Inyigisho ya Balamu.


  Ivyahishuriwe Yohana rukurikirane.

Igihe C’Ishengero Rya Perugamo.


William Branham.

Musome mu...
Igihe C’Ishengero Rya Perugamo.

Ivyahishuwe 2:14,
Ariko mfise ivyo nkugayako bike, kukw iwanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushiraigitsitaza imbere y'Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.

Rero ntushobora kuba ufise integuro y'Ikinikolayitimw'ishengero ngo ntuce winjiranwa n'iyi nyigisho yindi, na yo. Urabona, iyoukuyeho Ijambo ry'Imana hamwe n'ukwigaragaza kwa Mpwemu nk'uburyo bwo gusenga (“abaNsenga bategerezwa kuNsengera mu Mpwemu no mu kuri”) uca ubwirizwa guhaabantu ubundi buryo bwo gusenga bubusubirira, na yo ubusubirizi bubūrainyigisho ya Balamu.

Nimba tworondera gutahura ico inyigisho ya Balamu irimw'ishengero Ry'Isezerano Rishasha, vyoba vyiza dusubiye inyuma tukaraba icoyarí iri mw'Ishengero Ry'Isezerano rya Kera tugaca tuyishira kuri ico gihekigira gatatu tugaca rero tuyizana gushika ubu.

Iyo nkuru isāngwa mu Guharura igice ca 22 kugera ku ca25. Rero turazi ko Isirayeli ryǎri ihanga ryǎtōranijwe ry'Imana. Bǎri Abapentekoti b'igihe cabo. Bǎri barahungiye musi y'amaraso, bǎri barabatijwe bose mu kiyaga gitukura hanyuma barava mu mazi, baririmbira muri Mpwemu bongera batambira musi y'ubushobozi bwa Mpwemu Yera, mugihe Miriyamu, wa muvugishwakazi, yavuza agashāko kiwe k'ingoma. Ni uko, bamazeigihe kināká bagenda, abo bana b'Isirayeli bashika mu gihugu c'i Mowabu. Muribuka uwó Mowabu yarí ari. Yarí umuhungu wa Loti kuri umwe mu bakobwa biwebwite, kandi Loti na we yarí umuhungwabo na Aburahamu, rero Isirayeli na Mowabubǎri incuti. Nshaka yuko ivyo mubibona. Abanyamowabu bǎri bâzi ukuri, bäba barakugenderamwo canke batakugenderamwo.

Ni uko Isirayeli ishika ku mbibe za Mowabu bacabarungika intumwa ku mwami bavuga bati: “Turavukana. Tureke duce mu gihugucanyu. Nîyó abantu bacu canke ibitungwa vyacu vyāryá canke bikanywa ikintu icoari co cose, turakiriha n'umunezero.” Ariko umwami Balaki aca arashangashirwa. Uwo murongozi w'uwo murwi w'Abanikolayiti ntíyarí yimirije kureka ishengero ngorirengane n'ibimenyetso vyaryo n'utwumiza n'ukwigaragaza kwa Mpwemu Yerakw'uburyo bwinshi, no mu maso habo hakakishwa n'ubwiza bw'Imana. Yarí kumangenge cane, narirya yarí guhava ahahombera bamwe bo mw'isinzi ry'abantubiwe. Ni uko rero Balaki yanka kureka Isirayeli ngo irengane. Nka ko, ubwobayarí abafitiye bwǎri bwinshi, kuburyo yacîye aja ku muvugishwa w'umucangero yitwa Balamu amusaba kuba umuhuza hagati yawé n'Imana no kwinginga Mushoboravyose ngo avume Isirayeli, abahinduregoyigoyi. Nayo Balamu, anyôtewe kugirauruhara mu vya politike no kuba umuntu ahambaye, yarí anezerejwe cane gusa nogukora atyo. Ariko kubera ko yabóna yabwîrizwa kwegera no kuronka umubonano kuMana kugira ngo iryo hanga rishobore kuvumwa, kuko atǎri gushobora kubikora we ubwiwe, yacîye agenda kubaza Imana ko Yomuha uruhusha rwo kugenda. None ivyo ntibisa n'Abanikolayiti dufise uyu musi? Bavuma uwo ari we weseatagendera mu nzira yabo.

Igihe Balamu yasaba uruhusha Imana rwo kugenda, Imanayaramuhakaniye. Ewe jewe ivyo birababaje! Ariko rero Balaki yarashishikayearamugobera, anamwēmerera impera nini n'icubahiro. Ni ho Balamu yaca asubira kuMana. Ariko inyishu imwe ivuye ku Mana yarí kuba ihâgije. Ariko atarí kuntabarirwa Balamu. Imana Ibonye ubugâbá bwiwe, Imubwira guhaguruka ngo agende.Ubwo nyene aca atandika indogoba aragenda. Yarí gutegerezwa gutahura yuko ubwobwǎri gusa ubugombe bw'ubugoberano bw'Imana kandi ko atoshoboye kubavuma nâhó yogiye incuromirongo ibiri akanagerageza incuro mirongo ibiri. Ese ukuntu abantu uyu musibameze nka Balamu! Bizera Imana zitatu, bakabatizwa mu vyubahiro bitatu ahokubatizwa mw'IZINA, n'ubwo biri uko Imana Irarungika Mpwemu kuri bo nk'ukoYabígize kuri Balamu, bagaca babandanya bizera yuko bari neza na neza mu kuri,kandi mu vy'ukuri ari ba Balamu bashitsé. Murabona, inyigisho ya Balamu. Bandanyauko biri kose. Kora uko uvyumva. Bavuga bati, “Imana Yaraduhezagiye.Bitegerezwa kuba bimeze neza.” Ndazi ko Yabáhēzagiye. Ivyo sindabihakanye. Ariko ni ya nzira nyene y'ukwitunganya Balamu yafáta. Ni umugararizo kw'IjamboRy'Imana. Ni inyigisho y'ikinyoma.

Ni uko Balamu afata akayira bunyamaswa gushika ahóumumarayika arungitswe n'Imana amutǎngīririye mu nzira yiwe. Yamara uwo muvugishwa (umwepisikopi, karidinari, umuhagarikizi, perezida n'umugenzuzi mukuru) yarí yâhumīshijwe cane ku vya Mpwemu n'ivyiyumviro vy'icubahiro n'ugushirwa hejuru n'amahera kugera n'âhó atǎnashobora kubona uwo mumarayika ahagáze n'inkota ibanguye. Ng'uwoarahagaze ngo azibire uwo muvugishwa w'igipfu. Ka kadogoba ko kǎramubônye gaca kagenza umugongo kaja irya n'ino gushika n'âhó gateba kagafyondera ikirenge ca Balamu ku gihome c'amabuye. Nya ndogoba irateba irahagarara ntiyashoborakubandanya. Ntiyarí ibishoboye. Ni uko Balamu arasimba ayivako aca atangurakuyikubita. Ya ndogoba ica itangura rero kuvugana na Balamu. Imana Yararetseiyo ndogoba iravuga mu rurimi rusha. Iyo ndogoba nta bwo yarí imvǎnge; yarí urubuto rwo ku nkomoko. Ica ibwira iyo mpumyiy'umuvugishwa iti, “Mbe si ndi indogoba yawe, vyongeye sínǎmye ngutwara mu bwizigirwa?” Balamu arishura ati, “Ego, ego, uri indogoba yanje kandi wǎmye untwara mu bwizigirwa gushika ubu; kandi nimba ntáshobóye kukugendesha, ndakwica... Yôo! Ibi ni ibiki, kuvuganan'indogoba? Biratwengeje, nibajije yuko nūmvîse indogoba ivuga kandi narikóndayishura.”

Imana Yǎmye Ivuga mu rurimi rusha. Yaravuze muri wa musi mukuru wa Belushaza hanyuma no kuri Pentekoti. Irikó Irabigira kandi n'uyu musi. Ni imburi y'uguca amatekakugiye kuza vuba.

Ni ho wa mumarayika yáca yiyereka Balamu. Aca abwira Balamu yuko iyoitaba iyo ndogoba yarí gupfa ubwo nyene ku bwo kugerageza Imana. Ariko Balamu asêzeranye gusubira inyuma, yǒngeye kurungikwa n'ukwihanikirizwa ko yovuga gusa ico Imana Imuhaye.

Ni uko Balamu aramanuka yubaka ibicaniro indwi vy'ibikoko bidahumanyevy'ikimazi. Yīca impfizi y'intama vyǎsigūra ukuza kwa Mesiya. Yarí azi ico akora mu kwegera Imana. Yarí afise ibikoresho bimeze neza; ariko ntíyarí afise ubushobozibukora; co kimwe n'uyu musi. Ntimushobora kubibona, ga mwa Banikolayiti mwe? Isirayeli yarí epfo mu kiyaya, bátānga nka ca kimazi nyene, bágira nka vyabintu nyene, ariko bamwe bonyene ni bo bǎri báfiseibimenyetso vyǎbakurikira. Bamwe bonyene nibo bǎri báfise Imana hagati yabo. Imigirwa nta ho izogushikana. Ntishobora gufata ikibanza c'ukwigaragaza kwa Mpwemu. Ivyo ni vyo vyǎbāye i Nikeya. Běmejeinyigisho ya Balamu, atari inyigisho y'Imana. Bǎratsîtāye, egome bǎragûye. Bǎcīye babaabantu bapfuye.

Ikimazi kimaze gutangwa, Balamu yarí yiteguye kuvugishwa. Ariko ImanaYacîyeIzirika ururimi rwiwe ntiyashobora kubavuma. Yarabahezagiye.

Balaki araráka cane, ariko nta na kimwe Balamu yarí ashoboye gukora kubijanye n'ubwo buvugishwa. Vyǎri vyâvuzwe na Mpwemu Yera. Maze Balaki abwira Balamu kumanukahepfo, mu kiyaya, ngo abarabe ubw'inyuma kugira ngo arabe ko ata buryo bushoboka yoshoborakubavuma. Amayeri Balaki yakórēsheje ni yomayeri nyene bakoresha uyu musi. Amadini maninimanini araraba epfo ku mirwimitomito, n'ikindi cose basāngá hagati yabo cōserúra igitsitaza bagaca babishira hejuru bakabivugira ku masunzuy'inzu. Iyo abānôné bibera mu caha, nta n'umwe agira ico abivugako; ariko rekaumwe wo mu bǎtōranijwe agire ingorane, buri kinyamakuru gica kivyararazahose mu gihugu. Egome, Isirayeli yarí ifise impande zayo z'inyuma (za mubiri).Bǎri bafise uruhande rutǎri rubereye guhaya; ariko nâhó batǎri batunganye, ku bw'imigabo y'Imana Ikorera mu gutoranya, ku bw'ubuntu atari ku bw'ibikorwa, BARI BAFISE IGICU KU MURANGON'INKINGI Y'UMURIRO MW'IJORO, BARI BAFISE CA GITANDARA CAKUBISWE, YA NZOKAY'UMURINGA N'IBIMENYETSO N'UTWUMIZA. Bǎri bashingiwe intahe - itavūyé kuri bo ubwǎbo ariko ivūyé ku Mana.

Musome mu... Igihe C’Ishengero Rya Perugamo.


  Ko Bibiliya ivuga...

Petero arabishura, ati Ni mwihane, umuntu wese muri mwebge abatizwe mw izina rya Yesu Kristo, mubone guharirwa ivyaha vyanyu, kandi muzohabga ingabire, ari yo Mpwemu Yera.

Ivyakozwe 2:38



Gitabu c'Ivyahishuriwe.
Ibandanya ry'rukurikirane.
(Mugore Yezebeli.)


Imana Ifise
ivyubahiro vyinshi...
ariko Ifise Izina
rimwe gusa rya
kimuntu, iryo Zina
na ryo rikaba
ari Yesu.



Ubutumwa hub...
Ubutumwa bwa Mwene Data Branham.


English Newsletter Site.

Ivyahishuriwe Yohana.

Ubutumwa bgiza. Yesu
yapfiriye ivyaha vyacu.

Umubatizo w'amazi.

 

Bicu vyo kw injuru.

Izuka rukurikirane.

Rihambaye ry'Ubutatu.

Bihe ndwi vy'Ishengero.

Amashashara Ndwi.

Abakristo Ubugingo
rukurikirane.

Gihe c'iherezo
rukurikirane

Noheli rukurikirane.

Ruvyaro rw'inzoka.
Icaha c'inyanduruko.

Babuloni y'Akabanga.

Hirya Ya Ca
Gihuzu C’Igihe.

Ukwabirana
n’Ukwahukana.

Ubutumwa mu Ikirundi.

Click on an image to download PDFs or fullsize picture.


Acts of the Prophet.

(PDFs Icongereza)

The Two Babylons

by Rev Alexander Hislop.
(PDF Icongereza)

Mountainside and
rosebush in snow,
in China.

Lillies of Fire.

Inkingi z’Umuriro.
- Houston 1950.

Light on pyramid rock.