Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w'ukuri, uzogeza ryari kudacaamateka no kudahora abari mw'isi amaraso yacu?
11 Umuntu wese muri boahabga imvune yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gushitsaah'igitigiri c'abagurano bagenzi babo na bene Se, bagira bicwe nka bo, kizoshikira.

Ivyo ni ibanga koko. Kandi ubu rero ngira mvuge ibi kubwo amakaseti,abapasitori n'abigisha baje hano: Namba ibi mubibona ukundi, nanjenarigeze kuba ndabibona ukundi. Ariko ivyo ngira mvuge biva muguhumekerwa kwahinduye rwose uko ivyo nabibona. Mu gihe mubona ibi bintu biriko birahishurwa, ndabona ko ivyobitugarukana inyuma maze bigashira hamwe vya bihe vy'Ishengeron'Ivyanditswe, kandi bigafatanya vyose; ni co gituma nizera ko ivyo biva ku Mana.

-----
Ni mubone ko hamenyekanishijwe ivy'ikigira gatanu kimatanije ca Gitabo hadasubira kuvugwa ikindi gikoko canke ikindi kinyabugingo. Nimwibuke koku ca mbere, ku ca kabiri, ku ca gatatu no ku ca kane kimatanishije ca Gitabohagiye haba ikinyabugingo kimwe kimwe, ariko murabona ko ngaha atari kobiri, murabona. Dusubire inyuma gatoya kuri ivyo Bimatanije ca Gitabo. «Kand'amenye ica kane kimatanije ico gitabo, numva ijwi ry'ikigira kane mubinyabugingo, kiti Ngwino.» «Kand'amenye ica gatatu kimatanije ca Gitabo numva ikigira gatatu mubinyabugingo, kiti Ngwino.»
«...ikigira kabiri mu binyabugingo kiti Ngwino» Hanyuma hariho ikinyabugingo ca mbere kivuga giti: «Ngwino».

Ariko iyo dushitse ku ca gatanu kimatanije ca Gitabo, nta kinyabugingo kibakikivugwa. Ni mubone ko: «Amenye ica gatanu kimatanije ico gitabo, mbonamusi y'igicaniro...» Duca tubona ko ata kinyabugingo kikivugwa, kandi igikokogisigura ububasha, turabizi. Hano nta kinyabugingo kikivugwa. Mu kwiga ivyahishuwe vyerekeye Amashengero twasanze ko kimwe comuri vya binyabugingo cari intambwe; ikindi cari inyana, ikindi na co cariumuntu, ica nyuma na co cari inkukuma. Twasanze ko muri vya bihevy'Ishengero ivyo binyabugingo bine, vyerekana bwa bushobozi bune, vyari bikikuje Ivyakowe n'intumwa nk'uko nyene ya mabendera yari akikuje ryahema mu bugaragwa.

-----
Mu gihe dutanguye ica gatanu Kimatanije ico Gitabo nimubone ko atawugendera kw'ifarasi n'umwe aseruka kandi ko ata kinyabugingo nakimwe kiriho kugira ngo kimumenyekanishe. Umwagazi w'intamayaruguruye ico Kimatanije ca Gitabo kandi Yohana yarakibonye. Nta muntun'umwe yariho kugira ngo avuge ati: «Ngwino urabe.» Ni mubone ko aho atabubasha na bumwe bw'ikinyabugingo buhari. Kandi nta kinyabugingo kiharikugira ngo cerekane ica gatandatu kimatanije ca gitabo. Kandi ku c'indwikimatanije ico Gitabo nta kinyabugingo kiriho, canke ububasha bwo kucerekanaburiho, nta muntu n'umwe ariho. Rero, inyuma y'ica kane kimatanije ca Gitabo, ntaa bushobozibw'ikinyabugingo na kimwe bugira ico bumenyesha haba ku ca gatanu, ku cagatandatu no ku c'indwi kimatanije ca Gitabo.

Ubu rero ni mubone (ibi ndabikunda) ko mu gihe c'umwe agenderakw'ifarasi na ya mafarasi ane (uwugendera kw'ifarasi mu rudende, arikoamafarasi ane atandukanye), hariho ikinyabugingo caca kimenyekanisha ubwobubasha. Igihe cose uyo agendera kw'ifarasi yashira amatandiko ku yindi farasimaze akagenda ngo ayigendereko, ikindi kinyabugingo caraseruka kigacakimwerekana. Ni ibanga rihambaye, ni rya banga. Kubera iki? Kimenyekanishaibanga.

Ni kubera iki aha ata kihari kugira ngo kimenyekanishe ica gatanukimatanije ca Gitabo? Ng'iki igituma. Nk'uko Umwami Yesu yabimpishuriyeuyu musi hakiri kare mu gitondo, muri uwo mwanya ibanga ry'ibihevy'Ishengero riba rimaze kurangira. Muri ico gihe ibanga rya antikristoriba rihishuwe. Antikristo aba yahejeje kugendera kw'ifarasi yiwe ubwanyuma; kandi turamubona ari kw'ifarasi ibenjutse y'amabara menshi y'ikivangeariko akomeza inzira yiwe ari kw'ifarasi agana mu mahonero (ivyo tuzobibonani twiga kuri za nzamba. Ubu rero nari nifuje kubibereka neza, ariko twocatwongera kuva mu cigwa cacu).

-----
Namba mubibona, kuri bo ico gihe, igihe iki ca gatanu kimatanije ca Gitabo kimenywe Ishengero riba ryagiye. Izo mpwemu z'abishwe barimunsi y'igicaniro ntizishobora kuba izo abo mw'Ishengero rya mbere. Uburero ni co gihe nyaco mukwiriye kuntega yompi kuko iki ni icigwa abantubadahurizako, ni co gituma ubu ndabasavye kwumviriza neza. Kandi ibikenewevyose ngo mwandike murabifise. Ubu rero ndifuza ko ibi mubibona.

Rero ntizishobora kuba izo mpwemu z'abishwe bahorwa Kristo,bagororoka bo n'abagororotsi, Ishengero, Umugeni, ziba zamaze kuzamurwa,gurtyo ntiziri munsi y'igicaniro. Ziri kumwe n'Umukwe mu Bwiza. Ibinimuvyihweze neza. Zarazamuwe, ku gice ca 4 c'Ivyahishuriwe Yohana, zarazamuwe. None izo mpwemu ni ba nde? Ni abazoza hanyuma. Namba atari abomw'Ishengero rya mbere, none ni bande? Ni Isirayeli itegerezwa gukizwank'ihanga, abatoranijwe bose. Ni Isirayeli. Ni Isirayeli ubwayo.
Mwovuga muti: «Oh, nimurindire akanya gato! Ntibashobora...»

Oh egome, bazokizwa. Reka dutomore ibintu aha nyene. Natororokanije imirongo inecanke itanu yo mu Vyanditswe. Ndafatamwo umwe. Dufate mu Baroma 11 maze turabe ko bakijijwe. Reka tuhasome maze iyi mirongo irabitwibwirira. Nimwumve ibivugwa na Paulo mu Baroma 11:25-26, ari na we avuga kohagize umuntu, canke Umumarayika avuye mw'Ijuru, yigisha ubundi Butumwa,ngo agenzwe gute? Avumwe! Ubu rero, nimwumve. «Bene Data, singomba komutamenya iri banga, mwoye kwiyita abanyabgenge, n'iry'uko habayegukomantaza imitima y'Abisirayeli, ariko si bose (aho ni ho turi), gushitsa ahoigitigiri gikwiye c'abanyamahanga kizokwinjirira mw'ishengero.»

-----
Ubu rero mwiyubare cane. Bahabwa imvune ndende. Ntazo bari bafiseubwa mbere. Umwe umwe wese ahabwa imvune yera ndende. Yamara abera bobari bamaze guhabwa izabo. Baziherewe ngaha. Ariko hariya, bahawe imvunendende mu gihe abera bari bamaze kuzihabwa kandi bari bitahiye. Murabibona? Nta mahirwe na makeya bari bafise kubera ko Imana ari Yo Se wabobwite, yari yabahumishije kugira ngo ubuntu bw'Imana bushoboregushitswa kandi ngo Umugeni ashobore gukurwa mu banyamahanga. None si vyo?

-----
Ubu rero nimurabe ibi. Mu kutabona kwabo barishe Mesiya wabo, kandiico gihe bariko baravyishura. Baravyibutse. Bavyibutse vyamaze kuba. Ivyobabibonye mu nyuma, igihe baza imbere y'igicaniro c'Imana. Ariko ubu reroubuntu bw'Imana buri kuri bo.

Ni mwongere murabe ibi. Nta buryo na bumwe bari gushobora kuba ariabera kubera ko bobaye baramaze kwambikwa imvune zabo ndende. Ariko ahani impwemu gusa z'aba bari musi y'igicaniro bishwe bahorwa Ijambo ry'Imanano gushinga intahe bari bafise kubera yuko bari ubwoko bw'Imana ari boBayuda. Ariko nimumenye ibi. Ubuntu bw'Imana bubajeko, kandi Yesu aciyeaha umwe umwe wese imvune ndende yera, Ishengero rikimara kujanwa, kuberayuko batari bahemukiye ico bahorwa, bari bahumishijwe ariko ntibabimenya. Ntibari babizi. Neza na neza bakoze ico Imana yabateguriye gukora. Ehe rabaYohana araramuye amaso yaciye abona impwemu z'abishwe bari musiy'igicaniro. Ibi nimuvyihweze. Izo mpwemu z'abishwe yarazibonye. Nimwumve ukuntu bataka. Batakambisha ijwi rirenga bavuga bati: «Databuja uzogeza ryari,uzogeza ryari? Ivyo ni muvyihweze!» «Hasigaye igihe gito.» (Mu gihe turiko turasesangura Ivyanditswe, rekatubirabe.)

Murabona ko baciye bamenya ko bari barishe Mesiya wabo. Na bo, barishwe bamuhorwa kugira ngo bishure ikibi bari barakoze. Nimurabe ikintubari barakoze! Murabona ko bagirizwa ubwicanyi, ni co gituma bishwe. Baribarasemereye bavugabati: «Amaraso yiwe araba ari twebwe akora!» Ni ivy'ukuri. Kandi barahumishijwe. Iyo batari kuba barahumishijwe, Imana yari kuvuga iti: «Ntimwiteho ivyabo, nimubareke, ntibabereye.» Ariko kubera baribahumishijwe n'Imana, ubuntu bwayo bwaciye bubamanukirako mazeburabakorako. Amen. Emwe muvuga ubuntu budasanzwe! Kandi umwewese ica imuha imvune ndende kubera ko Abisirayeli bose bazokizwa. Izinary'umwe umwe wese ryaranditswe. Ni ivy'ukuri.

-----
Ubu rero nimurabe abo Bayuda. Ibi ntegerezwa kubikora kugira ngondabereke uguhishurwa kwa kino Kimatanije ca Gitabo kugira ngo muboneizo mpwemu z'abishwe bari musi y'igicaniro n'abo ari bo. Ariko nimwibuke ko Mesiya yakuweho hagati na hagati y'igice kigirakabiri ca rya yinga rya Daniyeli. Ni hagati na hagati. None ica kabiri c'indwini igiki? Itatu n'igice. Kristo yavuze ubutumwa igihe kingana gute? [Ikoraniro ryishuye riti: «Imyaka itatu n'igice» -U] Ni vyo. Ariko ihanga ryaIsirayeli ryashingiwe imyaka ingahe? Hongeye kuvugwa imyaka itatun'igice.

Ariko muri ico gihe, nimurabe igica gishikira Umugeni wo mubanyamahanga yari yacaguwe muri vya bihe ndwi vy'Ishengero akanazamurwa. Igihe ivyo vyose bishitse uko, abo Bayuda bose bishwe kukobari barahumishijwe maze ubu bakaba bari musi y'igicaniro, Imanairabazako maze ikababwira iti: «Murabona ivyabaye? Ubu ngira mperezeumwe umwe wese imvune yera ndende.»

Bavuga bati: «Mwami, hasigaye igihe kingana gute? Ubu twoba tugiratwinjire?» Yarabishuye ati: «Oya, oya, oya, oya.» Abagurano bagenzi banyub'Abayudabategerezwa kwongera kubabazwa igihe gito. Bategerezwa na bo kwicwa,nk'uko mwishwe. Ca gikoko gitegerezwa kuzobafata igihe kizoba gikuyehorya sezerano.»

-----
Ndiyumvamwo ikintu kidasanzwe. Ubu ndagomba ko ivyo bintumubitahura neza. Namba hari abacibaza ko umwe avugishwa n'Imana womuri Malaki 4, ategerezwa kugarukana abantu, ari wa wundi nyeneategerezwa kuza ku Bayuda, namba bibaza ko ari umuntu umwe, murekenerekane neza ibintu mu mwanya mutoya. Bimeze nk'ibiteye amadidanekuko mwibuke ko muri Malaki 4 havuga ngo: «...azogarukana ukwizerakw'abana ku kwa ba se.» Murabibona? «Ku kwa ba se.»

Ubu rero mureke ndabereke ubudasa bw'ivyo bikorwa. Hamwe yozaaje kugarukana abana ku kwizera kwa ba se, yokwanka Kristo. Yogaruka ku Vyagezwe. None si vyo? Ba se bitondera Ivyagezwe. Ivyomurabitahura? Raba ko igihe Eliya aje gushitsa ibango ry'igikorwa ryiwe muri Malaki 4, aba ari we wenyene. Ariko igihe aje gushitsa ibango ry'igikorwa ryiwe muBayuda mu Vyahishuriwe Yohana 11, aba ari kumwe na Mose. Rero ntamadidane na makeya ariho. Ivyo mwabitahuye? Igihe Eliya aje muri Malaki 4, aba ari wenyene. Hanyuma Mose azoza ari kumwe na Eliya.

Uko guhumekerwa nyene kuvuga ko Eliya azoza mu gice ca nyumac'igihe c'Ishengero kugira ngo agarukane ukwizera kw'abana kw'ukwizerakw'inkomoko kwa ba se (ukwizera kw'intumwa). Bari gutegerezwakugaruka, ariko antikristo yabakwegeye hanze bose. Murabona, nk'ukoIvyanditswe vyose bivyerekana, umwe avugishwa n'Imana yari yajekubagarukana. Ntimubona ko aza ari wenyene? Ariko igihe azoza kuribamwe 144.000, Bibiliya ibivuga ibitomoye ko atazoba ari umwe, ariko kobazoba ari babiri.

Kandi iryo bango ry'igikorwa ntiryari gushobora kugarukana Abayudaku Vyagezwe kuko aje kubwira bamwe 144.000 ivya Kristo, ari We Mesiyayari yakuweho. Amen! Ni nk'uko. Ni co gituma mutovyitiranya. Birasobanutse. Ivyanditswe ntibibesha, haba na gatoya. Imana ihabweicubahiro! Oh, ese igihe nabona uwo Muco!

Igihe nariko nditegereza ivyo vyose biriko biraca imbere yanje, igihenabona Eliya asohoka wenyene mu gihe ca mbere naravuze nti: «UrakozeMawami », yari wenyene, hanyuma; ariko igihe nongera kumubona ariahandi, ntiyari akiri wenyene, hari hariho abantu babiri. Ni ho nasemerera nti: «Ng'abo! Ni ivyo, Mwami! Amen! Ubu rero ndabibonye.» Ivyo birashobora kudatomokera gato bamwe bamwe, ariko yambwiyekubivugako; ni co gituma nabikoze.

Nimurabe ko abo bagabo bazigamwa n'Imana kuva ku gikorwabahereyeko kubwo ico bazokora mu nyuma. Murabona ko bari baranguyeigikorwa ciza cane! Nimuvyibazeko, impwemu ya Eliya ishitsa ibangory'igikorwa cayo incuro zitanu, impwemu ya Mose na yo igaruka incurozibiri. Nimubone ko bazigamwa ku bwo igikorwa kiri imbere. Ubu ntan'umwe muri bo yapfuye. Ivyo muravyizera? Bompi barabonetse ari bazima, bavugana na Yesu ku musozi wo Guhindurirwako. Ariko mwibuke kobategerezwa gupfa.

Musome mu...
Ishashara Rya Gatanu.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

  Ko Bibiliya ivuga...

None vyabaye bite se? Ic’ Abisirayeli bārondeye, ntibākibonye; ariko, abātoranijwe bārakironse, abandi bakomantazwa imitima.

Abaroma 11:7


Mu kutabona
kwabo barishe
Mesiya wabo,
kandiico gihe
bariko
baravyishura.


Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


William Branham
Life Story.

(PDF Icongereza)

How the Angel came
to me.

(PDF Icongereza)

Mountainside and
rosebush in snow,
in China.

Chapter 13
- God is Light

(PDF Icongereza)

Imbere...

Inyuma...


Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.